UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Rwaruka, ‘nimugirire umwete ibikorwa vyiza’
Mw’ikete ryahumetswe intumwa Paulo yandikiye Tito, yavuze ko abasore, na Tito arimwo, bakwiye gukora uko bashoboye kwose kugira ngo “muri vyose [b]erekane ko [a]ri akarorero k’ibikorwa vyiza.” (Tt 2:6, 7) Ubandanije muri ico kigabane, yarerekanye ko abasavyi ba Yehova bohumanuwe kugira “[bagirire] umwete ibikorwa vyiza.” (Tt 2:14) Kimwe muri ivyo bikorwa vyiza ni ukwamamaza be no kwigisha ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Nimba ukiri muto, ubona wokoresha inguvu zawe mu gukora ubutsimvyi bwo gufasha canke ubutsimvyi busanzwe?—Img 20:29.
Nimba ushaka gukora ubutsimvyi, tunganya ivyawe neza kugira uzobishikeko. (Lk 14:28-30) Nk’akarorero, uzokwironsa gute ivyo ukenera mu vy’umubiri niwatangura igikorwa c’igihe cose? Uzoshitsa gute amasaha usabwa? Niwiture Yehova mw’isengesho kugira agufashe. (Zb 37:5) Nuyagire abavyeyi bawe be n’abatsimvyi bavyifatamwo neza ubabwire umugambi ufise. Nuce utera intambwe kugira uwushikeko. Nta gukeka ko Yehova azohezagira umwete ugaragaza mu gikorwa ciwe!
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO ABAKIRI BATO BARATERA ITEKA YEHOVA, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
Ni ingorane izihe bamwebamwe babwirijwe gutsinda kugira ngo babe abatsimvyi, kandi babishoboye gute?
Abavyeyi bofasha gute abana babo kuba abatsimvyi basanzwe?
Kubera iki bihambaye kugira urutonde rwo kwamamaza?
Abagize ishengero boremesha gute umutsimvyi, kandi bomufasha gute?
Ni imihezagiro iyihe abatsimvyi bironkera?
Nokora iki kugira mbe umutsimvyi?