ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)—2016 | Ruheshi
    • Ezekiyeli yareretswe ibintu bibi vyariko birakorerwa i Yeruzalemu imbere y’uko ico gisagara cahemutse gitikizwa mu 607 imbere ya Kristu, arerekwa ingene ibintu vyokurikiranye gushika kuri iryo tikizwa. Yabonye abagabo batandatu bafise ibirwanisho vyo kumenagura. Yaranabonye muri bo umugabo “yambaye ilino” yari afise “agahembe k’irangi k’umunyamabanga.” (Ezk. 8:6-12; 9:2, 3) Uwo mugabo yabwiwe ati: “Nuce hagati mu gisagara, . . . ushire ikimenyetso ku ruhanga rw’abantu baniha bakongera bakaboroga kubera ibintu biteye ishishi vyose biriko bikorerwa hagati muri co.” Mu nyuma, abo bagabo bafise ibirwanisho vyo kumenagura babwiwe ngo bice abantu bose bo mu gisagara badafise nya kimenyetso. (Ezk. 9:4-7) None ivyo bintu Ezekiyeli yeretswe bitwigisha iki, kandi uwo mugabo afise agahembe k’irangi k’umunyamabanga ni nde?

      Ubwo buhanuzi bwashikirijwe mu 612 imbere ya Kristu. Iranguka ryabwo rya mbere ryerekeza kuri ca gihe ingabo za Babiloni zatikiza Yeruzalemu, bikaba vyabaye neza na neza haciye imyaka itanu. Naho Abanyababiloni b’abapagani ari bo bemerewe gutikiza Yeruzalemu, babaye nk’abakozi ba Yehova. (Yer. 25:9, 15-18) Ivyo ni ko biri kubera ko Yehova yabakoresheje kugira ahane abantu biwe bari bahemutse. Ariko rero, ukwo gutikiza ntikwari ukwo kujaniranya abagororotsi n’ababisha. Yehova abigiranye urukundo, yaratunganije ibintu kugira arokore Abayuda batihanganira ibintu bishisha vyariko bibera muri ico gisagara.

      Ezekiyeli nta ruhara yagize muri ico gikorwa co gushira ikimenyetso ku bantu canke muri iryo tikizwa. Ahubwo riho, igikorwa co gushitsa urubanza cayobowe n’abamarayika. Ubwo buhanuzi rero buradufasha kwiha ishusho y’ibiba mw’ijuru. Uretse ko Yehova yari yatumye abamarayika biwe gutunganya ivyo gutikiza abanyakibi, yari yabatumye kandi gushira ku ruhande abagororotsi kugira bazorokoke.a

  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)—2016 | Ruheshi
    • Kera, twasigura ko mw’iranguka ry’ubwo buhanuzi ryo mu gihe ca none, uwo mugabo afise agahembe k’irangi k’umunyamabanga agereranya amasigarira y’abarobanuwe. Vyavugwa ko abakira neza ubutumwa twamamaza, baba baronse ikidodo c’uko bazorokoka. Ariko rero mu myaka ya vuba, vyaragaragaye ko hakwiye kuba ibihinduka mu buryo dusigura ico kintu. Twisunze ibivugwa muri Matayo 25:31-33, Yezu ni we azocira abantu urubanza. Urubanza rwiwe rwa nyuma azoruca mu gihe ca ya makuba akomeye, afate abameze nk’intama bazorokoka abatandukanye n’abameze nk’impene bazotikizwa.

  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)—2016 | Ruheshi
      1.  Mu gihe ca Ezekiyeli, nta n’umwe yashizwe ku ruhanga ikimenyetso nya kimenyetso, kandi no muri iki gihe ni ko biri. None abantu bakwiye gukora iki kugira bashirweko ikimenyetso c’ikigereranyo kizotuma barokoka? Bakwiye kwakira neza igikorwa co kwamamaza kiriko kirarangurwa, bakambara kamere za gikirisu, bakiyegurira Yehova kandi bagashigikira badahemuka bene wabo na Kristu. (Mat. 25:35-40) Abakora ivyo barashobora kuronka ikimenyetso kizotuma barokoka ya makuba akomeye yimirije.

      2.  Mw’iranguka ryo mu gihe ca none, wa mugabo yari afise agahembe k’irangi k’umunyamabanga agereranya Yezu Kristu, uwushira ikimenyetso ku bazorokoka, naho ataboneka. Abo muri rya sinzi rinini bazoshirwako ikimenyetso mu gihe ca ya makuba akomeye nibacirwa urubanza rw’uko ari intama. Ivyo bizotuma baba ababereye kuronka ubuzima budahera ng’aha kw’isi.​—Mat. 25:34, 46.b

  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)—2016 | Ruheshi
    • a Abantu nka Baruki (umunyamabanga wa Yeremiya), Ebedi-meleki Umunyetiyopiya hamwe n’Abarekabu bararokotse naho ata kimenyetso bashizwe ku ruhanga. (Yer. 35:1-19; 39:15-18; 45:1-5) Bashizweko rero ikimenyetso c’ikigereranyo kugira baze barokoke.

  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)—2016 | Ruheshi
    • b Abarobanuwe b’abizigirwa ntibakeneye gushirwako ico kimenyetso kugira baze barokoke. Ahubwo riho, bashirwako ikidodo ca nyuma imbere y’uko bapfa canke imbere y’uko ya makuba akomeye atangura.​—Ivyah. 7:1, 3.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika