ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • kl ikig. 2 rup. 12-22
  • Igitabu Gihishura Ubumenyi Bwerekeye Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igitabu Gihishura Ubumenyi Bwerekeye Imana
  • Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IBIRI MURI BIBILIYA
  • MBEGA WOSHOBORA KWIZIGIRA BIBILIYA?
  • IVUGA UKURI KANDI TWOYIZIGIRA
  • NI IGITABU C’UBUHANUZI
  • ‘NURONDERANE IGISHIKA’ UBUMENYI BWEREKEYE IMANA
  • Inyigisho z’ukuri zishimwa n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Bibiliya ni igitabu kiva ku Mana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Bibiliya ni igitabu kiva ku Mana
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Bibiliya Iva ku Mana Koko?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
kl ikig. 2 rup. 12-22

Ikigabane ca 2

Igitabu Gihishura Ubumenyi Bwerekeye Imana

1, 2. Ni kuki dukeneye ubuyobozi bw’Umuremyi wacu?

BIRUMVIKANA neza yuko Umuremyi wacu munyarukundo yohaye abantu igitabu kirimwo amabwirizwa n’ubuyobozi. None wewe ntiwemera yuko abantu bakeneye ubuyobozi?

2 Haraheze imyaka irenga 2.500 umuhanuzi umwe akaba n’umutohozakahise yanditse ati: “Ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.” (Yeremiya 10:23) Muri iki gihe, ukuri kw’ayo majambo kurigaragaza bimwe bitaribwaboneke. Ni co gituma umutohozakahise William H. McNeill yavuze ati: “Ivyagiye birashikira umuntu kuri uyu mubumbe vyabaye urukurikirane rusa n’urudahera rw’amagume n’ugusambuka kw’urutonde rwashinzwe rw’ikibano.”

3, 4. (a) Dukwiye gutohoza Bibiliya dufise uwuhe mutima? (b) Tugiye kubigenza gute mu gusuzuma Bibiliya?

3 Bibiliya iraturonsa ubuyobozi bwose dukeneye buranga ubukerebutsi. Ego ni ko, abantu benshi bumva bibarengeye igihe basuzumye Bibiliya ari bwo bwa mbere. Ni igitabu kinini, kandi ibihimba vyaco bimwebimwe ntivyoroshe gutahura. Mugabo none nka hamwe wohabwa icete c’ivy’iragi cerekana ico ukwiye gukora kugira ngo uronke intoranwa y’agaciro, ubwo ntiwofata umwanya wo kugitohoza ucitondeye? Hamwe wosanga muri nya cete harimwo ibihimba bimwebimwe bigoye gutahura, kumbure wosaba umuntu azi mwene ivyo bintu akagufasha. Ni kuki none utotohoza Bibiliya ufise umutima nk’uwo? (Ivyakozwe 17:11) Hari ibintu vyinshi wohava uhomba biruta intoranwa y’ivy’umubiri. Nk’uko twavyize mu kigabane giheze, ubumenyi bwerekeye Imana burashobora kujana umuntu mu buzima budahera.

4 Reka twihweze ca gitabu gihishura ubumenyi bwerekeye Imana. Tubanza guca ku masonga ibiri muri Bibiliya. Maze turaza kwihweza igituma abantu benshi bazi utuntu n’utundi bemera yuko ari Ijambo ry’Imana ryahumetswe.

IBIRI MURI BIBILIYA

5. (a) Ni ibiki biri mu Vyanditswe vy’Igiheburayo? (b) Ivyanditswe vy’Ikigiriki birimwo ibiki?

5 Bibiliya irimwo ibitabu 66 biri mu migwi ibiri, ari yo bakunda kwita Isezerano rya Kera n’Isezerano Rishasha. Ibitabu 39 vya Bibiliya ahanini vyanditswe mu Giheburayo, 27 na vyo vyandikwa mu Kigiriki. Ivyanditswe vy’Igiheburayo, ibigizwe n’Itanguriro gushika kuri Malaki, bivuga ivyerekeye irema hamwe n’imyaka 3.500 ya mbere y’inkuru za kahise k’abantu. Twihweje ico gihimba ca Bibiliya, turamenya ivyo Imana yagiranye n’Abisirayeli—guhera kw’ivuka ry’ihanga ryabo mu kinjana ca 16 B.G.C. gushika mu kinjana ca 5 B.G.C.a Ivyanditswe vy’Ikigiriki, ibirimwo ibitabu vyo kuva ku ca Matayo gushika ku c’Ivyahishuriwe, bishimika ku nyigisho n’ibikorwa vya Yezu Kirisitu n’abigishwa biwe mu kinjana ca mbere G.C.

6. Ni kuki dukwiye gutohoza Bibiliya yose uko ingana?

6 Hari abavuga yuko ca gihimba citwa “Isezerano rya Kera” ari ic’Abayahudi, “Isezerano Rishasha” na co kikaba ic’Abakirisu. Ariko dukurikije 2 Timoteyo 3:16, “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi.” (Ni twe tubihiritse.) Ku bw’ico rero, gutohoza Ivyanditswe mu buryo bubereye bikwiye kuba ari ugutohoza Bibiliya yose uko ingana. Vyukuri, ivyo bihimba bibiri vya Bibiliya birunganirana, bigasenyera ku mugozi umwe mu gusigura umutwe w’ijambo bisangiye.

7. Umutwe w’ijambo wa Bibiliya ni uwuhe?

7 Kumbure woba umaze imyaka itari mike uja gusenga ukumva basoma n’ijwi ryumvikana ibintu bimwebimwe vyo muri Bibiliya. Canke wewe ubwawe ushobora kuba warisomeye uduce twayo. Mbega wari uzi ko Bibiliya irimwo iciyumviro kimwe guhera mw’Itanguriro gushika mu Vyahishuriwe? Egome, umutwe w’ijambo umwe ni wo unyuragiye muri Bibiliya yose. Uti none ni uwuhe? Ni iyemezwa ry’uburenganzira Imana ifise bwo kuganza abantu hamwe n’ishitswa ry’umugambi wayo uranga urukundo, biciye ku Bwami bwayo. Mu nyuma, turaza kubona ukugene Imana izoshitsa uwo mugambi.

8. Bibiliya ihishura iki ku vyerekeye kamere y’Imana?

8 Turetse ukuvuga ivy’umugambi w’Imana, Bibiliya irahishura akaranga kayo. Nk’akarorero, muri Bibiliya turahamenyera yuko Imana ifise inyiyumvo, be n’uko amahitamwo tugira hari ico avuze kuri yo. (Zaburi 78:40, 41; Imigani 27:11; Ezekiyeli 33:11) Muri Zaburi 103:8-14 havuga yuko Imana ari ‘inyembabazi, inyabuntu, iteba gushavura kandi yuzuye ubuntu mvarukundo.’ Ivyo itugirira ibigirana imbabazi, ‘ikibuka ko turemwe mu mukungugu musa’ kandi ko ari wo dusubiramwo iyo dupfuye. (Itanguriro 2:7; 3:19) Ese ukuntu ari kamere nziza igitangaza igaragaza! Iyo none si yo Mana ushaka gusenga?

9. Bibiliya itwereka mu buryo butomoye gute ingingo ngenderwako z’Imana, kandi dushobora gute kwungukira ku bumenyi mwene ubwo?

9 Bibiliya iratwereka ingingo ngenderwako z’Imana mu buryo butomoye. Izo rimwe na rimwe zitangwa nk’amategeko. Ariko rero kenshi na kenshi, usanga ziri mu ngingo zigishwa hakoreshejwe uturorero ntanganyigisho. Imana yarandikishije ibintu bimwebimwe vyabaye muri kahise ka Isirayeli ya kera, kugira ngo tuvyungukireko. Izo nkuru zidakikiriza zirerekana ibintu bishika igihe abantu bakora bahuza n’umugambi w’Imana, zikerekana n’inkwirikizi mbi zihaba mu gihe bakoze ivyo bishakiye. (1 Abami 5:4; 11:4-6; 2 Ngoma 15:8-15) Gusoma mwene izo nkuru z’ibintu vyabaye ntibizobura kudukora ku mutima. Mu gihe tugerageje kwiha ishusho y’ibintu vyabaye vyanditswemwo, turashobora kwishira mu kibanza c’abantu bavugwamwo. Gutyo turashobora kwungukira ku turorero twiza, tugashobora no kwirinda kugwa mu makosa yabereye umutego inkozi z’ibibi. Ariko rero, iki kibazo gihambaye kirasaba inyishu: Dushobora kumenya neza gute ko ivyo dusoma muri Bibiliya vyahumetswe n’Imana koko?

MBEGA WOSHOBORA KWIZIGIRA BIBILIYA?

10. (a) Ni kuki hari abiyumvira ko Bibiliya yataye igihe? (b) Muri 2 Timoteyo 3:16, 17 hatubwira iki ku vyerekeye Bibiliya?

10 Kumbure warabonye yuko ibitabu vyinshi bitanga impanuro bita igihe mu myaka mikeyi gusa. Bibiliya yoyo bite? Ni iya kera cane, kandi haraheze imyaka yababa 2.000 amajambo yayo ya nyuma yanditswe. Hari abantu rero baca biyumvira ko itokoreshwa muri iki gihe turimwo. Mugabo Bibiliya niyaba yahumetswe n’Imana, impanuro itanga zikwiye nantaryo kuba zihuye n’igihe tugezemwo naho yoba ari iya kera gute. Ivyanditswe bikwiye kuba “bigi[fise] ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka: kugira ng’umuntu w’Imana abe ūshitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose.”—2 Timoteyo 3:16, 17.

11-13. Ni kuki dushobora kuvuga yuko Bibiliya ari ngirakimazi muri iki gihe turimwo?

11 Uvyihweje witonze usanga ingingo za Bibiliya zikora muri iki gihe nk’uko zakora igihe zandikwa ubwa mbere. Nk’akarorero ku vyerekeye akamere k’umuntu, Bibiliya iragaragaza ubumenyi bugera kure bukora ku runganwe rw’abantu urwo ari rwo rwose. Ivyo turashobora kubibona bitatugoye, muri ya Nsiguro Rurangiranwa yo ku Musozi dusanga mu gitabu ca Matayo, ikigabane ca 5 gushika ku c’7. Iyo nsiguro ngo yaratangaje cane indongozi w’Umuhindi ari we umuhisi Mohandas K. Gandhi gushika aho abwira umutegetsi w’Umwongereza ati: “Igihugu cawe n’icanje nivyashika ku kwumvikanira ku nyigisho zatanzwe na Kirisitu muri iyi Nsiguro yo ku Musozi, tuzoba dutoreye umuti ingorane atari iz’ibihugu vyacu gusa, ariko z’isi yose.”

12 Ntibitangaje kubona abantu batangazwa n’inyigisho za Yezu! Muri iyo Nsiguro yo ku Musozi, yaratweretse inzira ijana mu buhirwe nyakuri. Yarasiguye uburyo bwo gutunganya amatati. Yezu yaratanze inyigisho ku kuntu twosenga. Yarerekanye agatima twogira k’ubukerebutsi burushirije ku vyerekeye ibintu dukenera vy’umubiri, yongera aratanga rya Tegeko ry’Agakura rituma tugiranira imigenderanire myiza n’abandi. Mu vyo yavuze muri iyo nsiguro harimwo kandi n’ukuntu twomenya abiyorobetsi b’abanyamadini, be n’ukuntu twogira kazoza gatekaniwe.

13 Muri iyo Nsiguro yo ku Musozi be n’ahandi hose mu bindi bice vyayo, Bibiliya iratubwira mu buryo butomoye ico twogira n’ico twokwirinda kugira ngo ubuzima bwacu burushirize kumera neza. Impanuro itanga ni ngirakimazi ku buryo hari umurezi umwe yahevye akavuga ati: “N’aho ndi umuhanuzi mu vy’amashure yisumbuye, nkaba mfise impapuro z’umutsindo za kaminuza, vyongeye nkaba narasomye igitigiri kinini c’ibitabu vyerekeye amagara yo mu mutwe n’ivy’inyifato, nasanze impanuro Bibiliya itanga nko ku vy’ukugira umubano wo mu rugo utunganiwe, ugukinga ubukozi bw’ikibi bw’abakiri bato, hamwe no ku kuntu tworonka abagenzi kandi tukabagumya, ziruta kure n’iyo ibintu vyose nasomye canke natohoje kuri kaminuza.” Turetse ivy’uko Bibiliya ari ngirakimazi kandi ikaba ihuye n’igihe, Bibiliya ni iyo kwizigirwa.

IVUGA UKURI KANDI TWOYIZIGIRA

14. Ni igiki cerekana yuko Bibiliya ivuga ukuri mu vya siyansi?

14 Naho Bibiliya atari igitabu c’ivya siyansi, mu vya siyansi ivuga ukuri. Nk’akarorero, igihe abantu benshi bemera yuko isi ibāse, umuhanuzi Yesaya yavuze ko isi ‘yihese’ (mu Giheburayo, chugh, ngaha bikaba birimwo iciyumviro c’ “imburungu”). (Yesaya 40:22) Iciyumviro c’uko isi yiburungushuye nticari cemewe henshi, gushika haciye imyaka ibihumbi n’ibindi inyuma y’igihe ca Yesaya. Vyongeye, muri Yobu 26:7—hakaba haciye imyaka irenga 3.000 ivyo vyanditswe—havuga yuko Imana “isi iyenetsa ku busa.” Incabwenge imwe mu vya Bibiliya ivuga iti: “Ukuntu Yobu yari azi ukuri, ukwaragaragajwe n’ubumenyi bw’ivy’imibumbe, kw’uko isi yenetswe mu kirere ata kiyishigikiye, ni ikibazo kitoroha gutorerwa inyishu n’abahakana ko Ivyanditswe Vyeranda vyahumetswe.”

15. Ukwizera Bibiliya kwacu gukomezwa gute n’uburyo ishikiriza inkuru?

15 Uburyo bwo gushikiriza inkuru dusanga muri Bibiliya na bwo nyene burakomeza umwizero dufitiye ico gitabu ca kera. Ivyabaye bivugwa muri Bibiliya si nk’ibitito. Biradoma urutoke ku bantu no ku magenekerezo kanaka. (1 Abami 14:25; Yesaya 36:1; Luka 3:1, 2) Kandi naho abatohozakahise ba kera wasanga incuro nka zose bama nantaryo bakavya mu kuvuga ivy’intsinzi z’abategetsi babo kandi bagahisha ugutsindwa kwabo be n’amakosa bakoze, abanditsi ba Bibiliya bo bavuga ibintu badakikiriza kandi bagacisha aho ukuri kuri—eka mbere bakanavuga n’ivyerekeye ivyaha bikomeye ubwabo bakoze.—Guharūra 20:7-13; 2 Samweli 12:7-14; 24:10.

NI IGITABU C’UBUHANUZI

16. Ni ikimenyamenya ikihe gikomeye kuruta ibindi c’uko Bibiliya yahumetswe n’Imana?

16 Ubuhanuzi bwarangutse buratanga ikimenyamenya kidaharirwa c’uko Bibiliya yahumetswe n’Imana. Bibiliya irimwo ubuhanuzi bwinshi bwarangutse ido n’ido. Biribonekeza yuko abantu buntu batari gushobora gutuma ivyo bishoboka. None ni igiki catumye ubwo buhanuzi buboneka? Bibiliya ubwayo ivuga yuko “ata jambo ry’abavugishwa n’Imana ryazanywe no kugomba kw’umuntu, arikw abantu bāvuga ivyava ku Mana, barōngōwe n[‘im]pwemu [y]era,” ari yo nguvu ikora y’Imana. (2 Petero 1:21) Raba uturorero tumwetumwe.

17. Ni ubuhanuzi ubuhe bwari bwaravuze ugutemba kwa Babiloni, kandi ubwo bwarangutse gute?

17 Ugutemba kwa Babiloni. Yesaya na Yeremiya bompi bari baravuze ivy’ugutemba kwa Babiloni kugizwe n’Abamedi be n’Abaperesi. Igitangaje, ubuhanuzi bwa Yesaya bwerekeye ico kintu bwanditswe hagisigaye nk’imyaka 200 ngo Babiloni higarurirwe! Iyi mice ikurikira y’ubuhanuzi irashingirwa intahe n’inkuru z’ivyabaye: Uruzi Efurate rwarakamijwe mu gukebereza amazi yarwo ahantu himbwe hakagirwa ikiyaga (Yesaya 44:27; Yeremiya 50:38); baranjanjwe ku mutekano mu gusiga amarembo yo kuri urwo ruzi rw’i Babiloni yuguruye (Yesaya 45:1); kandi hokwigaruriwe n’umutegetsi yitwa Kuro.—Yesaya 44:28.

18. Ubuhanuzi bwa Bibiliya bwarangutse gute mw’ihaguruka n’itemba rya wa “mwami w’i Bugiriki”?

18 Uguhaguruka n’ugutemba kw’ “[u]mwami w’i Bugiriki.” Daniyeli yarabonye nko mu ndoto impfizi y’impene iseka impfizi y’intama ikayikubita hasi, iyivuna amahembe yayo abiri. Maze, ihembe rya ya mpene ryari rinini riravunika, mu kibanza caryo haca hamera amahembe ane. (Daniyeli 8:1-8) Daniyeli yasiguriwe gutya: “Impfizi y’intama y’amahembe abiri wabonye ni bo bami b’Abamedi n’Abaperesi. Impfizi y’impene y’ibisambi ni we mwami w’i Bugiriki; kand’ihembe rinini ryari hagati y’amaso yayo ni we mwami wabo wa mbere. Kandi nk’uko ryakondotse, mu kibanza caryo hakamera ayandi ane, uko ni ko hazoba ubgami bune bukomoka mur’ubgo bgoko, ariko ntibuzonganya ububasha n’ubg’uwa mbere.” (Daniyeli 8:20-22) Nk’uko ubwo buhanuzi bwabivuze, inyuma y’ibinjana nka bibiri, nya “mwami w’i Bugiriki” ari we Alegizandere Mukuru, yaratembagaje Inganji yagereranywa n’amahembe abiri, ari yo y’Abamedi n’Abaperesi. Alegizandere yapfuye mu 323 B.G.C., hanyuma amaherezo asubirirwa na bane bo mu bajenerali biwe. Ariko rero, nta na bumwe muri ubwo bwami bwo hanyuma bwanganije ubukomezi n’inganji ya Alegizandere.

19. Ni ubuhanuzi ubuhe bwarangukiye kuri Yezu Kirisitu?

19 Ubuzima bwa Yezu Kirisitu. Ivyanditswe vy’Igiheburayo birimwo ubuhanuzi bwinshi bwarangukiye kw’ivuka rya Yezu, ku gikorwa ciwe, ku rupfu rwiwe no kw’izuka ryiwe. Nk’akarorero, imyaka irenga 700 imbere y’igihe, Mika yari yaramenyesheje yuko Mesiya, ari we Kirisitu, yovukiye i Betelehemu. (Mika 5:2; Luka 2:4-7) Yesaya uwabayeho mu kiringo kimwe na Mika, yamenyesheje yuko Mesiya yokubiswe akanacirwako amate. (Yesaya 50:6; Matayo 26:67) Imyaka amajana atanu imbere y’igihe, Zekariya yaramenyesheje yuko Mesiya yoguzwe ibiceri 30 vy’amafeza. (Zekariya 11:12; Matayo 26:15) Imyaka irenga igihumbi imbere y’igihe, Dawidi yaramenyesheje ibijanye n’urupfu rwa Yezu ari we Mesiya. (Zaburi 22:7, 8, 18; Matayo 27:35, 39-43) Vyongeye, ibinjana nka bitanu imbere y’igihe, ubuhanuzi bwa Daniyeli bwarahishuye igihe Mesiya yobonekeyeko hamwe n’igihe igikenurwa ciwe comaze, be n’igihe urupfu rwiwe rwobereyeko. (Daniyeli 9:24-27) Ubwo ni bumwebumwe gusa mu buhanuzi bwarangukiye kuri Yezu Kirisitu. Mu nyuma uza gusanga ari ngirakamaro gusoma n’ibindi vyinshi bimwerekeye.

20. Inkuru ya Bibiliya itagiramwo amahinyu yerekeye ubuhanuzi bwarangutse ikwiye kuduha umwizero nyabaki?

20 Hari ubundi buhanuzi bwinshi bwa Bibiliya bw’igihe kirekire bwamaze kuranguka. Wobaza uti: ‘Ariko none ivyo bikora iki ku buzima bwanje?’ Mbega mu gihe umuntu amaze imyaka n’iyindi akubwira ukuri, ubwo woca buno nyene ukekeranya igihe akubwiye ikintu gishasha? Oyaye! Imana yaravuze ukuri muri Bibiliya nzima. Ivyo none ntibikwiye kwubaka ukwizigira ufitiye amasezerano ari muri Bibiliya, nka bwa buhanuzi ivuga bwerekeye iparadizo igiye kuza yo kw’isi? Mu vy’ukuri, turashobora kugira wa mwizero nyene wari ufiswe na Paulo, umwe mu bigishwa ba Yezu bo mu kinjana ca mbere, we yanditse yuko ‘Imana idashobora kubesha.’ (Tito 1:2) Vyongeye kandi, igihe dusoma Ivyanditswe kandi tugashira mu ngiro impanuro biduha, tuba turiko dukoresha ubukerebutsi abantu badashobora gushikira badafashijwe, kuko Bibiliya ari co gitabu gihishura ubumenyi bwerekeye Imana bujana mu buzima budahera.

‘NURONDERANE IGISHIKA’ UBUMENYI BWEREKEYE IMANA

21. Ukwiye kugira iki mu gihe hari ibintu wize muri Bibiliya bisa n’ibiremereye?

21 Uko utohoza Bibiliya, kumbure uzokwiga ibintu bitandukanye n’ivyo wigishijwe kera. Hari n’aho mbere wosanga imwimwe mu migenzo wakunda cane y’idini idahimbara Imana. Uzomenya yuko Imana ifise ingingo ngenderwako zigenga iciza n’ikibi ziri hejuru kuruta izigwiriye muri iyi isi ipfa ivyo irekeranye. Ivyo mu ntango birashobora gusa n’ibiremereye. Mugabo urihangana! Niwihweze Ivyanditswe witonze kugira ngo uronke ubumenyi bwerekeye Imana. Niwakirize yompi impanuro Bibiliya yoshobora kuguha igusaba kugira ico uhinduye mu vyiyumviro vyawe no mu vyo ukora.

22. Ni kuki uriko uriga Bibiliya, kandi ushobora gufasha abandi gute kugira ngo ivyo bavyumve?

22 Hari aho abagenzi n’incuti batagushakira inabi borwanya ugutohoza Bibiliya kwawe, mugabo Yezu yavuze ati: “Umuntu wese azonyaturira imbere y’abantu, nanje nzomwaturira imbere ya Data wo mw ijuru. Arik’umuntu wese azonyihakanira imbere y’abantu, nanje nzomwihakanira imbere ya Data wo mw ijuru.” (Matayo 10:32, 33) Hari abotinya yuko uzohava winjira mu kadumbi k’idini canke ugapfa gushigikira ivyo utazi. Ariko rero mu vy’ukuri, uriko gusa wita ku rutare ngo wironkere ubumenyi bwerekeye Imana n’ukuri kwayo. (1 Timoteyo 2:3, 4) Kugira ngo ufashe abandi babitahure, uragenza buhoro, ntube umunyabihari igihe ubabwira ivyo uriko uriga. (Ab’i Filipi 4:5) Uribuka yuko hari benshi ‘bareshwa ata jambo rivuzwe’ igihe babonye ikimenyamenya c’uko ubumenyi bwa Bibiliya bugirira abantu akamaro vy’ukuri.—1 Petero 3:1, 2.

23. Ushobora gute ‘kuronderana igishika’ ubumenyi bwerekeye Imana?

23 Bibiliya iduhimiriza iti: “Nk’abana b’inzoya baheruka kuvuka, nimuronderane igishika amata nyakuri [adafunguye] [“ya rya jambo,” NW].” (1 Petero 2:2, UB) Uruhinja rutungwa n’ukwonka nyina, kandi rugakovya kugira ngo ruhabwe ico kintu rukeneye. Na twebwe dutungwa n’ubumenyi buva ku Mana. ‘Nuronderane igishika’ Ijambo ryayo mu kubandanya uritohoza. Vy’ukuri, niwishingire umugambi wo gusoma Bibiliya ku musi ku musi. (Zaburi 1:1-3) Ivyo bizokuzanira imihezagiro myinshi, kuko muri Zaburi 19:11 havuga ku vyagezwe vy’Imana hati: “Kuvyitondera harimw’impēra nini.”

[Akajambo k’epfo]

a B.G.C. bisobanura “imbere y’Igihe Cacu,” bikaba ari vyo vy’ukuri kuruta B.K. (“imbere ya Kirisitu”). G.C. bisigura “mu Gihe Cacu,” bakunda kwita A.D. bivuye muri anno Domini, bigasobanura “mu mwaka w’Umukama wacu.”

SUZUMA UBUMENYI BWAWE

Ni mu buryo ubuhe Bibiliya ata kindi gitabu bisa?

Ni kuki ushobora kwizigira Bibiliya?

Ni igiki kikwemeza ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana ryahumetswe?

[Uruzitiro ku rup. 14]

KORESHA NEZA BIBILIYA YAWE

Kumenyera Bibiliya si ngombwa ngo bigorane. Koresha urupapuro rwayo rw’ibirimwo kugira ngo umenye urutonde ibitabu vya Bibiliya birimwo hamwe n’aho ubisanga.

Ibitabu vya Bibiliya birafise ibigabane n’imirongo bituma ubirabamwo bitagoranye. Igaburwa mu bigabane ryongewemwo mu kinjana ca 13, hanyuma bisa n’uko umucapuzi w’Umufaransa wo mu kinjana ca 16 ari we yagabuye Ivyanditswe vy’Ikigiriki mu mirongo irimwo muri iki gihe. Bibiliya ya mbere ikwiye yari ifise ibitigiri vy’ibigabane n’imirongo ni iyo mu Gifaransa, yasohowe mu 1553.

Igihe ivyanditswe bitanzwe muri iki gitabu, igitigiri ca mbere cerekana ikigabane, hanyuma igikurikira kikerekana umurongo. Nk’akarorero, ahanditswe ngo “Imigani 2:5” bisobanura igitabu c’Imigani, ikigabane ca 2, umurongo wa 5. Ugiye urasoma ivyanditswe vyatanzwe, ntibizoteba kukworohera gutora aho ibisomwa vya Bibiliya biherereye.

Uburyo bwiza burushirije bwo kumenyera Bibiliya ni ukuyisoma ku musi ku musi. Mu ntango, ivyo bishobora gusa n’ibitoroshe. Mugabo ugiye urasoma kuva ku bigabane bitatu gushika kuri bitanu ku musi, bivuye ku kuntu binganangana, uzoheza gusoma Bibiliya nzima mu mwaka umwe. Ni kuki none utotangura uno musi?

[Uruzitiro ku rup. 19]

BIBILIYA NI IGITABU NTANGERE

• Bibiliya “[y]ahumetswe n’Imana.” (2 Timoteyo 3:16) Naho ari abantu banditse amajambo, Imana ni yo yarongoye ivyiyumviro vyabo, ku buryo Bibiliya ari vy’ukuri “ijambo ry’Imana.”—1 Ab’i Tesalonike 2:13.

• Bibiliya yanditswe mu kiringo c’ibinjana birenga 16, yandikwa n’abantu nka 40 bafise kahise gatandukanye. Naho ari ukwo, yose uko ingana ivuga rumwe guhera ku ntango gushika kw’iherezo.

• Bibiliya yararokotse ukurwanywa kwinshi kuruta ikindi gitabu ico ari co cose. Mu bihe vyo hagati y’ikinjana ca 5 n’ica 15 G.C., abantu baratuririwe ku mugogo w’igiti kubera gusa ko bari bafise igitabu c’Ivyanditswe.

• Bibiliya ni co gitabu ca mbere mu kugurwa cane mw’isi. Yarahinduwe mu ndimi zirenga 2.000, yaba yose canke igihimba cayo. Haracapuwe izingana amamiliyaridi, kandi biragoye kuronka kw’isi ahantu utosanga n’imiburiburi ikopi n’imwe yayo.

• gihimba ca Bibiliya ca kera kuruta ibindi ni ico mu kinjana ca 16 B.G.C. Aho hari imbere y’uko haza ca gitabu c’indirimbo z’idini y’Abahindu citwa Rig-Veda (nko mu 1300 B.G.C.), canke ca gitabu c’idini y’Ababuda citwa “Ibwirizwa ry’Ibiseke Bitatu” (mu kinjana ca gatanu B.G.C.), canke ya Korowani y’Abisilamu (mu kinjana c’indwi G.C.), hamwe n’icitwa Nihongi c’idini y’Abashinto (mu 720 G.C.).

[Ifoto yuzuye urupapuro rwose, rup. 20]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika