ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb19 Myandagaro rup. 5
  • Rwaruka, ‘nimugirire umwete ibikorwa vyiza’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Rwaruka, ‘nimugirire umwete ibikorwa vyiza’
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Ivyo bijanye
  • Imigisha Iva ku Gikenurwa c’Ubutsimvyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Nushemeze Yehova mu gukora ubutsimvyi
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Imihezagiro iva ku busuku bw’ubutsimvyi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Gukora ubutsimvyi birakomeza ubucuti dufitaniye n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
mwb19 Myandagaro rup. 5

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Rwaruka, ‘nimugirire umwete ibikorwa vyiza’

Mw’ikete ryahumetswe intumwa Paulo yandikiye Tito, yavuze ko abasore, na Tito arimwo, bakwiye gukora uko bashoboye kwose kugira ngo “muri vyose [b]erekane ko [a]ri akarorero k’ibikorwa vyiza.” (Tt 2:6, 7) Ubandanije muri ico kigabane, yarerekanye ko abasavyi ba Yehova bohumanuwe kugira “[bagirire] umwete ibikorwa vyiza.” (Tt 2:14) Kimwe muri ivyo bikorwa vyiza ni ukwamamaza be no kwigisha ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Nimba ukiri muto, ubona wokoresha inguvu zawe mu gukora ubutsimvyi bwo gufasha canke ubutsimvyi busanzwe?​—Img 20:29.

Nimba ushaka gukora ubutsimvyi, tunganya ivyawe neza kugira uzobishikeko. (Lk 14:28-30) Nk’akarorero, uzokwironsa gute ivyo ukenera mu vy’umubiri niwatangura igikorwa c’igihe cose? Uzoshitsa gute amasaha usabwa? Niwiture Yehova mw’isengesho kugira agufashe. (Zb 37:5) Nuyagire abavyeyi bawe be n’abatsimvyi bavyifatamwo neza ubabwire umugambi ufise. Nuce utera intambwe kugira uwushikeko. Nta gukeka ko Yehova azohezagira umwete ugaragaza mu gikorwa ciwe!

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO ABAKIRI BATO BARATERA ITEKA YEHOVA, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Ni ingorane izihe bamwebamwe babwirijwe gutsinda kugira ngo babe abatsimvyi, kandi babishoboye gute?

  • Abavyeyi bofasha gute abana babo kuba abatsimvyi basanzwe?

  • Kubera iki bihambaye kugira urutonde rwo kwamamaza?

  • Abagize ishengero boremesha gute umutsimvyi, kandi bomufasha gute?

  • Ni imihezagiro iyihe abatsimvyi bironkera?

Umudada akiri muto ariko avugana na se ibijanye no gukora ubutsimvyi; umuvukanyi w’umutsimvyi akiri muto ariko arigirira urutonde; umudada akiri muto w’umutsimvyi ari kumwe n’uwundi mudada mu ndimiro; umudada akiri muto w’umutsimvyi ariko ayobora inyigisho ya Bibiliya

Nokora iki kugira mbe umutsimvyi?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika