ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/7 rup. 3-7
  • Ubusuku bw’inzu ku nzu, ni kubera iki buhambaye muri iki gihe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubusuku bw’inzu ku nzu, ni kubera iki buhambaye muri iki gihe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uburyo intumwa zakoresha
  • Igitero c’inzige co mu gihe ca none
  • Ugushira ikimenyetso ku bantu kugira ngo bazorokoke
  • Ibintu bikomeye vyimirije gushika
  • Dushinge intahe inzu ku nzu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ukuntu twovyifatamwo neza mu ngorane zidushikira mu busuku bw’inzu ku nzu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/7 rup. 3-7

Ubusuku bw’inzu ku nzu, ni kubera iki buhambaye muri iki gihe?

“Imisi yose mu rusengero n’inzu ku nzu babandanya badatezura kwigisha no kumenyesha inkuru nziza yerekeye Kristu, ari we Yezu.”​—IBIK. 5:42.

1, 2. (a) Ni uburyo ubuhe bwo kwamamaza buranga Ivyabona vya Yehova? (b) Ni igiki tugiye guca irya n’ino muri iki kiganiro?

NI IKINTU abantu bamenyereye kubona mu bihugu nka vyose kw’isi. Abantu babiri bambaye neza baregera inzu maze bakihatira kubwira muri make uwo bahasanze ubutumwa bwo muri Bibiliya bwerekeye Ubwami bw’Imana. Mu gihe uwo muntu ashimishijwe n’ubwo butumwa, barashobora guca bamuha igisohokayandikiro gishingiye kuri Bibiliya bakongera bakamusaba ko bomugirira inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana ku buntu. Ivyo biheze, baca baja ku nzu ikurikira. Niba ugira uruhara muri ico gikorwa, ushobora kuba umaze kubona ko abantu bakunze guca bamenya yuko uri Icabona ca Yehova, mbere n’igihe uba utarakurako n’umunwa. Emwe, ubusuku bw’inzu ku nzu buramaze kuba ikintu kituranga!

2 Turakoresha uburyo butandukanye kugira ngo turangure igikorwa Yezu yadushinze co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:19, 20) Turashinga intahe mu masoko, mu mabarabara no mu bindi bibanza bihuriramwo abantu benshi. (Ibik. 17:17) Turavugana n’abantu benshi biciye kuri telefone canke tukabandikira. Turabwira ukuri kwo muri Bibiliya abo tubona igihe turiko turangura imirimo yacu ya misi yose. Turafise n’umuhora wemewe wo kuri Internet utuma abantu bashobora kuronka amakuru ashingiye kuri Bibiliya mu ndimi zirenga 300.a Ubwo buryo bwose dukoresha buravamwo ivyiza. Yamara rero, mu mihingo nka yose, ukwamamaza inzu ku nzu ni bwo buryo nyamukuru dukoresha mu gukwiragiza inkuru nziza. None ubwo buryo bwo kwamamaza bushingiye ku ki? Vyagenze gute ngo ubwo buryo bube ari bwo abasavyi b’Imana bo mu bihe vya none bakoresha cane? Kandi ni kubera iki buhambaye muri iki gihe?

Uburyo intumwa zakoresha

3. Ni ubuyobozi ubuhe bujanye n’ukwamamaza Yezu yahaye intumwa, kandi ivyo vyerekana iki ku bijanye n’ingene bari bakwiye kwamamaza?

3 Ubwo buryo bwo kwamamaza inzu ku nzu bushingiye ku Vyanditswe. Igihe Yezu yarungika intumwa kwamamaza, yazitegetse ati: “Igisagara cose canke ikigwati cose muzokwinjiramwo, muharondere uwukwiriye.” None borondeye gute abakwiriye? Yezu yababwiye kuja mu mihana y’abantu, mu kuvuga ati: “Igihe mwinjira mu nzu, muramutse urwo rugo; kandi nimba nya nzu ikwiriye, amahoro muyipfurije ayizeko.” Boba none bogendeye abantu batabatumiye? Raba amajambo Yezu yaciye yongerako, ati: “Aho hose umuntu atabakiriye canke ngo yumvirize amajambo yanyu, muvuye muri iyo nzu canke muri ico gisagara, mukunkumure umukungugu ku birenge vyanyu.” (Mat. 10:11-14) Ubwo buyobozi burerekana neza ko, uko intumwa ‘zaca muri ako karere ziva mu kigwati zija mu kindi, zimenyesha inkuru nziza’, zari kwibwiriza zikagendera abantu mu mihana yabo.​—Luka 9:6.

4. Ni hehe Bibiliya ivuga idomako ivyo kwamamaza inzu ku nzu?

4 Bibiliya iravuga idomako yuko intumwa zamamaza inzu ku nzu. Nk’akarorero, mu Bikorwa 5:42 haravuga ibiberekeye, hati: “Imisi yose mu rusengero n’inzu ku nzu babandanya badatezura kwigisha no kumenyesha inkuru nziza yerekeye Kristu, ari we Yezu.” Haciye imyaka nka 20, intumwa Paulo yaribukije abagabo b’inararibonye bo mw’ishengero ry’i Efeso ati: “Nta na kimwe naretse kubabwira mu bintu vyose vy’ingirakamaro canke ngo ndeke kubigisha ku mugaragaro be no mu nzu no mu yindi.” Paulo yoba yagendeye abo bakurambere imbere y’uko bacika abemera? Bigaragara ko ari ko vyagenze, kubera yuko mu bintu yabigishije, harimwo n’“[iv]yerekeye ukwigaya ku Mana n’ukwizera Umukama wacu Yezu.” (Ibik. 20:20, 21) Igitabu kimwe canditswe n’uwitwa Robertson (Word Pictures in the New Testament) kiragira ico kivuze ku bivugwa mu Bikorwa 20:20, giti: “Birabereye kubona uwo mwamamaji yavyifatamwo neza kuruta abandi bose yaramamaza inzu ku nzu.”

Igitero c’inzige co mu gihe ca none

5. Igikorwa co kwamamaza kidondorwa gute mu buhanuzi bwa Yoweli?

5 Ugushinga intahe kwagirwa mu kinjana ca mbere yari imponjo gusa y’igikorwa gihambaye kuruta coranguwe mu gihe cacu. Igikorwa co kwamamaza kirangurwa n’abakirisu basizwe, umuhanuzi Yoweli yakigereranije n’icago gitema kigatongora gitewe n’udukoko, harimwo n’inzige. (Yow. 1:4) Kubera ko izo nzige zitera imbere nka kurya kw’igitero c’ingabo, zirasimba imitego, zikinjira mu mazu kandi zigakegeta ivyo zisanze mu nzira vyose. (Soma Yoweli 2:2, 7-9.) Mbega ishusho ikomeye yerekana ukuntu mu bihe vya none abasavyi b’Imana bumira kw’ibanga kandi bitwararika ibintu mu kurangura igikorwa c’ukwamamaza bashinzwe! Ubusuku bw’inzu ku nzu ni bwo buryo nyamukuru abakirisu basizwe be na bagenzi babo bo mu “zindi ntama” bakoresha mu gushitsa amajambo adondora ubwo buhanuzi. (Yoh. 10:16) None vyagenze gute ngo twebwe Ivyabona vya Yehova dutangure gukoresha ubwo buryo bwo kwamamaza intumwa zakoresha?

6. Ni indemesho izihe zatanzwe mu 1922 ku bijanye n’ukwamamaza inzu ku nzu, ariko bamwebamwe bazakiriye gute?

6 Kuva mu 1919 kubandanya, ivy’uko umukirisu wese ajejwe ibanga ryo kugira uruhara we ubwiwe mu gikorwa co gushinga intahe, vyarashimitsweko cane. Nk’akarorero, ikiganiro co mu Munara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 15 Myandagaro 1922 cavuga ngo “Umurimo turangura urahambaye,” caribukije abakirisu basizwe akamaro ko “gushira abantu ubutumwa bucapuwe babigiranye umwete no kuganira na bo bari imbere y’imiryango y’inzu zabo, bagashinga intahe y’uko ubwami bwo mw’ijuru bwegereje.” Uburyo bwo gutanguza ibiyago bwitondewe bwaratangwa biciye ku co bita Bulletin (ubu kikaba ari Igikorwa dukorera Ubwami). Yamara mu ntango, abamamaza vy’ukuri inzu ku nzu bari ku rushi. Hari abagonanywe kubigira. Baraseruye ivyitwazo bitandukanye, ariko ingorane nyamukuru yari iy’uko bamwebamwe muri bo bumva ko kwamamaza inzu ku nzu vyobasuzuguje. Kubera ko umurimo wo mu ndimiro waguma ushimikwako cane, benshi muri abo bagiye buhorobuhoro bariyonjorora mw’ishirahamwe rya Yehova.

7. Mu myaka ya 1950, vyahavuye bigaragara ko hari hakenewe iki?

7 Mu myaka mirongo yakurikiye, abagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza bagiye bariyongera. Ariko rero, vyahavuye bigaragara ko umwe wese yari akeneye kurushiriza kumenyerezwa muri ubwo busuku bw’inzu ku nzu. Fata nk’akarorero ingene ibintu vyari vyifashe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Mu ntango z’imyaka ya 1950, Ivyabona bo muri ico gihugu bashika ku bice 28 kw’ijana, igikorwa co kwamamaza bakirangura gusa mu gushikiriza abantu udupapuro tw’ubutumire canke mu guhagarara mu mabarabara bafise ibinyamakuru. Abarenga ibice 40 kw’ijana na bo barahorereza mu gikorwa co kwamamaza, bakareka amezi n’ayandi agahera badashinze intahe na rimwe. Ni igiki cari gukorwa kugira ngo abakirisu bose biyeguriye Imana bafashwe ngo bamamaze inzu ku nzu?

8, 9. Ni porogarama y’ukumenyerezwa iyihe yatangujwe mu 1953, kandi yavuyemwo iki?

8 Kw’ihwaniro mpuzamakungu ryabereye mu gisagara ca New York mu 1953, ubusuku bw’inzu ku nzu bwarashimetsweko bimwe bidasanzwe. Umuvukanyi Nathan H. Knorr yaravuze ko gufasha Icabona uwo ari we wese kugira ngo abe umusuku w’inzu ku nzu adahorereza cari co gikorwa nyamukuru abacungezi bakirisu bose bari bakwiye gukora. Yavuze ati: “Uwo ari we wese akwiye kuba uwushoboye kwamamaza inkuru nziza inzu ku nzu.” Haciye hatanguzwa porogarama yo kumenyereza abamamaji bose kugira ngo iyo ntumbero ishikweko. Abatari bwatangure kwamamaza inzu ku nzu ico gihe, baramenyerejwe mu bijanye no kuganiriza abantu imbere y’imiryango y’inzu zabo, kuzirikana na bo kuri Bibiliya be no kwishura ibibazo vyabo.

9 Iyo porogarama yo kubamenyereza yaravuyemwo ivyiza bidasanzwe. Mu kiringo c’imyaka nka cumi, igitigiri c’abamamaji bo hirya no hino kw’isi carongerekanye gushika ku bice 100 kw’ijana, igitigiri c’amasubirayo congerekana gushika ku bice 126 kw’ijana, igitigiri c’inyigisho za Bibiliya na co congerekana ku bice 150 kw’ijana. Muri iki gihe, abamamaji b’Ubwami hafi imiliyoni indwi bariko baramamaza inkuru nziza hirya no hino kw’isi. Iryo yongerekana ridasanzwe ni ikintu kimwe cerekana ko Yehova ahezagira utwigoro abasavyi biwe bagira mu busuku bw’inzu ku nzu.​—Yes. 60:22.

Ugushira ikimenyetso ku bantu kugira ngo bazorokoke

10, 11. (a) Ni ibiki Ezekiyeli yeretswe, nk’uko vyanditswe muri Ezekiyeli ikigabane ca 9? (b) Ivyo yeretswe biriko biranguka gute muri iki gihe cacu?

10 Akamaro k’ubusuku bw’inzu ku nzu karashobora kubonekera mu vyo umuhanuzi Ezekiyeli yeretswe. Muri ivyo bintu Ezekiyeli yeretswe, abona abantu batandatu bafise ibirwanisho mu maboko yabo be n’umuntu agira indwi yambaye impuzu zera afise agahembe karimwo wino yo kwandikisha, akambaye kw’itako. Uwo muntu agira indwi abwirwa ngo “[a]nyuragire hagati mu gisagara” yongere “[a]shire ikimenyetso mu ruhanga rw’abantu banihishwa n’ibizira vyose bikorerwa muri co, bikabariza.” Ico gikorwa co gushira ikimenyetso ku bantu kirangiye, ba bantu batandatu bafise ibirwanisho bitema bigatongora baca bahabwa itegeko ryo kwica abo bose batariko ico kimenyetso.​—Soma Ezekiyeli 9:1-6.

11 Turatahura ko mw’iranguka ry’ubwo buhanuzi, uwo muntu “yambaye impuzu zera” agereranya amasigarira y’abakirisu basizwe. Biciye ku gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa, umurwi w’abasizwe urashira ikimenyetso c’ikigereranyo ku bacika abo mu “zindi ntama” za Kristu. (Yoh. 10:16) Uti ico kimenyetso ni igiki? Ni ikimenyamenya c’uko abo mu bagize izo ntama ari abigishwa ba Yezu Kristu biyeguriye Imana bakabatizwa be n’uko bambaye kamere nshasha nk’iya Kristu, ico kimenyamenya bikaba bisa nk’aho cibonekeza ku ruhanga rwabo. (Ef. 4:20-24) Abo bantu bameze nk’intama baracika abagize ubusho bumwe n’abakirisu basizwe, kandi barabafasha mu gikorwa gihambaye cane barangura co gushira ico kimenyetso no ku bandi.​—Ivyah. 22:17.

12. Ivyo Ezekiyeli yeretswe ku bijanye n’ugushira ikimenyetso ku ruhanga rw’abantu, bishira ahabona gute ukuntu bihambaye y’uko tubandanya kurondera abameze nk’intama?

12 Ivyo Ezekiyeli yeretswe birashira ahabona imvo imwe ituma ukuba tubandanya kurondera abantu bariko ‘baraniha kandi barira,’ ari ivyihutirwa cane. Ubuzima burageramiwe. Ingabo za Yehova zo mw’ijuru zishitsa urubanza rwiwe, izigereranywa na ba bantu batandatu bafise ibirwanisho, vuba zigiye guherengeteza abatariko ico kimenyetso c’ikigereranyo. Ku bijanye n’urwo rubanza rwimirije, intumwa Paulo yanditse yuko Umukama Yezu, ari kumwe n’“abamarayika biwe b’ububasha,” azozana “uguhora ku batazi Imana be n’abatagamburukira inkuru nziza yerekeye Umukama wacu Yezu.” (2 Tes. 1:7, 8) Urabona ko abantu bazocirirwa urubanza hisunzwe ukuntu bakira inkuru nziza. Ku bw’ivyo, gutangaza ubutumwa bw’Imana bitegerezwa kubandanya bikorwa mu buryo budatezura gushika ku muhero. (Ivyah. 14:6, 7) Ivyo bituma abasavyi ba Yehova bose bamwiyeguriye bazezwa ibanga rihambaye cane.​—Soma Ezekiyeli 3:17-19.

13. (a) Ni ibanga irihe intumwa Paulo yabona ko ajejwe, kandi kubera iki? (b) Ni ibanga irihe ubona ko ujejwe ku bantu bo mu cibare cawe?

13 Intumwa Paulo yabona ko kubwira abandi inkuru nziza ryari ibanga rimwega. Yanditse ati: “Ku Bagiriki no ku batari Abagiriki, ku nkerebutsi no ku mburabwenge, mfise umwenda: nuko rero ku ruhande rwanje ndashashaye kubamenyesha inkuru nziza namwe abari iyo i Roma.” (Rom. 1:14, 15) Paulo abitumwe n’ugukenguruka imbabazi yari yaragiriwe, yarumvise agoberewe kugerageza gufasha abandi kugira ngo na bo bungukire ku buntu ata wari abukwiriye bw’Imana, nk’uko na we nyene yari yarabwungukiyeko. (1 Tim. 1:12-16) Ni nk’aho yari afitiye umwenda umuntu wese bahura, uwo mwenda akaba yari gushobora kuwishura gusa mu kubwira uwo muntu inkuru nziza. Woba na wewe ubona ko ufitiye umwenda nk’uwo abantu bo mu cibare cawe?​—Soma Ibikorwa 20:26, 27.

14. Ni imvo nyamukuru iyihe ituma twamamaza ku mugaragaro be n’inzu ku nzu?

14 Naho bihambaye ko ubuzima bw’abantu burokorwa, hariho imvo ihambaye cane kuruta ituma twamamaza inzu ku nzu. Mu buhanuzi dusanga muri Malaki 1:11, Yehova avuga ati: “Uhereye iy’izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera izina ryanje rirahambaye mu banyamahanga; kand[i] . . . barosereza izina ryanje imibavu, baranshikanira amashikanwa atunganye, kukw izina ryanje rihambaye mu banyamahanga.” Mw’iranguka ry’ubwo buhanuzi, abasavyi ba Yehova bamwiyeguriye bariko barashemeza izina ryiwe ku mugaragaro mw’isi yose, uko barangura ubusuku bajejwe bicishije bugufi. (Zab. 109:30; Mat. 24:14) Gushikanira Yehova “ikimazi c’ishemezo” ni yo mvo ihambaye ituma twamamaza ku mugaragaro be n’inzu ku nzu.​—Heb. 13:15.

Ibintu bikomeye vyimirije gushika

15. (a) Abisirayeli bongereje gute igikorwa cabo igihe bazunguruka Yeriko ku musi ugira indwi? (b) Ivyo vyerekana iki ku bijanye n’igikorwa co kwamamaza?

15 Ni ibintu ibihe bikirindiye gushikwako ku bijanye n’igikorwa co kwamamaza? Inkuru yiganwa mu gitabu ca Yosuwa yerekeye igihe Yeriko hakikuzwa, iravyerekana neza. Uribuka ko gatoyi imbere y’uko Imana isangangura Yeriko, Abisirayeli bari bategetswe kuza barazunguruka ico gisagara incuro imwe ku musi mu kiringo c’imisi itandatu. Ariko ku musi ugira indwi, igikorwa cabo categerezwa gukorwa ku rugero rwiyongereye bimwe biboneka. Yehova yabwiye Yosuwa ati: “Muze [muzunguruke] ico gisagara ibihetangabo indwi; kand’abo baherezi baze bagende baravuza izo nzamba. Maz’ayo mahembe y’impfizi z’intama ni bayavuza, . . . abantu bose bace [‘bavuza akaruru k’intambara gakomeye,’ NW]: maz’uruzitiro rw’amabuye rw’ico gisagara ruzoca ruhomvokera hasi”. (Yos. 6:2-5) Birashoboka ko igikorwa cacu co kwamamaza kizorangurwa ku rugero rwiyongereye nk’ukwo vyagenze ico gihe. Ata gukeka, igihe ivy’iyi si bizosangangurwa, tuzoba tumaze kubona yuko izina ry’Imana be n’Ubwami bwayo bimaze gushingirwa intahe ku rugero rutari bwigere rushikwako muri kahise kose k’iyi si.

16, 17. (a) Ni igiki kizoba kimaze kurangurwa imbere y’uko “ya makuba akomeye” arangira? (b) Ni ibiki tuza guca irya n’ino mu kiganiro gikurikira?

16 Hari igihe ubutumwa dutangaza tuzosanga bubaye nk’“akaruru k’intambara gakomeye.” Mu gitabu c’Ivyahishuwe, ubutumwa bukomeye bwerekeye urubanza rw’Imana budondorwa ko ari “urubura rukomeye rw’iminana umwumwe upima nk’italanto.”b Vyongeye, mu Vyahishuwe 16:21 havuga hati: “Icago carwo cari gikomeye bidasanzwe.” Gushika ubu ntituzi uruhara ubusuku bw’inzu ku nzu buzorangura mu bijanye n’ugutangaza ubutumwa bw’agaheta bwerekeye urubanza rw’Imana. Yamara turashobora kwizigira tudakeka ko imbere y’uko “ya makuba akomeye” arangira, izina rya Yehova rizoba rimaze kumenyekana kuruta uko vyigeze kuba muri kahise kose k’abantu.​—Ivyah. 7:14; Ezk. 38:23.

17 Magingo tukirindiriye ivyo bintu bikomeye biraririye gushika, ese twobandanya gutangaza inkuru nziza y’Ubwami n’umwete mwinshi! Mu kurangura ico gikorwa twashinzwe, ni ingorane izihe zidushikira mu busuku bw’inzu ku nzu, kandi dushobora gute kuzifatamwo neza? Ivyo bibazo biraza kurimburwa mu kiganiro gikurikira.

[Utujambo tw’epfo]

a Uwo muhora wacu ni www.watchtower.org

b Niba Yohani yariko avuga amatalanto yakoreshwa mu Bugiriki, umunana umwumwe woba upima nk’ibilo 20.

Wokwishura gute?

• Ni imvo yo mu Vyanditswe iyihe ituma twamamaza inzu ku nzu?

• Ubusuku bw’inzu ku nzu bwashimitsweko gute mu bihe vya none?

• Ni kubera iki abasavyi ba Yehova bamwiyeguriye bajejwe ibanga ryo kwamamaza?

• Ni ibintu bikomeye ibihe vyimirije gushika?

[Amafoto ku rup. 4]

Nka kumwe kw’intumwa Paulo, woba ubona ko kubwira abandi inkuru nziza ari ibanga ujejwe?

[Ifoto ku rup. 5]

Umuvukanyi Knorr, mu 1953

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika