Aburahamu—Akarorero k’Ukwizera
“[Aburahamu yari] sekuruza w’abizera bose.”—ABAROMA 4:11.
1, 2. (a) Abakirisu b’ukuri muri iki gihe, Aburahamu bamwibukira ku ki? (b) Ni kuki Aburahamu yitwa “sekuruza w’abizera bose”?
YARI sekuruza w’ihanga rikomeye, umuhanuzi, umudandaza, indongozi. Yamara rero, mu Bakirisu bo muri iki gihe, aribukwa canecane kubera kamere yatumye Yehova Imana amubona nk’umukunzi, iyo kamere akaba ari ukwizera kwiwe kutahungabana. (Yesaya 41:8; Yakobo 2:23) Izina ryiwe ryari Aburahamu, kandi Bibiliya imwita “sekuruza w’abizera bose.”—Abaroma 4:11.
2 None, abagabo baboneye izuba Aburahamu, nka Abeli, Henoki na Nowa, bo ntibagaragaje ukwizera? Egome, mugabo isezerano ryo guhezagira amahanga yose yo kw’isi ryagiranywe na Aburahamu. (Itanguriro 22:18) Kubera ico, mu buryo bw’ikigereranyo yacitse se w’abantu bose bokwizeye rwa Rubuto rwari rwarasezeranywe. (Ab’i Galatiya 3:8, 9) Aburahamu turashobora kumufata nk’umuvyeyi wacu, kubera yuko ukwizera kwiwe ari akarorero dukwiye kwigana. Ubuzima bwiwe bwose burashobora kubonwa nk’uburyo bwo guserura ukwizera, kubera yuko bwari bugizwe n’ibigeragezo vyinshi be n’amakuba menshi. Kukaba nkako, igihe kirekire imbere yuko Aburahamu ahangana n’igishobora kwitwa ikigeragezo kaminuza c’ukwizera, ni ukuvuga rya bwirizwa ryo gutangako ikimazi umuhungu wiwe Isaka, Aburahamu yaragaragaje ukwizera kwiwe mu tundi tugeragezo twinshi dutoduto. (Itanguriro 22:1, 2) Nimuze dusuzume bimwebimwe muri ivyo bigeragezo vyo mu ntango vy’ukwizera, maze turabe ico bishobora kutwigisha muri iki gihe.
Ibwirizwa ryo Kuva muri Uri
3. Bibiliya itubwira iki ku vyerekeye kahise ka Aburamu?
3 Bibiliya itangura kutubwira ivya Aburamu (uwahavuye mu nyuma yitwa Aburahamu) mw’Itanguriro 11:26, ahavuga hati: “Tera amaze imyaka mirongwirindwi avyara Aburamu na Nahori na Harani.” Aburamu yakomoka kuri Shemu uwatinya Imana. (Itanguriro 11:10-24) Nk’uko mw’Itanguriro 11:31 habivuga, Aburamu yabana n’umuryango wiwe mu gisagara gisagamvye co muri “Uri i Bukaludaya,” igisagara cahoze giherereye mu buseruko bw’Uruzi Efurate.a Ku bw’ivyo, ntiyakuze ari umuntu aza arimuka acumbika mu mahema, ahubwo yakuriye mu gisagara, aharangwa umuyevere w’ibihinda. Mu tuguriro tw’i Uri, umuntu yarashobora kuhagurira ibidandazwa vyaba vyavuye hakurya y’amazi. Amazu y’ivyumba 14 asize ibara ryera, afise imiringoti ishikana amazi mu nzu, yari atondekanije hirya no hino ku mabarabara yaco.
4. (a) Ni ingorane izihe Uri hateza abasenga Imana y’ukuri? (b) Aburamu yashitse gute ku kwizera Yehova?
4 Naho muri Uri hariho akarusho kanini mu vy’ubutunzi, ntihari horoheye umuntu wese yashaka gusukurira Imana y’ukuri. Cari igisagara cuzuyemwo ugusenga ibigirwamana n’ukwemera ibintazi. Kukaba nkako, icibonekeje cane muri ico gisagara yari inyubakwa ndende yubatswe kugira itere iteka ikimana-kwezi Nanna. Nta nkeka ko Aburamu yari mu mukazo mwinshi wo kugira ngo agire uruhara muri iyo nsengo igayitse, kumbure hakaba harimwo n’umukazo uva ku ncuti zimwezimwe. Nk’uko inkuru mpererekano zimwezimwe z’Abayuda zibivuga, se wa Aburamu, Tera, ubwiwe yari umuhinguzi w’ibigirwamana. (Yosuwa 24:2, 14, 15) Uko biri kwose, Aburamu ntiyari amogoreye insengo igayitse y’ikinyoma. Sekuru wiwe Shemu uwari ageze mu zabukuru yari akiriho, kandi nta nkeka ko yamumenyesha ivyerekeye Imana y’ukuri. Ivyo vyatumye Aburamu yizera Yehova, ntiyizera Nanna!—Ab’i Galatiya 3:6.
Ikigeragezo c’Ukwizera
5. Ni ibwirizwa irihe be n’umuhango uwuhe Imana yahaye Aburamu igihe yari akiri muri Uri?
5 Ukwizera kwa Aburamu kwategerezwa kugeragezwa. Imana yaramubonekeye maze imubwiriza iti: “Va mu gihugu canyu, no mu muryango wanyu, no mu nzu ya so, uje mu gihugu nzokwereka. Nanje nzoguhindura ubgoko bukomeye, nzoguha umugisha, izina ryawe ndarigire rurangiranwa; n’abandi baze bagire umugisha kubgawe. Abazoguhezagira nzobahezagira, kand’ūzokuvuma nzomuvuma: kandi muri wewe ni ho imiryango yose yo mw isi izohērwa umugisha.”—Itanguriro 12:1-3; Ivyakozwe 7:2, 3.
6. Ni kuki vyasaba ko Aburamu agira ukwizera nyakuri kugira ngo ave muri Uri?
6 Aburamu yari ashaje kandi ata kana agira. Yoshoboye gute gukurwamwo ‘ihanga rikomeye’? Kandi ico gihugu yabwirizwa kujamwo neza na neza cari hehe? Muri ico gihe Imana ntiyari bwabimubwire. Kubera ico, vyasaba ko Aburamu agira ukwizera nyakuri kugira ngo ave muri Uri hari hasagamvye, ahebe n’ibihinda vyaho vyose. Mu gitabu kimwe (Family, Love and the Bible), haravuga ivyerekeye ibihe vya kera, giti: “Igihano gikomeye kuruta vyose cashobora guhabwa umwe mu bagize umuryango yamenje, kwari ukumwangaza, agakurwa mu muryango. . . . Ni co gituma kuba Aburahamu yaritavye akamo atewe n’Imana ntahebe gusa igihugu ciwe mugabo kandi agaheba n’incuti ziwe, kwabaye ukugaragaza yuko agamburukira Imana n’uko ayizigira mu buryo butangaje kandi budaharirwa.”
7. Abakirisu muri iki gihe boshobora gute guhangana n’ibigeragezo bimeze nka birya Aburamu yahanganye na vyo?
7 Abakirisu muri iki gihe barashobora guhangana n’ibigeragezo nk’ivyo nyene. Nka kurya kwa Aburamu, twoshobora kwumva dutunywe kugira dushire imbere inyungu z’amaronko aho gushira imbere ivya gitewokarasi. (1 Yohana 2:16) Twoshobora kurwanywa n’abo mu muryango wacu batizera, harimwo incuti zaciwe, boshobora kugerageza kudukwegakwegera mu kwifatanya n’abantu babi. (Matayo 10:34-36; 1 Ab’i Korinto 5:11-13; 15:33) Aburamu rero yaradusigiye akarorero keza. Yashize ubugenzi afitaniye na Yehova imbere y’ikindi kintu ico ari co cose, eka mbere n’imbere y’ubucuti bwo mu muryango. Ntiyari azi neza na neza uburyo, igihe n’ahantu imihango y’Imana izorangurirwa. Naho vyari ukwo, yari afise umutima ukunze wo gushingira ubuzima bwiwe ku kwizigira iyo mihango. Ese ingene iyo ari indemesho nziza yo gushira Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu bwite muri iki gihe!—Matayo 6:33.
8. Ukwizera kwa Aburamu kwakoze iki ku bo mu muryango wiwe ushika, kandi Abakirisu boshobora kwigira iki kuri ivyo?
8 Tuvuge iki ku vyerekeye abo mu muryango ushika wa Aburamu? Bigaragara yuko ukwizera kwa Aburamu be n’ukujijuka kwiwe vyagize ico bikoze gikomeye kuri bo, kubera yuko umukenyezi wiwe Sarayi be n’umuhungwabo w’impfuvyi yitwa Loti, bavyuriwe umutima wo kwitaba akamo Imana ibateye ko kuva muri Uri. Mwenewabo na Aburamu, Nahori be na bamwebamwe bo mu ruvyaro rwiwe, mu nyuma baravuye muri Uri maze bacumbika i Harani, aho basengeye Yehova. (Itanguriro 24:1-4, 10, 31; 27:43; 29:4, 5) Emwe, na se wa Aburamu, Tera, yaremeye kujana n’umuhungu wiwe! Ku bw’ico ukwo kwimuka berekeza i Kanani, Bibiliya ikwitirira Tera kubera yari we serugo. (Itanguriro 11:31) Ese na twebwe twokwererwa ku rugero runaka mu gihe twoshingira intahe incuti zacu tubigiranye ubugenge!
9. Ni imyiteguro iyihe Aburamu yategerezwa kugira ku bw’urugendo rwiwe, kandi ni kuki ivyo bishobora kuba vyasaba ukwibabaza?
9 Imbere yuko yanzika urugendo rwiwe, Aburamu yari afise vyinshi akora. Yategerezwa kugurisha itongo n’ibintu atunze kugira ngo agure amahema, ingamiya, ibifungurwa be n’ibikoresho bikenewe. Aburamu ashobora kuba yarahomvye amahera mu kugira imyiteguro nk’iyo ya gihutihuti, mugabo yarahimbawe no kugamburukira Yehova. Ese ukuntu utegerezwa kuba wabaye umusi w’agakura, igihe iyo myiteguro yarangira maze Aburamu n’abo bari bafatanije urugendo bagahagarara inyuma y’impome za Uri, biteguriye urwo rugendo! Aburamu n’abo bari bafatanije urugendo, bajanye inkokoro y’Uruzi Efurate bagana mu buraruko bushira uburengero. Bamaze amayinga nk’angahe mu rugendo, bagenze nk’ibirometero 1.000, barashitse mu gisagara co mu buraruko bwa Mezopotamiya citwa Harani, hakaba hari ahantu ingenzi nyinshi zabanza guhagarara.
10, 11. (a) Aburamu ashobora kuba yamaze igihe i Harani abitumwe n’iki? (b) Ni indemesho iyihe ishobora guhabwa Abakirisu babungabunga abavyeyi babo bageze mu zabukuru?
10 Aburamu yaracumbitse i Harani, agashobora kuba yabigize kubera yitwararika se Tera yari ageze mu zabukuru. (Abalewi 19:32) Abakirisu benshi muri iki gihe na bonyene barafise agateka ko kubungabunga abavyeyi babo bageze mu zabukuru canke barwaye, bamwebamwe muri abo Bakirisu mbere bigasaba ko bagira ivyo bahindura kugira ngo ivyo babishitse. Igihe ivyo bikenewe, Abakirisu nk’abo barashobora kudakeka yuko utwigoro bagirana urukundo “[du]shimwa mu nyonga z’Imana.”—1 Timoteyo 5:4.
11 Igihe cararenganye. “Imisi Tera yamaze yabaye imyaka amajana abiri n’iyindi itanu: Tera araheza apfira i Harani.” Nta nkeka ko Aburamu yatuntujwe n’ukumubura, mugabo igihe c’ikigandaro kirangiye, yaciye ahaguruka. “Aburamu yar’amaze imyaka mirongwirindwi n’itanu igihe yava i Harani. Aburamu ajana Sarayi umugore wiwe na Loti umuhungwabo, n’itunga ryabo ryose bari batungiye i Harani, bo n’abantu bāronkeyeyo: bavaho ngo baje mu gihugu c’i Kanani.”—Itanguriro 11:32; 12:4, 5.
12. Ni ibiki Aburamu yakoze igihe yaba i Harani?
12 Birashimishije kubona yuko mu gihe Aburamu yari i Harani ‘yaharonkeye itunga.’ Naho yari yagize akigoro akemera gutakaza ivyo yari atunze kugira ngo ave muri Uri, Aburamu yavuye i Harani ari umugabo atunze. Biragaragara yuko ivyo vyavuye ku muhezagiro w’Imana. (Umusiguzi 5:19) Naho Imana idasezeranira itunga abasavyi bayo bose muri iki gihe, ntiyihindukiza mu muhango yatanze wo kuronsa ibikenewe ‘abaretse inzu, bene nyina canke bashiki babo’ ku bw’Ubwami. (Mariko 10:29, 30) Aburamu kandi yararonse ‘abantu,’ ni ukuvuga abasuku injojo. Impinduro imwe (Jerusalem Targum and the Chaldee Paraphrase) ivuga yuko Aburamu ‘yatumye abantu bahinduka abasenga Imana.’ (Itanguriro 18:19) Ukwizera kwawe kwoba kukuvyurira umutima wo kuyaga n’ababanyi, n’abo mukorana canke n’abo mwigana? Aho kuramvya ngo yibagire ibwirizwa ry’Imana, Aburamu umwanya yamaze i Harani yarawukoresheje mu buryo ngirakamaro. Mugabo, umwanya yategerezwa kugumaho ico gihe wari urangiye. “Nuko Aburamu aragenda, nk’uk’Uhoraho amubariye.”—Itanguriro 12:4.
Ajabuka Efurate
13. Ni ryari Aburamu yajabutse Uruzi Efurate, kandi ico gikorwa cari gifise iyihe nsobanuro?
13 Aburamu yategerezwa gusubira gufata urugendo. We n’abo bafatanije urugendo, barasize inyuma Harani berekeza mu burengero, bagenda ibirometero nka 90. Kumbure ni muri ico gihe Aburamu yahagaze ku nkengera ya Efurate, aharabana na ca gisagara ca kera c’ubudandaji citwa Karikemeshi. Aho ni ho hantu imigwi y’ingenzi yakunda kujabukira.b Aburamu n’abo bari kumwe bajabutse uruzi ku yihe tariki? Bibiliya yerekana yuko hari imyaka 430 imbere yuko Abayuda bava mu Misiri, aho hakaba hari ku wa 14 Nisani 1513 B.G.C. Mu Kuvayo 12:41, havuga hati: “Iyo myaka ukw ar’amajana ane na mirongwitatu ishize, kur’uwo musi nyene, amasinzi yose y’ingabo z’Uhoraho ava mu gihugu ca Egiputa.” (Ni twe tubihiritse) Bisa n’uko rero isezerano rya Aburahamu ryagiye mu ngiro ku wa 14 Nisani 1943 B.G.C., igihe Aburamu yagamburuka akajabuka Efurate.
14. (a) Aburamu yashobora kubona iki n’amaso yiwe y’ukwizera? (b) Muri iki gihe, ni mu buryo ki Abasavyi b’Imana bahezagiwe kuruta Aburamu?
14 Aburamu yari yasize inyuma igisagara gisagamvye. Yamara rero, ico gihe yarashobora kwiha ishusho y’“igisagara cubatswe kw itanguriro [nyaryo],” ni ukuvuga intwaro igororotse yotwaye umuryango w’abantu. (Abaheburayo 11:10) Egome, naho Aburamu yari afise gusa amakuru adahagije, yari yaratanguye kubona imbere y’igihe umugambi w’Imana wo gucungura abantu bari bagenewe gupfa. Muri iki gihe, turahezagiwe mu kuba dutahura imigambi y’Imana mu buryo bwagutse kuruta uko Aburamu yayitahura. (Imigani 4:18) Ca “gisagara” ari co ntwaro y’Ubwami Aburamu yari yizigiye, ubu si umugani, kirahangamye mw’ijuru guhera mu 1914. Ntitwovyurirwa umutima none wo gukora ibikorwa bigaragaza ko twizera kandi twizigira Yehova?
Atangura Kuba Muri ca Gihugu c’Isezerano
15, 16. (a) Ni kuki vyasaba ko Aburamu agira uburindutsi kugira ngo yubakire Yehova igicaniro? (b) Abakirisu muri iki gihe bashobora gute kuba abarindutsi nka Aburamu?
15 Mw’Itanguriro 12:5, 6 hatubwira hati: “Nuko bashika i Kanani nyene. Aburamu adwēbēra ico gihugu, ashika ahantu hitwa i Shekemu, ku giti c’umweloni ca More.” I Shekemu hari ku birometero 50 mu buraruko bwa Yeruzalemu kandi hari mu mubande wimbuka cane wadondowe ko wari “iparadizo yo mu gihugu ceranda.” Naho vyari ukwo, “ico gihe Abanyakanani ni bo bāba mur’ico gihugu.” Kubera yuko Abanyakanani bari ruhebwa mu bushegabo, Aburamu yategerezwa kugira akigoro kugira ngo akingire urugo rwiwe akosho kabo konona.—Kuvayo 34:11-16.
16 Ubugira kabiri, “Uhoraho yiyereka Aburamu, aramubarira, at’Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu.” Ese ukuntu bikora ku mutima! Ego ni ko, vyasavye ukwizera kugira ngo Aburamu anezerezwe n’ikintu cokwinovowe gusa n’uruvyaro rwiwe rutari bwabeho. Naho ari ukwo, ivyo vyaciye bituma Aburamu “ahubaka igicaniro, yubakiye Uhoraho amwiyeretse.” (Itanguriro 12:7) Incabwenge imwe mu vya Bibiliya ivuga iti: “Mu kwubaka igicaniro muri ico gihugu, mu vy’ukuri bwari uburyo bwemewe bwo kwizizira ico gihugu yishimikije uburenganzira ahabwa n’uko yagaragaje ukwizera.” Vyongeye kwubaka igicaniro nk’ico cari igikorwa kiranga uburindutsi. Nta nkeka ko ico gicaniro cari kimeze nk’icerekanywe mu nyuma mw’Isezerano ry’Ivyagezwe, ni ukuvuga ikigizwe n’amabuye atarinze kubazwa. (Kuvayo 20:24, 25) Cobaye ataho gisa gisana n’ibicaniro vyakoreshwa n’Abanyakanani. Muri ubwo buryo, Aburamu yari yerekanye izuba riva yuko asenga Imana y’ukuri Yehova, yikwegera urwanko no gushobora kugirirwa nabi ku mubiri. Tuvuge iki kuri twebwe muri iki gihe? Bamwebamwe muri twebwe, canecane abakiri bato, twoba tureka kumenyesha ababanyi bacu canke abo twigana yuko dusenga Yehova? Ese akarorero karanga uburindutsi ka Aburamu koturemesha twese tugahimbarwa no kuba turi abasavyi ba Yehova!
17. Aburamu yagaragaje gute ko ari umwamamaji w’izina ry’Imana, kandi ivyo vyibutsa iki Abakirisu muri iki gihe?
17 Aho Aburamu yaja hose, ugusenga Yehova yama nantaryo agushira imbere. “Arikora avayo, aja ku musozi wo ku ruhande rw’i burasirazuba rw’i Beteli, ahashinga amahema; i Beteli hasigara i burengerazuba bgiwe, i Hayi hakaba i burasirazuba bgiwe: na ho nyene ahubakira Uhoraho igicaniro, yambaza izina ryiwe.” (Itanguriro 12:8) Imvugo y’Igiheburayo ivuga ngo “yambaza izina” isobanura kandi ngo “atangaza (yamamaza) izina.” Nta nkeka ko Aburamu yatangaje ashize amanga izina rya Yehova mu babanyi biwe b’Abanyakanani. (Itanguriro 14:22-24) Ivyo bitwibutsa ibanga tujejwe ryo kugira uruhara uko bishoboka kwose mu “kuyaga izina ryayo” muri iki gihe.—Abahebreyi 13:15, UB; Abaroma 10:10.
18. Imigenderanire Aburamu yari afitaniye n’abantu b’i Kanani yari yifashe gute?
18 Aburamu nta kibanza na kimwe muri ivyo yagumyemwo igihe kirekire. “Nuko Aburamu akomeza kugenda aratāhīra, yerekeye i Negebu,” kakaba kari akarere kagwamwo imvura nke ko mu bumanuko bw’imisozi y’Ubuyuda. (Itanguriro 12:9) Mu kuguma yimukanga be no mu kwemeza ko ubwiwe asenga Yehova mu kibanza gishasha cose ashitsemwo, Aburamu n’urugo rwiwe ‘baremeye kw ari ba kavantara n’ingenzi muri ico gihugu.’ (Abaheburayo 11:13) Igihe cose, baririnda kwiyegereza cane ababanyi babo b’abapagani. Abakirisu muri iki gihe bategerezwa na bonyene kuguma “[atari] ab’isi.” (Yohana 17:16) Naho tugaragariza ubuntu n’urupfasoni ababanyi bacu be n’abo dukorana, turiyubara kugira ngo ntitwisuke mu ngendo igaragaza agatima k’isi yonkowe ku Mana.—Abanyefeso 2:2, 3.
19. (a) Ni kuki ubuzima bw’ukuza barimuka bushobora kuba butoroheye Aburamu na Sarayi? (b) Ni izindi ngorane izihe zari zirindiriye Aburamu?
19 Ntitwibagire yuko kuri Aburamu na Sarayi, guhindura ibintu bakamenyera ingorane z’ubuzima bw’ukuza barimuka bishobora kuba bitaboroheye. Bafungura ibivuye mu mukuku wabo aho gufungura ibifungurwa baguze muri kamwe mu tuguriro tw’i Uri twaba tunihiriye ibidandazwa; baba mu mahema aho kuba mu nzu yubatse neza. (Abaheburayo 11:9) Imisi yose Aburamu yaba afise twinshi acurumbamwo; yari afise vyinshi akora mu kwitwararika imikuku yiwe be n’abasuku biwe. Sarayi nta nkeka yaratunganya ibikorwa vyari bisanzwe bikorwa n’abakenyezi bo muri iyo mico kama: gucumba, kwotsa imikate, kujisha uduhuzu, kubarira ivyambarwa. (Itanguriro 18:6, 7; 2 Abami 23:7; Imigani 31:19; Ezekiyeli 13:18) Yamara rero, ibindi bigeragezo vyari bibarindiriye. Mu gihe gito, Aburamu n’urugo rwiwe bari bagiye guhangana n’kintu coshize ubuzima bwabo mu kaga! Ukwizera kwa Aburamu kwoba kwari gukomeye ku buryo kwoshoboye gutsinda iyo ngorane?
[Utujambo tw’epfo]
a Naho muri iki gihe uruzi Efurate ruca nko ku birometero cumi na bitandatu amaja mu buseruko bw’ahahoze ari Uri, bigaragara yuko mu bihe vya kera urwo ruzi rwaca neza na neza ku ruhande rwo mu burengero bw’ico gisagara. Ku bw’ivyo, mu nyuma Aburamu yarashoboye kwitwa ko yaje ava “hakurya y’urwo ruzi [Efurate].”—Yosuwa 24:3.
b Haheze ibinjana, Umwami wa Ashuri Asurunasiripali wa Kabiri yarakoresheje imbambo z’ibiti kugira ngo ajabuke Efurate mu micungararo ya Karikemeshi. Bibiliya ntivuga niba vyabaye ngombwa ko Aburamu na we ubwiwe abigenza atyo canke niba we n’abo bari kumwe barushoyemwo ibirenge.
Woba Wabibonye?
• Ni kuki Aburamu yiswe “sekuruza w’abizera bose”?
• Ni kuki vyasaba ko Aburamu agira ukwizera kugira ngo ave i Uri ho mu Bakaludaya?
• Aburamu yagaragaje gute yuko ugusenga Yehova agushira imbere?
[Ikarata ku rup. 8]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
URUGENDO ABURAHAMU YAGIZE
Uri
Harani
Karikemeshi
KANANI
Ikiyaga Kinini
[Abo dukesha ifoto]
Based on a map copyrighted by Pictorial Archive (Near Eastern History) Est. and Survey of Israel
[Ifoto ku rup. 7]
Vyasavye ko Aburamu agira ukwizera kugira ngo ave mu bintu vyizavyiza vyari mu buzima bw’i Uri
[Ifoto ku rup. 10]
Mu kuba mu mahema, Aburamu n’urugo rwiwe ‘baremeye ko ari ba kavantara n’ingenzi’