Kumenyesha imbere y’igihe ivyerekeye Mesiya
KUBERA yuko ihanga ry’Abayuda ryari rizi imbere y’igihe ivyo Yesaya be n’abandi bahanuzi banditse ku bijanye na Mesiya, ryaramaze igihe kinini ryiteze ukuza kwiwe. Nkako, mu gihe ca Yezu Abayuda benshi “bari biteze” ukuboneka kwa Mesiya kwari kwimirije. (Luka 3:15) Biri n’ico bivuze kubona ubuhanuzi bwo muri Bibiliya burimwo amakuru y’ido n’ido atangaje yerekeye ubuzima bwa Mesiya. Nta muntu asanzwe yoshoboye kumenyesha imbere y’igihe ivyo bintu canke ngo atume bishikira Yezu.
Amakuru y’ido n’ido yerekeye ivuka rya Mesiya. Yesaya yari yaravuze imbere y’igihe yuko Mesiya ari we Kristu, yovyawe n’isugi. Intumwa Matayo amaze kudondora ukuntu ivuka rya Yezu ryabaye mu buryo bw’igitangaro, yanditse ati: “Mu vy’ukuri, ivyo vyose vyabaye kugira haranguke ivyavuzwe na Yehova biciye ku muhanuzi wiwe, ati: ‘Ehe umwigeme w’isugi azokwibungenga hanyuma avyare umwana w’umuhungu.’” (Matayo 1:22, 23; Yesaya 7:14) Yesaya kandi yaramenyesheje imbere y’igihe yuko Kristu yokomotse kuri Dawidi, akaba canecane avuga Yese, se wa Dawidi. Yezu vy’ukuri yakomotse neza na neza kuri Dawidi. (Matayo 1:6, 16; Luka 3:23, 31, 32) Ni co gituma, imbere yuko Yezu avuka umumarayika Gaburiyeli yabwiye Mariya nyina wa Yezu ati: “Imana [i]zomuha intebe y’ubwami ya Dawidi se wiwe.”—Luka 1:32, 33; Yesaya 11:1-5, 10; Abaroma 15:12.
Amakuru y’ido n’ido yerekeye ubuzima bwa Mesiya. Mw’isinagogi y’i Nazareti, Yezu uwari ageze mu bigero yarasomye n’ijwi ryumvikana ubuhanuzi bwo muri Yesaya, ubwarimwo aya majambo agira ati: “Impwemu ya Yehova iri kuri jewe, kuko yandobanuye ngo menyeshe inkuru nziza aboro.” Mu kwiyerekezako ubwo buhanuzi, Yezu yavuze ati: “Uno musi ico canditswe muhejeje kwumva kirarangutse.” (Luka 4:17-21; Yesaya 61:1, 2) Yesaya kandi yaravuze imbere y’igihe ivy’uko Yezu yofashe abakeneye gukizwa, mu buryo buranga ubuntu, ubwitonzi be n’ukwifata ruto. Matayo yandika ati: “Vyongeye, abantu benshi baramukurikira, na we arabakiza bose, mugabo arabihanikiriza ngo ntibakwiragize ivyiwe; kugira ngo haranguke ivyavuzwe biciye kuri Yesaya umuhanuzi, uwavuze ati: . . . ‘Ntazotongana, canke ngo avuze urwamo . . . Ntazojanjanga irenga rimenetse.’”—Matayo 8:16, 17; 12:10-21; Yesaya 42:1-4; 53:4, 5.
Amakuru y’ido n’ido yerekeye ukubabazwa kwa Mesiya. Yesaya yaramenyesheje yuko Mesiya atokwemewe na benshi muri Isirayeli, ahubwo ko yobabereye “ibuye ritsitaza.” (1 Petero 2:6-8; Yesaya 8:14, 15) Kandi mu vy’ukuri, naho Yezu yakoze ibitangaro vyinshi, abantu “ntibamwizera, ku buryo ijambo rya Yesaya umuhanuzi ryarangutse, iryo yavuze ati: ‘Yehova, ni nde yizeye ico twebwe twumvise?’” (Yohani 12:37, 38; Yesaya 53:1) Ikintu catuma Abayuda batamwizera cari iciyumviro cemerwa na benshi yamara kitari co c’uko ngo Mesiya yociye ubwo nyene akura kuri iryo hanga ubutegetsi bw’Abaroma, maze akagarukana kw’isi ubwami bwigenga butwarwa n’abakomoka kuri Dawidi. Kubera yuko Yezu yababajwe hanyuma agapfa, Abayuda benshi cane ntibashoboye kwemera ko ari we Mesiya. Yamara, Yesaya yari yaramenyesheje imbere y’igihe yuko Mesiya yobabajwe imbere yuko aba Umwami.
Mu gitabu ca Yesaya, Mesiya avuga mu buryo bw’ubuhanuzi ati: “Abankubita nabategeye ibitugu, . . . mu maso hanje sinahakinjishije gutēterezwa no gucirwakw amate.” Matayo aravuga ivyashitse igihe Yezu yariko aracirwa urubanza, ati: “Bamucira mu maso bongera bamukubita ingumu. Abandi bamukubita amakofe mu maso.” (Yesaya 50:6; Matayo 26:67) Yesaya yanditse ati: “[Yararendeka], ntiyakūrak’umunwa.” Ni co gituma igihe Pilato yabaza Yezu ibijanye n’ibirego Abayuda bariko baramurega, Yezu “[ataco yamwishuye], eka, habe n’ijambo rimwe, bituma buramatari atangara.”—Yesaya 53:7; Matayo 27:12-14; Ibikorwa 8:28, 32-35.
Amakuru y’ido n’ido yerekeye urupfu rwa Mesiya. Ubuhanuzi bwa Yesaya bwarabandanije kuranguka igihe Yezu yapfa, n’inyuma yaho. Yesaya yavuze imbere y’igihe ati: “Bāgeze kw ahambga hamwe n’abanyavyaha, asangira imva n’umutunzi mu gupfa kwiwe.” (Yesaya 53:9) None ubwo buhanuzi bwasa n’ubwivuguruza bworangutse gute? Igihe Yezu yapfa, yamanitswe hagati y’abambuzi babiri. (Matayo 27:38) Ariko mu nyuma, umugabo w’i Arimateya w’umutunzi yitwa Yozefu yashize ikiziga ca Yezu mu mva yiwe bwite yari aherutse kwimbisha. (Matayo 27:57-60) Amaherezo, urupfu rwa Yezu rwarashikije kimwe mu bintu bihambaye cane kuruta ibindi vyo mu buhanuzi bwa Yesaya. Mu kuvuga ivyerekeye Mesiya, Yesaya agira ati: “Umushumba wanje agororoka azotuma benshi ba[ronka] ukugororoka . . . kand’azokwishirak’ukugabitanya kwabo.” Vy’ukuri, urupfu rwa Yezu rwaraducunguye kugira ngo umutwaro w’icaha ushobore gukurwa ku bantu bose b’abizigirwa.—Yesaya 53:8, 11; Abaroma 4:25.
Ubuhanuzi buzoranguka ata gukeka
Kugira ngo intumwa be na Yezu ubwiwe berekane ukuntu Mesiya yobaye ameze bisunze Ivyanditswe, barasubiyemwo akatari gake amajambo yo mu buhanuzi bwa Yesaya kuruta ayo mu kindi gitabu ico ari co cose co muri Bibiliya. Naho ari ukwo, igitabu ca Yesaya si co conyene cavuze imbere y’igihe ibijanye na kazoza. Ubundi buhanuzi bwinshi bwo mu Vyanditswe vy’igiheburayo na bwo nyene bwararangukiye kuri Yezu, ku Bwami bwiwe be no ku bintu vyiza ubwo Bwami buzorangura muri kazoza.a (Ibikorwa 28:23; Ivyahishuwe 19:10) Ni igiki cari kwemeza ata gukeka yuko ubwo buhanuzi bworangutse? Yezu yabwiye Abayuda bariko baramwumviriza ati: “Ntimwiyumvire ko naje gusenyura Itegeko canke Abahanuzi [ni ukuvuga Ivyanditswe vy’igiheburayo]. Sinaje gusenyura, ahubwo naje gushitsa; kuko, ni ukuri, ndababwiye yuko ijuru n’isi vyopfuma bivaho, hako hagira akadome kanzwinya na kamwe canke akavunji k’urudome na kamwe bivako mu buryo na bumwe kw’Itegeko, vyose bitabaye.”—Matayo 5:17, 18.
Yezu kandi yarashize ahabona iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bujanye n’ibintu vyamurangukiyeko be n’ivyobaye mu nyuma. (Daniyeli 9:27; Matayo 15:7-9; 24:15) Vyongeye, Yezu n’abigishwa biwe baramenyesheje imbere y’igihe ibintu vyobaye inyuma y’igihe cabo, ushizemwo n’ibintu vyinshi tumaze kwibonera muri iki gihe. Ikiganiro gikurikira kiraza kwerekana ukuntu ivyo bintu vyarangutse be n’ukuntu ubundi buhanuzi bwo muri Bibiliya buzoranguka muri kazoza.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’ubuhanuzi bwarangukiye kuri Yezu, raba igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? ku rupapuro rwa 200, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 4]
‘Umwigeme w’isugi azovyara umwana w’umuhungu’
[Ifoto ku rup. 5]
“Mu maso hanje sinahakinjishije gutēterezwa”