Niwigane ukwizera kwabo
Yarize icigwa mu bijanye no kugira imbabazi
YONA yari agiye kuronka umwanya ukwiye wo kwiyumvira. Yari agiye kugira urugendo rw’ibilometero birenga 800, urwo rukaba rwari urugendo rw’amaguru rwomaze hafi ukwezi canke mbere kurenga. Yategerezwa kubanza guhitamwo hagati yo kujana inzira ngufingufi be no kujana inzira ndende ariko zitarimwo akaga maze akabandanya urugendo rwiwe ata guhagarara, agenda araca mu biyaya vyinshi no ku misozi myinshi. Yategerezwa guca ku nkengera y’ubugaragwa bunini bw’i Siriya, akajabuka inzuzi nininini nka Efurate, maze akaza arasaba indaro mu bantu atazi bo mu bisagara no mu bigwati vy’i Siriya, i Mezopotamiya, be n’i Ashuri. Uko imisi yarengana ni ko yaguma yiyumvira ari n’ubwoba bwinshi ibijanye n’ahantu yariko araja, kino kikaba cari igisagara ca Ninive, ico yaguma arushiriza kwegera uko yaba ateye intambwe.
Hari ikintu kimwe Yona yari azi adakeka: Ntiyari gushobora gukwepa canke guhunga ico gikorwa. Ivyo yari yaragerageje kubigira imbere yaho. Igihe Yehova yamushinga ari bwo bwa mbere igikorwa co kuja gutanga ubutumwa bw’urubanza muri ico gisagara gikomeye c’Abashuri, Yona yaciye ubwo nyene yurira ubwato bwariko bujana inzira ihushanye n’iyo yategerezwa gufata. Yehova yaciye arungika umuyaga ukomeye maze bidatevye Yona aca arabona ko ubugarariji bwiwe bwagira butume abantu bose bari muri ubwo bwato bahasiga ubuzima. Kugira ngo arokore abo bantu b’umutima rugabo batwara ubwo bwato, yababwiye ngo bamuterere mu mazi. Barabigize bagonanwa maze Yona aca abona ko ubwiwe burangiye. Ariko rero, Yehova yararungitse igifi kinini kimira Yona maze haheze nk’imisi itatu kiramuruka ku nkengera y’ikiyaga akidora, yamaze kuba umuntu yubaha kandi agabirije kugamburuka.a—Yona, ikigabane ca 1, n’ica 2.
Igihe Yehova yasubira guha Yona itegeko ryo kuja i Ninive, uwo muhanuzi yaragamburutse arafata urwo rugendo rurerure yerekeza mu Buseruko. (Yona 3:1-3) Ariko none, yoba yaremeye indero Yehova yamutoje ngo imuhindure bimwe vyuzuye? Nk’akarorero, Yehova yari yaramugaragarije imbabazi, aramurokora ntiyasoma nturi, ntiyamuhanira ubugarariji bwiwe yongera aramuha akandi karyo ko kurangura ico gikorwa yari yamushinze. Yona amaze gukorerwa ivyo vyose, yoba yarize kugaragariza abandi imbabazi? Akenshi usanga abantu badatunganye batoroherwa no kwiga icigwa kijanye no kugaragaza imbabazi. Nimuze turabe ico dushobora kwigira ku rugamba Yona yarwanye.
Ubutumwa bwerekeye urubanza be n’ukuntu abantu babwakiriye mu buryo butari bwitezwe
Yona ntiyabona igisagara ca Ninive nk’uko Yehova yakibona. Dusoma duti: “Kandi [“ku Mana,” NW] Nin[iv]e car’igisagara kinini c’agahebuza.” (Yona 3:3) Inkuru dusanga mu gitabu ca Yona irerekana ahantu hatatu Yehova yavuze yerekeza kuri “Nin[iv]e, ca gisagara kinini.” (Yona 1:2; 3:2; 4:11) Ni kubera iki kuri Yehova ico gisagara cari kinini, ni ukuvuga gihambaye?
Ninive cari igisagara ca kera, kikaba cari kimwe mu bisagara vya mbere Nimurodi yubatse inyuma ya rya Segenya. Cari kinini cane, kakaba kari akarere kanini karimwo uruja n’uruza biboneka ko karimwo n’ibindi bisagara bitari bike, bikaba vyasaba ko umuntu agira urugendo rw’imisi itatu kugira ngo ave ku rubibe rwaco rumwe ashike ku rundi. (Itanguriro 10:11; Yona 3:3) Bigaragara ko igisagara ca Ninive cari kinini bitangaje, gifise insengero amahanga, ibihome bikomeye be n’izindi nyubakwa. Mugabo nta kintu na kimwe muri ivyo catuma ico gisagara kiba igihambaye kuri Yehova Imana. Icari gihambaye kuri we bari abantu. Igisagara ca Ninive cabamwo abantu benshi cane muri ico gihe. Naho bakora ibintu bibi, Yehova yarabitwararika. Araha agaciro ubuzima bw’abantu be n’ukuba umuntu uwo ari we wese ashobora kwigaya maze akiga gukora ibigororotse.
Igihe amaherezo Yona yinjira i Ninive, ubwinshi bw’abantu baho barenga 120.000 bushobora kuba bwatumye harushiriza mbere kumutera ubwoba.b Yaragenze umusi wose, arinjira cane muri ico gisagara cari cuzuyemwo abantu, kumbure arondera ahantu habereye hagati muri co kugira ngo atangure gutangaza ubutumwa bwiwe. None yoganiriye gute n’abo bantu? Yoba yarize kuvuga ururimi rw’Abashuri? Canke Yehova yoba yaramuhaye ubushobozi bwo kuruvuga ku gitangaro? Nta vyo tuzi. Vyoshoboka yuko Yona yatangaje ubwo butumwa mu rurimi rwiwe kavukire rw’igiheburayo maze agakoresha umuhinduzi kugira ngo abushikirize Abanyaninive. Uko vyari biri kwose, ubutumwa yashikirije bwari bworoshe kandi ntibwari ubwotumye akundwa na benshi. Bwagira buti: “Hasigaye imisi mirongwine, Nin[iv]e hagakomvomvorwa.” (Yona 3:4) Ubwo butumwa yabuvuganye uburindutsi kandi aza arabusubiramwo. Mu kubigenza gutyo, yaragaragaje umutima rugabo be n’ukwizera bidasanzwe, izo zikaba ari kamere abakirisu bakeneye cane ubu kuruta ikindi gihe cose.
Yona yarashoboye gutuma Abanyaninive bakira ubutumwa yabashikirije. Ata gukeka, ashobora kuba yaribaza yuko abantu bobwakiriye nabi kandi mu buryo buranga ubukazi. Ariko rero, hari ikintu kidasanzwe cabaye. Emwe abantu baramwumviye! Amajambo yavuze yaciye akwiragira nk’umuriro wa Nyakanga. Butaraca na kabiri, mu gisagara hose hariko havugwa ibijanye n’ubuhanuzi Yona yashikirije bwerekeye icago cari cimirije. Inkuru yo mu gitabu ca Yona itubwira iti: “Abantu b’i Nin[iv]e bemera Imana, bashinga ngo habeho kwisonzesha, baca bambara amagunira, uhereye k’ūhambaye ugashitsa kuri nyarucari hanyuma y’abandi.” (Yona 3:5) Abatunzi n’abakene, abahambaye n’aboroshe, abato n’abakuze bose bagaragaje agatima kamwe ko kwigaya. Amakuru ajanye n’iyo ngendo abanyagihugu bari bafashe ntiyatevye gushikira umwami.
Umwami na we nyene yaciye atangura gutinya Imana. Yarahagurutse ava ku ntebe yiwe y’ubwami, arakura impuzu ziwe za cami nziza cane, aca yambara nka za mpuzu nyene zivundagaye abanyagihugu biwe bari bambaye, eka mbere “yicara mu munyota.” Afadikanije n’“abaganwa biwe,” yarasohoye itegeko rituma kwa kwisonzesha abanyagihugu bari batanguje bo ubwabo gucika ikintu cemewe cashinzwe na Leta. Yategetse yuko abantu bose bambara amagunira, mbere n’ibikoko vy’ibitungano na vyo nyene birimwo.c Yariyemereye yicishije bugufi yuko abanyagihugu biwe bagirwa n’ubugizi bwa nabi be n’ubukazi. Yaranaseruye icizigiro yari afise c’uko Imana y’ukuri yobagiriye imbabazi imaze kubona ukwigaya kwabo, avuga ati: “Kumbure Imana . . . [yo]reka uburake bgayo bg’inkazi, ntiduhone.”—Yona 3:6-9.
Abantu bamwebamwe bakunze kugira ico bavuze ku bintu binaka, baraserura amakenga bafise bibaza ukuntu Abanyaninive bari gushobora guhinduka ningoga na ningoga ukuraho. Ariko rero, incabwenge mu vya Bibiliya zavuze yuko ukwo kuntu bavyifashemwo kutari gutangaje uravye ukuntu abantu bo mu mico kama mwene iyo yo mu bihe vya kera bemera ibintazi bakaba n’abantu ba mahindagu. Uko biri kwose, Yezu Kristu ubwiwe mu nyuma yarerekeje ku kwigaya kw’Abanyaninive. (Matayo 12:41) Yari azi ivyo ariko aravuga, kubera yuko yari yarabaye mw’ijuru aribonera ivyo bintu igihe vyaba. (Yohani 8:57, 58) Ariko none, Yehova yakiriye gute ukwigaya kw’Abanyaninive?
Ubudasa buri hagati y’imbabazi z’Imana be n’ukudadaza kw’umuntu
Yona mu nyuma yanditse ati: “Imana ibona ibikorwa vyabo, ingene bahindukiye, bakareka inzira yabo mbi; nukw Imana irīgarura ngo ntibatēze ivyago yari yabagereye, ntiyabibatēza.”—Yona 3:10.
Ivyo vyoba bisobanura yuko Yehova yoba yabonye ko yari yarihenze mu gucira urubanza igisagara ca Ninive? Oyaye. Bibiliya ivuga ku bijanye na Yehova iti: “Igikorwa ciwe n’agahore; kand’inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya.” (Gusubira mu vyagezwe 32:4) Ishavu rigororotse Yehova yari afitiye Ninive ryarahagaze gusa. Yarihweje ukuntu abo bantu bari bahindutse maze arabona ko igihano yari yategekanije kubaha kitari kikibereye. Ako kari akaryo Imana ironse ko kugaragaza imbabazi zayo.
Yehova si Imana idadaza, itagira inyiyumvo eka mbere ikaze nk’uko indongozi z’amadini zikunda kuvyerekana. Ahubwo nyabuna, akora ibitegereka, agahuza n’uko ibintu biba vyifashe kandi akaba umunyembabazi. Igihe ashinze ivyo guhana abanyakibi, abanza gukoresha abamuserukira ng’aha kw’isi kugira ngo batange imburi, kubera yuko yipfuza cane kubona abanyakibi bakora nk’ivyo Abanyaninive bakoze, ni ukuvuga bakigaya bakongera bagahindura ingendo zabo. (Ezekiyeli 33:11) Yehova yabariye umuhanuzi wiwe Yeremiya ati: “Igihe kimwe novuga ku vy’ihanga no ku vy’ubgami ku vyo kuzorirandura no kuzorisangangura no kuzorihonnya: maz’iryo hanga navuzeko ryohindukira rikareka ibibi vyaryo, nanje nzokwigarura ndeke ibibi nari namaramaje kuzobakorera.”—Yeremiya 18:7, 8.
None ubuhanuzi Yona yashikirije bwoba bwari ubw’ikinyoma? Oyaye; bwarashitse ku ntumbero bwari bufise, iyo na yo ikaba yari iyo gutanga imburi. Iyo mburi yari ishingiye ku bikorwa bibi vy’Abanyaninive, ivyahavuye bihinduka. Abanyaninive basubiye gukora ibikorwa vyabo ibi, urubanza Imana yari yabaciriye rwobashitseko. Ivyo ni vyo neza na neza vyabaye haciye igihe.—Zefaniya 2:13-15.
None Yona yavyakiriye gute igihe rya sangangurwa ritashika ku gihe yari avyiteze? Dusoma duti: “Arikw ivyo bishavuza Yona cane, araraka.” (Yona 4:1) Yona mbere yaratuye isengesho ryasa n’iryo guhambarira Mushoboravyose! Yona yavuze yuko vyari kuba vyiza iyo yigumira i muhira, mu gihugu ciwe. Yavuze ko yari asanzwe azi yuko Yehova atoteje icago Ninive, mbere ivyo akaba ari vyo yagize icitwazo c’ukuba yarahungiye i Tarushishi igihe yamutuma ubwa mbere. Yaciye yisabira gupfa, avuga yuko urupfu rwomubereye rwiza kuruta ubuzima.—Yona 4:2, 3.
None ni igiki cariko kirabuza amahoro Yona? Ntidushobora kumenya ivyo Yona yiyumvira vyose, mugabo turazi yuko yari yaratangarije imbere y’abantu bose ko igisagara ca Ninive kizoshikirwa n’icago. Bari baremeye ivyo yavuze. Yamara ico gihe, nta cago cariko kiraza. Yoba yatinye ko bazomucokora, bakamufata nk’umuhanuzi w’ikinyoma? Uko vyoba vyari biri kwose, ntiyahimbawe no kubona abantu bigaya canke ngo ahimbarwe n’imbabazi za Yehova. Ahubwo riho, biboneka ko yaguma arushiriza kugira ishavu, kwiganyira be no kubona ko umengo yasuzuguritse. Ariko rero, bigaragara ko Imana yuzuye imbabazi Yona yasenga yoyo yari ikibona ivyiza muri uwo mugabo yari atuntuye. Aho guhana Yona kubera atagaragaje icubahiro, Yehova yamubajije gusa ikibazo kimwe kiranga ubuntu, gituma yisuzuma, ati: “Mbega k’uratse urtyo, ugize neza?” (Yona 4:4) Mbe hoho Yona yoba yaranishuye? Bibiliya ntaco ibivugako.
Ukuntu Yehova yahaye Yona icigwa
Uwo muhanuzi yari yijiriwe yaravuye i Ninive maze aho gufata urugendo aja i muhira, yerekeza mu Buseruko, ahari imisozi yari ihanamiye ako karere. Yarasanasanye akantu ko kwikingamwo maze aba ariko yicaramwo arindiriye ngo arabe ibishikira Ninive. Kumbure yari acumiye ku cizigiro yari afise co kubona hasangangurwa. None Yehova yokwigishije gute uwo mugabo w’intakurwakwijambo kuba umunyembabazi?
Mw’ijoro, Yehova yaramejeje ikibonobono. Yona avyutse yarabonye ako gati kari kakuze cane, gafise amababi manini atanga igitutu kiruta kure n’iyo icari gushobora gutangwa na bwa bwikingo budafashe yari yasanasanye. Yaciye anezerwa cane. “Yona [yaragize] umunezero mwinshi” ku bw’ico giterwa, kumbure akaba yabona ko kuba cabonetse mu buryo bw’igitangaro ari ikimenyetso c’uko Imana yari imuhezagiye kandi ko yamwemera. Ariko rero, Yehova yashaka gukora n’ibindi uretse gusa gukiza Yona ubushuhe be n’ishavu ritagira ishingiro we ubwiwe yari yiteye. Yashaka gushikira umutima wa Yona. Ni co gituma Imana yakoresheje urunyo kugira ngo rurye rwongere rwice ico giterwa. Yaciye irungika “umuyaga w’indugumba [uvuye] i burasirazuba” gushika Yona atanguye ‘guhinduka urusogosogo’ kubera ubushuhe. Uwo mugabo yaciye asubira gushavura maze asaba Imana ko yokwipfira.—Yona 4:6-8.
Yehova yarasubiriye kubaza Yona nimba vyari bibereye ko ashavura, ico gihe akaba yari ashavujwe n’uko ca kibonobono gikabiranye. Aho kwigaya, Yona yisiguye mu kuvuga ati: “Ngize neza kugira uburake, mbere bgonyica.” Hari hageze rero ko Yehova atomora icigwa yagomba kumuha.—Yona 4:9.
Imana yarafashije Yona kuzirikana mu kuvuga yuko uwo muhanuzi yari ababajwe no kubona igiterwa gisanzwe cari cakuze mw’ijoro rimwe gikabirana, naho atari ico yari yateye canke ngo akuze. Imana yaciye isozera ivuga iti: “None jewe sinari nkwiye kugirira ikibabarwe Nin[iv]e, ico gisagara kinini, kirimw’abantu ibihumbi ijana na mirongwibiri basāga, batazi gutandukanya ukuryo n’ukumoso; hakabamwo n’ibitunzwe vyinshi?”—Yona 4:10, 11.d
Woba ubona ukuntu ico cigwa Yehova yatanze gihambaye? Yona nta kintu na kimwe yari yakoze kugira ngo yitwararike ico giterwa. Ariko Yehova we ni we yari Isôko ry’ubuzima bw’abo Banyaninive kandi yari yarabaronkeje ivyo bakeneye nk’uko abigirira ibindi biremwa vyose vyo kw’isi. None Yona yashobora gute guha agaciro kanini igiterwa kimwe gusa kuruta ako yaha ubuzima bw’abantu 120.000, dushizeko n’ibitungwa vyabo vyose? Ubwo ntikwari ukubera ko yari yaretse ivyiyumviro vyiwe bikaba ivy’ubwikunzi? Nakare, yarababajwe na ca giterwa kubera gusa yuko cari camugiriye akamaro we ubwiwe. Ubwo ishavu yagize kubera igisagara ca Ninive ntiryoba ryavuye ku mvo na zo nyene z’ubwikunzi, ni ukuvuga icipfuzo kirimwo ubwibone co kwihesha icubahiro, kugira aboneke ko avuga ukuri?
Mbega icigwa kigera ibwina! Ikibazo rero gica kivyuka ni iki: Yona yoba yarafashe nka nkama ico cigwa? Igitabu citirirwa izina ryiwe kirangira ico kibazo Yehova yabajije kitarishurwa. Abantu bamwebamwe bakunze kugira ico bavuze ku bintu binaka boshobora gutora amahinyu ivy’uko Yona atigeze yishura. Ariko rero mu vy’ukuri, inyishu yatanze irahari. Ni ico gitabu ubwaco. Urabona, ibimenyamenya vyerekana yuko Yona ari we yanditse igitabu citirirwa izina ryiwe. Niwihe ishusho y’uwo muhanuzi, yasubiye mu gihugu c’iwabo atekaniwe, ariko arandika iyo nkuru. Turashobora kwiha ishusho y’umugabo ashaje kuruta, w’inkerebutsi kuruta, yicisha bugufi kuruta, ariko arazungagiza umutwe yicuza igihe yariko aradondora amakosa yiwe, ubugarariji bwiwe be n’ukuntu yanse abigiranye akagagazo kugaragaza imbabazi. Biratomoye rero ko Yona yigiye ku nyigisho iranga ubukerebutsi Yehova yamuhaye. Yarize kuba umunyembabazi. Twoba natwe tuzobigira?
[Utujambo tw’epfo]
a Raba ikiganiro kivuga ngo “Niwigane ukwizera kwabo—Yarigiye ku makosa yiwe,” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2009.
b Vyagereranijwe ko mu gihe ca Yona, Samariya umurwa mukuru wa Isirayeli, ishobora kuba yari ifise abanyagihugu bari hagati ya 20.000 na 30.000 abo bakaba batashika n’ica kane c’abantu baba i Ninive. Mu kiringo c’ugusagamba kwa Ninive, ico gisagara gishobora kuba ari co cari kinini gusumba ibindi vyose kw’isi.
c Ico kintu coshobora gusa n’ikitumvikana, mugabo caragirwa mu bihe vya kera. Umutohozakahise w’Umugiriki yitwa Herodote yavuze yuko Abaperesi ba kera berekanye intuntu bari bafise kubera urupfu rw’umujenerali umwe yakundwa n’abantu benshi mu gushiramwo n’ibitungwa vyabo mu migenzo yo kugandara.
d Ivyo Imana yavuze yuko abo bantu batari bazi gutandukanya ukuryo n’ukumoso vyerekana ukuntu bari bameze nk’abana mu vyo kutamenya ingingo mfatirwako z’Imana.
[Iciyumviro ku rup. 16]
Imana iripfuza cane kubona abanyakibi bigaye bagahindura ingendo zabo nk’uko Abanyaninive babigize
[Ifoto ku rup. 17]
Imana yarakoresheje ikibonobono kugira ngo yigishe Yona icigwa mu bijanye no kugira imbabazi