Umusi wa Yehova Uri Hafi
“Ni mwumve ibi, yemwe batāma, kandi mutege amatwi, namwe ababa mu gihugu mwese!”—YOWELI 1:2.
1, 2. Ni ibintu ibihe vyari mu Buyuda vyatumye Yehova ahumekera Yoweli ngo avuge ubuhanuzi bwiwe bukomeye?
“EWE wa musi mubi! Kuk’umusi w[a Yehova] uri hafi; uzoza ar’umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose!” Ese ukuntu ari itangazo ry’akajoreza! Ni ubutumwa Imana yarungikiye igisata cayo bushikirizwa n’umuhanuzi wayo Yoweli.
2 Ayo majambo yo muri Yoweli 1:15 yandikiwe i Buyuda nko mu mwaka w’820 B.G.C. Ico gihe imitumba itotahaye yari isharije ico gihugu. Ivyamwa n’ivyimburwa vy’intete vyari umukimba. Amaragiriro yari yagutse kandi aremvye. Ariko rero, hari ikintu kitagenda neza na gato. Ugusenga Bayali kwari gusagamvye i Yeruzalemu no mu gihugu c’i Buyuda. Abanyagihugu baraja mu kunywa bakaborerwa imbere y’iyo mana y’ikinyoma. (Gereranya na 2 Ngoma 21:4-6, 11.) Ubwo Yehova yoretse ivyo vyose bikabandanya?
3. Ni ibiki Yehova yabuye, kandi amahanga yokwiteguriye iki?
3 Igitabu ca Bibiliya ca Yoweli kiratanga inyishu itomoye kuri ico kibazo. Yehova Imana yogarukiye ukuba Segaba kwiwe akongera akeza izina ryiwe ryeranda. Umusi uhambaye wa Yehova wari wegereje. Imana yoshikije rero urubanza yaciriye amahanga yose mu “kiyaya ca Yehoshafati.” (Yoweli 3:12) Reka bitegurire kurwana na Mushoboravyose, Yehova. Na twebwe nyene duhanganye n’umusi uhambaye wa Yehova. Nuko, reka dutereze akajisho twitonze ku majambo y’ubuhanuzi ya Yoweli ku bw’igihe cacu n’icahise.
Igitero c’Udukoko
4. Ikintu cabuwe na Yoweli cobaye gihambaye ku rugero rungana iki?
4 Yehova abicishije kuri uwo muhanuzi wiwe, avuga ati: “Ni mwumve ibi, yemwe batāma, kandi mutege amatwi, namwe ababa mu gihugu mwese! Mbega har’ibimeze nk’ibi vyigeze kubaho mu bihe vyanyu, canke mu bihe vya ba sogokuruza? Mubidondere abana banyu, na bo baze babidondere abana babo, abana babo na bo baze babidondere abuzukuruza.” (Yoweli 1:2, 3) Abakurambere hamwe n’abanyagihugu bose bokwiteze ikintu kitaribwigere gishika kuva babayeho kandi kitigeze gishika no mu gihe ca ba sokuruza babo. Cobaye igitangaza ku buryo bokivuze gushika kw iyaruka rigira gatatu! Ico kintu kidasanzwe cashitse cari igiki? Kugira tukimenye, reka dufate ko twoba turi mu gihe ca Yoweli.
5, 6. (a) Dondora ikiza Yoweli amenyesha mu buhanuzi. (b) Ni nde yari Soko ry’ico kiza?
5 Umve! Yoweli yumvise akaruru kava kure. Ijuru ririje, kandi iryo jwi riteye ubwoba rirongerekana uko umwiza ukwira hose hejuru yiwe. Hanyuma, ibipfungu bimeze nk’imyotsi biramanuka. Ni igitero c’udukoko amamiliyoni. Kandi uzi ingene tuyogeza ibintu! Ubu na ho ihweze Yoweli 1:4. Utwo dukoko twateye si za nzige gusa zifise amababa ziguma zimuka. Eka data! Haje n’amasinzi y’inzige zishonje, zitagira amababa, zinyogomba. Izo nzige zizanywe n’umuyaga zishitse giturumbuka, urwamo zitera na rwo rumeze nk’urw’imikogote. (Yoweli 2:5) Kubera zirya zidahoma, amamiliyoni yazo arashobora guhindura iparadizo nyayo mu kanya gato zigatuma icika ubugaragwa.
6 Ibindi biriko biregereza ni ubwoko bw’ibinyabwoya—bikaba ari amatuza n’ibinyugunyugu, bikiri ibinyo. Inteko nyinshi za mwene ivyo binyabwoya bishonje zirashobora kurya ibibabi vy’ibiterwa akavunji ku kandi, ibabi ku rindi, gushika aho ibiterwa bisigara ari inkokore. Kandi vyinshi mu vyo bisigaza, inzige zirabirya. Ico inzige zisigaje na co, ibinyenzi binyaruka bwampi bica bigira biti twatanzwe, bigaherengeteza. Ariko ehe raba: Muri Yoweli ikigabane ca 2 umurongo wa 11, izo nteko z’inzige Imana izita “ingabo ziwe.” Egome, ni yo yari Soko ry’ico kiza c’inzige coyogeje ico gihugu zikanatera amapfa akomeye. Vyobaye ryari? Imbere gatoyi y’ “umusi w[a Yehova].”
“Ni Mwikangure, Yemwe Mborerwa”!
7. (a) Indongozi z’idini zo mu Buyuda zari zimeze gute? (b) Ni mu buryo ki muri iki gihe indongozi z’Abitwa Abakirisu zimerewe nk’uko indongozi z’idini zo mu Buyuda zari zimerewe?
7 Isinzi ry’abantu bakora ibibi, ni bo ndongozi z’amadini z’i Buyuda, barashirwa ku mugaragaro muri iri bwirizwa: “Ni mwikangure, yemwe mborerwa, murire; namwe abakāmīra vino, muboroge, muririre vino ziryoshe, kuko zikūwe mu kanwa kanyu.” (Yoweli 1:5) Ni vyo, imborerwa mu vy’impwemu z’i Buyuda zabwiwe ‘kwikangura,’ bakabivamwo. Mugabo ntiwibaze ko iyo ari inkuru gusa y’ivyabaye kera. N’ubu nyene, imbere y’umusi uhambaye wa Yehova, indongozi z’Abitwa Abakirisu ziraborewe cane vino y’umusosera mu buryo bw’ikigereranyo, ku buryo iryo tegeko ry’Iyisumba Vyose bishaka kubabera nk’umugani. Ibaze ukuntu bazokanguka nibavyurwa na wa musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova bakazanzamuka bavuye mu guta ubwenge kwabo kuvuye ku kaborerwe!
8, 9. (a) Yoweli adondora gute inzige hamwe n’ivyo ikiza cazo gitera? (b) Muri iki gihe, izo nzige zigereranya ba nde?
8 Tereza amaso kuri ico gitero amahero c’inzige! “Ihanga rikomeye kandi ry’isinzi riteye igihugu canje; amenyo yabo ni nk’imikāka y’intambge, kandi bafise amajigo nk’ay’intambge y’ingore. Bononye umuzabibu wanje, kand’umusukoni wanje barawuvunnye, barawushishuye rwose, bawutsinda hasi; amashami yawo asigaye ar’igihororo c’imitonore. Boroga nk’inkumi ikenyeye amagunira iririra uwar’ayikoye.”—Yoweli 1:6-8.
9 Ivyo none bwoba ari ubuhanuzi gusa bwerekeye “ihanga” ry’inzige canke irumbu ry’inzige zitera Ubuyuda? Oyaye, si ico gusa bisobanura. Muri Yoweli 1:6 no mu Vyahishuriwe 9:7, igisata c’Imana bagereranywa n’inzige. Inteko z’inzige zo mu gihe ca none si abandi atari za ngabo zimeze nk’inzige zasizwe za Yehova, ubu na ho “inzindi ntama” za Yezu zishika nko ku 5 600 000 zikaba zifatanije na bo. (Yohana 10:16) Ubwo none ntunezerwa no kuba uri muri iryo sinzi rinini ry’abasenga Yehova?
10. Ikiza c’inzige cateye ibiki ku Buyuda?
10 Muri Yoweli 1:9-12 tuhasoma ingaruka ziterwa n’ico kiza c’inzige. Irumbu ry’inzige ryaraza rikabisa irindi, zigatema zigatongora mu gihugu. Kubera ko abo baherezi b’abahemu babuze intete, umuvinyu, hamwe n’amavuta, ntibashoboye kubandanya imirimo yabo. Isi ndimwa na yo nyene iraboroga kubera izo nzige zayisahuye intete zayo, ibiti vy’ivyamwa na vyo bigasigara bitagirako icamwa. Kubera ko imizabibu yatikijwe, abo ba gatuku basenga Bayali bakaba kandi ari imborerwa mu vy’impwemu nta muvinyu bakironka.
‘Yemwe Baherezi, Nimurire’
11, 12. (a) Muri iki gihe ni bande birya akara ngo ni abaherezi b’Imana? (b) Indongozi z’idini zo mu Bitwa Abakirisu zigirwa iki n’ikiza c’inzige co mu misi ya none?
11 Umve ubutumwa Imana yashikirije abo baherezi b’intabarirwa: “Yemwe baherezi, mukenyere amagunira, murire; namwe abasukūra ku gicaniro, ni muboroge.” (Yoweli 1:13) Mu gihe c’iranguka rya mbere ry’ubuhanuzi bwa Yoweli, abaherezi b’Abalewi barakorera ku gicaniro. None twovuga iki ku gihe c’iranguka rya nyuma? Muri iki gihe, indongozi z’Abitwa Abakirisu barirya akara ngo bafise ubukuru bwo gukorera ku gicaniro c’Imana, bakirarira ngo ni abakenuzi bayo canke ngo ni “abaherezi” bayo. Mugabo none, ni igiki kiriko kirashika ubu inzige z’Imana zo mu gihe ca none ziguma zigenda?
12 Igihe “abaherezi” bo mu Bitwa Abakirisu babona igisata ca Yehova gikora imirimo bakumva n’imburizi batanga yerekeye urubanza rw’Imana, barata umutwe. Bariyambagura kubera ishavu hamwe n’uburakari bizanwa n’ingaruka z’agacavutu ziterwa n’ubutumwa bw’Ubwami. Vyongeye, baraborogeshwa n’uko umukuku wabo ufyuka ukigira. Kubera ko uburagiriro bwabo bwahindutse imbuga, reka barare bambaye amagunira, barizwa no guhomba ivyo bahora bunguka. Si kera, n’akazi kabo bagiye kugahomba! Nkako, Imana ibabwira kuboroga ijoro ryose kubera iherezo ryabo ryegereje.
13. Abitwa Abakirisu bose uko bangana boba bazokwakira neza umuburo wa Yehova?
13 Nk’uko muri Yoweli 1:14 habivuga, icizigiro conyene basigaranye ni ukwihana n’ugutakambira ‘Yehova ngo abafashe.’ Ubwo twoshobora kwitega ko indongozi z’Abitwa Abakirisu zose uko zingana zihindukirira Yehova? Urumva ko bidashoboka! Muri bo hari aboshobora kwumvira umuburo wa Yehova. Ariko ikigoyi co mu vy’impwemu cishe indongozi z’amadini hamwe n’abo mu maparuwasi yabo bafatiwe hamwe kizobandanya. Umuhanuzi Amosi yamenyesheje ati: “Eh’imisi izoza, ni k’Umwani [Yehova] agize, nzotēza inzara mu gihugu, ntizoba ar’inzara y’ivyo kurya cank’inyota y’amazi, arikw izoba ar’iyo kwumva amajambo yanje, jewe [Yehova].” (Amosi 8:11) Ku rundi ruhande, ese ingene dukenguruka kubera amazimano anuze yo mu vy’impwemu Imana idutereka n’urukundo rwinshi ikoresheje wa ‘mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwege’!—Matayo 24:45-47.
14. Ikiza c’inzige ni integuza y’iki?
14 Ico kiza c’inzige cari integuza y’ikindi kintu, kandi n’ubu hariho ico giteguza. C’igiki? Yoweli arabitubwira neza ati: “Ewe wa musi mubi! Kuk’umusi w[a Yehova] uri hafi; uzoza ar’umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose.” (Yoweli 1:15) Ibitero vyose bigirwa kw isi yose n’ingabo z’Imana zimeze nk’inzige muri iki gihe, birerekana neza ko wa musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova uri hafi. Nta nkeka, abafise imitima igororotse bose baripfuza cane uwo musi udasanzwe wo guca amateka, igihe urubanza rw’Imana ruzoshitswa ku nkozi z’ikibi n’igihe Yehova azotsinda nka we Segaba wa Vyose.
15. Igihe abumvira imiburo y’Imana babonye ukuntu igihugu cabaye umusaka bavyifatamwo gute?
15 Nk’uko muri Yoweli 1:16-20 havyerekana, imfungurwa zari zabuze mu Buyuda bwa kera. N’akamwemwe nyene kari kaherengeteye. Ibigega vyari vyasigaye vyera, impongore na zo zirasamburwa. Kubera ukubura amaragiriro bitewe n’inzige zari zafyese ivyatsi mu gihugu, ibitungwa wasanga biyenzera bitazi iyo bija, amasho y’intama na yo agahona. Mbega amakuba! Mu bintu nk’ivyo none, ni igiki cashikiye Yoweli? Nk’uko umurongo wa 19 ubitubwira, yavuze ati: “Ewe [Yehova], ni wewe ntakambiye.” Muri iki gihe na ho nyene abantu benshi barumvira imiburo y’Imana hanyuma bagatakambira Yehova Imana bafise ukwizera.
‘Umusi wa Yehova Uraje’
16. Ni kuki “ababa mu gihugu” bataye umutwe?
16 Umve iri tegeko riva ku Mana: “Ni muvugirize inzamba i Siyoni, muvugirize induru ku musozi wanje wera; ababa mu gihugu bose bahinde agashitsi.” (Yoweli 2:1) Ni kuki bobigenjeje ukwo? Ubwo buhanuzi burishura buti: “Kuko wa musi w[a Yehova] uje, ushitse hafi; n’umusi w’umwiza n’umuzimagiza, n’umusi w’ibicu n’ibipfungu; nk’uk’umutwenzi utambikira ku misozi.” (Yoweli 2:1, 2) Ku vyerekeye umusi uhambaye wa Yehova, vy’ukuri ibintu birihutirwa.
17. Igihugu n’abanyagihugu b’i Buyuda vyagizwe iki n’ingaruka z’ikiza c’inzige?
17 Iyumvire ico ivyo uwo muhanuzi yeretswe mu nzozi vyakoze igihe izo nzige zidatezura zashwara ahameze nk’itongo rya Edeni zikahasiga ari umusaka. Niwumve ukuntu izo ngabo zimeze nk’inzige zidondorwa: “Ishusho yabo isa n’iy’amafarasi; kandi biruka nk’abagendera ku mafarasi. Kwiginagura kwabo, wumva umengo n’uguhinda kw’imikogote y’intambara ikwegwa n’amafarasi ku mpinga z’imisozi, kand’umengo n’uguhinda kw’imbeya z’umuriro zitōngōra ibirararara; bameze nk’ingabo z’inkomezi zitonze urugamba mu ntambara. Kuza kwabo guca amahanga ivutu, yose arajonjogora mu maso.” (Yoweli 2:4-6) Mu gihe ca nya kiza c’inzige co mu misi ya Yoweli, akababaro k’abasenga Bayali karongerekanye, n’umwivira w’amaganya warashobora kubonerwa mu maso habo.
18, 19. Ni mu buryo ki igikorwa c’igisata c’Imana muri iki gihe cabaye nk’ikiza c’inzige?
18 Nta cahagaritse izo nzige zikora ku rutonde kandi zitaruha. Zagenda nk’ “abihizi” kandi mbere zikadondagira impome. Niba ‘muri bo hari abiroshe mu macumu, abandi ntibahagarara.’ (Yoweli 2:7, 8) Ese ukuntu ari ishusho y’ubuhanuzi ikomeye idondora ingabo z’Imana zo muri iki gihe zigizwe n’inzige z’ikigereranyo! No muri iki gihe nyene, ingabo za Yehova zimeze nk’inzige ziguma zigenda zidakebaguzwa. Nta kurwanywa kuriho kumeze nk’ ‘uruhome’ kubavuna intege. Ntibemera kudohoka ku Mana, ahubwo baremera guhangana n’urupfu, nk’uko vyagizwe n’Ivyabona ibihumbi ‘baguye mu macumu’ kubera banse gushimagiza Hitler mu gihe ca ya ntwaro y’Abanazi yo mu Budagi.
19 Ingabo z’Imana zo mu gihe ca none zimeze nk’inzige zarashinze intahe inoze mu ‘gisagara’ c’Abitwa Abakirisu. (Yoweli 2:9) Ivyo babigize kw isi yose. Baracadondagira basimba intambamyi zose, bakinjira mu mazu amamiliyoni, bagashikira abantu mw ibarabara, bakabaganiriza kw iterefone, eka bakabashikira mu buryo ubwo ari bwo bwose mu gihe batangaza ubutumwa bwa Yehova. Vy’ukuri, barakwiragije ibisohokayandikiro amamiliyaridi bisigura Bibiliya, kandi bazokwiragiza n’ibindi vyinshi kuruta mu gikenurwa barangura badahagarika—haba mu bantu canke inzu ku yindi.—Ivyakozwe 20:20, 21.
20. Ni nde ashigikira inzige zo mu gihe ca none, kandi ivyo bitanga iki?
20 Yoweli 2:10 herekana irumbu rinini cane ry’inzige rimeze nk’igipfungu gishobora kuzibira izuba, ukwezi, n’inyenyeri. (Gereranya na Yesaya 60:8.) Hoba hari amakenga ku vyerekeye uwuri inyuma y’izo ngabo? Hejuru y’ako karuru k’inzige, twumva aya majambo yo muri Yoweli 2:11 ngo: “[Yehova azo]rangurura ijwi imbere y’igitero ciwe, kukw ingabo ziwe zihambaye cane; ereg’uwo yama ashitsa ijambo ryiwe n’uw’ubushobozi! Kuk’umusi w[a Yehova] ar’ūhambaye kand’uteye ubgoba cane: ni nde yoshobora kuwihanganira?” Ni vyo, ubu Yehova ariko aratuma ingabo ziwe zimeze nk’inzige—imbere y’uko umusi wiwe uhambaye waduka.
‘Yehova Ntatevye’
21. Ni igiki kizoba igihe ‘umusi wa Yehova uzozira nk’igisuma’?
21 Cokimwe na Yoweli, intumwa Petero yaravuze ivy’umusi uhambaye wa Yehova. Yanditse ati: “Umusi w[a Yehova] uzoza nk’igisuma, ah’amajuru azovaho, hakaba n’ukwasana guhambaye, ivy’itanguriro vyose bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze, isi n’ibikorwa biri muri yo [bigapfukurwa].” (2 Petero 3:10) Kubera ukwoshwa na Shetani umwe Diyabule, “amajuru” ari zo ntwaro zikora ikibi araganza “isi,” ino ikaba ari abantu bonkowe ku Mana. (Abanyefeso 6:12; 1 Yohana 5:19) Ayo majuru n’isi vy’ikigereranyo ntibizorokoka ukuziriringa kw’ishavu ry’Imana kuri wa musi uhambaye wa Yehova. Ahubwo, bizosubirirwa n’ ‘amajuru mashasha n’isi nshasha turindiriye nk’uko yabidusezeraniye, aho ukugororoka kuzosasagara.’—2 Petero 3:13.
22, 23. (a) Dukwiye kubona gute ukwihangana kwa Yehova kuranga ikigongwe? (b) Ivy’uko umusi wa Yehova uri hafi dukwiye kuvyakira gute?
22 Kubera ibihendamaso n’ibintu bigerageza ukwizera vyo muri iki gihe vyose, twoshobora kwibagira ko ibintu vyihutirwa muri ibi bihe turimwo. Mugabo, uko za nzige z’ikigereranyo zirushiriza gukora, hariho abantu benshi bakira ubutumwa bw’Ubwami. Naho Imana yaretse ivyo bigafata igihe, ntitukitiranye ukwihangana kwiwe n’uguteba. ‘Yehova ntatebeje isezerano ryiwe, uko bamwe biyumvira ko aritevya. Ariko yihanganira mwebge, ntagomba ko hagira abahona, ariko agomba ko bose bihana.’—2 Petero 3:9.
23 Mu gihe tukirindiriye wa musi uhambaye wa Yehova, enda dufate nka kama amajambo ya Petero yanditswe muri 2 Petero 3:11, 12, (Ubwuzure Bushasha) ngo “None ko ivyo vyose bizoshonga birtyo, mutegerezwa kumera mute mu migenzo myeranda no mu bikorwa vy’ukuyobokera Imana, mu kurindira no mu guhahamira amaza y’umusi w’Imana uzotuma ikirere gishongeshwa n’ugusha, ibisate vyaco bikayagishwa n’umuriro?” Iyo migenzo hamwe n’ivyo bikorwa, nta nkeka birimwo ivy’uko tuguma turi kumwe n’izo ngabo za Yehova zimeze nk’inzige mu kugira uruhara mu gukwiririza inkuru nziza y’Ubwami tudatezura kandi mu buryo buri n’ico buvuze, imbere y’uko umuhero uza.—Mariko 13:10.
24, 25. (a) Wewe witaba ute agateka ko kugira uruhara mu gikorwa kirangurwa n’ingabo za Yehova zimeze nk’inzige? (b) Ni ikibazo ikihe gifise ico kivuze Yoweli abaza?
24 Ingabo z’Imana zimeze nk’inzige ntizizohagarika igikorwa cazo gushika igihe wa musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova uzokwadukira. Kuba izo ngabo zimeze nk’inzige zidashobora guhagarikwa, vyonyene ni ikimenyamenya kiboneka c’uko umusi wa Yehova uri hafi. Wewe none ntuterwa akamwemwe no gukorana n’inzige zasizwe hamwe n’abagenzi babo mu gitero ca nyuma imbere yuko wa musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova uza?
25 Ese ukuntu uwo musi wa Yehova uzoba uhambaye! Ntibitangaje rero kubona havyuka iki kibazo: “Ni nde yoshobora kuwihanganira?” (Yoweli 2:11) Ico kibazo hamwe n’ibindi vyinshi biraza kwihwezwa mu biganiro bibiri bikurikira.
Woshobora Gusigura?
◻ Ni kuki Yehova yabuye ko hobaye ikiza c’udukoko mu Buyuda?
◻ Mw iranguka ry’ubuhanuzi bwa Yoweli ryo mu gihe ca none, inzige za Yehova ni bande?
◻ Indongozi z’Abitwa Abakirisu bifata gute kuri ca kiza c’inzige, kandi bamwebamwe muri bo bashobora gute gukira ingaruka mbi kizana?
◻ Ikiza c’inzige cakwiragiye ku rugero rungana iki mu kinjana ca 20, kandi kizobandanya gushika ryari?
[Abo dukesha ifoto ku rup. 14]
Inzige: FAO photo/G. Tortoli; Irumbu ry’inzige: FAO photo/Desert Locust Survey
[Ifoto ku rup. 15]
Ca kiza c’udukoko cari integuza y’ikintu kibi kuruta
[Abo dukesha ifoto]
Ibiti vyakokowe: FAO photo/G. Singh
[Ifoto ku rup. 16]
Yehova Imana ni we ateza ca kiza c’inzige co mu gihe ca none