“Mwame Mugavye”
“Nuko mwame mugavye, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozako.”—MATAYO 24:42.
1. Abasavyi ba Yehova bamaze igihe kirekire bumva bamerewe gute ku vyerekeye imyaka myinshi bamaze bakora igikorwa bitangiye? Tanga akarorero.
ABASAVYI ba Yehova benshi bamaze igihe kirekire bamukorera usanga bamenye ukuri bakiri abasore n’inkumi. Kimwe na wa mudandaza yabona imaragarita y’igiciro kinini maze akagurisha utwiwe twose kugira ngo ayigure, abo batohoji ba Bibiliya babishashaye bariyanse maze begurira ubuzima bwabo Yehova. (Matayo 13:45, 46; Mariko 8:34) None bumva bamerewe gute ku vyerekeye ukuba bararindiriye igihe kirenze uko boba bari bavyiteze kugira ngo babone iranguka ry’imigambi y’Imana yerekeye isi? Ntibicuza namba! Baremeranya n’amajambo y’Umuvukanyi A. H. Macmillan, we yavuze inyuma y’aho amariye imyaka igera hafi kuri 60 mu gikorwa yakoze yariyeguriye Imana ati: “Niyemeje gushishikara ukwizera kwanje kurusha ikindi gihe ico ari co cose. Ukwizera kwatumye ukubaho kwanje kugira agaciro. N’ubu kuracamfasha kwitega ivy’igihe kiri imbere ata bwoba.”
2. (a) Ni impanuro iyihe ihuye n’igihe Yezu yahaye abayoboke biwe? (b) Ni ibibazo ibihe tuja gusuzuma muri iki kiganiro?
2 Weho ubibona gute? Utaravye imyaka ufise, zirikana witonze amajambo Yezu yavuze, ati: “Nuko mwame mugavye, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozako.” (Matayo 24:42) Iryo jambo ryoroshe ririmwo ukuri kugera kure. Ntituzi umusi Umwami azozirako gucirako iteka ivy’iyi si mbi, kandi si ngombwa ko tuwumenya. Ariko dukeneye kubaho mu buryo butuma igihe azoba aje tutazogira ico twicuza. Muri ivyo, ni uturorero utuhe dusanga muri Bibiliya tuzodufasha kwama tugavye? Yezu yerekanye gute ko ivyo bikenewe? Kandi ni ikimenyamenya ikihe dufise muri iki gihe kigaragaza yuko turi mu misi y’iherezo y’iyi si itibanga Imana?
Akarorero ko Kutuburira
3. Abantu benshi bo muri iki gihe basa gute n’abo mu misi ya Nowa?
3 Abantu bo muri iki gihe bafise vyinshi bahuriyeko n’abagabo be n’abagore babayeho mu misi ya Nowa. Muri ico gihe isi yari yuzuye umuryano, kandi impengamiro y’umutima w’umuntu yari “[mbi] gusa nantaryo.” (Itanguriro 6:5) Benshi bitwararika ibintu vyo mu buzima bwa misi yose. Ariko imbere y’uko azana Umwuzure uhambaye, Yehova yarahaye abantu akaryo ko kwihana. Yashinze Nowa kwigisha kandi yaragamburutse amara kumbure imyaka 40 canke 50 kibure irenga akora nk’“umwigisha w’ivyo kugororoka.” (2 Petero 2:5) Ariko rero, abantu bariyobagije ubutumwa Nowa yabashikiriza bw’imburizi. Ntibari bagavye. Amaherezo rero Nowa n’umuryango wiwe ni bo bonyene barokotse ishitswa ry’urubanza rwa Yehova.—Matayo 24:37-39.
4. Ni mu buryo ki igikorwa ca Nowa gishobora kuvugwa ko catunganiwe, kandi ivyo nyene vyovugwa gute no ku gikorwa cawe co kwamamaza inkuru nziza?
4 Igikenurwa ca Nowa coba caratunganiwe? Ntubirabire ku gitigiri gitoyi c’abamwumviye. Mu vy’ukuri, ukwigisha kwa Nowa kwarashitse ku ntumbero yakwo utaravye abamwumviye uko bangana. Kubera iki? Kubera vyahaye abantu akaryo gakwiye ko guhitamwo gukorera Yehova canke kutamukorera. Bite weho mu karere wamamazamwo inkuru nziza? Naho abavyakira boba ari bakeyi, uraroranirwa cane. Kubera iki? Kubera ko mu gihe wamamaza inkuru nziza uba uriko urumvikanisha imburizi y’Imana, kandi gutyo ukaba uranguye igikorwa Yezu yashinze abayoboke biwe.—Matayo 24:14; 28:19, 20.
Barirengagije Abahanuzi b’Imana
5. (a) Ni ibiki vyari vyiganje i Buyuda mu misi ya Habakuki, kandi abantu bakiriye gute ubutumwa bwiwe bw’imburizi? (b) Abantu b’i Buyuda bamereye nabi gute abahanuzi ba Yehova?
5 Haciye ibinjana inyuma y’Umwuzure, ubwami bw’i Buyuda bwarahanganye n’ibintu bikomeye cane. Gusenga ibigirwamana, akarenganyo, agahahazo ndetse n’ubwicanyi vyari vyeze. Yehova yarahagurukije umuhanuzi Habakuki kugira ngo aburire abantu yuko, niba batihanye, boshikiwe n’ivyago bitewe n’Abakaludaya ari bo Banyababiloni. (Habakuki 1:5-7) Ariko abantu baranse kwumviriza. Kumbure boba biyumviriye, bati ‘Mbega ntihaheze imyaka irenga ijana umuhanuzi Yesaya atanze imburizi nk’iyo nyene ariko akaba ata na kimwe kiraba!’ (Yesaya 39:6, 7) Benshi mu baganwa b’i Buyuda ntibanse imburizi vyonyene, ariko kandi baramereye nabi ababatumweko. Igihe kimwe, baragerageje kwica umuhanuzi Yeremiya, kandi bari gushobora kubishikako iyo Ahikamu atahaseruka. Kubera ishavu yari atewe n’ubundi butumwa menyeshakazoza, Umwami Yehoyakimu yaricishije umuhanuzi Uriya.—Yeremiya 26:21-24.
6. Yehova yakomeje gute Habakuki?
6 Ubutumwa bwa Habakuki na bwo nyene bwashimika nk’ukwo nyene, kandi babwanse nk’uko banse ubwa Yeremiya, uwari yahumekewe n’Imana kugira ngo abūre yuko Ubuyuda bwomaze imyaka 70 ari umusaka. (Yeremiya 25:8-11) Ni co gituma dushobora gutahura amaganya Habakuki yari afise igihe yaboroga ati: “Uhoraho we, nzogeza ryari kugutakambira, ntunyumve? Kandi nkuborogera kubg’umuryano uriho, nawe ntuwunkize?” (Habakuki 1:2) Yehova yarishuranye Habakuki ubugwaneza akoresheje aya majambo akomeza ukwizera agira ati: “Ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe, kandi vyihutira kugishikako, ntibizobesha; naho vyotebagana, ubirorēre, kuko bitazobura kuza, ntibizoteba.” (Habakuki 2:3) Yehova rero yari afise ‘igihe yashinze’ yokuriyeho akarenganyo n’agahahazo. Naho vyasa nk’aho bitevye, Habakuki yabwirizwa kutavunika umutima, eka mbere ntiyari akwiye guhororokerwa. Ahubwo, yategerezwa ‘kubirorera,’ umusi wose akama awumara yumva ko ibintu vyihutirwa. Umusi wa Yehova ntiwotevye!
7. Ni kuki Yeruzalemu hoshikiwe n’irindi sangangurwa mu kinjana ca mbere G.C.?
7 Haciye imyaka nka 20 inyuma y’aho Yehova avuganiye na Habakuki, umurwa mukuru w’Ubuyuda, ari wo Yerusalemu, warasangaguwe. Inyuma y’aho harasubiye kwubakwa kandi vyinshi mu bibi vyahagarika umutima Habakuki cane vyarakosowe. Ariko rero mu kinjana ca mbere G.C., ico gisagara carongeye gucirwa urubanza rwo gusangangurwa, bitewe n’uguhemuka kw’abantu baho. Kubera Yehova ari Imana y’ikigongwe, yararinganije ivy’uko abantu b’imitima igororotse barokoka. Muri ico gihe, yakoresheje umuhanuzi akomeye ari we Yezu Kirisitu ngo ashikirize ubwo butumwa. Mu mwaka wa 33 G.C., Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Ni mwabona i Yerusalemu hakikijwe n’ibitero, muze mumenye yuk’ubuyobe bgaho bugira bushike. Ico gihe abazoba bar’i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire.”—Luka 21:20, 21.
8. (a) Abakirisu bamwebamwe bashobora kuba bari bashikiwe n’ibiki inyuma y’urupfu rwa Yezu? (b) Amajambo menyeshakazoza ya Yezu yerekeye Yeruzalemu yarangutse gute?
8 Uko imyaka yaza irarengana, Abakirisu bamwebamwe b’i Yeruzalemu bashobora kuba baribaza igihe ubwo buhanuzi bwa Yezu bworangukiye. Nakare, rimbura utwigoro bamwebamwe muri bo bategerezwa kuba bari baragize. Kumbure bari barahevye ubucuruzi bwunguka kubera bari biyemeje kuguma bagavye. Mbega bamwe boba bararambiwe uko igihe cagenda gihita? Boba baciye biyumvira yuko bariko barata umwanya wabo, biyumvira yuko amajambo ya Yezu yoba yerekeza ku rundi runganwe, atari ku runganwe rwabo? Mu mwaka wa 66 G.C., ubuhanuzi bwa Yezu bwaratanguye kuranguka igihe ingabo z’Abaroma zakikuza Yeruzalemu. Abari barabandanije kuguma bagavye baratahuye ico kimenyetso, barahunga bava mu gisagara, barakize baribonera ingene Yeruzalemu hasangangurwa.
Ikigereranirizo c’Uko Dukeneye Kuba Maso
9, 10. (a) Woshobora kuvuga gute mu ncamake umugani wa Yezu werekeye abashumba barorereye ko shebuja wabo agaruka avuye ku bukwe bwiwe? (b) Ni kuki ukurindira shebuja wabo kwoshobora kuba kwarabaye ukugoye kuri abo bashumba? (c) Ni kuki vyabaye ngirakamaro ko abo bashumba baguma bihanganye?
9 Mu gushimika ku vy’uko bikenewe ko tuba maso, Yezu yagereranije abigishwa biwe n’abashumba barorereye ko shebuja agaruka avuye ku bukwe bwiwe. Bari bazi ko mw’ijoro kanaka ari bugaruke, ariko hobaye kw’isaha zingahe? Mw’iterama rya mbere? Mu rya kabiri? Mu rya gatatu? Ntavyo bari bazi. Yezu yavuze ati: “[Shebuja] ashitse mw’iterama rya kabiri, mbere naho yoshika mu rya gatatu, hanyuma akabasanga gutyo [bakiri maso], bazoba abahirwe!” (Luka 12:35-38, NW) Zirikana igishika abo bashumba bari bamwiteganye! Akantu kose gakomye, igitutu cose babonye, vyatuma barushiriza kumwitega, bibwira bati ‘Uwo ashobora kuba ari databuja aje?’
10 Vyogenze gute iyo shebuja aza mw’iterama rya kabiri ry’ijoro, rikaba ryatangura nk’isaha zitatu kugeza mu gicugu? Ubwo abashumba biwe bose ndetse n’abari kuba biriwe barakora bivuye inyuma guhera kare mu gitondo bobaye biteguriye kumuramutsa, canke hobaye hariho abasinziriye? Bite hoho iyo shebuja aza kugaruka mw’iterama rya gatatu ry’ijoro, ico kiringo kikaba catangura mu gicugu kugeza isaha icenda zishira ubuca? Mbega bamwebamwe muri abo bashumba bobaye bihebuye, bakagira mbere n’umwikomo kubera shebuja asa n’uwutevye?a Abashumba shebuja yari gusanga bateramye igihe yoziriye, ni bo bonyene bari kwitwa abahirwe. Amajambo avugwa mu Migani 13:12 yobaye abashitseko, ayagira ati: “Ivyizigiwe bigateba, bivuna umutima, arik icifujwe iyo gishitse, kiba igiti c’ubugingo.”
11. Isengesho rishobora kudufasha gute kuguma turi maso?
11 Muri nya kiringo yobaye asa n’uwutevye, ni igiki cofashije abayoboke ba Yezu kuguma bari maso? Igihe bari mw’itongo ry’i Getsemane hasigaye gatoyi ngo bamufate, Yezu yabwiye zitatu mu ntumwa ziwe ati: “Ni mube maso, musenge, ntimuje mu mosha mabi.” (Matayo 26:41) Haciye imyaka, Petero uwari ahari ico gihe, yarahaye Abakirisu bagenziwe impanuro nk’iyo. Yanditse ati: “Umuhero wa vyose uri hafi: nuko ntimuhugumbe, mwirinde, kugira ngo mubone uko mushishikara gusenga.” (1 Petero 4:7) Biragaragara ko amasengesho aturanye ubwira akwiye kuba kimwe mu bigize urutonde rw’imirimo twama dukora ya gikirisu. Si ivy’imbeshere, turakeneye kubandanya dusaba Yehova ngo adufashe kuguma turi maso.—Abaroma 12:12; 1 Ab’i Tesalonike 5:17.
12. Ni itandukaniro irihe riri hagati yo kurondera kumenya igihe be n’ukuguma turi maso?
12 Zirikana ko Petero yavuze kandi ati: “Umuhero wa vyose uri hafi.” Wegereje ku rugero rungana iki? Abantu nta buryo bafise bwo kugenekereza umusi nyawo n’isaha nyayo umuhero uzozirako. (Matayo 24:36) Ariko hariho itandukaniro hagati yo kwisuka mu vyo kurondera kumenya igihe, ari vyo Bibiliya itaturemesha kugira, no kubandanya turorera umuhero, ari vyo Bibiliya ituremesha kugira. (Gereranya na 2 Timoteyo 4:3, 4; Tito 3:9.) Ni mu buryo bumwe ubuhe dushobora kubandanya turorera umuhero? Ni mu kwitwararika cane ibimenyetso bigaragaza ko umuhero wegereje. Reka twiyibutse ibimenyamenya bitandatu bituma twemera tudakeka yuko turi mu misi y’iherezo y’iyi si itibanga Imana.
Ibimenyamenya Bitandatu Bishwirura
13. Ubuhanuzi bwa Paulo bwanditse muri 2 Timoteyo ikigabane ca 3 bugushwirura gute ko turi mu “misi y’iherezo”?
13 Ica mbere, turabona neza iranguka ry’ubuhanuzi bw’intumwa Paulo bwerekeye “imisi y’iherezo.” Paulo yanditse ati: “Mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye. Kukw abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, bīrārīra, bībona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivy’Imana, badakunda n’ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza, abaguranyi, ibirandamuke, abikakisha, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana, bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bgakwo: abameze bartyo wame ubatera ibitugu. Arik abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa.” (2 Timoteyo 3:1-5, 13) Twoba tubona ubwo buhanuzi buriko buraranguka muri iyi misi yacu? Abirengagiza nkana ibintu biboneka ni bo gusa bashobora kubihakana!b
14. Amajambo ari mu Vyahishuriwe Yohana 12:9 yerekeye Diyabule ariko aranguka gute muri iki gihe, kandi vuba agiye gushikirwa n’iki?
14 Ica kabiri, turabona ingaruka z’ukwirukanwa kwa Shetani n’amadayimoni yiwe mw’ijuru, mw’iranguka ry’Ivyahishuriwe 12:9. Tuhasoma ngo: “Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co.” Ivyo vyatumye isi ibona ivyago bikomeye cane. Mu vy’ukuri, harabaye ivyago vyinshi cane mu bantu, canecane guhera mu 1914. Ariko ubwo buhanuzi bwo mu Vyahishuriwe burongerako yuko igihe Shetani yojugunyiwe kw’isi, yobaye azi kw “afise igihe gito.” (Ivyahishuriwe 12:12) Muri ico kiringo, Shetani yorwanye intambara n’abayoboke basizwe ba Kirisitu. (Ivyahishuriwe 12:17) Nta gukeka turabona inkurikizi z’ivyo bitero vyiwe muri iki gihe turimwo.c Ariko rero vuba, Shetani azoboherwa i kuzimu kugira ngo “nti[y]ongere kuzimiza amahanga.”—Ivyahishuriwe 20:1-3.
15. Ni gute Ivyahishuriwe Yohana 17:9-11 bitanga ikimenyamenya c’uko turi mu gihe c’iherezo?
15 Ica gatatu, turi mu gihe c’“umwami” agira umunani akaba n’uwanyuma avugwa mu buhanuzi bwanditse mu Vyahishuriwe 17:9-11. Intumwa Yohani ngaho yarabonye abami indwi, bagereranya intwaro nganzasi, ari zo Misiri, Siriya, Babiloni, Abamedi bafatanije n’Abaperesi, Ubugiriki, Roma, be n’Ubwongereza bufatanije na Amerika. Yarabonye kandi “ūgira umunani” akaba ari“umwe muri ba bandi indwi.” Uwo mwami agira umunani ari na we mwami wa nyuma Yohani yabonye mu vyo yeretswe agereranya Ishirahamwe Mpuzamakungu O.N.U. Yohani avuga yuko uwo mwami agira umunani “[aja] kurandurwa,” kandi nta bandi bami bo kw’isi bongeye kuvugwa inyuma y’uwo.d
16. Ivyabaye mw’iranguka ry’ivy’igishushanyo Nebukadinezari yabonye mu ndoto vyerekana gute ko turi mu misi y’iherezo?
16 Ica kane, turi mu gihe cagereranijwe n’ibirenge vy’igishushanyo cabonywe mu ndoto na Nebukadinezari. Umuhanuzi Daniyeli yarasobanuye izo ndoto z’amayobera zerekeye igishushanyo kinini gifise ishusho y’umuntu. (Daniyeli 2:36-43) Ibice bine vy’icuma bigize ico gishushanyo bigereranya intwaro nganzasi zinyuranye, uhereye ku mutwe (ari yo Nganji ya Babiloni) ukamanuka gushika ku birenge no ku mano (ari zo ntwaro ziganza muri iki gihe). Intwaro nganzasi zose zagereranijwe kuri ico gishushanyo zaraserutse. Ubu turi mu gihe cagereranijwe n’ibirenge vy’ico gishushanyo. Nta zindi ntwaro zihavugwa ko zoje.e
17. Igikorwa cacu c’ukwamamaza Ubwami gitanga gute ikindi kimenyamenya c’uko turi mu gihe c’iherezo?
17 Ica gatanu, turabona igikorwa co kwamamaza inkuru nziza kirarangurwa kw’isi hose, ico Yezu yavuze ko cobanje gukorwa imbere yuko umuhero w’ivy’iyi si uza. Yezu yavuze ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kiber[a] icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza.” (Matayo 24:14) Ubwo buhanuzi buriko buraranguka muri iki gihe ku rugero rutaribwigere rushikīrwa. Ego ni ko, haracariho uturere tumwetumwe butaravugwamwo, kandi vyoshoboka yuko mu gihe cashinzwe na Yehova, urugi runini rujana mu gikorwa kinini ruzokwuguruka. (1 Ab’i Korinto 16:9) Ariko rero, Bibiliya ntivuga yuko Yehova azorindira gushika umuntu wese kw’isi ashingiwe intahe ukwiwe. Ahubwo, inkuru nziza itegerezwa kwamamazwa nk’uko Yehova abishaka. Maze umuhero uzoca uza.—Gereranya na Matayo 10:23.
18. Uko biboneka, ni ibiki bizoranguka ku basizwe bamwebamwe ya marushwa ahambaye niyatangura, kandi ivyo vyoshobora kumenyekana gute?
18 Ica gatandatu, igitigiri c’abigishwa ba Kirisitu basizwe vy’ukuri kigenda kiragabanuka, naho biboneka ko bamwebamwe bazoba bakiri kw’isi ya marushwa ahambaye ni yatangura. Abenshi mu masigarira barashaje, kandi uko imyaka yagiye irarengana ni ko igitigiri cabo cagiye kiragabanuka. Mugabo rero, Yezu yarerekeje kuri ya marushwa ahambaye ati: “Iyo misi iy’itagerurwa ntihorokotse umuntu n’umwe; ariko kubg’abatoranijwe iyo misi izogerurwa.” (Matayo 24:21, 22) Biboneka rero ko hari bamwebamwe muri abo “batoranijwe” ba Kirisitu bazoba bakiri kw’isi ya marushwa ahambaye niyatangura.f
Ni Ibiki Biri Imbere?
19, 20. Ni kuki ubu ari ivyihutirwa kuruta ikindi gihe cose ko tuguma turikanuye kandi turi maso?
19 Kazoza katubikiye iki? Hari ibihe bihimbaye bikiri ibizoza. Paulo yabuye yuko “umusi w’Umwami wacu uzoza nk’ukw igisuma kiza mw ijoro.” Yerekeje ku bantu baboneka ko bafise ubwenge bw’isi, avuga ati: “Aho bazoba bavuga, bati Har’amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka.” Kubera ico, Paulo ahimiriza abasomyi biwe ati: “Nuko rero ntidusinzire nka ba bandi, ariko twame tugavye, twirinde ibiboreza.” (1 Ab’i Tesalonike 5:2, 3, 6) Mu vy’ukuri, abahanga amaso inzego zashizweho n’abantu ngo ni zo zizozana amahoro n’umutekano barirengagiza ibintu vy’ukuri biboneka. Abantu mwene abo barasinziriye umukondorazosi.
20 Ugusangangurwa kw’uru runkwekwe rw’ibintu kuzoza giturumbuka mu buryo butangaje. Ku bw’ivyo rero, nugume uroreye umusi wa Yehova. Imana ubwayo yabwiye Habakuki iti: “Ntibizoteba!” Mu vy’ukuri, nta kindi gihe vyigeze kurushiriza kuba ivyihutirwa ko tuguma tugavye.
[Utujambo tw’epfo]
a Uwo shebuja nta sango yari yarumvikanyeko n’abashumba biwe. Kubera ico, ntivyari ngombwa ko agira ico abazwa ku vy’ukuza n’ukugenda kwiwe, eka mbere ntiyabwirizwa kwisigura ku bashumba biwe ku vyerekeye icatumye asa n’uwuteba.
b Ushaka kumenya ido n’ido ry’ubwo buhanuzi, raba igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
c Ushaka kumenya ibindi, raba igitabu La Révélation: le grand dénouement est proche! urupapuro rw’180-186, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
e Raba ikigabane ca 4 c’igitabu Prêtons attention à la prophétie de Daniel!, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
f Muri wa mugani w’intama n’impene, Umwana w’umuntu aza afise ubuninahazwa bwiwe mu kiringo ca ya marushwa ahambaye hanyuma akavyagira ngo ace imanza. Acira abantu imanza afatiye ku vy’uko boba canke batoba barashigikiye abavukanyi ba Kirisitu basizwe. Ubwo buryo azoshingirako bwo guca imanza ntaco bwoba buvuze hamwe igihe c’urubanza cogera abavukanyi basizwe ba Kirisitu boba baravuye kw’isi kera.—Matayo 25:31-46.
Woba Uvyibuka?
• Ni uturorero utuhe two mu Vyanditswe dushobora kudufasha kuguma tugavye?
• Yezu yagereranije gute ivy’uko bikenewe kuba maso?
• Ni ibimenyamenya bitandatu ibihe bigaragaza yuko turi mu misi y’iherezo?
[Ifoto ku rup. 3]
A. H. Macmillan yarakoreye Yehova ari umwizigirwa imyaka hafi mirongo itandatu
[Ifoto ku rup. 4]
Yezu yagereranije abigishwa biwe n’abashumba bagumye bagavye