ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • “Shira Umutima ku” Rusengero rw’Imana!
    Umunara w’Inderetsi—1999 | 1 Ntwarante
    • 7. Ni ibiki bimenyeshwa ku biraba Abalewi n’Abaherezi?

      7 Ubuherezi na bwo nyene bwategerezwa guhumanurwa, ni ukuvuga ko bwokuwemwo inkamba. Abalewi bokangiriwe kubera bihaye ivy’ugusenga ibigirwamana, mu gihe abahungu b’abaherezi ba Sadoki bokejwe kandi bagahabwa impera kubera ko bagumye badahumanye.a Ariko, iyo migwi yose bogize ibibanza mu murimo wo mu nzu y’Imana yasubijwe umutamana—bikaba bitokekwa ko vyobaye bivuye ku kuba umuntu wese muri bo ari umwizerwa. Ikindi, Yehova yavumereye ati: “Baze bigishe abantu banje gutandukanya ivyera n’ibitar’ivyera, babamenyeshe itandukaniro ry’ibihumanye n’ibidahumanye.” (Ezekiyeli 44:10-16, 23) Gutyo ubuherezi bwosubiriye gukora umurimo wo mu nzu y’Imana, kandi abaherezi bohawe impera kubera ukwihangana bogize badahemuka.

  • “Shira Umutima ku” Rusengero rw’Imana!
    Umunara w’Inderetsi—1999 | 1 Ntwarante
    • a Ivyo bishobora kuba vyarashitse Ezekiyeli ku mutima, kuko bivugwa ko ubwiwe yari uwo mu muryango w’abaherezi wa Sadoki.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika