ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/4 rup. 25-29
  • Amaboko yanyu nakomere

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amaboko yanyu nakomere
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo dushira imbere y’ibindi
  • Imana iradukura amazinda yuko izodufata mu mugongo
  • Imihezagiro y’ibihe bidahera
  • ‘Ndi kumwe namwe’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Hagayi n’ica Zekariya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Bose Nibaninahaze Yehova!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Imikogote n’urugori bidukingira
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/4 rup. 25-29

Amaboko yanyu nakomere

“Amaboko yanyu n’akomere, yemwe abumva mur’iyi misi amajambo yavuzwe n’abavugishwa nanje”.​—ZEKARIYA 8:9.

1, 2. Ni kubera iki bikwiriye ko twihweza igitabu ca Hagayi n’ica Zekariya?

UBUHANUZI bwo muri Hagayi n’ubwo muri Zekariya hashize nk’imyaka 2.500 bwanditswe. Naho ari ukwo, nta gukeka ko buri n’ico buvuze ku buzima bwawe. Inkuru zo muri Bibiliya dusanga muri ivyo bitabu bibiri si inkuru zigana gusa ivya kahise. Ziri mu mugwi w’“ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha” (Abaroma 15:4). Vyinshi mu vyo dusoma muri izo nkuru bica bitwibutsa ivyagiye biraba koko kuva Ubwami bushinzwe mw’ijuru mu 1914.

2 Igihe intumwa Paulo yariko avuga ivyashikiye abasavyi b’Imana bo mu gihe ca kera cane, yagize ati: “Arikw ivyo vyababayeko kugira ngo bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanūra twebge, abashikwako n’amaherezo y’ibihe” (1 Ab’i Korinto 10:11). Hari aho rero wokwibaza uti: ‘None igitabu ca Hagayi n’ica Zekariya bidufitiye akamaro akahe muri iki gihe cacu?’.

3. Ni igiki Hagayi na Zekariya bibanzeko cane?

3 Nk’uko ikiganiro c’imbere y’iki cavyerekanye, ubuhanuzi bwa Hagayi n’ubwa Zekariya bwari bwerekeye igihe Abayuda, abari barekuwe bakava mu bunyagano i Babiloni, bagaruka mu gihugu bari barahawe n’Imana. Abo bahanuzi babiri bibanze cane ku bijanye n’igikorwa co gusubira kwubaka urusengero. Abayuda bashinze umushinge w’urusengero mu 536 B.G.C. Naho hari Abayuda bageze mu zabukuru baguma biyumvira kahise, muri rusangi hari “urwamo rw’akanyamuneza”. Ariko mu vy’ukuri, hariho ikintu cabaye muri iki gihe cacu mbere gihambaye kuruta ivyo. Uti ni ikihe?​—Ezira 3:3-13.

4. Ni ibiki vyabaye haciye igihe gito ya Ntambara ya mbere y’isi yose irangiye?

4 Hataraca n’igihe ya Ntambara ya mbere y’isi yose irangiye, abasavyi ba Yehova basizwe barabohowe bakurwa mu bunyagano barimwo muri Babiloni Hahambaye. Ico cari ikintu gihambaye cerekana ko Yehova yari abashigikiye. Imbere y’aho, vyasa n’uko indongozi z’amadini be n’abo basenyera ku mugozi umwe b’abanyapolitike bari bahagaritse igikorwa Abatohoji ba Bibiliya barangura ku mugaragaro co kwamamaza no kwigisha (Ezira 4:8, 13, 21-24). Yamara, Yehova Imana yarakuyeho intambamyi zari zibangamiye igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. Mu myaka mirongo yahaciye kuva mu 1919, ico gikorwa c’Ubwami carasagamvye kandi nta kintu na kimwe cashoboye kukibuza gutera imbere.

5, 6. Muri Zekariya 4:7 herekeza kw’iranguka rihambaye irihe?

5 Turashobora guhera amazinda yuko igikorwa co kwamamaza no kwigisha abasavyi ba Yehova bagamburuka barangura muri iki gihe, kizobandanya gukorwa gishigikiwe na we. Muri Zekariya 4:7 dusoma duti: “Azozana ibuye ryo gusōzēra kwubaka, basēsereza impundu, bat’Ubuntu, ubuntu bube kuri ryo!”. Ayo majambo yerekeza kw’iranguka rihambaye irihe ryo muri iki gihe cacu?

6 Muri Zekariya 4:7 herekeza ku gihe ugusenga Umukama Segaba kw’ukuri kuzotyororwa kukaba ugutunganye mu ntangaro yo kw’isi y’urusengero rwiwe rwo mu buryo bw’impwemu. Urwo rusengero rugereranya intunganyo Yehova yagize kugira ngo abantu bamwiyegereze mu kumusenga, hishimikijwe ikimazi c’impongano ca Kirisitu Yezu. Ego ni ko, urusengero ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu rwabayeho kuva mu kinjana ca mbere G.C. Yamara, ugusenga kw’ukuri kugirirwa mu ntangaro yarwo yo kw’isi ntikuratyororwa ngo kube ugutunganye. Hari abantu amamiliyoni ubu basukurira mu ntangaro yo kw’isi y’urwo rusengero rwo mu buryo bw’impwemu. Abo bantu amamiliyoni hamwe n’abandi amasinzi bazozurwa, bazotyororwa babe abatunganye mu gihe ca ya Ngoma ya Yezu Kirisitu y’imyaka igihumbi. Iyo myaka igihumbi irangiye, abasenga Imana b’ukuri ni bo bonyene bazoba basigaye kw’isi izoba imaze gutyororwa.

7. Yezu arangura uruhara uruhe muri iki gihe mu bijanye n’ugutuma ugusenga kw’ukuri kuba ugutunganye, kandi ni kubera iki ivyo bikwiye kuturemesha?

7 Buramatari Zerubabeli n’Umuherezi Mukuru Yosuwa bariboneye ukuntu urusengero rusozerwa mu 515 B.G.C. Muri Zekariya 6:12, 13 haravuze uruhara Yezu yogize mu gutuma ugusenga kw’ukuri kuba ugutunganye, urwo ruhara rukaba rugereranywa n’urwo abo babiri bagize. Hagira hati: “Uku ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize, at’Eh’umuntu yitwa Shami, azoshamika ahantu hiwe, kand’azokwubaka urusengero rw’Uhoraho. Koko . . . azogira icubahiro, kand’azovyagira ku ntebe, aganze; kur’iyo ntebe azohabera n’umuherezi”. Yezu, uwuri mw’ijuru akaba ari na we atuma urukurikirane rw’abami bakomoka kuri Dawidi rushamitse, ariko arashigikira igikorwa c’Ubwami kirangurirwa mu rusengero rwo mu buryo bw’impwemu. None uzirikanye kuri ivyo, wibaza ko hari umuntu n’umwe ashobora kubuza ico gikorwa gutera kija imbere? Emwe, nta n’umwe! Wumva none ivyo bidakwiye kuturemesha gutera tuja imbere mu busuku bwacu, aho gusamazwa n’imyitwarariko ya misi yose?

Ivyo dushira imbere y’ibindi

8. Ni kubera iki igikorwa kirangurirwa mu rusengero rwo mu buryo bw’impwemu dutegerezwa kugishira mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu?

8 Kugira ngo Yehova adufate mu mugongo yongere aduhezagire, dutegerezwa kugumiza igikorwa kirangurirwa mu rusengero rwo mu buryo bw’impwemu mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu. Ntidukwiye kumera nka ba Bayuda bavuga ngo “igihe ntikiragera”. Ahubwo riho, dutegerezwa kwibuka yuko tubayeho mu “misi y’iherezo” (Hagayi 1:2; 2 Timoteyo 3:1). Yezu yari yaravuze yuko abayoboke biwe b’intahemuka bokwamamaje inkuru nziza y’Ubwami bakongera bagahindura abantu abigishwa. Dutegerezwa kugaba kugira ngo ntidufate minenegwe agateka twatewe k’umurimo. Igikorwa co kwamamaza no kwigisha cari camaze igihe gihagaritswe n’ukurwanywa n’isi carasubiye gukorwa mu 1919, mugabo n’ubu ntikirasozerwa. Yamara, urashobora guhera amazinda yuko kizosozerwa ata kabuza!

9, 10. Ni igiki umuntu ategerezwa gukora kugira ahezagirwe na Yehova, kandi ivyo bisobanura iki kuri twebwe?

9 Uko tugize umugwi canke umwumwe wese ukwiwe, tuzohezagirwa bivanye n’urugero dushikanako mu kubandanya dukorana umwete. Zirikana kuri uyu muhango Yehova yatanze ushobora kudusubiriza umutima mu nda. Aho Abayuda bamariye gusubira gusenga Yehova n’umutima wabo wose bakongera bagasubira ku gikorwa cabo bakubakira ku mushinge w’urusengero babigiranye umwete, Yehova yavuze ati: “Uhereye iri zuba nzobaha umugisha” (Hagayi 2:19). Bosubiye gutoneshwa na we bimwe bishitse. Ubu na ho raba imihezagiro iri muri uwo muhango Imana yatanze. Yavuze iti: “Nzobiba amahoro; umuzabibu uzokwama inzabibu zawo, isi yimbuke ivyimburo vyayo, ikirēre kizane ikime caco; ivyo vyose nzobiha amasigarira y’ubu bgoko k’umwandu”.​—Zekariya 8:9-13.

10 Nk’uko nyene Yehova yahezagiye abo Bayuda mu buryo bw’impwemu no mu buryo bw’umubiri, ni ko natwe azoduhezagira nitwakorana umwete be n’umutima ukunze igikorwa yadushinze. Mu mihezagiro azoduha harimwo amahoro hagati yacu, umutekano, ugusagamba, hamwe n’iterambere vyo mu buryo bw’impwemu. Yamara, ico womenya udakeka ni uko kugira ngo tubandanye guhezagirwa na Yehova Imana dutegerezwa gukora igikorwa co mu rusengero rwo mu buryo bw’impwemu nk’uko agomba ko gikorwa.

11. Ni gute dukwiye kwisuzuma?

11 Ubu ni co gihe co ‘kwitegereza uko tumeze’ (Hagayi 1:5, 7). Dukwiye gufata umwanya wo gusuzuma ivyo dushira imbere y’ibindi mu buzima. Kugira Yehova aduhezagire, bivana n’urugero dushikanako mu guhayagiza izina ryiwe no mu gutera tuja imbere mu gikorwa turangurira mu rusengero rwiwe rwo mu buryo bw’impwemu. Woshobora kwibaza uti: ‘Ivyo nshira imbere y’ibindi mu buzima vyoba bimaze guhinduka? Umwete mfitiye Yehova, ukuri kwiwe be n’igikorwa ciwe, ungana gute ndawugereranije n’uwo nari mfise igihe nabatizwa? Kurondera kubaho mu buryo bwo kwidibamira vyoba biriko biragira ico bikoze ku kuntu nitwararika ivyerekeye Yehova n’Ubwami bwiwe? Gutinya abantu, ni ukuvuga kurazwa ishinga n’ukuntu abandi bazobibona, vyoba hari ukuntu biriko birantangira?’.​—Ivyahishuriwe 2:2-4.

12. Muri Hagayi 1:6, 9 herekana ko ibintu vyari vyifashe gute mu Bayuda?

12 Ntitwipfuza ko Imana yoreka kuduhezagira bitumwe n’uko dufata minenegwe igikorwa co guhayagiza izina ryayo. Uribuka ko naho ba Bayuda bari bagarukanywe bari batanguye neza, inyuma y’aho “umuntu wese” muri bo yaciye ‘akobereza inzu yiwe ubwiwe’, nk’uko muri Hagayi 1:9 habivuga. Batanguye gutwarwa n’ivyo bo ubwabo bari bakeneye ku musi ku musi be n’uburyo bari babayeho. Ingaruka vyagize, ni uko ‘bimbura bike’, ntibaronke ibifungurwa vyiza bihagije, ibinyobwa, be n’impuzu zisusurutsa (Hagayi 1:6). Yehova yararetse kubahezagira. Hoba hari icigwa twohakura?

13, 14. Dushobora gute gushira mu ngiro icigwa dukura muri Hagayi 1:6, 9, kandi ni kubera iki ivyo bihambaye?

13 Ntiwemera none ko kugira ngo tubandanye kwironkera imihezagiro iva ku Mana dutegerezwa kwirinda kwironderera ivyacu ku buryo tutaba tucitwararika ugusenga Yehova? Ukwo ni ko dutegerezwa kubigenza no mu gihe ikintu kidusamaza coba ari ukwiruka inyuma y’amaronko, imigambi yo kurondera gutunga ningoga, imigambi yo guhahamira ivyo kwiga amashure menshi kugira ngo tuze turonke akazi keza cane muri iyi si, canke imigambi yotuma ubwacu twumva ko hari ico twashitseko.

14 Ibintu mwene ivyo vyoshobora kuba ubwavyo atari bibi. Mugabo none, ntubona yuko ivyo vy’ukuri ari “ibikorwa vy’impfagusa” ubigereranije n’ubuzima budahera (Abaheburayo 9:14)? Uti gute? Mu vy’impwemu, ni ivy’impfagusa, nta co bimaze, kandi nta co bivamwo. Umuntu ashishikaye ivyo bikorwa vy’impfagusa, vyoshobora kumushikana ku rupfu rwo mu buryo bw’impwemu. Ivyo ni vyo vyashikiye abakirisu basizwe bamwebamwe mu gihe c’intumwa (Ab’i Filipi 3:17-19). Hari n’abo bimaze gushikira muri iki gihe cacu. Hari aho woba uzi abantu bamwebamwe bagiye buhorobuhoro baraheba imirimo ya gikirisu be n’ishengero, ubu bakaba batagaragaza icipfuzo co gusubira mu murimo wa Yehova. Turizigiye ko abo bantu bazogaruka kuri Yehova. Ariko ico twomenya coco, ni uko gukurikirana “ibikorwa vy’impfagusa” bishobora gutuma Yehova ataba akidutonesha kandi ntabe akiduhezagira. Ngira ngo nawe urumva ko ivyo vyoba bibabaje. Vyotuma dutakaza umunezero hamwe n’amahoro biva ku mpwemu y’Imana. Iyumvire kandi ntuze ukuntu koba ari agahombo gakomeye hamwe tutoba turi mu muryango w’abakirisu urangwamwo igishika!​—Ab’i Galatiya 1:6; 5:7, 13, 22-24.

15. Muri Hagayi 2:14 herekana gute ko ugusenga kwacu atari ikintu co gufata minenegwe?

15 Ico si ikintu co gufata minenegwe. Raba ukuntu muri Hagayi 2:14 herekana ingene Yehova yabona Abayuda bafata minenegwe inzu yiwe yo gusengeramwo, bagashira imbere ivyo gushariza amazu yabo bwite bakoresheje imbaho canke ubundi buryo. Hagira hati: “Aba bantu ni ko bameze, kand’iri hanga ni ko rimbereye, ni k’Uhoraho agize; kand’ikintu cose bakoresha amaboko yabo ni ko kimeze: mber’ikintu cose banshikanirira aho hantu kirahumanye”. Ibimazi ivyo ari vyo vyose vyo guheza umwuga Abayuda b’udutima tubiri bashikanira ku gicaniro c’imfatakibanza cari i Yeruzalemu, ntivyemerwa kubera ko bafata minenegwe ugusenga kw’ukuri.​—Ezira 3:3.

Imana iradukura amazinda yuko izodufata mu mugongo

16. Abayuda, bisunze ivyo Zekariya yeretswe, ni ibiki bashobora kwizigira badakeka?

16 Abayuda bagamburuka bakoze igikorwa co gusubira kwubaka urusengero rw’Imana, barakuwe amazinda yuko Imana yobafashe mu mugongo, nk’uko yavyerekanye biciye ku mayerekwa umunani Zekariya yeretswe. Ivyo yeretswe ubwa mbere vyarakuye amazinda Abayuda yuko urusengero rworangiye ata kabuza be n’uko i Yeruzalemu no mu Buyuda hatobuze kuba ugusagamba mu gihe bogumye bagamburuka mu kurangura igikorwa babwirizwa gukora (Zekariya 1:8-17). Ivyo yeretswe ubugira kabiri vyarabasezeraniye yuko intwaro zose zarwanya ugusenga kw’ukuri zokuweho (Zekariya 1:18-21). Ibindi yeretswe vyarakura amazinda abo Bayuda yuko Imana yokingiye ico gikorwa co kwubaka, ko abantu bo mu mahanga menshi bokwisukiriye baza ku nzu ya Yehova yo kumusengeramwo yobaye yarangiye kwubakwa, ko hobaye amahoro n’umutekano nyavyo, ko intambamyi zari zibangamiye igikorwa bari bashinzwe n’Imana zasa n’izitovaho zokuweho, ko ubukozi bw’ikibi bwokuweho, be n’uko bocungerewe bakongera bagakingirwa n’abamarayika (Zekariya 2:5, 11; 3:10; 4:7; 5:6-11; 6:1-8). Uca rero utahura igituma Abayuda bagamburuka, bamaze gukurwa amazinda yuko Imana yobashigikiye, baciye bahindura uburyo bari babayeho maze baca bitunira cane ku gikorwa cari catumye Imana ibabohoza.

17. Turavye ukuntu dukurwa amazinda, ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?

17 Na twebwe nyene, kuba dukurwa amazinda ko ugusenga kw’ukuri kuzotahukana intsinzi ata kabuza, birakwiye kutuvyurira umutima wo gukura amaboko mu mpuzu no kuzirikana cane ku bijanye n’inzu ya Yehova yo kumusengeramwo. Niwibaze uti: ‘Nimba mbona ko ubu ari co gihe co gukora igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami no guhindura abantu abigishwa, imigambi nkurikirana n’uburyo mbayeho ubwo vyoba bivyerekana? Noba mara umwanya uhagije niga Ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana, nkaryitwararika cane, nkongera nkaza ndariyagako n’abakirisu bagenzanje be n’abandi duhura?’.

18. Twisunze Zekariya ikigabane ca 14, ni ibiki biraririye gushika?

18 Zekariya yarerekeje ku gusangangurwa kwa Babiloni Hahambaye kuzokurikirwa n’intambara ya Harumagedoni. Dusoma duti: “Uzoba umusi umwe rudende uzwi [“ko ari uwa Yehova”, NW], atar’umurango ntube n’ijoro; ariko hageze mu kagoroba hazoba umuco”. Emwe, umusi wa Yehova uzoba vy’ukuri ari umusi w’umwiza, umusi w’igikonyozi ku bansi biwe bo kw’isi! Yamara, ku basavyi ba Yehova b’intahemuka uzoba ari umusi w’umuco utazima kandi w’ugutoneshwa na we. Zekariya yarerekanye kandi ukuntu ibintu vyose mw’isi nshasha bizotangaza ubweranda bwa Yehova. Ugusenga kw’ukuri kwo mu rusengero ruhambaye rw’Imana rwo mu buryo bw’impwemu, kuzoba ari bwo buryo rudende bwo gusenga buhari ngaha kw’isi (Zekariya 14:7, 16-19). Ese ukuntu bidukura amazinda yemwe! Tuzokwibonera iranguka ry’ivyari vyaravuzwe, twongere twibonere ukwemezwa kw’ubusegaba bwa Yehova. Emwe, uwo musi wa Yehova uzoba ari umusi udasanzwe pe!

Imihezagiro y’ibihe bidahera

19, 20. Wewe ubona ari kubera iki muri Zekariya 14:8, 9 haremesha?

19 Inyuma y’iryo ranguka ry’akumiza, Shetani n’amadayimoni yiwe bazogumizwa hamwe mu gisumanyenzi ata kintu na kimwe bashoboye gukora (Ivyahishuriwe 20:1-3, 7). Imihezagiro izoca rero yisukira ku bantu mu gihe ca ya Ngoma ya Kirisitu y’imyaka igihumbi. Muri Zekariya 14:8, 9 havuga hati: “Kur’uwo musi amazi y’ubu[zima] azova i Yerusalemu; amazi amwe azotembera mu kiyaga c’i burasirazuba, ayandi mu kiyaga c’i burengerazuba. Bizoba birtyo mu ci no mu mvura. Kand’Uhoraho azoba Umwami aganza isi yose; kur’uwo musi Uhoraho azomenyekana kw ar’umwe gusa, n’izina ryiwe kw ari rimwe gusa”.

20 “Amazi y’ubu[zima]”, canke “uruzi rw’amazi y’ubu[zima]”, ibigereranya intunganyo za Yehova zo gutuma abantu baronka ubuzima budahera, azoguma atemba ava ku ntebe y’Ubwami buzoba burongowe na Mesiya (Ivyahishuriwe 22:1, 2). Ishengero ryinshi ry’abasenga Yehova rizoba ryarokotse Harumagedoni, rizohungukira mu kubohorwa rigakurwako urwo gupfa abantu bakwegewe na Adamu. Mbere n’abapfuye bazohungukira biciye kw’izuka. Gutyo, ikiringo gishasha c’ubutegetsi bwa Yehova kw’isi kizoba gitanguye. Kw’isi yose, abantu bazoba bemera ko Yehova ari we Segaba w’ibiriho vyose, ko ari we musa akwiye gusengwa.

21. Ni umwiyemezo uwuhe dukwiye kugira?

21 Turavye ibintu vyose Hagayi na Zekariya bavuze ko vyobaye tukaraba kandi n’ivyarangutse vyose, turi n’imvo ikomeye yo gutera tuja imbere mu gikorwa Imana yadushinze kurangura mu ntangaro yo kw’isi y’urusengero rwayo rwo mu buryo bw’impwemu. Mu kurindira igihe ugusenga kw’ukuri kuzoba kumaze gutyororwa kukaba ugutunganye, nimuze twese twihatire kugumiza ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere. Muri Zekariya 8:9 ni ho haduhimiriza hati: “Amaboko yanyu n’akomere, yemwe abumva mur’iyi misi amajambo yavuzwe n’abavugishwa nanje”.

Woba uvyibuka?

• Ni isano irihe riri hagati y’ivyabaye kera be n’ivyo muri iki gihe rituma igitabu ca Hagayi n’ica Zekariya biba ibiri n’ico bivuze muri iki gihe cacu?

• Ubuhanuzi bwa Hagayi n’ubwa Zekariya butwigisha iki ku bijanye n’ivyo twoshira imbere y’ibindi?

• Ni kubera iki kurimbura ubuhanuzi bwa Hagayi n’ubwa Zekariya bituma tugira imvo yumvikana yo kugira icizigiro ku bijanye na kazoza?

[Ifoto ku rup. 26]

Hagayi na Zekariya baremesheje Abayuda gukorana umutima wabo wose kugira babone guhezagirwa

[Ifoto ku rup. 27]

Woba uriko ‘ukobereza inzu yawe ubwawe’?

[Ifoto ku rup. 28]

Yehova yasezeranye gutanga umuhezagiro, kandi yarawutanze

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika