ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Vya vyabona bibiri bisubizwa ubuzima
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
    • 10. Ivyo vyabona vya Yehova b’abizigirwa bakora iki mu gihe baba bariko barahonyangwa?

      10 No mu gihe izo intahemuka ziba ziriko zirahonyangwa, ntizireka kuba ivyabona vya Yehova b’abizigirwa. Ubwo buhanuzi rero buca bubandanya buti: “‘Kandi vya vyabona vyanje bibiri nzotuma bivuga ubuhanuzi imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu vyambaye amagunira.’ Abo bagereranywa na vya biti vy’imyelayo bibiri na vya bitereko vy’amatara bibiri, kandi bahagaze imbere y’Umukama w’isi.”—Ivyahishuwe 11:3, 4.

  • Vya vyabona bibiri bisubizwa ubuzima
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
    • 13. (a) Kuba abakirisu barobanuwe bagereranywa n’ivyabona bibiri bisobanura iki? (b) Kuba Yohani yita vya vyabona bibiri ngo ni “vya biti vy’imyelayo bibiri na vya bitereko vy’amatara bibiri,” ni ubuhanuzi bwa Zekariya ubuhe bica bitwibutsa?

      13 Kuba bagereranijwe n’ivyabona bibiri biratwemeza ko ubutumwa bavuze bwari ubw’ukuri kandi bufise ishingiro. (Gereranya no Gusubira mu vyagezwe 17:6; Yohani 8:17, 18.) Yohani abita “vya biti vy’imyelayo bibiri na vya bitereko vy’amatara bibiri,” akavuga ko “bahagaze imbere y’Umukama w’isi.” Ivyo bica bitwibutsa neza na neza ubuhanuzi bwa Zekariya, uwabonye igitereko c’amatara gifise amashami indwi hamwe n’ibiti vy’imyelayo bibiri. Ivyo biti vy’imyelayo vyavuzwe ko bigereranya “bamwe babiri barobanujwe amavuta,” ni ukuvuga Buramatari Zerubabeli n’Umuherezi Mukuru Yosuwa, “bahagaze iruhande y’Umukama w’isi yose.”—Zekariya 4:1-3, 14.

      14. (a) Ibiti vy’imyelayo bibiri n’igitereko c’amatara Zekariya yeretswe vyasobanura iki? (b) Ni ibiki vyoshikiye abakirisu barobanuwe mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose?

      14 Zekariya yabayeho mu gihe co gusubira kwubaka Yeruzalemu, kandi ibiti vy’imyelayo bibiri yeretswe vyasobanura ko Zerubabeli na Yosuwa bokwujujwe impwemu ya Yehova kugira bakomeze abantu ngo bakore. Igitereko c’amatara Zekariya yabonye caramwibukije “[kudasuzugura] umusi w’ibintu bitoyi” kuko Yehova nyen’ingabo yavuze ko imigambi yiwe yoshikijwe, ‘atari ku bw’inteko za gisirikare canke ku bw’ububasha, mugabo ku bw’impwemu yiwe.’ (Zekariya 4:6, 10; 8:9) Uwo mugwi mutoyi w’abakirisu bagumye bashira abantu umuco w’ukuri mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose bokoreshejwe muri ubwo buryo nyene mu gikorwa co gusubira kwubaka. Na bo nyene bobaye isôko ry’indemesho kandi naho bari bake, bobwirijwe kwiheka ku nguvu za Yehova aho gusuzugura umusi w’ibintu bitanguye ari bito.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika