ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/11 rup. 22-27
  • Yehova Ni Imana Ifise Ukwihangana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova Ni Imana Ifise Ukwihangana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kurahuje na Kamere Nyamukuru z’Imana
  • Ukwihangana kwa Yehova Imbere y’Umwuzure
  • Ukwihangana kw’Akarorero Yagaragarije Isirayeli
  • Ukwihangana kwa Yehova Ntikwaheze
  • Ukwihangana ku bw’Ineza y’Izina Ryiwe
  • Ukwihangana kwa Yehova Kuvamwo Ubukiriro
  • ‘Mwambare Ukwihangana’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Twigane ukwiyumanganya kwa Yehova
    Turirimbire Yehova
  • Kubona Imana Yararetse Ikibi Kikabandanya Bitwigisha Iki?
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Ico Twigira ku Kuba Imana Ireka Ububisha Bukabaho
    Senga Imana yonyene y’ukuri
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/11 rup. 22-27

Yehova Ni Imana Ifise Ukwihangana

“Uhoraho, Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu, [i]teba kuraka, [i]gira ikigongwe cinshi.”​—KUVAYO 34:6.

1, 2. (a) Ni bande muri kahise bungukiye ku kwihangana kwa Yehova? (b) Ijambo “ukwihangana” risobanura iki?

ABANTU bo mu gihe ca Nowa, Abisirayeli bari bari mu rugendo rugoye baca mu bugaragwa bari kumwe na Musa, Abayuda bariho igihe Yezu yari kw’isi​—abo bose babayeho ibintu vyifashe mu buryo butandukanye. Mugabo, bose barungukiye kuri kamere imwe iranga ubuntu ya Yehova, na yo ni ukwihangana. Kuri bamwebamwe, ivyo vyatumye bakiza ubuzima bwabo. Kandi ukwihangana kwa Yehova kurashobora gutuma na twe dukiza ubuzima bwacu.

2 Ukwihangana ni iki? Ni ryari Yehova akugaragaza, kandi kubera iki? “Ukwihangana” kwasobanuwe ko ari “ukurindirako ubigiranye ukwigumya igihe ukorewe ikibi canke usomborokejwe, bifatanije no kutihebura yuko ubwo bucuti bwatosekaye buzomera neza.” Iyo kamere rero irafise intumbero. Irondera canecane ineza y’uwo muntu aba ariko arateza ingorane. Ariko rero, kuba uwihangana ntibisobanura kurenza uruho rw’amazi ku kibi. Igihe intumbero yo kwihangana ishikijwe, canke igihe ataco uba ucihanganira, ukwihangana kuba guheze.

3. Intumbero yo kwihangana kwa Yehova yabaye iyihe, kandi kugarukira he?

3 Naho abantu bashobora kuba abihangana, Yehova ni we karorero kaminuza mu bijanye n’iyo kamere. Mu myaka n’iyindi kuva icaha gitosekaje ubucuti bwari hagati ya Yehova n’ibiremwa-bantu vyiwe, Umuremyi wacu yaragaragaje ukwigumya, kandi aratanga uburyo bwotuma abantu bigaya bashobora kuryohora ubucuti bafitaniye na we. (2 Petero 3:9; 1 Yohana 4:10) Mugabo, ukwihangana kwiwe nikwashikana intumbero yakwo, Imana izohagurukira abakora ibibi n’ibigirankana, iherengeteze urunkwekwe rubi rwa none.​—2 Petero 3:7.

Kurahuje na Kamere Nyamukuru z’Imana

4. (a) Iciyumviro c’ukwihangana giserurwa gute mu Vyanditswe vy’Igiheburayo? (Raba kandi akajambo k’epfo.) (b) Umuhanuzi Nahumu adondora gute Yehova, kandi ivyo bihishura iki ku vyerekeye ukwihangana kwa Yehova?

4 Mu Vyanditswe vy’Igiheburayo, iciyumviro co kwihangana giserurwa mu majambo abiri y’Igiheburayo ijambo ku rindi asobanura “uburebure bw’imyenge y’izuru,” akaba ahindurwa ngo “uwuteba kuraka” muri Bibiliya Traduction du monde nouveau (Impinduro y’Isi Nshasha).a Igihe yariko avuga ivyerekeye ukwihangana kw’Imana, umuhanuzi Nahumu yagize ati: “Uhoraho ateba kuraka, kand’afise ububasha bginshi, ntatsindanishiriza na gatoya abo gutsindwa.” (Nahumu 1:3) Ni co gituma ukwihangana kwa Yehova atari ikimenyetso c’ubugoyagoye kandi gufise aho kugarukira. Kuba Imana mushoboravyose iteba kuraka, muri ico gihe nyene ikaba ifise ububasha bwinshi, birerekana yuko ukwihangana kwayo guterwa n’ukureka gukora ibintu izi igituma. Irafise ububasha bwo guhana, mugabo irareka n’ibigirankana guca ibigira kugira ngo ihe inkozi y’ikibi akaryo ko guhinduka. (Ezekiyeli 18:31, 32) Ukwihanga kwa Yehova rero, ni inseruro y’urukundo rwiwe, kandi kugaragaza ubukerebutsi afise mu gukoresha ububasha bwiwe.

5. Ni mu buryo ki ukwihangana kwa Yehova kujanye n’ubutungane bwiwe?

5 Ukwihangana kwa Yehova kurajanye kandi n’ubutungane bwiwe be n’ubugororotsi bwiwe. Ubwiwe yarahishutse Musa aramubwira ko ari ‘Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu, iteba kuraka [canke “yihangana”] igira ikigongwe cinshi, ihora ari inyizigirwa.’ (Kuvayo 34:6) Haciye imyaka, Musa yaririmvye ashemeza Yehova ati: “Inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, iroranya, kandi y’Inyakuri.” (Gusubira mu Vyagezwe 32:4) Egome, ikigongwe ca Yehova, ukwihangana kwiwe, ubutungane bwiwe be n’ukugororoka kwiwe, vyose bisenyera ku mugozi umwe.

Ukwihangana kwa Yehova Imbere y’Umwuzure

6. Ni ikimenyamenya ikihe cibonekeje c’ukwihangana, Yehova yagaragarije abakomotse kuri Adamu na Eva?

6 Adamu na Eva baragararije muri Edeni, bituma ubucuti bw’agaciro bari bafitaniye n’Umuremyi wabo munyarukundo Yehova buhagarara buhere. (Itanguriro 3:8-13, 23, 24) Ukwo kwiyonkora ku Mana kwaragize ingaruka ku ruvyaro rwabo, urwarazwe icaha, agasembwa n’urupfu. (Abaroma 5:17-19) Naho wa mugabo n’umugore ba mbere bakoze icaha n’ibigirankana, Yehova yarabaretse baribaruka ibibondo. Mu nyuma, abigiranye urukundo yaratanze uburyo bwotuma abakomoka kuri Adamu na Eva bashobora gusubiza hamwe na we. (Yohana 3:16, 36) Intumwa Paulo yasiguye ati: “Imana ya[ra]tweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukir’abanyavyaha. Nuko none tumaze gutsindanishirizwa n’amaraso yiwe, tuzorushiriza guheshwa na we gukizwa uburake bg’Imana. Ko twujujwe n’Imana n’urupfu rw’Umwana wayo, tukir’abansi bayo, none tumaze kwuzura na yo, ubugingo bgiwe buzorushiriza kudukiza.”​—Abaroma 5:8-10.

7. Yehova yagaragaje gute ukwihangana imbere y’Umwuzure, kandi ni kuki iyaruka ry’imbere y’Umwuzure ryasanganguwe bikwiriye?

7 Ukwihangana kwa Yehova kwarabonetse mu misi ya Nowa. Hagisigaye ikinjana kirenga ngo Umwuzure utere, “Imana y[a]ritegere[je] isi, ibona ko yononekaye, kukw abari n’umubiri bose bo mw isi bāri bononye ingeso zabo.” (Itanguriro 6:12) Ariko rero, mu gihe kinaka, Yehova yaragaragaje ukwihanganira umuryango w’abantu. Yavuze ati: “[Im]pwemu [y]anje nt[i]zokwama [i]ranyinyūrana n’umuntu ibihe vyose, kukw ar’uw’inyama gusa: nuko rer’imisi yiwe izoba imyaka ijana na mirongwibiri.” (Itanguriro 6:3) Iyo myaka 120 yatumye umwizigirwa Nowa aronka umwanya wo kwibaruka ibibondo, kandi aho amenyeye iryo Imana yavumereye, vyatumye aronka n’umwanya wo kwubaka ubwato no kuburira abo mu gihe ciwe ivy’umwuzure wari ugiye kuza. Intumwa Petero yanditse ati: “Ukwihangana [kw’Imana] kwari kukirorereye mu misi ya Nowa, bga bgato bukibāzwa; muri bgo hārokokeye abantu bakeya, bashika umunani, bākirijwe mu mazi.” (1 Petero 3:20) Ni vyo, abatari abo mu rugo kwa Nowa “ntibagi[ze] ico bamenya” ku bijanye n’inkuru nziza yamamaza. (Matayo 24:38, 39) Mugabo, mu kureka Nowa akubaka ubwato akongera akamara kumbure imyaka mirongo ari “umwigisha w’ivyo kugororoka,” Yehova yarahaye abo mu gihe ca Nowa akaryo gahagije ko kwigaya bakava mu nzira zabo ziranga ubukazi, maze bagahindukira kugira bamukorere. (2 Petero 2:5; Abaheburayo 11:7) Ukuba amaherezo iryo yaruka ryuzuye ububisha ryarasanganguwe, vyari bikwiriye.

Ukwihangana kw’Akarorero Yagaragarije Isirayeli

8. Yehova yagaragarije gute ukwihangana ihanga rya Isirayeli?

8 Ukwihangana Yehova yagaragarije Isirayeli kwamaze imyaka irenga kure n’iyo 120. Mu myaka irenga 1.500 Abisirayeli bamaze ari igisata catoranijwe n’Imana, ni ibiringo bikeyi ugereranije wasanga batagerageza ukwihangana kw’Imana kugera ku rugero rwa nyuma. Haciye gusa nk’amayinga angahe babohowe ku gitangaro bagakurwa mu Misiri, baciye bahindukirira ugusenga ikigirwamana, bigaragaza ko batubaha na gato Umurokozi wabo. (Kuvayo 32:4; Zaburi 106:21) Mu myaka mirongo yakurikiye, Abisirayeli baridogeye imfungurwa Yehova yabaronkeje ku gitangaro mu bugaragwa, baridodombeye Musa na Aroni, baravuga nabi Yehova, barasambana n’abapagani, eka mbere baranagira uruhara mu gusenga Bayali. (Guharūra 11:4-6; 14:2-4; 21:5; 25:1-3; 1 Ab’i Korinto 10:6-11) Yehova yari gushobora guherengeteza abantu biwe kandi ntabe abarenganije, mugabo aho kubigira yaragaragaje ukwihangana.​—Guharūra 14:11-21.

9. Yehova yagaragaye gute ko ari Imana yihangana mu kiringo c’Abacamanza no mu gihe c’intwaro ya cami?

9 Mu gihe c’abacamanza, Abisirayeli bama bagwa mu gusenga ibigirwamana. Mu gihe baba babiguyemwo, Yehova yarabareka bakagwa mu vyara vy’abansi babo. Mugabo, igihe bihanye maze bakamutakambira ngo abafashe, yaragaragaza ukwihangana agahagurutsa abacamanza ngo babarokore. (Abacamanza 2:17, 18) Mu kiringo kirekire intwaro ya cami yamaze, abami bake ni bo bagaragaje ko bayobokera Yehova ata kindi babangikanije. No mu gihe nyene c’abami b’abizerwa, abanyagihugu kenshi barasukiranya ugusenga kw’ukuri n’ukw’ikinyoma. Igihe Yehova yahagurutsa abahanuzi kugira ngo baburire abantu ku biraba ubuhemu, abantu kenshi bihitiramwo gutega amatwi abaherezi bononekaye be n’abahanuzi b’ibinyoma. (Yeremiya 5:31; 25:4-7) Kukaba nkako, Abisirayeli barahamye abamenyeshakazoza b’abizerwa ba Yehova, eka mbere baranica na bamwebamwe muri bo. (2 Ngoma 24:20, 21; Ivyakozwe 7:51, 52) Naho vyari ukwo, Yehova yarabandanije kugaragaza ukwihangana.​—2 Ngoma 36:15.

Ukwihangana kwa Yehova Ntikwaheze

10. Ni ryari ukwihangana kwa Yehova kwashitse aho kutarenga?

10 Ariko rero, kahise karerekana yuko ukwihangana kw’Imana gufise aho kugarukira. Mu 740 B.G.C., yararetse Abashuri baratembagaza ubwami bwa Isirayeli bugizwe na ya miryango cumi maze abanyagihugu babwo babajana mu bunyagano. (2 Abami 17:5, 6) Maze mu mpera y’ikinjana cakurikiye, yararetse Abanyababiloni baratera ubwami bw’i Buyuda bugizwe n’imiryango ibiri bongera barasangangura Yeruzalemu n’urusengero rwaho.​—2 Ngoma 36:16-19.

11. Yehova yagaragaje gute ukwihangana n’igihe nyene yariko arashitsa urubanza?

11 Ariko rero, n’igihe nyene Yehova yariko arashitsa imanza yaciriye Isirayeli n’Ubuyuda, ntiyibagiye kuba uwihangana. Biciye ku muhanuzi wiwe Yeremiya, Yehova yarabuye yuko abasavyi biwe yitoranirije bosubijwe umutamana. Yavuze ati: “Imyaka mirongwirindwi ni yarangira mur’i Babuloni, nzobagendera, mbashitsekw ijambo ryanje ryiza, mbagarukane aha hantu. Nanje nzobabonekera . . . ntume muhindukira, muve mu kinyago, kandi nzobakoranya mbakūye mu mahanga yose n’ahantu hose aho nabirukaniye.”​—Yeremiya 29:10, 14.

12. Ukuba amasigarira y’Abayuda yarasubiye i Buyuda vyagaragaye gute ko ari ibintu bitapfuye gushika dufatiye ku bijanye n’umuzo wa Mesiya?

12 Amasigarira yo mu Bayuda b’inyagano koko yarasubiye mu Buyuda maze asubira kugarukana ugusenga Yehova mu rusengero rwari rwasubiye kwubakwa i Yeruzalemu. Mw’iranguka ry’imigambi ya Yehova, ayo masigarira yobaye nk’“ikime kivuye k’Uhoraho,” kizana ubutotahare n’isagamba. Bobaye kandi abarindutsi n’abanyenkomezi nk’“intambge iri mu bikōko vyo mu kibira.” (Mika 5:7, 8) Iyo mvugo yuko bazomera nk’intambwe ishobora kuba yarangutse mu gihe hatwara abakomoka ku witwa Makabe, aho Abayuda bayobowe n’umuryango wa Makabe birukana abansi babo bakabakura mu Gihugu c’Isezerano maze bagasubira kwegurira Imana urusengero, rwari rwarahumanijwe. Muri ubwo buryo ico gihugu be n’urusengero vyarazigamwe kugira ngo ayandi masigarira y’abizerwa azoshobore guha ikaze Umwana w’Imana igihe yohaserukiye ari Mesiya.​—Daniyeli 9:25; Luka 1:13-17, 67-79; 3:15, 21, 22.

13. N’igihe Abayuda bari bamaze kwica Umwana wiwe, Yehova yabandanije gute kubagaragariza ukwihangana?

13 N’igihe Abayuda bari bamaze kugandagura Umwana wiwe, Yehova yabandanije kubagaragariza ukwihangana mu kiringo c’iyindi myaka itatu n’igice, abaha akaryo ko guhamagarwa ata bandi babivanzemwo, kugira bacike abo mu bagize urubuto rwa Aburahamu rwo mu buryo bw’impwemu. (Daniyeli 9:27)b Imbere y’umwaka wa 36 G.C. n’inyuma y’aho, Abayuda bamwebamwe baremeye ukwo guhamagarwa, maze ku bw’ivyo, nk’uko Paulo yabivuze mu nyuma, “amasigarira [yara]toranijwe [bivuye ku] buntu bg’Imana.”​—Abaroma 11:5.

14. (a) Mu 36 G.C., ni bande bahawe agateka ko gucika abo mu bagize urubuto rwo mu buryo bw’impwemu rwa Aburahamu? (b) Paulo yaseruye gute inyiyumvo ziwe ku vyerekeye uburyo Yehova ahitamwo abagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu?

14 Mu 36 G.C., agateka ko gucika abo mu bagize urubuto rwa Aburahamu rwo mu buryo bw’impwemu karahawe ari bwo bwa mbere abantu batari Abayuda bakaba kandi atari abahindukiriye idini y’Abayuda. Uwavyakiriza yompi wese kandi Yehova yaramugaragariza ubuntu adakwiriye akongera akamwihanganira. (Ab’i Galatiya 3:26-29; Abanyefeso 2:4-7) Mu guserura ugukenguruka kugera ibwina ku bw’ubukerebutsi n’umugambi bibonekera mu kwihangana kuranga ikigongwe Yehova agaragaza, ari kwo gutuma arondera abuzuza igitigiri c’abahamagarwa kugira ngo bakwize igitigiri c’abagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, Paulo yaratangaye ati: “Yō, uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana! Imigabo yayo ntishobora kubariritswa, n’inzira zayo ntizigira akehe!”​—Abaroma 11:25, 26, 33; Ab’i Galatiya 6:15, 16.

Ukwihangana ku bw’Ineza y’Izina Ryiwe

15. Imvo nyamukuru yatumye Imana yihangana ni iyihe, kandi ni ikibazo ikihe casavye igihe kugira ngo gitorerwe inyishu?

15 Ni kuki Yehova agaragaza ukwihangana? Ubwa mbere na mbere, ni kugira ahayagize izina ryiwe ryeranda yongere yemeze ubusegaba bwiwe. (1 Samweli 12:20-22) Ikibazo cerekeye inyifato cavyuwe na Shetani ku biraba uburyo Yehova akoresha ubusegaba bwiwe, casavye igihe kugira ngo gitorerwe inyishu mu buryo bubereye imbere y’ivyaremwe vyose. (Yobu 1:9-11; 42:2, 5, 6) Ni co gituma, igihe abasavyi biwe bariko baracurwa bufuni na buhoro mu Misiri, Yehova yabwiye Farawo ati: ‘Icatumye mba ndakuretse, ni ukugira ngo nkwereke ubushobozi bwanje, kandi ngo izina ryanje ryamamare mw’isi yose.’​—Kuvayo 9:16.

16. (a) Ukwihangana kwa Yehova kwashoboye gute gutuma itegurwa ry’igisata citirirwa izina ryiwe rishoboka? (b) Izina rya Yehova rizokwerandishwa gute n’ubusegaba bwiwe buzokwemezwa gute?

16 Amajambo Yehova yabwiye Farawo yarasubiwemwo n’intumwa Paulo igihe yasigura uruhara ukwihangana kw’Imana gufise mu bijanye n’ininahazwa ry’izina ryayo ryeranda. Maze Paulo yaciye yandika ati: “Mbega har’ico biriko, nah’Imana yagomvye kwerekana uburake bgayo, no kumenyesha ubushobozi bgayo, namba yihangananiye imbabazi nyinshi inzavya z’ukuraka, ziteguriwe guhona; kugira ngo yerekanire ubutunzi bg’ubgiza bgayo ku nzavya z’ikigongwe, izo yiteguriye guha ubgiza kera, kuri twebge, abo yahamagaye, si mu Bayuda bonyene ariko no mu banyamahanga? Nk’uko yavugiye mu kanwa ka Hoseya, it’Abatār’abantu banje nzobita abantu banje.” (Abaroma 9:17, 22-25) Kubera yuko Yehova yagaragaje ukwihangana, yarashoboye gukura mu banyamahanga abantu b’“ubgoko bg’izina ryayo.” (Ivyakozwe 15:14) Bayobowe na Kizigenza wabo Yezu Kirisitu, abo “bera” ni ba samuragwa b’Ubwami Yehova azokoresha mu kwerandisha izina ryiwe rihambaye no mu kwemeza ubusegaba bwiwe.​—Daniyeli 2:44; 7:13, 14, 27; Ivyahishuriwe 4:9-11; 5:9, 10.

Ukwihangana kwa Yehova Kuvamwo Ubukiriro

17, 18. (a) Ni mu gukora iki twosanga turiko turanegura Yehova tutanabizi, ngo ni uko agaragaza ukwihangana? (b) Turemeshwa kubona gute ukwihangana kwa Yehova?

17 Guhera mu ntango aho abantu bagiriye mu kaga ko kugwa mu caha gushika muri iki gihe, Yehova yamye agaragaza ko ari Imana yihangana. Ukwihangana yagize imbere y’Umwuzure kwatumye haboneka umwanya kugira ngo hatangwe ingabisho ibereye kandi kwatumye hubakwa ikintu abantu borokokeyemwo. Mugabo, ukwihangana kwiwe kwarashitse aho kutarenga, maze Umwuzure uraza. No muri iki gihe, Yehova ariko aragaragaza ukwihangana guhambaye, kandi ukwo kwihangana kuriko kumara igihe kirekire kuruta uko bamwebamwe bashobora kuba bari bavyiteze. Ariko rero, iyo si yo mvo yotuma umuntu yihebura. Umuntu akoze ivyo ni nk’aho yoba ariko aranegura Imana ngo ni uko yihangana. Paulo yabajije ati: “Ukēngēra itunga ryo kugira neza kwayo n’iry’imbabazi zayo n’iry’ukwihangana kwayo? Ntuzi yuko kugira neza kw’Imana kugushikana ku kwihana?”​—Abaroma 2:4.

18 Nta n’umwe muri twebwe ashobora kumenya niba dukeneye ukwihangana kw’Imana ku rugero rungana iki kugira ngo twizigire tudakeka yuko itwemerera ubukiriro. Paulo aduhanura ‘gushishikara ubukiriro bwacu, tubigiranye icubahiro n’ubwoba.’ (Abafilipi 2:12, UB) Intumwa Petero yandikiye Abakirisu bagenziwe ati: “Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo, uko bamwe biyumvira kw iritevya. Ariko yihanganira mwebge, ntigomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bihana.” (Ni twe tubihiritse.)​—2 Petero 3:9.

19. Ni mu buryo ki dushobora kwungukira ku kwihangana kwa Yehova?

19 Ku bw’ivyo, nimuze ntitubure ukwihanganira uburyo Yehova atunganya ibintu. Ahubwo, nimuze dukurikize iyindi mpanuro ya Petero, maze “[t]wiyumvire yuko kwihangana kw’Umwami wacu ar’[ubukiriro].” Ni ubukiriro bwa bande? Ni ubukiriro bwacu, kandi mu buryo bwagutse bukaba ari ubukiriro bw’abandi badaharurwa bagikeneye kwumva “ubutumwa bgiza bg’ubgami.” (2 Petero 3:15; Matayo 24:14) Ivyo bizodufasha guha agaciro ivy’uko Yehova yihangana atiziganya, maze bidusunikire ku kuba abihangana mu vyo dukorana n’abandi.

[Utujambo tw’epfo]

a  Mu Giheburayo, ijambo ryahinduwemwo “izuru” canke “umwenge w’izuru” (‘aph) kenshi rikoreshwa mu mvugo ngereranyo rishaka kuvuga uburake. Ivyo ni ko bimeze kubera iyo umuntu aratse apfuhagira.

b  Kugira ngo uronke izindi nsobanuro kuri ubwo buhanuzi, raba igitabu Prêtons attention à la prophétie de Daniel!, urupapuro rw’⁠191-194, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Woshobora Kubisigura?

• Muri Bibiliya ijambo “kwihangana” risobanura iki?

• Yehova yagaragaje gute ukwihangana imbere y’Umwuzure, inyuma y’ubunyagano bwo muri Babiloni, be no mu kinjana ca mbere G.C.?

• Yehova yagaragaje ukwihangana kubera imvo izihe zihambaye?

• Dukwiye kubona gute ukwihangana kwa Yehova?

[Ifoto ku rup. 23]

Ukwihangana Yehova yagize imbere y’Umwuzure kwatumye abantu baronka akaryo gahagije ko kwigaya

[Ifoto ku rup. 24]

Inyuma y’itemba rya Babiloni, Abayuda barungukiye ku kwihangana kwa Yehova

[Ifoto ku rup. 25]

Mu Kinjana ca mbere, Abayuda n’abatari Abayuda bompi barungukiye ku kwihangana kwa Yehova

[Amafoto ku rup. 26]

Abakirisu muri iki gihe barungukira ku kwihangana kwa Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika