ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ababisha Bazogumaho Kugeza Ryari?
    Umunara w’Inderetsi—2000 | 1 Ruhuhuma
    • 9 Habakuki aratega amatwi yitonze amajambo y’Imana akurikira yanditswe muri Habakuki 1:6-11. Ubwo ni ubutumwa bwa Yehova, kandi nta mana y’ikinyoma canke ikigirwamana kitagira ubuzima gishobora gutangira iranguka ryabwo. Na bwo ni ubu: “Ehe rāba, ngira nkakamure Abakaludaya, rya hanga ry’inkazi kandi ry’inkuba, bagenda batera isi iyo iva ikagera, bakikeberezako ingo zitar’izabo. Abo n’ibirara vy’inkazi, kandi bateye ubgoba: uguhana no gutikiza ni bo bivako. Amafarasi yabo arusha ingwe ubukuba, kand’arusha ubukazi amabingira agenda ijoro: abagendera ku mafarasi yabo baza bihaya: mber’abagendera ku mafarasi yabo baza bavuye kure; baguruka nk’inkukuma yihutira ico irotsa. Bose bazanwa n’umuryano; amaso yabo bayahangana igihababu imbere yabo; bakumakuma imbohe nk’umusenyi. Mbere bacōkōra abami, bagatwenga abaganwa, ibihome vyose barabitwenga gusa, kuko babirundira ibigūngūzi vy’ivu vyo kwuririrako, bakabinesha. Bagaheza bagahita nk’umuyaga, bakomeza inzira, ar’abanyabicumuro; kand’inkomezi zabo bāzigize imana yabo.”

  • Ababisha Bazogumaho Kugeza Ryari?
    Umunara w’Inderetsi—2000 | 1 Ruhuhuma
    • 12. Abanyababiloni bafise iyihe nyifato, kandi abo bansi b’igitangaza bacitse ‘koko abanyabicumuro’ kubera iki?

      12 Ingabo z’Abakaludaya zitwenga abami n’abayobozi bakuru zikabashinyagurira, bose bakaba ata bushobozi bagira bwo guhagarika ugutera imbere kwazo zidatezura. ‘Zihinyura ibihome vyose,’ kubera ko ahakikijwe n’igihome aho ari ho hose hafatwa iyo Abanyababiloni ‘barunze ikigunguzi c’ivu’ bajako mu kuhatera. Mu gihe cagenywe na Yehova, uwo mwansi atangaje ‘azohita nk’umuyaga.’ Mu gutera i Buyuda n’i Yeruzalemu, azoba ‘umunyabicumuro,’ abitewe no kuba yagiriye nabi igisata c’Imana. Inyuma y’intsinzi ya bukwi na bukwi, umugabisha w’Abakaludaya azokwishima ati ‘Inkomezi zacu [tuzikesha] imana yacu.’ Mugabo ese ukuntu mu vy’ukuri azi bike!

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika