ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • re ikig. 24 rup. 155-160
  • Ubutumwa busosa kandi burura

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubutumwa busosa kandi burura
  • Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ya mituragaro indwi
  • Rya banga ryeranda rirangizwa
  • Umuzingo wuguruye
  • Ka kazingo gatoya muri iki gihe
  • Ivyahishuwe birakuraba
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • “Ni nde abereye kuzingurura uwo muzingo?”
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Ibanga ryeranda ry’Imana: Insozero ininahaye!
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Ubwiza bw’intebe y’ubwami ya Yehova yo mw’ijuru
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
Ibindi
Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
re ikig. 24 rup. 155-160

Ikigabane ca 24

Ubutumwa busosa kandi burura

Iyerekwa rya 6​—Ivyahishuwe 10:1–11:19

Ibivugwamwo: Iyerekwa rijanye n’akazingo gatoyi; ibiba ku rusengero; ivuzwa ry’urumbete rugira indwi

Igihe birangukirako: Kuva Yezu yimitswe mu 1914 gushika kuri ya makuba akomeye

1, 2. (a) Amagorwa agira kabiri yatumye haba iki, kandi aza kurangira ryari? (b) Ni nde Yohani abona amanuka ava mw’ijuru?

AMAGORWA agira kabiri yabiciye biracika. Yateje ivyago amadini y’abiyita abakirisu n’indongozi zayo, ni ukuvuga “ica gatatu c’abantu,” bano bikaba vyagaragaye ko bapfuye mu buryo bw’impwemu. (Ivyahishuwe 9:15) Inyuma y’ivyo, Yohani ategerezwa kuba yibajije ukuntu amagorwa agira gatatu aza kuba ameze. Ariko, tenyenya gatoyi! Amagorwa agira kabiri ntarahera. Aza kurangira ari uko ibivugwa mu Vyahishuwe 11:14 birangutse. Imbere y’uko ivyo biba, Yohani aribonera ibintu bikomeye we ubwiwe agiramwo uruhara. Bitangurana n’ibintu biteye ubwoba yerekwa.

2 Yigana ati: “Maze mbona uwundi mumarayika w’inkomezi amanuka ava mw’ijuru, yambaye igicu, kandi umunywamazi wari ku mutwe wiwe, mu maso hiwe hakaba hari hameze nk’izuba, amaguru yiwe na yo yari nk’inkingi z’umuriro.”​—Ivyahishuwe 10:1.

3. (a) Uwo “mumarayika w’inkomezi” ni nde? (b) Umunywamazi uri ku mutwe wiwe werekana iki?

3 Uwo “mumarayika w’inkomezi” ni nde? Biboneka ko ari Yezu Kristu yaninahajwe ariko ararangura urundi ruhara. Yambaye igicu gituma ataboneka, ivyo bikaba bitwibutsa amajambo Yohani yari yavuze ku bijanye na Yezu, ati: “Ehe ariko arazanana n’ibicu, kandi ijisho ryose rizomubona, n’abamucumise bazomubona.” (Ivyahishuwe 1:7; gereranya na Matayo 17:2-5.) Umunywamazi uri ku mutwe wiwe utwibutsa intebe y’ubwami ya Yehova, iyo Yohani yari yeretswe imbere y’aho ikikujwe n’“umunywamazi usa n’ibuye ry’agaciro ryitwa emerode.” (Ivyahishuwe 4:3; gereranya na Ezekiyeli 1:28.) Nya munywamazi wagereranya amahoro n’itekane birangwa aho intebe y’ubwami y’Imana iri. Muri ubwo buryo nyene, umunywamazi uri ku mutwe w’uwo mumarayika werekana ko ari intwarabutumwa y’amahoro idasanzwe, wa “Muganwa w’amahoro” Yehova yari yaravuze.—Yesaya 9:6, 7.

4. Vyerekana iki (a) kuba mu maso h’uwo mumarayika w’inkomezi hameze “nk’izuba”? (b) kuba ibirenge vyiwe bimeze “nk’inkingi z’umuriro”?

4 Mu maso h’uwo mumarayika w’inkomezi hari “hameze nk’izuba.” Imbere y’aho, igihe Yohani yerekwa Yezu ari mu rusengero rw’Imana, yari yamubonye afise mu maso hameze “nk’izuba iyo rikayanganye mu bubasha bwaryo.” (Ivyahishuwe 1:16) Yezu we “zuba ry’ubugororotsi,” ararasa umuco ari n’ugukiza mu mababa yiwe ku neza y’abatinya izina rya Yehova. (Malaki 4:2) Uretse mu maso h’uyo mumarayika, n’ibirenge vyiwe vyisakaye ubuninahazwa “nk’inkingi z’umuriro.” Igihagararo ciwe kirerekana ko ari umwe Yehova yaha “ububasha bwose . . . mw’ijuru no kw’isi.”—Matayo 28:18; Ivyahishuwe 1:14, 15.

5. Yohani abona iki mu kuboko kw’uwo mumarayika w’inkomezi?

5 Yohani abandanya yigana ati: “Kandi yari afise mu kuboko kwiwe akazingo gatoya kazinguruye. Ashinga ukuguru kwiwe kw’ukuryo ku kiyaga, mugabo ukw’ukubamfu agushinga kw’isi.” (Ivyahishuwe 10:2) Woba ari uwundi muzingo? Ego cane, mugabo ubu ho ntumatanishijwe ishashara. Yohani agira atumenyeshe ibindi bintu biteye akamwemwe ahishurirwa. Ariko rero, reka tubanze turabe amakuru acira inzira ibigira bikurikire.

6. (a) Ni kubera iki bibereye kubona amaguru ya Yezu ari kw’isi no ku kiyaga? (b) Ibivugwa muri Zaburi 8:5-8 vyarangutse ryari bimwe bishitse?

6 Nimuze dusubire twihweze ukuntu Yezu adondorwa. Amaguru yiwe y’umuriro ari kw’isi no ku kiyaga, ubu akaba abifiseko ububasha bwose. Ni nk’uko vyari vyaravuzwe muri Zaburi, ngo: “Vyongeye wamugize uwuri munsi gatoyi y’abameze nk’Imana, uraheza umwambika urugori rw’ubuninahazwa n’ubwiza bwakaka. Umuha kuganza ibikorwa vy’amaboko yawe; vyose wabishize munsi y’ibirenge vyiwe: ibitungwa bitobito n’impfizi, vyose hamwe, be n’ibikoko vyo mu gahinga, inyoni zo mu kirere n’ifi zo mu kiyaga, ikintu cose gica mu minyuro yo mu biyaga.” (Zaburi 8:5-8; raba kandi Abaheburayo 2:5-9.) Ibivugwa muri iyo zaburi vyarangutse bimwe bishitse mu 1914, igihe Yezu yimikwa akaba Umwami w’Ubwami bw’Imana, imisi y’iherezo igaca itangura. Ku bw’ivyo, ibintu Yohani abona mw’iyerekwa bitangura kuranguka kuva muri uwo mwaka.—Zaburi 110:1-6; Ivyakozwe 2:34-36; Daniyeli 12:4.

Ya mituragaro indwi

7. Wa mumarayika w’inkomezi asemerera nk’iki, kandi ijwi ryiwe ryerekana iki?

7 Yohani akiriko arihweza uwo mumarayika w’inkomezi, nya mumarayika ubwiwe aca amuciramwo. Yohani avuga ati: “[Nya mumarayika] asemerera n’ijwi rirenga nk’igihe intambwe iroshe. Buno asemereye, ya mituragaro indwi irekura imyasano yayo bwite.” (Ivyahishuwe 10:3) Yohani ntabura kwumva iryo jwi rikomeye ryerekana ko vy’ukuri Yezu ari “ya Ntambwe yo mu muryango wa Yuda.” (Ivyahishuwe 5:5) Yohani kandi ashobora kuba azi yuko na Yehova rimwe na rimwe bivugwa ko ‘aroha.’ Ukuroha kwa Yehova kumenyesha mu buryo bw’ubuhanuzi ibijanye n’ugukoraniriza hamwe Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu be n’ukuza kw’“umusi wa Yehova” utema ugatongora. (Hoseya 11:10; Yoweli 3:14, 16; Amosi 1:2; 3:7, 8) Biratomoye rero ko ijwi rimeze nk’iry’intambwe ry’uwo mumarayika w’inkomezi ryerekana ko ikiyaga n’isi bigira bishikirwe n’ibintu bikomeye nk’ivyo. Risaba ya mituragaro indwi ngo yasane.

8. ‘Imyasano ya ya mituragaro indwi’ ni iki?

8 Yohani yari amaze kwumva imituragaro iva kuri ya ntebe y’ubwami ya Yehova. (Ivyahishuwe 4:5) Mu gihe ca Dawidi, rimwe na rimwe umuturagaro wavugwa ko ari “ijwi rya Yehova.” (Zaburi 29:3) Mu gihe c’ubusuku bwa Yezu bwo kw’isi, igihe Yehova yavuga n’ijwi ryumvikana umugambi afise wo kuninahaza izina ryiwe, abantu benshi bumvise umengo ni umuturagaro. (Yohani 12:28, 29) Vyoba vyumvikana rero dushitse ku ciyumviro c’uko ‘imyasano y’iyo mituragaro indwi’ ari uburyo Yehova ubwiwe aserura imigambi yiwe. Kuba iyo mituragaro ari “indwi” vyerekana ko ivyo Yohani yumvise vyuzuye.

9. Iryo jwi rivuye mw’ijuru ritegeka iki?

9 Mugabo haca humvikana irindi jwi! Itegeko nya jwi ritanga ritegerezwa kuba ritangaza Yohani. Yigana ati: “Igihe iyo mituragaro indwi yavuga, nagira nandike; mugabo nca numva ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: ‘Ibintu iyo mituragaro indwi ivuze nubibike nk’ibidomweko ikidodo, kandi ntuvyandike.’” (Ivyahishuwe 10:4) Yohani ategerezwa kuba yari ashashaye kwumva no kwandika ubwo butumwa bumeze nk’imituragaro, nk’uko nyene mu bihe vya none abagize umugwi wa Yohani bamye barindirana igishika ko Yehova ahishura imigambi yiwe kugira bayitangaze. Iyo migambi ihishurwa igihe gusa Yehova yashinze kigeze.—Luka 12:42; raba kandi Daniyeli 12:8, 9.

Rya banga ryeranda rirangizwa

10. Wa mumarayika w’inkomezi arahira nde, kandi gute?

10 Mu kurindira, Yehova aba araha Yohani ikindi gikorwa. Ya mituragaro indwi imaze kwasana, wa mumarayika w’inkomezi arongera kuvuga. Yohani yigana ati: “Maze wa mumarayika nabona ahagaze ku kiyaga no kw’isi aduza ukuboko kwiwe kw’ukuryo akwerekeza mw’ijuru, arahira Uwubaho ibihe bitazoshira yaremye ijuru n’ibiri muri ryo n’isi n’ibiri muri yo n’ikiyaga n’ibiri muri co, ati: ‘Nta guteba kukihabaye.’” (Ivyahishuwe 10:5, 6) None wa mumarayika w’inkomezi arahira nde? Yezu uwaninahajwe, ntiyirahira ubwiwe, ahubwo arahira wa Mukuru ahambaye kuruta abandi bose, ni ukuvuga Yehova, Umuremyi w’ijuru n’isi adapfa. (Yesaya 45:12, 18) Biciye kuri iyo ndahiro, nya mumarayika arakura amazinda Yohani yuko Imana itotevye.

11, 12. (a) Kuba “[a]ta guteba kukihabaye” bisobanura iki? (b) Ni igiki carangijwe?

11 Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ng’aha ngo “guteba” ni khroʹnos, umuntu arifashe uko nyene rikaba risobanura ngo “igihe.” Hari abiyumviriye rero ko amajambo y’uwo mumarayika akwiye guhindurwa ngo: “Nta gihe gisigaye,” nk’aho umengo igihe kirafise iherezo. Ariko ng’aha ijambo khroʹnos rikoreshejwe ritari kumwe n’akajambo kagenekereza ikintu gisanzwe kizwi (article défini). Ku bw’ivyo, ntirishaka kuvuga igihe muri rusangi, ahubwo risobanura “umwanya” canke “ikiringo.” Mu yandi majambo, nta wundi mwanya canke ikiringo Yehova yotanze. Irivuga ry’ikigiriki rivuye mw’ijambo khroʹnos rirakoreshwa kandi mu Baheburayo 10:37, aho Paulo asubiramwo amajambo yo muri Habakuki 2:3, 4, ati: “Umwe ariko araza . . . ntazoteba.”

12 “Nta guteba kukihabaye.” Mbega ukuntu ayo majambo ashimisha abagize umugwi wa Yohani bitereye mu myaka muri iki gihe! None ni mu buryo ki ata guteba kuhari? Yohani atumenyesha ati: “Mugabo mu misi y’ukwumvikana kw’ijwi ry’umumarayika agira indwi, igihe azoba agira avuze urumbete rwiwe, ibanga ryeranda ry’Imana nk’uko inkuru nziza iri, iyo yamenyesheje abashumba bayo bwite ari bo bahanuzi, rizoba koko rirangijwe.” (Ivyahishuwe 10:7) Harageze ko Yehova ashikana ibanga ryiwe ryeranda ku nsozero yaryo ihimbaye, atahukane intsinzi ikomeye!

13. Ibanga ryeranda ry’Imana ni iki?

13 Iryo banga ryeranda none ni iki? Rijanye na rwa ruvyaro rwasezeranwa ubwa mbere muri Edeni, bikaba vyahavuye biboneka ko igihimba nyamukuru carwo ari Yezu Kristu. (Itanguriro 3:15; 1 Timoteyo 3:16) Ryerekeye kandi akaranga ka wa mugore urwo Ruvyaro rukomokako. (Yesaya 54:1; Abagalatiya 4:26-28) Vyongeye, ririmwo na ba bantu bagize igihimba kigira kabiri c’umugwi w’urwo Ruvyaro be na bwa Bwami urwo Ruvyaro ruganza. (Luka 8:10; Abanyefeso 3:3-9; Abakolosayi 1:26, 27; 2:2; Ivyahishuwe 1:5, 6) Inkuru nziza yerekeye ubwo Bwami budasanzwe bwo mw’ijuru itegerezwa kwamamazwa kw’isi yose mu gihe c’iherezo.—Matayo 24:14.

14. Amagorwa agira gatatu afitaniye isano gute n’Ubwami bw’Imana?

14 Nta gukeka ko iyo ari yo nkuru nziza kuruta izindi zose. Ariko rero, mu Vyahishuwe 11:14, 15 herekana ko amagorwa agira gatatu afitaniye isano na nya Bwami. Uti kubera iki? Kubera yuko itangazwa ry’inkuru nziza y’uko rya banga ryeranda ry’Imana rirangijwe, ni ukuvuga yuko Ubwami bw’Imana burongowe na Mesiya bwatanguye kuganza, ari inkuru y’amagorwa ku bantu bahitamwo iyi si ya Shetani. (Gereranya na 2 Abakorinto 2:16.) Ivyo bisobanura ko ibintu vyo kw’isi bikundira cane bigira biveho. Amajwi ya ya mituragaro indwi, ayarimwo imburi ziteye ubwoba gutyo, ararushiriza kwumvikana no gusamirana uko wa musi uhambaye w’ukwihora kwa Yehova wegereza.—Zefaniya 1:14-18.

Umuzingo wuguruye

15. Ijwi rivuye mw’ijuru hamwe na wa mumarayika w’inkomezi bibwira iki Yohani, kandi aca amererwa gute?

15 Yohani akirindiriye ko urwo rumbete rw’indwi ruvuzwa be n’uko ibanga ryeranda ry’Imana rirangizwa, arahabwa ikindi gikorwa. Yigana ati: “Hanyuma rya jwi numvise rivuye mw’ijuru ryongera kuvugana nanje riti: ‘Genda, utore urya muzingo uzinguruye uri mu kuboko kw’urya mumarayika ahagaze ku kiyaga no kw’isi.’ Nca nja kuri wa mumarayika ndamubwira kumpa ka kazingo gatoya. Araheza ambwira ati: ‘Kakire ukarye, kandi kaza gutuma mu nda yawe harura, mugabo mu kanwa kawe kaza gusosa nk’ubuki.’ Ndaheza nakira nya kazingo gatoya mu kuboko kwa wa mumarayika ndakarya, mu kanwa kanje gasosa nk’ubuki; mugabo aho mariye kukarya, mu nda hanje hararura. Baca bambwira bati: ‘Utegerezwa kwongera kuvuga ubuhanuzi ku bijanye n’ibisata n’amahanga n’indimi n’abami benshi.’”​—Ivyahishuwe 10:8-11.

16. (a) Ni gute ivyashikiye umuhanuzi Ezekiyeli bisa n’ivyashikiye Yohani? (b) Kubera iki ka kazingo gatoyi kasoseye Yohani, mugabo ni kubera iki kamururiye mu nda?

16 Ibishikira Yohani birasa n’ivyashikiye umuhanuzi Ezekiyeli igihe yari mu bunyagano i Babiloni. Na we nyene yasabwe kurya umuzingo wamusoseye mu kanwa. Ariko umaze kwuzura mu nda yiwe, watumye atangaza ibintu vyarurira inzu ya Isirayeli y’ingarariji. (Ezekiyeli 2:8–3:15) Umuzingo wuguruye Yezu Kristu uwaninahajwe aha Yohani bishoboka ko ari ubutumwa buva ku Mana. Yohani ategerezwa kuvuga ubutumwa ku bijanye n’“ibisata n’amahanga n’indimi n’abami benshi.” Kurya uwo muzingo biramusosera kubera yuko uva ku Mana. (Gereranya na Zaburi 119:103; Yeremiya 15:15, 16.) Ariko rero, uramururira mu nda nk’uko vyagendeye Ezekiyeli, kubera yuko uvuga ibintu bibi bizoshikira abagarariji.—Zaburi 145:20.

17. (a) Ni bande bategeka Yohani “kwongera” kuvuga ubuhanuzi, kandi ivyo bisobanura iki? (b) Ibintu bitangaje Yohani yabonye vyorangutse ryari?

17 Nta gukeka ko abo bategeka Yohani ngo yongere kuvuga ubuhanuzi ari Yehova Imana na Yezu Kristu. Naho Yohani yangarijwe mw’izinga rya Patimo, aramaze kuvuga ubuhanuzi ku bijanye n’ibisata n’amahanga n’indimi n’abami, biciye ku makuru amaze kwandika mu gitabu c’Ivyahishuwe. Ijambo “kwongera” risobanura yuko abwirizwa kwandika no gutangaza amakuru asigaye dusanga mu gitabu c’Ivyahishuwe. Ariko rero, uribuka ko Yohani ng’aha ariko aragira uruhara mw’iyerekwa ryerekeye ibintu bizoza. Ku bwa ngingo, ivyo yandika ni ubuhanuzi bworangutse inyuma ya 1914, igihe wa mumarayika w’inkomezi yobaye ahagaze kw’isi no ku kiyaga. None ivyo bintu bitangaje bisobanura iki ku bagize umugwi wa Yohani muri iki gihe?

Ka kazingo gatoya muri iki gihe

18. Mu ntango y’umusi w’Umukama, abagize umugwi wa Yohani berekanye gute ko bitwararika ibiri mu gitabu c’Ivyahishuwe?

18 Ivyo Yohani abona birerekana neza cane ivyoshikiye abagize umugwi wa Yohani mu ntango y’umusi w’Umukama. Ico gihe ntibari bwatahure neza imigambi ya Yehova, ushizemwo n’insobanuro ya ya mituragaro indwi. Yamara rero, baritwararika cane ibiri mu gitabu c’Ivyahishuwe, kandi Charles Taze Russell yari yaragize ico avuze ku bihimba vyaco vyinshi akiriho. Amaze gupfa mu 1916, vyinshi mu vyo yari yaranditse vyaregeranijwe maze birasohorwa mu gitabu Le mystère de Dieu accompli. Ariko rero mu nyuma, vyarabonetse ko ico gitabu kitasigura bimwe bihagije igitabu c’Ivyahishuwe. Amasigarira ya bene wabo na Kristu yabwirijwe kurindira kandi gato gushika ivyo Yohani yeretswe bitanguye kuranguka, kugira bashobore kubitahura neza.

19. (a) Ni gute abagize umugwi wa Yohani bakoreshejwe na Yehova n’imbere y’uko amajwi ya ya mituragaro indwi asamirana bimwe vyuzuye? (b) Abagize umugwi wa Yohani bahawe ryari ka kazingo gatoya kuguruye, kandi ivyo vyasobanura iki kuri bo?

19 Ariko rero nka kumwe kwa Yohani, barakoreshejwe na Yehova n’imbere y’uko amajwi ya ya mituragaro indwi asamirana bimwe vyuzuye. Imbere ya 1914, bari bamaze imyaka 40 bamamaza n’umwete, kandi barihase baragumana umwete mu kiringo c’Intambara ya mbere y’isi yose. Igihe Shebuja yashika, vyaragaragaye ko ari bo yasanze bariko baragaburira abakozi biwe bo mu nzu ku gihe kibereye. (Matayo 24:45-47) Ku bw’ivyo, ni bo bahawe mu 1919 ka kazingo gatoya kuguruye, ni ukuvuga ubutumwa butomoye bwo kubwira abantu. Nka kumwe kwa Ezekiyeli, bari bafise ubutumwa bwo kubwira ishirahamwe ryahemutse rigizwe n’amadini y’abiyita abakirisu, iryivugisha ko ririko rirakorera Imana mugabo atari vyo. Nka kumwe kwa Yohani, babwirizwa kwamamaza ibindi ku bijanye n’“ibisata n’amahanga n’indimi n’abami benshi.”

20. Kuba Yohani yarariye wa muzingo vyerekana iki?

20 Kuba Yohani yarariye uwo muzingo vyerekana ko bene wabo na Yezu bemeye ico gikorwa. Barigaburiye Ijambo ry’Imana ryahumetswe bituma barangura ico gikorwa bivuye inyuma ku buryo gisigara ari co kibaranga congera kirabakomeza. Ariko rero, ubutumwa babwirizwa kwamamaza bwarimwo imanza za Yehova zitaryohera benshi mu bantu. Nkako, harimwo vya vyago vyari vyaravuzwe mu Vyahishuwe ikigabane ca 8. Mugabo rero abo bakirisu b’inziraburyarya bararyohewe no kumenya izo manza no gutahura ko Yehova yari yasubiye kubakoresha mu kuzitangaza.​—Zaburi 19:9, 10.

21. (a) Ni gute abagize isinzi rinini na bo nyene baryohewe n’ubutumwa bwo muri ka kazingo gatoya? (b) Ni kubera iki abaturwanya babona ko inkuru nziza ari mbi?

21 Mu nyuma, ubutumwa buri muri uwo muzingo bwararyoheye n’abagize “isinzi rinini . . . bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose” babonetse ko banihishwa n’ibintu biteye ishishi bikorerwa mu madini y’abitwa abakirisu. (Ivyahishuwe 7:9; Ezekiyeli 9:4) Na bo nyene baramamaza inkuru nziza n’umwete bakoresheje amajambo aryoshe kandi y’igikundiro mu kudondora intunganyo nziza igitangaza Yehova yashiriyeho abakirisu bameze nk’intama. (Zaburi 37:11, 29; Abakolosayi 4:6) Ariko ku babarwanya, iyo ni inkuru mbi. Uti kubera iki? Kubera yerekana ko iyi si bizigiye, iyishobora mbere kuba yarabaronkeje umunezero w’igihe gito, ibwirizwa kuvaho. Kuri bo, inkuru nziza isobanura ugutikizwa.—Abafilipi 1:27, 28; gereranya no Gusubira mu vyagezwe 28:15; 2 Abakorinto 2:15, 16.

[Amafoto ku rup. 160]

Abagize umugwi wa Yohani hamwe na bagenzi babo baramenyesha abantu bose ubutumwa busosa kandi burura

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika