ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/4 rup. 20-24
  • ‘Ndi kumwe namwe’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Ndi kumwe namwe’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni ubuhanuzi dukwiye kwitwararika
  • Kubona ibintu mu buryo bubereye
  • Yehova arafasha abicishije ku mpwemu yiwe
  • Amaboko yanyu nakomere
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Hagayi n’ica Zekariya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Bose Nibaninahaze Yehova!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • “Nzotigitisha amahanga yose”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/4 rup. 20-24

‘Ndi kumwe namwe’

‘Intumwa y’Uhoraho ibwira abantu iti Uhoraho agize ngo Ndi kumwe namwe’.​—HAGAYI 1:13.

1. Ni ibintu ibihe Yezu yerekanye ko mu buryo menyeshakazoza bifitaniye isano n’ibiba mu gihe cacu?

TUBAYEHO mu gihe gihambaye cane. Nk’uko iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya rivyerekana neza, tubayeho mu “musi w’Umukama” watanguye mu 1914 (Ivyahishuwe 1:10, UB). Ushobora kuba umaze kwiga ibijanye n’ubwo buhanuzi, ukaba rero uzi ko “imisi y’Umwana w’umuntu”, igihe yobaye ari mu bubasha bw’Ubwami, Yezu yayigereranije n’“imisi ya Nowa” be n’“imisi ya Loti” (Luka 17:26, 28). Gutyo rero, Bibiliya irerekana ko ivyabaye mu gihe ca Nowa n’ivyabaye mu gihe ca Loti bifitaniye isano mu buryo menyeshakazoza n’ivyo muri iki gihe. Yamara, hariho n’ibindi bintu vyabaye bifitaniye isano n’igihe cacu dukwiye kurimbura twitonze.

2. Ni igikorwa ikihe Yehova yashinze Hagayi na Zekariya?

2 Reka turimbure uko ibintu vyari vyifashe kera mu gihe ca ba bahanuzi b’Abaheburayo Hagayi na Zekariya. Ni ubutumwa ubuhe abo bahanuzi babiri b’intahemuka bashikirije buri n’ikintu gitomoye buvuze ku basavyi ba Yehova bo muri iki gihe? Hagayi na Zekariya bari ‘intumwa z’Uhoraho’ ku Bayuda igihe bano bari bamaze kuva mu bunyagano i Babiloni. Abo bahanuzi bari bashinzwe igikorwa co gukura amazinda Abisirayeli ko Imana ibafashe mu mugongo mu gikorwa co gusubira kwubaka urusengero (Hagayi 1:13; Zekariya 4:8, 9). Naho ibitabu Hagayi na Zekariya banditse ari bigufi, biri mu bigize “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka”.​—2 Timoteyo 3:16.

Ni ubuhanuzi dukwiye kwitwararika

3, 4. Ni kubera iki dukwiye kwitwararika ubutumwa Hagayi na Zekariya bashikirije?

3 Nta gukeka ko ubutumwa Hagayi na Zekariya bashikirije bwagiriye akamaro Abayuda bo mu gihe cabo, kandi ubuhanuzi bavuze bukaba bwararangutse muri ico gihe. Ariko none, ni igiki cotwemeza yuko dukwiye kwitwararika muri iki gihe ibivugwa muri ivyo bitabu bibiri? Ikintu kimwe kibitwemeza tugisanga mu Baheburayo 12:26-29. Muri ico canditswe, intumwa Paulo asubiramwo amajambo yo muri Hagayi 2:6, ayavuga ivy’ukuntu Imana “[i]tigitisha ijuru n’isi”. Ukwo gutigitisha ijuru n’isi amaherezo ‘kwokwubitse ingoma z’abami, kugahenebereza ububasha bw’ubwami bw’amahanga’.​—Hagayi 2:22.

4 Mu gusubiramwo ivyavuzwe na Hagayi, Paulo aravuga ibiraririye gushikira “ubgami bg’amahanga” akongera akavuga ibijanye n’ukuntu Ubwami budashobora kunyiganyizwa abakirisu basizwe bazoronka bwobwo buhambaye rwose (Abaheburayo 12:28). Urabona rero ko ubuhanuzi bwa Hagayi be n’ubwa Zekariya buriko bwerekeza ku gihe coshitse muri kazoza ufatiye ku gihe igitabu c’Abaheburayo candikiwemwo mu kinjana ca mbere mu gihe cacu. Muri iki gihe, kw’isi haracariho amasigarira y’abakirisu basizwe, abo bakaba ari abazoraganwa na Yezu Ubwami arongoye ari Mesiya. Ku bw’ivyo rero, ubuhanuzi bwa Hagayi n’ubwa Zekariya butegerezwa kuba buri n’ico buvuze muri iki gihe cacu.

5, 6. Ni ibiki vyari vyabaye imbere y’uko Hagayi na Zekariya batangura gushikiriza ubuhanuzi?

5 Igitabu ca Ezira kiratanga amakuru y’ivyabaye imbere y’uko ubuhanuzi bwa Hagayi n’ubwa Zekariya bushikirizwa. Inyuma y’aho Abayuda baviriye mu bunyagano i Babiloni mu 537 B.G.C., Buramatari Zerubabeli hamwe n’Umuherezi Mukuru Yosuwa barahagarikiye igikorwa co gushinga umushinge w’urusengero rushasha mu 536 B.G.C. (Ezira 3:8-13; 5:1). Naho ivyo vyatumye haba umunezero mwinshi cane, Abayuda ntibatevye gutekerwa n’ubwoba. Nk’uko bivugwa muri Ezira 4:4, abansi, ni ukuvuga “abantu bo mur’ico gihugu”, “ba[ra]dendebura amaboko y’Abayuda, ba[ka]ma bababurabuza mu kwubaka”. Abo bansi, na canecane Abasamariya, baradodobereje Abayuda. Baroheje umwami w’Ubuperesi ngo abuze igikorwa co kwubaka urusengero.​—Ezira 4:10-21.

6 Wa mwete bari bafitiye igikorwa co kwubaka urusengero mu ntango, warayamye. Abayuda baciye batangura kwikurikiranira ivyabo. Ariko rero, mu 520 B.G.C., haheze imyaka 16 umushinge w’urusengero ushinzwe, Yehova yarahagurukije Hagayi na Zekariya kugira ngo bavyurire abantu umutima wo gusubira ku gikorwa co kwubaka urusengero (Hagayi 1:1; Zekariya 1:1). Abayuda bamaze kuvyurirwa ishaka gutyo n’intumwa z’Imana bakongera bakibonera neza yuko Yehova abafashe mu mugongo, barasubiye ku gikorwa co kwubaka urusengero maze barwuzuza mu 515 B.G.C.​—Ezira 6:14, 15.

7. Ni ibintu ibihe biba mu gihe cacu bifitaniye isano n’ivyo mu gihe ca Hagayi na Zekariya?

7 Woba uzi ico ivyo vyose bisobanura kuri twebwe? Turafise igikorwa dutegerezwa kurangura co kwamamaza “ubutumwa bgiza bg’ubgami” (Matayo 24:14). Ico gikorwa caritwararitswe bimwe bidasanzwe inyuma ya ya Ntambara ya mbere y’isi yose. Nka kurya nyene Abayuda ba kera babohowe bubohorwe bagakurwa mu bunyagano i Babiloni, abasavyi ba Yehova bo mu gihe ca none barabohowe bakurwa mu bunyagano barimwo muri Babiloni Hahambaye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. Abasavyi b’Imana basizwe barakoze bivuye inyuma igikorwa co kwamamaza, kwigisha no kuyobora abantu ku gusenga kw’ukuri. Ico gikorwa kirabandanya muri iki gihe mbere ku rugero runini kuruta, kandi ushobora kuba uri mu bakigiramwo uruhara. Emwe, ubu ni co gihe co kurangura ico gikorwa, kuko umuhero w’uru runkwekwe rubi wegereje cane! Ico gikorwa twashinzwe na Yehova Imana gitegerezwa kubandanya gukorwa gushika ahaserutse mu gihe ca ya “marushwa ahambaye” akagira ico akoze ku bikorerwa kw’isi (Matayo 24:21). Ubukozi bw’ikibi buzoca bukurwaho maze ugusenga kw’ukuri gusagambe kw’isi yose.

8. Ni kubera iki dushobora guhera amazinda yuko Imana ishigikira igikorwa turangura?

8 Nk’uko ubuhanuzi bwa Hagayi n’ubwa Zekariya buvyerekana, turashobora guhera amazinda yuko Yehova adufata mu mugongo akongera akaduhezagira uko tugira uruhara muri ico gikorwa co kwamamaza n’umutima wacu wose. Naho hari abagize utwigoro kugira bazimanganye abasavyi b’Imana canke ngo babuze igikorwa bashinzwe kurangura, nta ntwaro n’imwe irigera ishobora kubuza ko ico gikorwa co kwamamaza inkuru nziza kibandanya gutera kija imbere. Iyumvire honyene ukuntu Yehova yahezagiye igikorwa c’Ubwami mu kugiteza imbere mu myaka mirongo yakurikiye ya Ntambara ya mbere y’isi yose gushika no muri iki gihe cacu. Yamara rero, igikorwa coco kiracariho.

9. Ni ibintu ibihe vyabaye kera dukwiye kurimbura, kandi kubera iki?

9 Ivyo twigira ku buhanuzi bwa Hagayi n’ubwa Zekariya bishobora gute kurushiriza kutuvyurira umutima wo kwumvira itegeko twahawe n’Imana ryo kwamamaza no kwigisha? Reka twihweze ivyigwa bikeyi twoshobora gukura muri ivyo bitabu bibiri vya Bibiliya. Nk’akarorero, raba ibintu bikeyi bijanye n’igikorwa co kwubaka urusengero Abayuda bategerezwa gukora. Nk’uko twabibonye, Abayuda bagarutse i Yeruzalemu bavuye i Babiloni ntibabandanije igikorwa co kwubaka urusengero. Bamaze gushinga umushinge, baciye banebwa. Ni ukubona ibintu mu buryo butari bwo ukuhe kwari kwarabatsimbatayemwo? Kandi ni igiki ivyo bishobora kutwigisha?

Kubona ibintu mu buryo bubereye

10. Ni ukubona ibintu mu buryo butari bwo ukuhe Abayuda batsimbataje, kandi ingaruka yabaye iyihe?

10 Abayuda bari baragarukanywe, muri ico gihe bavuga bati: “Igihe ntikiragera” (Hagayi 1:2). Igihe batangura igikorwa co kwubaka urusengero, bagashinga umushinge mu 536 B.G C., ntibavuga ngo “igihe ntikiragera”. Ariko butaraca na kabiri, bararetse ukurwanywa n’ababanyi babo be n’ukuburabuzwa n’intwaro biragira ico bibakozeko. Abayuda baciye batangura kwitaho cane inzu zabo bwite be n’ivyo kwidibamira. Yehova aravye itandukaniro ryari hagati y’urusengero rutari bwuzure n’amazu babamwo yari asharishijwe imbaho nzizanziza, yabajije ati: “Mbeg’iki n’igihe kibereye c’uko mwebge mwokwibera mu mazu yanyu ajererenze amagarwe, na yo iyi ngoro igihomvaguritse?”.​—Hagayi 1:4.

11. Ni kubera iki vyabaye ngombwa ko Yehova ahanura Abayuda bo mu gihe ca Hagayi?

11 Vy’ukuri, ivyo Abayuda bashira imbere y’ibindi vyari bimaze guhinduka. Abasavyi b’Imana, aho kugumiza mu kibanza ca mbere umugambi wa Yehova w’uko urusengero rusubira kwubakwa, bari basigaye bitaho cane ivyabo n’inzu babamwo. Igikorwa co ku nzu y’Imana yo gusengeramwo carafashwe minenegwe. Ivyo Yehova yavuze biri muri Hagayi 1:5 vyaremesheje Abayuda ‘kwitegereza uko bameze’. Yehova yariko ababwira ngo bafate akanya bazirikane ku vyo bariko bakora, bongere barimbure ivyariko bibashikira kubera ko batagumije igikorwa co kwubaka urusengero mu kibanza ca mbere mu buzima bwabo.

12, 13. Muri Hagayi 1:6 havuga ko ivy’Abayuda vyari vyifashe gute, kandi ico canditswe gisobanura iki?

12 Nk’uko ushobora guca ubibona, kuba Abayuda barashira mu kibanza ca mbere ibintu bitari bikwiye gushirwa imbere, vyarabagizeko ingaruka. Raba ingene muri Hagayi 1:6 herekana ukuntu Imana yabibona. Hagira hati: “Mubiba vyinshi, mukimbura bike; kurya murarya, ariko ntimushira inzara; kunywa muranywa, ariko ntimushira inyota; kwambara murambara, ariko ntimushira imbeho; kand’ūca amahera ayacira mu mupfuko utobotse”.

13 Abayuda bari mu gihugu Imana yari yarabahaye, yamara nticariko cimbuka nk’uko bavyipfuza. Yehova yarabima imihezagiro yiwe, nk’uko yari yarabivuze abagabisha (Gusubira mu vyagezwe 28:38-48). Kubera ko abo Bayuda batari bafashwe mu mugongo na we, barabiba ariko bakimbura inticantikize, ntibaronke ibifungurwa bihagije bibamara ipfa. Kubera ko ata muhezagiro wa Yehova baronka, ntibashobora kwambara impuzu ngo zibasusurutse. Mbere vyasa n’uko amahera baca yaja mu mupfuko utobaguritse, ntagire ico amarira bene kuyaca. Tuvuge iki kuri arya majambo agira ati: “Kunywa muranywa, ariko ntimushira inyota”? Ayo majambo na yo nyene yerekana ko Abayuda batahezagirwa n’Imana. Umuvinyu wose bohinguye wobaye muke.

14, 15. Ni icigwa ikihe dukura muri Hagayi 1:6?

14 Icigwa twigira kuri ivyo vyose, si ikijanye n’ukuntu inzu zacu zosa canke ukuntu zosharizwa. Igihe kirekire imbere y’uko Abayuda batwarwa inyagano, umuhanuzi Amosi yari yarakariye abatunzi bo muri Isirayeli ku bijanye n’“amazu asharijwe n’amahembe y’inzovu” babamwo no ku bijanye n’ukuntu “bīryāmira ku mariri yakozwe mu mahembe y’inzovu” (Amosi 3:15; 6:4). Amazu asharijwe bimwe bidasanzwe be n’ibikoresho vyo mu nzu bisharije ntivyamaze kabiri. Ivyo bintu bari batunze vyarasahuwe n’abansi babanesheje. Yamara, haciye imyaka, inyuma ya ca kiringo c’imyaka 70 Abayuda bamaze mu bunyagano, benshi mu basavyi b’Imana ntibari bwahakure icigwa. Tweho bite? Twoba tuzohakura icigwa? Vyoba vyiza umwumwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Mvugishije ukuri, nitaho ku rugero rungana iki ibijanye n’inzu yanje be n’ivy’ukuyishariza? Bite ho ku bijanye n’ivyo kurondera kwiga amashure yiyongereye kugira nkurikirane umwuga munaka naho ivyo vyontwara umwanya munini mu myaka itari mike, bigatuma imice ihambaye y’ivy’impwemu inyohwa?’.​—Luka 12:20, 21; 1 Timoteyo 6:17-19.

15 Ivyo dusoma muri Hagayi 1:6 bikwiye kudufasha kubona ko dukeneye guhezagirwa n’Imana mu buzima bwacu. Abo Bayuda bo mu gihe ca kera ntibahezagiwe n’Imana, kandi vyabagiriye ingaruka mbi. Twaba dufise canke tudafise amatungo menshi, nimba tutaronka imihezagiro iva kuri Yehova, ntituzobura kumererwa nabi mu vy’impwemu (Matayo 25:34-40; 2 Ab’i Korinto 9:8-12). Dushobora gute none kuronka iyo mihezagiro?

Yehova arafasha abicishije ku mpwemu yiwe

16-18. Ibivugwa muri Zekariya 4:6 bisobanura iki ufatiye ku kuntu ibintu vyari vyifashe igihe vyavugwa?

16 Umuhanuzi Zekariya, uwabayeho mu gihe kimwe na Hagayi, yarahumekewe gushira ahabona uburyo nyezina Yehova yakoresheje kugira avyurire ishaka abakorana umwete muri ico gihe yongere abahezagire, ivyo bikaba vyerekana ukuntu nawe azoguhezagira. Dusoma duti: “Si kubg’inkomezi, si kubg’ubushobozi, ariko ni kubg[’im]pwemu [y]anje, ni k’Uhoraho Nyen’Ingabo agize” (Zekariya 4:6). Ushobora kuba umaze kwumva akatari gake ico canditswe gisubirwamwo. Ariko none casobanura iki ku Bayuda bo mu gihe ca Hagayi na Zekariya, kandi gica gisobanura iki kuri wewe?

17 Niwibuke yuko amajambo Hagayi na Zekariya bavuze bahumekewe yagize ikintu ciza cane akoze muri kirya gihe. Ivyo abo bahanuzi babiri bavuze vyaragaruriye intege Abayuda b’intahemuka. Hagayi yatanguye kuvuga ubuhanuzi mu kwezi kwa gatandatu mu 520 B.G.C., Zekariya na we atangura mu kwezi kw’umunani muri uwo mwaka nyene (Zekariya 1:1). Nk’uko ushobora kubibona muri Hagayi 2:18, igikorwa co kwubakira ku mushinge casubiye gutangura n’ubwira mu kwezi kw’icenda. Uca rero ubona ko Abayuda bavyuriwe umutima wo gukura amaboko mu mpuzu, maze barumvira Yehova bizigiye badakeka ko yobashigikiye. Amajambo yo muri Zekariya 4:6 avuga ibijanye n’ukuntu Imana yobafashe mu mugongo.

18 Igihe Abayuda basubira mu gihugu cabo c’amavukiro mu 537 B.G.C., nta gisirikare bari bafise. Yamara, Yehova yarabakingiye yongera arabayobora igihe bari ku rugendo bavuye i Babiloni. N’ikindi kandi, impwemu yiwe ni yo yariko iyobora ibintu igihe batangura kwubaka urusengero hashize igihe gitoyi bagarutse mu gihugu cabo. Mu gihe bosubiye ku gikorwa n’umutima wabo wose, yobafashe mu mugongo biciye ku mpwemu yera yiwe.

19. Impwemu y’Imana yatsinze iyihe nguvu ikomeye?

19 Biciye ku mayerekwa umunani Zekariya yagiye arerekwa, yarakuwe amazinda yuko Yehova yobaye ari kumwe n’abasavyi biwe bari gushishikara igikorwa co kwubaka urusengero gushika kirangiye. Iyerekwa rigira kane, iryo dusanga mu kigabane ca 3, ryerekana ko Shetani yariko akora yivuye inyuma arwanya utwigoro Abayuda bariko bagira kugira ngo basozere igikorwa co kwubaka urusengero (Zekariya 3:1). Urumva nawe ko Shetani atari guhimbarwa no kubona Umuherezi Mukuru Yosuwa ariko asukurira ku rusengero rushasha ku bw’ineza y’abanyagihugu. Naho Shetani yariko akora yivuye inyuma arondera kubuza Abayuda kwubaka urusengero, impwemu ya Yehova yogize uruhara ruhambaye mu gukuraho intambamyi no mu guha inkomezi Abayuda kugira bashishikare kwubaka gushika urusengero rwuzuye.

20. Impwemu yera yafashije gute Abayuda gushitsa ivyo Imana igomba?

20 Vyasa n’uko hariho intambamyi imeze nk’umusozi y’ukurwanywa n’abategetsi, abari barashoboye gutuma hatangwa itegeko ryo kubuza ico gikorwa co kwubaka. Yamara rero, Yehova yasezeranye yuko iyo ntambamyi yari imeze nk’“umusozi” yokuweho igacika nk’“ikiyaya” (Zekariya 4:7). Kandi ni ko vyabaye koko! Umwami Dariyo wa mbere yaragize itohoza maze arubura icete cari caranditswe na Kuro cemerera Abayuda gusubira kwubaka urusengero. Dariyo rero yaciye afuta nya tegeko ryabuza igikorwa co kwubaka urusengero maze atanga uruhusha rw’uko Abayuda bahabwa amahera avuye mu kigega c’i bwami kugira bayikoreko muri ico gikorwa. Ese ukuntu ibintu vyari bihindutse bimwe bitangaje! None impwemu y’Imana yoba yarabigizemwo uruhara? Neza cane. Urwo rusengero rwuzuye mu 515 B.G.C., mu mwaka ugira gatandatu Dariyo wa mbere ari ku ngoma.​—Ezira 6:1, 15.

21. (a) Mu bihe vya kera, ni gute Imana ‘yahindishije amahanga yose agashitsi’, kandi ni gute “ivy’igiciro” vyaje bivuye muri yo? (b) Ivyo vyarangutse gute mu gihe ca none?

21 Muri Hagayi 2:5, umuhanuzi Hagayi yaribukije Abayuda isezerano Imana yari yaragiranye na bo ku Musozi Sinayi, ico gihe ‘umusozi ukaba waratigise birengeje’ (Kuvayo 19:18). Mu misi ya Hagayi na Zekariya, Yehova yari agiye gutuma haba irindi tigita, nk’uko bidondorwa mu mvugo ngereranyo dusanga mu murongo wa 6 n’uwa 7. Ibintu vyohungabanye mu Nganji y’Ubuperesi, ariko igikorwa co ku rusengero co cobandanije gushika gisozerewe. Abantu batari Abayuda, abavugwa ko ari “ivy’igiciro vyo mu mahanga yose”, bohavuye amaherezo baninahaza Imana bifatanije n’Abayuda muri ico kibanza co gusengeramwo. Muri iki gihe cacu, mu buryo buhambaye kuruta, Imana ‘yarahindishije amahanga agashitsi’ biciye ku gikorwa cacu ca gikirisu co kwamamaza, maze abantu bavugwa ko ari “ivy’igiciro vyo mu mahanga yose” baraza gusenga Imana bifatanije n’amasigarira y’abasizwe. Vy’ukuri, abasizwe hamwe n’abo mu zindi ntama, uko bari hamwe bariko buzuza ingoro ya Yehova ubuninahazwa. Abo basavyi b’Imana b’ukuri bararindiranye ukwizera igihe Yehova ‘azotigitisha ijuru n’isi’ mu bundi buryo. Ivyo azobigira kugira yubike yongere ahenebereze ububasha bw’ubwami bw’amahanga.​—Hagayi 2:22.

22. Ni mu buryo ubuhe amahanga ariko ‘aratigitishwa’, bikaba biriko bivamwo iki, kandi ni igiki kikiraririye gushika?

22 Tuributswa ihinduka rikomeye ryabaye mu bintu bitandukanye bigereranywa n’“ijuru n’isi n’ikiyaga n’i musozi”. Nk’akarorero, Shetani wa Mucokoranyi hamwe n’amadayimoni yiwe barakororewe mu micungararo y’isi (Ivyahishuriwe 12:7-12). Vyongeye, igikorwa co kwamamaza kirongowe n’abasavyi b’Imana basizwe, nta nkeka ko catigitishije ibintu vyo kw’isi vyo muri uru runkwekwe rw’ibintu (Ivyahishuriwe 11:18). Yamara, “ishengero ryinshi” rigizwe n’ibintu vy’igiciro vyo mu mahanga yose ryariyunze kuri Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu mu gusukurira Yehova (Ivyahishuriwe 7:9, 10). Abagize iryo shengero ryinshi barifatanya n’abakirisu basizwe mu kwamamaza inkuru nziza bavuga ibijanye n’uko Imana igiye vuba gutigitisha amahanga kuri Harumagedoni. Ivyo bizotuma kw’isi yose ugusenga kw’ukuri gutyororwa kugacika ugutunganye.

Woba uvyibuka?

• Hagayi na Zekariya bavuze ubuhanuzi mu gihe ikihe, kandi ibintu vyari vyifashe gute?

• Ushobora gute gushira mu ngiro ubutumwa Hagayi na Zekariya bashikirije?

• Wewe ubona ari kubera iki muri Zekariya 4:6 haremesha?

[Ifoto ku rup. 20]

Ivyo Hagayi na Zekariya banditse biradukura amazinda yuko Imana idufata mu mugongo

[Ifoto ku rup. 23]

“Mbeg’iki n’igihe kibereye c’uko mwebge mwokwibera mu mazu yanyu ajererenze amagarwe, na yo iyi ngoro igihomvaguritse?”

[Ifoto ku rup. 24]

Abasavyi ba Yehova barakora igikorwa co gushikira ‘ibintu vy’igiciro vyo mu mahanga’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika