ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/3 rup. 8-12
  • Woba ufise ‘umutima wo kumenya’ Yehova?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba ufise ‘umutima wo kumenya’ Yehova?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • VYOBA BIKENEWE KO UMUTIMA W’IKIGERERANYO UBAGWA?
  • ‘UMUTIMA WO KUMUMENYA’ MURI IKI GIHE
  • KURONKA NO KUGUMANA ‘UMUTIMA WO KUMENYA’ IMANA
  • Woba ufise ‘umutima wo kumenya’ Yehova?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Nugire Umutima Uhimbara Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Niwiyubare ku bijanye n’umutima uhemuka
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Nurinde Umutima Wawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/3 rup. 8-12

Woba ufise ‘umutima wo kumenya’ Yehova?

“Nzobaha umutima kugira bamenye jewe, bamenye yuko jewe ndi Yehova; kandi bazoba koko abantu banje.”—YER. 24:7.

WOKWISHURA GUTE?

  • Ni mu buryo ki Abayuda benshi bo mu gihe ca Yeremiya batari ‘bagenyerewe mu mutima’?

  • Ni kubera iki twese dukwiye gusuzuma umutima wacu w’ikigereranyo?

  • Dushobora gute kugira ‘umutima wo kumenya’ Yehova?

1, 2. Ni kubera iki abantu bamwebamwe boshobora gushimishwa n’insukoni?

WOBA ukunda kurya insukoni, zaba mbisi canke izumye? Benshi barabikunda, akaba ari co gituma insukoni ziribwa usanga zirimwa henshi. Abayuda ba kera baraha agaciro ivyamwa vy’ibiti vy’imisukoni. (Nah. 3:12; Luka 13:6-9) Insukoni zirimwo ibintu vy’ibigozigozi bifasha umushishito gusya ibifungurwa, zikabamwo ibintu bikingira umubiri be n’ivyunyunyu. Ni co gituma hari abavuga yuko insukoni zigirira akamaro umutima.

2 Yehova yarigeze kugereranya insukoni n’imitima. Imana ntiyariko iravuga ukuntu gufungura insukoni bigirira akamaro amagara. Yariko ivuga mu buryo bw’ikigereranyo. Ivyo yavuze biciye ku muhanuzi Yeremiya birerekeye umutima wawe n’imitima y’abawe. Uko turimbura ivyo yavuze, nuzirikane ico ivyo bishobora gusobanura ku bakirisu.

3. Insukoni zivugwa muri Yeremiya ikigabane ca 24 zagereranya iki?

3 Nimuze tubanze turimbure ikintu Imana yavuze mu gihe ca Yeremiya ku bijanye n’insukoni. Mu 617 B.G.C., ihanga rya Yuda ryari ryononekaye mu vy’impwemu. Imana yareretse uwo muhanuzi ivyoshitse muri kazoza, ibigereranya n’ubwoko bubiri bw’insukoni, zimwe zikaba zari “nziza cane” izindi zikaba “mbi cane.” (Soma Yeremiya 24:1-3.) Izo nsukoni mbi zagereranya Umwami Zedekiya be n’abandi bari bameze nka we bafashwe nabi cane n’Umwami Nebukadinezari be n’ingabo ziwe. Mugabo tuvuge iki ku vyerekeye Ezekiyeli, Daniyeli na ba bagenzi biwe batatu bari basanzwe bari i Babiloni be n’Abayuda bamwebamwe bagira bajanweyo? Bari bameze nk’izo nsukoni nziza. Amasigarira yabo yogarutse kugira ngo asubire kwubaka Yeruzalemu n’urusengero rwaho. Ivyo vyahavuye biba.—Yer. 24:8-10; 25:11, 12; 29:10.

4. Ni indemesho iyihe twokura mu vyo Imana yavuze ku bijanye n’insukoni nziza?

4 Yehova yavuze ku bijanye n’abagereranywa n’insukoni nziza ati: “Nzobaha umutima kugira bamenye jewe, bamenye yuko jewe ndi Yehova; kandi bazoba koko abantu banje.” (Yer. 24:7) Ico ni co canditswe c’ishimikiro c’iki kiganiro, kandi kiraremesha cane. Imana iriteguriye guha abantu ‘umutima wo kuyimenya.’ Uwo “mutima” uvugwa ng’aho urafitaniye isano n’agatima umuntu afise. Nta gukeka ko wipfuza kugira umutima nk’uwo no kuba umwe mu basavyi bayo. Mu ntambwe wotera kugira ngo ubishikeko harimwo kwiga no gushira mu ngiro Ijambo ryayo, kwigaya no guhindukira, kwegurira ubuzima bwawe Imana hamwe no kubatizwa mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda. (Mat. 28:19, 20; Ivyak. 3:19) Ushobora kuba umaze gutera izo ntambwe, canke ugashobora kuba wama wifatanya n’Ivyabona vya Yehova, ukaba rero uriko uratera izo ntambwe.

5. Yeremiya yanditse canecane ku bijanye n’umutima wa bande?

5 Twaba tumaze gutera zimwezimwe muri izo ntambwe canke zose, turacakeneye kwitwararika agatima n’inyifato dufise. Urashobora kubona igituma ari ukwo biri uravye ibindi bintu Yeremiya yanditse ku vyerekeye umutima. Ibigabane bimwebimwe vy’igitabu ca Yeremiya vyavuga ibijanye n’amahanga yari akikuje ihanga rya Yuda, yamara vyashimika ahanini kuri iryo hanga mu gihe c’ingoma z’abami batanu mu bami baryo. (Yer. 1:15, 16) Egome, Yeremiya yanditse canecane ivyerekeye abagabo, abagore n’abana bari bariyeguriye Yehova. Ba sekuruza babo bari barihitiyemwo kuba ihanga ryamwiyeguriye. (Kuv. 19:3-8) Kandi mu gihe ca Yeremiya, abo bantu baremeje yuko biyeguriye Imana. Bavuze bati: “Tuje kuri wewe, kuko wewe, ewe Yehova, uri Imana yacu.” (Yer. 3:22) Ariko none, wibaza ko umutima wabo wari umeze gute?

VYOBA BIKENEWE KO UMUTIMA W’IKIGERERANYO UBAGWA?

6. Ni kubera iki dukwiye kwitwararika cane ivyo Imana yavuze ku bijanye n’umutima?

6 Abaganga bo mu bihe vya none barashobora gukoresha ubuhinga buteye imbere kugira ngo barabe ukuntu umutima umeze be n’ukuntu ukora. Yehova wewe arashoboye gukora ibiruta ivyo, nk’uko yabigize mu gihe ca Yeremiya. Imana irabishoboye bimwe bidasanzwe, nk’uko tubibonera muri aya majambo yavuze iti: “Umutima ni umuhemu kuruta ikindi kintu cose kandi ni mubi cane. Ni nde yowumenya? Jewe Yehova nsesa umutima, . . . kugira ngo mpe umwe wese nk’uko inzira ziwe ziri, nk’uko ivyamwa vy’ibikorwa vyiwe biri.” (Yer. 17:9, 10) Ukwo kuba Yehova ‘asesa umutima’ ntigusaba ko apima umutima nya mutima, uwushobora gutera incuro amamiliyaridi nk’atatu mu myaka 70 canke 80. Ahubwo, yariko avuga umutima w’ikigereranyo. Uwo “mutima” ni ico umuntu ari imbere muri we, ukaba ugizwe n’ivy’ivyipfuzo vyiwe, ivyiyumviro vyiwe, agatima afise be n’imigambi yiwe. Na wewe urafise umutima nk’uwo. Imana irashoboye kuwusuzuma, kandi na wewe urabishoboye ku rugero runaka.

7. Yeremiya yadondoye gute umutima w’Abayuda benshi bo mu gihe ciwe?

7 Mu kwitegurira kuwusuzuma, twoshobora kwibaza duti: ‘Umutima w’ikigereranyo w’Abayuda benshi bo mu gihe ca Yeremiya wari umeze gute?’ Kugira twishure ico kibazo, rimbura aya majambo adasanzwe Yeremiya yakoresheje, ayagira ati: “Inzu yose ya Isirayeli [ntigenyerewe] mu mutima.” Ntiyariko avuga ukugenyerwa gusanzwe kw’Abayuda b’igitsina-gabo, kuko yari yavuze ati: “ ‘Ehe imisi iraje,’ ni ko Yehova avuze, ‘kandi nzogira ico mbaza abantu bose bagenyerewe mugabo bakaguma batagenyerewe.’ ” Ku bw’ivyo, mbere abagabo b’Abayuda bari bagenyerewe ntibari ‘bagenyerewe mu mutima.’ (Yer. 9:25, 26) Ivyo vyasobanura iki?

8, 9. Abayuda benshi bari bakeneye kugira iki ku bijanye n’umutima wabo?

8 Ivyo Imana yahimirije Abayuda kugira biradufasha kumenya ico ‘ukutagenyerwa mu mutima’ gusobanura. Yavuze iti: “Mugenyere imitima yanyu, yemwe bagabo ba Yuda namwe ababa i Yeruzalemu; kugira ngo ubushangashirwe bwanje ntibupfunduke . . . kubera ububi bw’ibikorwa vyanyu.” Ariko none ibikorwa vyabo bibi vyava he? Imbere muri bo, mu mutima wabo. (Soma Mariko 7:20-23.) Egome, Imana ibicishije kuri Yeremiya yarasuzumye neza iratora aho ibikorwa bibi vy’abo Bayuda vyava. Umutima wabo wari umugarariji ruhebwa. Imvo bakorana ibintu be n’ivyiyumviro vyabo ntivyayihimbara. (Soma Yeremiya 5:23, 24; 7:24-26.) Imana yababwiye iti: “Nimwigenyereshe ku bwa Yehova, kandi mugenyere imitima yanyu.”—Yer. 4:4; 18:11, 12.

9 Ku bw’ivyo, Abayuda bo mu gihe ca Yeremiya bari bakeneye kwibagisha umutima wabo w’ikigereranyo, ari kwo ‘kugenyera umutima, nk’uko abo mu gihe ca Musa bari barabigize. (Gus. 10:16; 30:6) ‘Kugenyera imitima yabo’ vyasobanura kwikurako ibintu vyatuma umutima wabo ukomantara, ivyo na vyo bikaba vyari ivyiyumviro vyabo, ivyipfuzo vyabo, ni ukuvuga imvo zatuma bakora ibintu zari ziteye kubiri n’iz’Imana.—Ivyak. 7:51.

‘UMUTIMA WO KUMUMENYA’ MURI IKI GIHE

10. Nk’uko vyerekenywe na Dawidi, dukwiye kwipfuza kugira iki?

10 Ese ukuntu dukenguruka kuba Imana idufasha gutahura umutima w’ikigereranyo! Mugabo hari abokwibaza bati: ‘Ariko none kubera iki Ivyabona vya Yehova bo muri iki gihe bokwitwararika ico kintu?’ Si uko abakirisu benshi bo mu mashengero bariko baragendera mu bibi canke bariko baracika “insukoni mbi,” nk’uko vyari ku Bayuda benshi bo mu gihe ca kera. Ahubwo nyabuna, abasavyi b’Imana bo muri iki gihe ni igisata cayihebeye kandi kidahumanye. Naho ari ukwo, nuzirikane ukuntu Dawidi yatakambiye Yehova ati: “Mana, nunserangure umenye umutima wanje. Nunsuzume umenye ivyiyumviro vyanje bidurumbanya, urabe ko muri jewe hari inzira n’imwe ibabaza.”—Zab. 17:3; 139:23, 24.

11, 12. (a) Ni kubera iki twese dukwiye gusuzuma umutima wacu? (b) Ni igiki Imana itazokora?

11 Yehova yipfuza ko twese tuba abemewe na we kandi tukaguma gutyo. Yeremiya yiyemereye ku vyerekeye umugororotsi ati: “Wewe, ewe Yehova nyen’ingabo, urasuzuma umugororotsi; urabona amafyigo n’umutima.” (Yer. 20:12) Nimba Mushoboravyose asuzuma n’umutima w’umugororotsi, ntidukwiye none twebwe ubwacu kwisuzuma ata buryarya? (Soma Zaburi 11:5.) Tubigize, twoshobora kubona agatima kanaka, umugambi munaka, canke inyiyumvo ikomeye yinaka dukeneye kuraba neza. Twoshobora kubona ikintu kiriko kiratuma umutima wacu ukomantara, ico tubona ko kibwirizwa gukurwaho. Ukwo kwoba ari ukubaga umutima w’ikigereranyo. Nimba wemera ko vyoba vyiza usuzumye umutima wawe w’ikigereranyo, ni ibiki wowuronderamwo? Kandi woshobora gute guhindura ibintu vyose bikenewe?—Yer. 4:4.

12 Ikizwi coco ni iki: Ntidukwiye kwitega ko Yehova aduhatira guhindura. Yavuze ku bijanye na bamwe bagereranywa n’ “insukoni nziza” yuko ‘yobahaye umutima wo kumumenya.’ Ntiyavuze ko yobahatiye guhindura umutima. Bari bakeneye kwipfuza umutima udakomantaye werekana ko bazi Imana. Ivyo none si vyo natwe dukeneye?

Gusuzuma umutima maze tugakosora ivyipfuzo bitabereye bizoshikana ku mihezagiro

13, 14. Ni mu buryo ubuhe umutima w’umukirisu woshobora kumugirira nabi?

13 Yezu yavuze ati: “Mu mutima ni ho hava ivyiyumviro bibi, ubwicanyi, ukurenga ibigo, ubusambanyi, ukwiba, ugushinga intahe z’ikinyoma, ukurogota.” (Mat. 15:19) Biragaragara ko mu gihe umutima ukomantaye w’umuvukanyi wotuma arenga ibigo canke agasambana maze ntiyigaye, yoshobora kuguma adashimwa n’Imana. Yamara, mbere n’umuntu atakoze ikibi nk’ico yoshobora kuba ariko arareka icipfuzo kitabereye kigatsimbatara mu mutima wiwe. (Soma Matayo 5:27, 28.) Aho ni ho ugusuzuma umutima vyoshobora gufasha. Usuzumye umutima wawe, woba wowubonamwo inyiyumvo itabereye ufitiye uwo mudasangiye igitsina, ni ukuvuga icipfuzo gikomeye cihishije Imana itokwirengagiza kandi gikeneye gukurwamwo?

14 Canke na ho umuvukanyi kanaka ‘aticanye’ koko yoshobora kubika inzika mu mutima wiwe gushika aho yanka umukirisu mugenziwe. (Lew. 19:17) Yoba azokwita ku rutare kugira ngo yikuremwo inyiyumvo nk’izo zoshobora gutuma umutima wiwe ukomantara?—Mat. 5:21, 22.

15, 16. (a) Tanga akarorero kerekana ukuntu umukirisu yoshobora kuba ‘uwutagenyerewe mu mutima.’ (b) Ni kubera iki wiyumvira ko ‘umutima utagenyerewe’ utohimbara Yehova?

15 Igishimishije ni uko abakirisu benshi batarwaye umutima muri ubwo buryo bw’ikigereranyo. Yamara, Yezu yaravuze kandi ivyerekeye “ivyiyumviro bibi.” Ivyo ni uburyo bwo kubona ibintu canke agatima vyoshobora kwonona imice myinshi y’ubuzima. Nk’akarorero, umuntu yoshobora kuba abona mu buryo bugoramye ibijanye no kudahemukira incuti. Ego ni ko, abakirisu baripfuza ‘kwiyumvamwo’ incuti, ntibamere nk’abantu benshi batiyumvamwo ababo muri iyi “misi ya nyuma.” (2 Tim. 3:1, 3) Ariko rero, birashoboka ko umuntu arenza urugero muri uwo muce. Benshi babona ko ubucuti bw’amaraso buhambaye kuruta ubucuti bwo mu vy’impwemu. Boshobora rero kuburanira canke gushigikira incuti batarinze kuraba n’inkurikizi, bakabona ko ari bo bababajwe mu gihe iyo ncuti ibabajwe. Zirikana ico bene izo nyiyumvo zikomeye zatumye basaza ba Dina bakora. (Ita. 34:13, 25-30) Iyumvire kandi icari mu mutima wa Abusalomu catumye agandagura mwene wabo Amunoni bari basangiye se. (2 Sam. 13:1-30) “Ivyiyumviro bibi” si vyo none vyatumye ivyo bintu biba?

16 Ni ivy’ukuri ko abakirisu b’ukuri batica. Ariko none, boba boshobora gushavurira bimwe bikomeye umuvukanyi canke mushiki wacu yasuzuguye umwe mu ncuti zabo canke biyumvira ko yabigize? Boshobora kureka kugaragariza ubwakiranyi uwo muntu basangiye ukwemera biyumvira ko yafashe nabi iyo ncuti yabo canke bagashobora kutigera babumugaragariza. (Heb. 13:1, 2) Bene izo nyiyumvo mbi zikomeye be n’ukwo kubura ubwakiranyi bigaragaza ukubura urukundo kandi ntibikwiye kuza birirengagizwa. Egome, Umwe asuzuma imitima yoshobora kudutora indwara y’ ‘ukutagenyerwa kw’umutima.’ (Yer. 9:25, 26) Niwibuke bamwe Yehova yahimiriza ati: “Mugenyere imitima yanyu.”—Yer. 4:4.

KURONKA NO KUGUMANA ‘UMUTIMA WO KUMENYA’ IMANA

17. Gutinya Yehova bishobora gute kudufasha kugira umutima udakomantaye?

17 Bite ho uramutse usuzumye umutima wawe w’ikigereranyo ukabona ko ukomantaye ku buryo utakira impanuro za Yehova nk’uko vyategerezwa be n’uko ‘utagenyerewe’ ku rugero runaka? Kumbure uwusanzemwo ugutinya abantu, icipfuzo co kuba umuntu ahambaye canke gutunga ibintu bizimvye, canke mbere agatima k’akagagazo kibure ukwigenga. Ntiwoba ubaye uwa mbere ushikiwe n’ivyo bintu. (Yer. 7:24; 11:8) Yeremiya yanditse ko Abayuda b’ibihemu bo mu gihe ciwe bari bafise “umutima w’akagagazo kandi ugarariza.” Yongeyeko ati: “Ntibavuze mu mutima wabo ngo: ‘Dutinye rero Yehova Imana yacu, Umwe atanga imvura y’isegenya n’imvura y’agatasi.’ ” (Yer. 5:23, 24) Ivyo none ntibishaka kwerekana ko kurushiriza gutinya Yehova no kumukengurukira ari vyo vyodufasha kugenyera umutima? Ugutinya kubereye nk’ukwo kurashobora kudufasha twese kugira umutima udakomantaye urushiriza kwemera kumera nk’uko Imana ivyipfuza.

18. Yehova yasezeraniye iki abari mw’isezerano rishasha?

18 Turashobora kandi gukorana na Yehova igihe aduha ‘umutima wo kumumenya.’ Nkako, ivyo ni vyo yasezeraniye abarobanuwe bari muri rya sezerano rishasha. Yavuze ati: “Nzoshira itegeko ryanje muri bo, kandi nzoryandika mu mutima wabo. Nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.” Tuvuge iki ku bijanye no kumumenya vy’ukuri? Yongeyeko ati: “Ntibazosubira kwigishanya, ngo umwe wese yigishe mugenziwe, kandi ngo umwe wese yigishe mwene wabo, ngo: ‘Nimumenye Yehova!’, kuko bose bazomenya, guhera ku muto muri bo gushika no ku wuhambaye kuruta abandi bose muri bo . . . Kuko nzobababarira ikosa ryabo, kandi igicumuro cabo sinzosubira kucibuka.”—Yer. 31:31-34.a

19. Abakirisu b’ukuri biteze kuronka ivyiza ibihe?

19 Waba witeze kwungukira ibihe bidahera kuri iryo sezerano rishasha mw’ijuru canke kw’isi, urakwiye kwipfuza kumenya Yehova no kuba mu bantu biwe. Kugira ngo uronke iyo mihezagiro ubwirizwa kubanza kubabarirwa ibicumuro hishimikijwe incungu ya Kristu. Kuba ushobora kubabarirwa ubwavyo bikwiye kukuvyurira umutima wo kubabarira abandi, mbere na barya woba ufise imvo zumvikana zo kubashavurira cane. Kuba witeguriye gukura mu mutima wawe inzigo iyo ari yo yose ushobora kuba ufise bizowugirira akamaro. Gutyo ntuzoba werekanye gusa ko wipfuza gukorera Yehova, ariko kandi uzoba werekanye ko uriko urarushiriza kumumenya. Uzomera nka bamwe Yehova yavuga abicishije kuri Yeremiya ati: “Muzondondera koko mundonke, kuko muzondondera n’umutima wanyu wose. Nanje nzoreka mundonke.”—Yer. 29:13, 14.

a Iryo sezerano rishasha ririhwezwa mu kigabane ca 14 c’igitabu Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika