Ikigabane ca 9
Umuriro Udahera Uriho Koko?
1. Amadini yigishije abantu iki ku vyerekeye umuriro udahera?
AMADINI menshi yigisha abantu ko abanyakibi bababarizwa mu muriro utazima imyaka yose. Nk’uko igitabu citwa Encyclopædia Britannica kibivuga, Kereziya gatolika yigisha ko uwo muriro utazohera . . . n’abawubabarizwamwo ntibazovayo.” Kirabandanya giti: “N’abaporotisanti bamwe bamwe batava ku migenzo ya kera, iyo nyigisho barayigisha.” Abahindi, ababuddha n’abanyesilamu, na bo nyene bigisha ko hariho umuriro ubabarizwamwo abanyakibi. Ntibitangaje rero kubona abantu bīgishijwe ko hariho ahantu hameze gutyo, badashaka no kuhacisha mu kanwa.
2. Guta abana mu mucanwa Imana ibibona ite?
2 Ivyo bituma umuntu yibaza iki kibazo: Imana Mushobora Vyose yararemye ahantu nk’aho ho kubabariza abantu? Igihe Abisirayeli batora imigenzo mibi y’amahanga bahana imbibe bagatangura kwosa abana babo mu muriro, Imana yabibonye ite? Ijambo ryayo rirabitumenyesha: “Bātavye ibitabo i Tofeti, ahahanamiye umwonga wa mwene Hinomu, ngo bahosereze abahungu n’abakobwa babo mu muriro babatanzeko [inkuka]; ari ikintu ntabageze kitigeze no kuza mu mutima wanje.” — Yeremiya 7:31.
3. Ni kuki ari ubujuju kandi bidahuye n’Ivyanditswe kwiyumvīra ko Imana ishobora guturira abantu?
3 Iyumvīre nawe! Ni caba iciyumvira co guturirira abantu mu Muriro kitigeze kiza no mu mutima w’Imana, ntibwoba ari ubujuju kwiyumvīra ko yoshobora kurema umuriro wo gutuririramwo abatayambaza? Bibiliya ivuga ngo: “Imana ni urukundo.” (1 Yohani 4:8) Imana yuzuye urukundo yoshobora kubabaza abantu imyaka yose? Wewe wobigira? Kumenya urukundo rw’Imana bituma tubaza Ijambo ryayo, kugira ngo dutahure ivy’umuriro udahera.
SHEOL NA HADES
4. (a) Ni ijambo irihe ry’igiheburayo canke ry’ikigiriki ryahinduwe mu kirundi ngo “umuriro udahera”? (b) Ni igiki cerekana ko Sheol na Hades ari ijambo rimwe; kandi ko Yezu yagiyeyo bitwigisha iki?
4 Kugira ngo Bibiliya imenyeshe aho abapfuye baja, ikoresha ijambo Sheol mu giheburayo, mu kigiriki na ho igakoresha Hades. Ayo majambo afise insobanuro imwe. Ayo ni yo bahinduye mu gifaransa ngo ni Enfer, mu congereza ngo ni Hell; hanyuma abakuru b’amadini na bo, mu nyigisho zabo bayahindura mu kirundi ngo ni “Umuriro udahera.” Ariko muri Bibiliya Yera y’ikirundi yo, ahanditse Sheol canke Hades nka hose hahinduwe ngo “i Kuzimu.” (Itanguriro 42:38; Yobu 7:9; Matayo 11:23; Ivyahishuriwe Yohani 1:18; 20:13, 14) Icerekana ko Sheol na Hades ari co kimwe, ni amajambo ari mu Vyanditswe vy’igiheburayo muri Zaburi 16:10, asubirwamwo n’Ivyanditswe vy’ikigiriki mu Vyakozwe n’intumwa 2:31, avuga ko Yezu na we yamanutse muri Hades canke i Kuzimu. Muri Hades ni haba hariyo umuriro, none Yezu na we yawutawemwo? Haba namba! Yezu yari mu mva.
5, 6. Ivyavuzwe kuri Yakobo hamwe n’umuhungu wiwe Yozefu; hamwe n’ivyavuzwe kuri Yobu vyerekana bite ko Sheol atari ahantu abantu bababarizwa?
5 Mw Itanguriro 37:35, dusoma yuko Yakobo yaririye umuhungu wiwe yakunda cane Yozefu, agira ngo yapfuye. Tuhasoma aya majambo akurikira: “Yanka kwirurwa, ati ‘nzorinda mpamvya umwana wanje i kuzimu (muri Sheol) nkirira!’” Aho muri Sheol hariyo umuriro? Yakobo yibaza ko Yozefu yatawe mu muriro udahera, akaba na we yashaka kumusangayo? Yari azi ko umuhungu wiwe yapfuye vyaheze; ari mu mva aho na we yari arariye kuja.
6 N’abagororotsi na bo nyene baja muri Sheol. Turabe ivyashikiye Yobu, wa musavyi w’Imana rurangiranwa. Igihe yari aseserejwe n’ibihute, yambaje Imana avuga ati: “Icompa ukampisha i kuzimu, . . . ukanshingira igihe, kandi ukazonyibuka!” (Yobu 14:13) Iyumvīre! Muri Sheol ni haba hariyo umuriro, Yobu yari kwipfuza guhishwayo gushika aho Imana izomwibukira? Mu mvugo itomoye, Yobu yipfuza gupfa, akaja mu mva kugira ngo aruhuke.
7. (a) Abari muri Sheol bamerewe bate? (b) Sheol na Hades none bisigura iki?
7 Igihe ijambo Sheol rikoreshwa muri Bibiliya, ntiryigera rigira isano n’ubuzima canke n’umubabaro, ahubwo rigira isano n’urupfu hamwe n’agacerere. Raba ivyanditswe mu Musiguzi 9:10: “Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kuko ata gikorwa canke inama canke ukumenya canke ubwenge i kuzimu aho urariye kuja.” Bica vyumvikana rero ko muri Sheol canke Hades atari ahantu ho guturirirwa, ariko ari imva abantu bahambwamwo. (Zaburi 139:8) Ababi n’abeza bose baja i kuzimu (muri Hades).
ABAGIYE MURI HADES BARAVAYO
8, 9. Ni kuki igihe Yona yari mu nda y’ikimizi yavuze ko ari i kuzimu?
8 Turabe ivyashikiye Yona igihe Imana yatuma ikimizi ngo kimumire ntasome nturi. Yasengeye mu nda yaco avuga ati: “Natakambiye [Yehova] kubw’ivyago nagize aranyishura; nambaje ndi mu nda y’i kuzimu wumva ijwi ryanje.” — Yona 2:2.
9 Aho Yona yavuga ngo “mu nda y’i kuzimu” yashaka kuvuga iki? Yashaka kuvuga ko igihe yari muri iyo nda y’ikimizi atāri yatawe mu muriro, ariko iyo nda yari kuba imva yiwe. Yezu na we yavuze ati: “Nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’urufi, ni ko n’Umwana w’umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu i kuzimu.” — Matayo 12:40.
10. (a) Ni igiki cemeza ko abagiye muri Hades bavayo? (b) Ni igiki kindi cemeza ko “Hades” ari “imva” isanzwe?
10 Yezu yarapfuye aja mu mva, amarayo imisi itatu. Ariko Bibiliya ivuga iti: “[Ubugingo bwiwe ntibwarekewe i kuzimu] . . . Uyo Yezu Imana yaramuzuye.” (Ivyakozwe n’intumwa 2:31, 32) Na Yona ni uko nyene, Imana yamukuye i kuzimu, ni ukuvuga muri ya nda y’ikimizi yari kuba imva yiwe. Ivyo vyabaye igihe ico kimizi camuruka ku nkombe y’ikiyaga. Egome, abantu barashobora kuva i kuzimu! No mu Vyahishuriwe Yohani 20:13, hari uyu muhango uremesha: “Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu n’i kuzimu bigarukana abapfuye bo muri vyo, [umwe umwe wese acirwa urubanza rukwiranye n’ibikorwa vyiwe.”] NW.
GEHINOMU N’IKIYAGA CAKA UMURIRO
11. Ni “ijambo” irihe dusanga henshi mu Vyanditswe vy’ikigiriki?
11 Hari uwohārīra, ati ‘ko mbona Bibiliya ivuga ko hariho umuriro wa gehinomu bo n’ikiyaga caka umuriro n’amazuku; ivyo ntivyerekana ko hariho abantu batabwa mu muriro udahera?’ (Matayo 5:22; Mariko 9:45) Mu Vyanditswe vy’ikigiriki, iryo jambo Gehinomu turisanga ahantu henshi. Ni ukuvuga none ko Gehinomu ari ahantu haka umuriro utabwamwo abapfiriye mu vyaha; Hades na ho hakaba imva abantu batabwamwo?
12. Gehinomu ni iki, kandi hākorerwa iki?
12 Ijambo ryigiheburayo Sheol n’iry’ikigiriki Hades asobanura imva. Hanyuma Gehinomu ryo? Mu Vyanditswe vy’igiheburayo, Gehinomu ni ukuvuga “umwonga wa bene Hinomu.” Urabona rero ko Hinomu ari izina ry’umuntu ryitirirwa umwonga wari inyuma y’uruhome rukikuje igisagara ca Yeruzalemu, aho Abisirayeli bāturirira abana babo mu muriro ngo babatangeko inkuka. Munyuma, Yosiya umwami w’intungane arahahumanya kugira ngo ntibasubire gukoreraho iryo shano, haca haba ikuburiro batamwo umwavu wose wo mu gisagara. — 2 Abami 23:10.
13. (a) Muri Gehinomu hāri hafise akamaro gaki mu gihe ca Yezu? (b) Ni ibiki bitātabwayo?
13 Igihe Yezu yari ngaha kw isi, Gehinomu ryari ikuburiro ry’i Yeruzalemu. Umuriro bawucaniriza ibizuku kugira ngo ugume uyogeza umwavu bama basukayo. Igitabu ca 1 kidondora amajambo ya Bibiliya ca Smith, (Smith’s Dictionary of the Bible) kibisigura muri aya majambo: “Aho hantu haba ikuburiro batamwo imivyimba y’abanyakibi n’iy’ibikōko, hamwe n’uwundi mwavu wose bakubuye mu gisagara.” Menya ko ata kintu na kimwe kibona catabwayo.
14. Ni igiki cerekana ko iryo jambo Gehinomu ryatanzweko ikigererayo c’ukurandurwa ubutazotoha?
14 Birumvikana ko abantu b’i Yeruzalemu batahuye ico Yezu ashaka kuvuga, igihe yabwira ba bakuru b’idini bakora ikibi ati: “Mwa nzoka; mwa bana b’imamba mwe, muzohunga mute urubanza rwa Gehinomu?” (Matayo 23:33, NW) Yezu ntiyashaka kuvuga ko abo bakuru b’idini bobabarijwe mu muriro udahera. Igihe Abisirayeli baturirira abana babo babona muri uwo mwonga, Imana yavuze ko ishano nk’iryo ritigeze riza no mu mutima wayo! Biragaragara rero ko iryo jambo Gehinomu Yezu yaritanzeko ikigereranyo gikwiye c’ukurandurwa ubutazotoha. Yashaka kuvuga ko abo bakuru b’idini badakwiye n’intete kuzurwa. Abāmwumviriza batahuye ko uwutaweyo, aba aranduwe ubutakigaruka nka wa mwavu.
15. “Ikiyaga caka umuriro” ni iki; kandi ni igiki kivyemeza?
15 Ca “kiyaga caka umuriro” co dusanga mu Vyahishuriwe Yohani ni igiki? Iyo mvugo ifise insobanuro imwe na Gehinomu. Ntishaka kwigisha ko hariho abantu bababazwa, ahubwo ko bapfa bagahera. Raba ingene Bibiliya ibivuga mu Vyahishuriwe Yohani 20:14: “Rupfu na Kuzimu bitererwa muri ca kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri.” Egome, ico kiyaga caka umuriro ni “urupfu rwa kabiri,” urupfu rw’akagirīre. Birumvikana ko ico “kiyaga,” ari ikigereranyo, kubera ko urupfu na Kuzimu (Hades) bitabwa muri co. Ivyo bintu mu bisanzwe ntibishobora guturirwa n’umuriro; ariko bishobora gukurwaho, canke kuzimanganywa.
16. Kuvuga ko Shetani izobabarizwa mu “kiyaga caka umuriro” imyaka yose; ivyo bishaka kuvuga iki?
16 Hari uwokwerekana muri Bibiliya, ahandi havuga ko ‘Shetani izotabwa mu kiyaga caka umuriro, ibabarizweyo ibihe bidashira.’ (Ivyahishuriwe Yohani 20:10) Ivyo bishaka kuvuga iki? Igihe Yezu yari kw isi, abasoda bacunga abanyororo bābita rimwe rimwe ngo ni “ababisha.” Raba uko Yezu yavuze mu mugani umwe yaciye ati: “Shebuja araraka, amuhereza abasoda [ababisha, Segond], gushitsa aho azokwishurira ivyo amufitiye vyose.” (Matayo 18:34) Kubera ko abatawe mu “kiyaga caka umuriro” bapfa “urupfu rwa kabiri;” ni ukuvuga urw’amazimayongo, ni nk’uko urwo rupfu rwoba rubapfunze imyaka yose, bababazwa n’abo babisha. Nk’uko twabibonye, ababi ntibashobora kubabazwa kubera ko bapfa bagahera; ntaco baba bacumva.
WA MUTUNZI NA LAZARO
17. Ni igiki kitumenyesha ko amajambo ya Yezu yerekeye wa mutunzi na Lazaro wari umugani?
17 Mu mugani umwe Yezu yaciye yavuze ati: “Wa mworo arapfa, abamarayika bamujana mu gikiriza ca Aburahamu: na nya mutunzi arapfa, arahambwa. Ari i kuzimu, ararangamiza ababazwa cane, abona Aburahamu ari kure na Lazaro ari mu gikiriza ciwe.” (Luka 16:19-31) Aho Yezu yashaka kuvuga iki? Kubera ko twamaze kumenya ko Hades ari imva abantu batabwamwo atari ahantu abapfuye bababarizwa; birumvikana ko aho Yezu yariko aragereranya, canke ko yariko aca umugani. Ikindi cerekana ko wari umugani atari ibintu vyabaye ngiki: ijuru n’i kuzimu biregeranye mu buryo bw’uko abariyo bashobora kuyaga? Bisubiriye, uyo mutunzi niba yari mu kiyaga c’umuriro urabagiza, Aburahamu yari gushobora ate gutuma Lazaro ngo atururuze ururimi rwiwe n’ima rimwe ry’amazi riri ku mutwe w’urutoke? None aho Yezu yariko aragereranya iki?
18. Muri uwo mugani wa Yezu (a) umutuzi ni nde? (b) Lazaro na we ni nde? (c) bose hamwe bapfuye bate? (d) uwo mutunzi yababajwe ate?
18 Uwo mutunzi ni ba bakuru b’idini bishira hejuru, bahakanye Yezu hanyuma baramwica. Lazaro na we ni banyarucari bemeye Umwana w’Imana. Bose hamwe bapfuye igihe ukubaho kwabo kwahinduka. Ivyo vyabaye igihe Yezu yuzuza impwemu yera mu bigishwa biwe bākengerwa nka Lazaro, baca baterwa iteka na Aburahamu mukuru Imana Yehova. Muri uwo mwanya nyene, abakuru b’idini baca barapfa kubera ko banswe n’Imana. Kubera ko babaye ibicibwa, batangura kubabazwa n’uko abigishwa ba Yezu baguma bahishura ibibi bakora. (Ivyakozwe n’intumwa 7:51-57) Uwo mugani rero ntiwigisha ko hariho abantu bababarizwa mu muriro udahera.
INYIGISHO ZAKOMOTSE KURI SHETANI
19. (a) Ni ikinyoma ikihe Shetani yakwije hose? (b) Ni igiki kitwemeza ko inyigisho y’ipurugatori atari iy’ukuri?
19 Shetani ni yo yabwiye Eva ngo: “Haba n’intete ntimuzopfa.” (Itanguriro 3:4; Ivyahishuriwe Yohani 12:9) Yarapfuye arahera, nta na kimwe muri we casigaye ari kizima. Inyigisho y’uko hariho ubugingo busigara iyo umuntu apfuye, ni ikinyoma gituruka kuri Shetani. Bitayeko, kuvuga ko ubugingo bw’abanyakibi buja guturirirwa mu muriro canke mw ipurugatori, na co nyene ni ikinyoma cayo. Kubera ko Bibiliya itomora neza ko abapfuye ataco bazi, birumvikana ko ivyo bidashobora kuba ivy’ukuri. Ijambo “ipurugatori,” eka mbere n’iciyumviro caryo ntaho biri muri Bibiliya.
20. (a) Iki kigabane kitwigishije iki? (b) Ivyo wize nta na kimwe bikubwiye?
20 Twamaze kubona yuko i kuzimu (muri Sheol canke Hades), ari ahantu abantu baruhukira. Ababi n’abeza ni yo baja, bakarindirirayo umusi w’izurwa. Twabonye kandi ko Gehinomu atari ahantu abanyakibi bababarizwa, ariko ko muri Bibiliya, iryo jambo ritangwako ikigereranyo co gupfa agahenebēre. “Ca kiyaga caka umuriro” na co ni uko nyene, kigereranya urupfu rwa kabiri, uwo rushikiye atazigera asubira kubaho. Ntibishoboka ko hoba ahantu abantu bababarizwa, kubera ko ico ciyumviro kitigeze cinjira no mu mutima w’Imana. Bitayeko, kubabaza umuntu imyaka yose ngo ni uko yakoze ibibi mu myaka mikeyi ngaha kw isi, kwoba ari uguca urwa ngondegonde. Ese ukuntu ari vyiza kumenya ivy’abapfuye uko biri mu vy’ukuri! Bituma duta ubwoba bw’imizimu, tugasigara twidegemvya. — Yohani 8:32.
[Uruzitiro ku rup. 83]
Ijambo ry’igiheburayo “Sheol” n’iry’ikigiriki “Hades” afise insobanuro imwe
Traduction du monde nouveau
Psaume 16:10
10 Car tu n’abandonneras pas mon
âme au Schéol.
Tu ne permettras pas que ton
fidèle voie la fosse.
Actes 2:31
31 il a vu d’avance la résurrection
du Christ et en a parlé, [disant]
qu’il n’a pas été abandonné à l’Ha-
dès et que sa chair non plus n’a pas
vu la corruption.
[Ifoto ku rup. 84, 85]
Ni kuki Yona amaze kumirwa n’ikimizi yavuze ngo ‘nāmbaje ndi mu nda y’i kuzimu’
[Ifoto ku rup. 86]
Gehinomu wari umwonga wari inyuma y’uruzitiro rw’i Yeruzalemu. Wagereranije urupfu rw’akagirīre