Nunanire akosho k’ivyiyumviro vy’abantu
IVYIYUMVIRO bijanye n’ikibereye canke ikitabereye be n’igikwiye gushimwa canke igikwiye kwankwa usanga bitandukanye bivanye n’ahantu. Usanga kandi bigenda birahindagurika uko igihe kirengana. Ku bw’ivyo, igihe turiko turasoma inkuru zo mu Vyanditswe zerekeye ibintu vyabaye kera cane, turakeneye kurimbura ivyiyumviro abantu bari bafise mu bihe vya Bibiliya be n’ivyo babona ko bihambaye, aho gushaka kubihuza vyanse bikunze n’ivyo twebwe ubwacu twisunga.
Nk’akarorero, raba ivyiyumviro bibiri biguma bivugwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, ivyo na vyo bikaba ari iteka hamwe n’isoni. Kugira ngo turushirize gutahura imirongo ivuga ibijanye n’iteka be n’isoni, turakwiye kuzirikana ku kuntu vyabonwa n’abantu bo muri ico gihe.
Ivyo abantu bo mu kinjana ca mbere babona ko bihambaye
Incabwenge imwe ivuga iti: “Abagiriki, Abaroma be n’Abayuda, bose babona ko iteka be n’isoni ari ibintu bihambaye cane mu mico kama yabo. Wasanga abantu bakora uko bashoboye kwose, eka mbere bakemera no gupfa barondera guterwa iteka, kuvugwa neza, kuba ba rurangiranwa, kwemerwa, no kwubahwa.” Mwene ivyo bintu vyabonwa ko bihambaye vyatuma boshwa n’ivyiyumviro vy’abandi.
Igiti, ikibanza, n’iteka vyari bihambaye cane mu kibano c’abo bantu bitwararika cane ibijanye n’ikibanza umuntu afise, kino kikaba cava ku kuba umuntu ahambaye cane gushika ku kuba umushumba. Agaciro k’umuntu karabirwa kw’iteka yaba afise, atari gusa ku kuntu we ubwiwe yibona ariko kandi no ku kuntu abandi bamubona. Gutera iteka umuntu vyasobanura kwemera ku mugaragaro yuko yigenza nk’uko abandi baba babimwitezeko. Gutera iteka umuntu vyasobanura kandi kwerekana ko utangariye ubutunzi bwiwe, igiti afise canke ukuntu ahambaye cane, ivyo bigatuma umufata nk’uko abibereye. Umuntu yarashobora kuronka iteka mu gukora ibikorwa vyiza canke mu kurusha abandi mu bintu binaka. Igitandukanye n’ivyo, isoni canke ukumaramara vyava ku guteterezwa canke ku gukengerwa mu bantu. Ukwo ntikwari ukwumva gusa ko umuntu yiyagirije, ahubwo vyaba bitumwe n’uko yiyamirijwe mu kibano.
Igihe Yezu yavuga ibijanye n’umuntu ahabwa “ikibanza kiboneka kuruta ibindi” canke “ikibanza co hanyuma y’ibindi” mu gihe c’inzimano, yariko avuga ibintu vyatuma umuntu agira iteka canke isoni hisunzwe imico kama yari ihari muri ico gihe. (Luka 14:8-10) N’imiburiburi incuro zibiri, abigishwa ba Yezu barahazutse ku bijanye n’‘uwasa na mukuru muri bo.’ (Luka 9:46; 22:24) Bariko baragaragaza ikintu cari kiraje ishinga cane abantu bo mu kibano babamwo. Muri ico gihe nyene, indongozi z’idini ry’Abayuda zishira hejuru kandi zagaragaza agatima ko guhiganwa zabona ko igikorwa Yezu yakora co kwamamaza cabangamira iteka n’ubukuru zari zifise. Ariko rero, utwigoro zagize kugira ngo zerekane ko zimuruta mu bihari vyaba ku mugaragaro imbere y’amasinzi, twaguma tuba utw’impfagusa.—Luka 13:11-17.
Ikindi kintu cari kimenyerewe mu vyiyumviro vy’Abayuda, Abagiriki be n’Abaroma bo mu kinjana ca mbere vyari ibimaramare umuntu yagira igihe yaba “afashwe akagirwa ku mugaragaro n’icaha.” Umuntu aboshwe canke agapfungwa vyabonwa ko ari ugutakaza agaciro. Gufatwa muri ubwo buryo vyatuma umuntu atakaza icubahiro imbere y’abagenzi, umuryango, be n’ikibano muri rusangi, yaba yagiwe n’ikosa canke ritamwagiye. Urubwa vyaca bimuteza rwarashobora gutuma icubahiro afise gitituka rukongera rukonona imigenderanire afitaniye n’abandi. Ikintu catuma umuntu amaramara kuruta kubohwa, zari isoni umuntu yagira igihe yambuwe impuzu canke yatonaguwe. Gufatwa gutyo vyatuma umuntu asuzugurwa akongera agakengerwa, ivyo bikaba vyatuma atakaza iteka yaba afise.
Kwicirwa ku giti co gusinzikarizwako vyatuma nyene kwicwa agira ibimaramare bibi kuruta ibindi vyose bishoboka. Incabwenge imwe yitwa Martin Hengel ivuga yuko kwicwa muri ubwo buryo cari “igihano cahabwa abashumba. Kubera ko ico gihano cahabwa abashumba, cagereranya ukumaramara, ukugira isoni no gusinzikazwa vy’akaburarugero.” Ikibano carashira umukazo ku muryango w’umuntu yaba yateterejwe muri ubwo buryo be no ku bagenzi biwe ngo bamwihakane. Kubera ko Kristu yapfuye muri ubwo buryo, abantu bose bipfuza kuba abakirisu mu kinjana ca mbere G.C., babwirizwa rero gushikirwa n’ingorane yo gutyekezwa ku mugaragaro. Birashoboka ko abantu benshi babona yuko ari ikintu kitumvikana kubona umuntu avuga yuko ari umuyoboke w’umuntu yamanitswe. Intumwa Paulo yanditse ati: “Twamamaza Kristu yamanitswe, ku Bayuda akaba igitsitaza mugabo ku mahanga akaba ubupfu.” (1 Kor. 1:23) None abakirisu bo mu ntango bihanganiye gute iyo ngorane?
Ivyo abantu babona ko bihambaye si vyo bobo babona ko bihambaye
Abakirisu bo mu kinjana ca mbere baragamburuka itegeko kandi barakora uko bashoboye kugira ngo birinde kumaramara bivuye ku kwigenza nabi. Intumwa Petero yanditse ati: “Ntihagire n’umwe muri mwebwe ababazwa ahorwa kuba ari umwicanyi canke igisuma canke inkozi y’ikibi canke uwita mu vy’abandi.” (1 Pet. 4:15) Ariko rero, Yezu yari yaravuze yuko abayoboke biwe bohamwe bahorwa izina ryiwe. (Yoh. 15:20) Petero yanditse ati: “Nimba [umuntu] ababazwa ahorwa kuba ari umukirisu, ntamaramare, ahubwo nagume aninahaza Imana.” (1 Pet. 4:16) Kutamaramara igihe umuntu yaba ariko aracumukura ahorwa ko ari umuyoboke wa Kristu vyasaba ko atabona ibintu nk’uko abantu bo muri ico gihe babibona.
Abakirisu ntibashobora kureka ngo ivyo abandi bantu bisunga abe ari vyo bigenga inyifato yabo. Abantu bo mu kinjana ca mbere babona ko bwari ubupfu kwemera ko umuntu yamanitswe ari Mesiya. Kubona ibintu muri ubwo buryo vyari gushobora kwosha abakirisu ngo bisunge ubwo buryo bwo kwiyumvira bwemerwa na benshi. Ariko rero, kuba barizera yuko Yezu yari Mesiya vyasaba ko bamukurikira, naho mbere batyekezwa. Yezu yavuze ati: “Uwo wese aterwa isoni nanje be n’amajambo yanje muri iri yaruka ry’irisambanyi kandi ry’iricumuzi, n’Umwana w’umuntu azoterwa isoni na we niyashika mu buninahazwa bwa Se ari kumwe n’abamarayika beranda.”—Mrk. 8:38.
Muri iki gihe, twoshobora kwoshwa ngo duhebe ubukirisu. Ivyo vyoshobora kuva ku bo twigana, ku babanyi, canke ku bo dukorana bagerageza gutuma twisuka mu buhumbu, mu bugunge, canke mu bindi bikorwa biteye amakenga. Abantu nk’abo boshobora kugerageza gutuma twumva tumaramaye kubera yuko dushigikira ingingo ngenderwako zigororotse. None dukwiye kuvyifatamwo gute?
Niwigane abasuzuguye ibimaramare
Kugira ngo Yezu agumane ugutungana imbere ya Yehova, yaremeye kwicwa mu buryo buteye isoni kuruta ubundi bwose. “Yarihanganiye igiti co gusinzikarizwako, asuzugura ibimaramare.” (Heb. 12:2) Abansi ba Yezu baramukubise amakofe, baramucirako, baramwambura impuzu, baramutonagura, baramumanika ku giti, bongera baramutyekeza. (Mrk. 14:65; 15:29-32) Yamara, Yezu yarasuzuguye ibimaramare bagerageje gutuma agira. Uti gute? Yaranse guhemuka naho bamufashe gutyo. Yezu yari azi yuko atari yatakaje iteka mu maso ya Yehova, kandi nta gukeka ko atarondera kuninahazwa n’abantu. Naho Yezu yapfuye nk’umushumba, Yehova yaramuteye iteka mu kumuzura akamuha ikibanza giteye iteka kuruta ibindi vyose iruhande yiwe. Mu Bafilipi 2:8-11, dusoma duti: “[Kristu Yezu] yaricishije bugufi, aragamburuka gushika no ku rupfu, egome, urupfu rwo ku giti co gusinzikarizwako. Ico nyene ni co catumye kandi Imana imuduza ikamushira mu kibanza co hejuru cane, yongera imuha n’umutima ukunze izina riri hejuru y’irindi zina iryo ari ryo ryose, kugira ngo mw’izina rya Yezu ivi ryose ripfunywe, iry’abari mw’ijuru n’abari kw’isi n’abari munsi y’ivu, no kugira ngo ururimi rwose rwemange icese yuko Yezu Kristu ari Umukama ku bw’ubuninahazwa bw’Imana ari yo Data.”
Yezu ntiyirengagiza ibimaramare vyava ku rupfu yishwe. Umwana w’Imana yari arajwe ishinga n’uko vyashoboka ko Se wiwe asuzugurwa bitumwe n’uko Yezu yaciriwe urubanza yagirizwa ko yarogose. Yezu yarasavye Yehova ngo amurinde ako gasuzuguro. Yasenze ati: “Igizayo iki gikombe kimveko.” Mugabo Yezu yarayobotse ivyo Imana igomba. (Mrk. 14:36) Naho ari ukwo, Yezu yarahanganye n’imikazo yashizweko maze arasuzugura ibimaramare. Nakare, ivyo bimaramare vyari kugirwa gusa n’abantu bemera cane ivyo abo mu gihe ciwe babona ko bihambaye. Biratomoye ko Yezu atemera ivyo bintu.
Abigishwa ba Yezu na bo nyene barafashwe maze baratonagurwa. Gufatwa gutyo vyatuma bamaramara imbere y’abantu benshi. Barakengerwa bakongera bagasuzugurwa. Yamara, ntibacitse intege. Abigishwa b’ukuri baranse kwoshwa n’ivyiyumviro vy’abantu bongera barasuzugura ibimaramare. (Mat. 10:17; Ibik. 5:40; 2 Kor. 11:23-25) Bari bazi ko babwirizwa ‘gutora igiti co gusinzikarizwako cabo, hanyuma bagakurikira Yezu ubudahengeshanya.’—Luka 9:23, 26.
Tuvuge iki ku bitwerekeye muri kino gihe? Ibintu isi ibona ko ari ubupfu, ko bigoyagoya, kandi ko bibayabaye, Imana ibibona ko biranga ubukerebutsi, bikomeye, kandi biteye iteka. (1 Kor. 1:25-28) Ntivyoba none ari ubupfu no kutabona kure twohejwe rwose n’ivyiyumviro vy’abantu?
Abantu bose bipfuza guterwa iteka bategerezwa kudafata minenerwe ukuntu isi ibabona. Ariko rero, nka kumwe kwa Yezu be n’abayoboke biwe bo mu kinjana ca mbere, twipfuza ko Yehova atubera Umugenzi. Ku bw’ivyo, tuzotera iteka ibintu biteye iteka mu nyonga ziwe, kandi ivyo abona ko biteye isoni tubibone ko biteye isoni.
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 4]
Yezu ntiyohejwe n’ingene isi yabona ibijanye n’isoni