ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • re ikig. 26 rup. 171-176
  • Ibanga ryeranda ry’Imana: Insozero ininahaye!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibanga ryeranda ry’Imana: Insozero ininahaye!
  • Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yehova afata ububasha
  • Amagorwa ku bahonya isi!
  • Ehe ya sandugu y’isezerano ryayo!
  • Ivyago Yehova ateza abiyita abakirisu
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Ivyahishuwe—Igice ca 1
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ubutumwa busosa kandi burura
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
re ikig. 26 rup. 171-176

Ikigabane ca 26

Ibanga ryeranda ry’Imana: Insozero ininahaye!

1. (a) Ni amajambo ayahe Yohani akoresha mu kutumenyesha ko rya banga ryeranda rirangijwe? (b) Ni kubera iki ingabo z’abamarayika zisemerera n’ijwi rirenga?

WOBA wibuka indahiro wa mumarayika w’inkomezi yarahiye iri mu Vyahishuwe 10:1, 6, 7? Yavuze ati: “Nta guteba kukihabaye; mugabo mu misi y’ukwumvikana kw’ijwi ry’umumarayika agira indwi, igihe azoba agira avuze urumbete rwiwe, ibanga ryeranda ry’Imana nk’uko inkuru nziza iri, iyo yamenyesheje abashumba bayo bwite ari bo bahanuzi, rizoba koko rirangijwe.” Igihe Yehova yashinze co kuvuza urumbete rwa nyuma kirageze! None rya banga ryeranda rirangizwa gute? Yohani arahimbarwa cane no kubitumenyesha! Yandika ati: “Umumarayika agira indwi na we avuza urumbete rwiwe. Mw’ijuru haba amajwi arenga, avuga ati: ‘Ubwami bw’isi bucitse ubwami bw’Umukama wacu n’ubwa Kristu wiwe, kandi azoganza ibihe bitazoshira.’” (Ivyahishuwe 11:15) Izo ngabo z’abamarayika zirafise imvo yumvikana yo gusemerera n’ijwi rirenga, mbere ukamengo ni ijwi ry’umuturagaro, kuko iryo tangazo ry’intibagirwa ari ikintu gihambaye kw’isi no mw’ijuru. Rirahambaye ku biremwa vyose bifise ubuzima.

2. Rya banga ryeranda ryarangijwe ryari, kandi ni igiki cabaye ico gihe?

2 Emwe, rya banga ryeranda rirashitse ku nsozero ihimbaye! Iryo banga rirangizwa mu buryo buninahaye kandi bw’akaroruhore mu 1914 igihe Umukama Yehova yimika Kristu wiwe akaba Umwami amufasha kuganza. Yezu Kristu araserukira Se wiwe, agafata ubutegetsi maze agatangura kuganza mw’isi yuzuye abansi. Kubera ko ari we Ruvyaro rwasezeranywe, arahabwa ububasha bwa cami kugira ngo ahindure ubusa ya Nzoka n’uruvyaro rwayo maze agarukane kuri ino si amahoro nk’amwe yarangwa mw’Iparadizo. (Itanguriro 3:15; Zaburi 72:1, 7) Bwa Mwami Mesiya, Yezu rero azoshitsa ivyo Yehova yavumereye maze yeze izina rya Se, we “Mwami w’ibihe bidahera” abwirizwa kuba Umukama Segaba “ibihe bitazoshira.”—1 Timoteyo 1:17.

3. Naho Yehova Imana yamye ari Umwami, ni kubera iki yemeye ko habaho ubundi butegetsi kw’isi?

3 Ariko none, ni gute “ubwami bw’isi [bwa]citse ubwami bw’Umukama wacu” Yehova? None Yehova Imana ntiyamye ari Umwami? Ivyo ni vyo, kubera ko Umulewi Asafu yaririmvye ati: “Imana ni yo Mwami wanje kuva kera.” Uwundi mwanditsi w’amazaburi na we yatangaje ati: “Yehova ubwiwe acitse umwami! . . . Intebe yawe y’ubwami ishimangiye kuva kera na rindi; uri uwo kuva igihe kitagira urugero.” (Zaburi 74:12; 93:1, 2) Ariko rero, kubera ubukerebutsi Yehova afise, yaremeye ko habaho ubundi butegetsi kw’isi. Gutyo, ca kibazo cavyurwa muri Edeni c’uko umuntu yoba ashoboye kwitegeka adafashijwe n’Imana, carishuwe bimwe vyuzuye. Ubutegetsi bw’umuntu bwarananiwe bimwe bibabaje. Aya majambo rero y’uwavugishwa n’Imana ni ay’ukuri koko. Agira ati: “Ewe Yehova, ndazi neza yuko inzira y’umuntu yakuwe mw’ivu atari iyiwe. Umuntu agenda, si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.” (Yeremiya 10:23) Kuva aho abavyeyi bacu ba mbere bahemukiye, isi yose yaciye iganzwa na “ya nzoka yo mu ntango” ari yo Shetani. (Ivyahishuwe 12:9; Luka 4:6) Harageze rero ko ibintu bihinduka! Kugira Yehova yemeze ko ari we abereye kuba Segaba, aratangura gutegeka isi mu buryo bushasha biciye ku Bwami yashinze burongowe na Mesiya.

4. Igihe za nzumbete zatangura kuvuzwa mu 1922, ni igiki caciye gishimikwako? Sigura.

4 Igihe za nzumbete indwi zatangura kuvuzwa mu 1922 kw’ihwaniro Abatohoji ba Bibiliya bagiriye i Cedar Point muri Ohio, J. F. Rutherford yarashikirije insiguro ishingiye ku canditswe kivuga ngo ‘Ubwami bwo mw’ijuru buregereje.’ (Matayo 4:17) Yasozereye n’amajambo agira ati: “Nimusubire mu ndimiro, yemwe bana b’Imana musumbavyose! Nimwambare ibirwanisho vyanyu! Muzigame ubwenge bwanyu, mube maso, mukore, mube intwari. Mubere Umukama ivyabona b’abizigirwa kandi b’ukuri. Shishikare urugamba gushika ibisigarira vyose vya Babiloni biherengeteye. Tangaze ubwo butumwa mu mihingo ya kure. Isi itegerezwa kumenya yuko Yehova ari Imana be n’uko Yezu Kristu ari Umwami w’abami n’Umukama w’abakama. Uyu ni umusi uruta iyindi yose. Raba, Umwami ari ku ngoma! Muri abakozi bamwamamaza. Ku bw’ivyo rero, tangaze, tangaze, tangaze Umwami n’ubwami bwiwe.” Ubwami bw’Imana burongowe na Kristu Yezu bwarashimitsweko, kandi iyo yabaye intango ikomeye y’igikorwa co kwamamaza Ubwami, icarimwo n’ukumenyesha imanza zatangajwe na za nzumbete indwi zose zavuzwa n’abamarayika.

5. Mu 1928, ni igiki cabaye kw’ihwaniro Abatohoji ba Bibiliya bagize cerekanye ko urumbete rw’indwi rwavugijwe?

5 Ijwi ry’urumbete rw’umumarayika agira indwi ryarumvikaniye mu biringo nyamukuru vyaranze ihwaniro Abatohoji ba Bibiliya bagiriye i Detroit muri Michigan ku wa 30 Mukakaro gushika ku wa 6 Myandagaro 1928. Iyo porogarama yarasamiranye icarimwe ku maradiyo 107, ikinyamakuru kimwe (The New York Times) kikaba cavuze ko ‘ari bwo buhinga bushika kure kandi buzimvye kuruta ubundi bwose bwari bumaze kuboneka.’ Abari bitavye ihwaniro barashigikiye n’urweze umwiyemezo ukomeye uvuga ngo “Itangazo ryo kurwanya Shetani tugashigikira Yehova,” uno ukaba wavuga ibijanye n’igihe Shetani n’ishirahamwe ryiwe ribi botikijwe kuri Harumagedoni, abantu bose bakunda ubugororotsi na bo bakabohorwa. Abatwarwa b’intahemuka b’Ubwami bw’Imana barahimbawe no kuronka igitabu c’impapuro 368 casohowe kuri iryo hwaniro cavuga ngo Gouvernement. Ico gitabu carerekana neza “ko mu 1914 ari ho Imana yimitse Umwami wayo yarobanuwe.”

Yehova afata ububasha

6. Yohani atumenyesha gute itangazo rijanye n’iyimikwa rya Kristu mu Bwami bw’Imana?

6 Kristu yimitswe mu Bwami bw’Imana! Ese ukuntu iryo tangazo riteye umunezero! Yohani atumenyesha ati: “Ba bakurambere mirongo ibiri na bane bari bicaye imbere y’Imana ku ntebe z’ubwami zabo baca bubarara hasi, basenga Imana, bati: ‘Turagukengurukiye, Yehova Mana, Mushoboravyose, Uwuriho kandi yariho, kuko ufashe ububasha bwawe bukomeye ugatangura kuganza.’”—Ivyahishuwe 11:16, 17.

7. (a) Amasigarira ya ba bakurambere 24 b’ikigereranyo bakiri kw’isi yakengurukiye gute Yehova Imana? (b) Abo muri abo bakurambere 24 bamaze gushika mu bibanza vyabo mw’ijuru bobo bamukengurukiye gute?

7 Abo bakengurukira Yehova Imana ni ba bakurambere 24, abagereranya bene wabo na Kristu barobanuwe bari mu bibanza vyabo vyo mw’ijuru. Kuva mu 1922, amasigarira y’abo barobanuwe 144.000 bakiri kw’isi barakoranye umwete mwinshi igikorwa catanguranye n’ivuzwa rya za nzumbete. Bahavuye batahura neza insobanuro ya ca kimenyetso kivugwa muri Matayo 24:3–25:46. Ariko rero, mbere no mu ntango y’umusi w’Umukama, ivyabona bagenzi babo bari ‘barerekanye ko ari abizigirwa no gushika ku rupfu’ bari bamaze kuzurwa kugira baronke ibibanza vyabo mw’ijuru, ico gihe rero bakaba barashobora guserukira umugwi wuzuye wa bamwe 144.000 mu kwubarara hasi kugira bahe icubahiro Yehova. (Ivyahishuwe 1:10; 2:10) Ese ukuntu abo bose bakenguruka kubona Umukama Segaba atatevye gushikana rya banga ryeranda ryiwe ku nsozero!

8. (a) Ivuzwa ry’urumbete rw’indwi rituma amahanga amererwa gute? (b) Ni nde amahanga yagaragarije uburake?

8 Ariko rero, amahanga ntanezerwa n’ivuzwa ry’urumbete rw’indwi. Igihe kirageze c’uko Yehova ayasukako uburake bwiwe. Yohani yigana ati: “Mugabo amahanga yaratse, kandi uburake bwawe buraza, be n’igihe cashinzwe c’uko abapfuye bacirwa imanza, n’ico guha impembo abashumba bawe ari bo bahanuzi, n’aberanda, n’abatinya izina ryawe, abato n’abahambaye, n’ico guhonya abahonya isi.” (Ivyahishuwe 11:18) Kuva mu 1914, amahanga yo kw’isi yaragaragaje uburake bwayo mu kurwana hagati yayo no mu kurwanya Ubwami bw’Imana, na canecane mu kurwanya vya vyabona bibiri vya Yehova.—Ivyahishuwe 11:3.

9. Ni gute amahanga ariko arahonya isi, kandi Imana yiyemeje gukora iki kugira isubize ibintu mu buryo?

9 Kuva kera, amahanga yamye ahonya isi biciye ku ntambara z’urutavanako no mu kuyikoresha nabi. Ariko guhera mu 1914, ukwo guhonya isi kwarashitse ku rugero ruteye ubwoba. Umwina n’igiturire vyaratumye ubugaragwa bwongerekana, isi ndimwa na yo iragabanuka cane. Imvura n’ibicu birimwo ubumara vyarononye uturere tunini. Ahava ibifungurwa haratosekaye. Impemu duhumeka n’amazi tunywa biranduye. Imicafu iva mu mahinguriro irageramiye ubuzima kw’isi no mu kiyaga. Igihe kimwe, ibihugu vya rutura vyarahatswe guhonya abantu bose biciye ku birwanisho ruhonyanganda. Igishimishije ni uko Yehova ‘azohonya abahonya isi’; azoshitsa urubanza kuri abo bantu birata kandi batibanga Imana bageramiye ino si. (Gusubira mu vyagezwe 32:5, 6; Zaburi 14:1-3) Ku bw’ivyo, Yehova ariko arategura amagorwa agira gatatu kugira agire ico abaza abo banyakibi.—Ivyahishuwe 11:14.

Amagorwa ku bahonya isi!

10. (a) Amagorwa agira gatatu ni iki? (b) Ni mu buryo ki amagorwa agira gatatu aza yunyura ibintu?

10 Amagorwa agira gatatu ng’ayo araje! Aje arihuta! Ni uburyo Yehova akoresha mu guhonya abonona “intebe y’ibirenge” vyiwe, ni ukuvuga iyi si nziza igitangaza tubako. (Yesaya 66:1) Atanguzwa n’Ubwami burongowe na Mesiya, rya banga ryeranda ry’Imana. Abansi b’Imana, na canecane indongozi z’amadini y’abiyita abakirisu, bari bamaze kubabazwa n’amagorwa abiri ya mbere, ayazanywe ahanini na ca cago c’inzige be na za ngabo z’abagendera ku mafarasi. Ariko amagorwa agira gatatu, ayazanwa n’Ubwami bwa Yehova ubwabwo, aza yunyura ibintu. (Ivyahishuwe 9:3-19) Ateza uruguma rwica mu gukuraho ikibano c’abantu gihonya isi n’abategetsi baco. Ivyo bizoba ari insozero y’urubanza rwa Yehova kuri Harumagedoni. Ni nk’uko nyene Daniyeli yabivuze ati: “Mu misi y’abo bami [abatware bahonya isi] Imana yo mw’ijuru izoshinga ubwami butazokwigera busenyurwa. Kandi ubwo bwami ntibuzohabwa ikindi gisata c’abantu. Buzojanjagura ubwo bwami bwose bubuherengeteze, yamara bwobwo buzohangama gushika ibihe bitagira urugero.” Nka kurya kw’umusozi munini, Ubwami bw’Imana buzotegeka isi izoba yabaye nziza cane, bwemeze ubusegaba bwa Yehova bwongere buzanire abantu umunezero w’ibihe bidahera.—Daniyeli 2:35, 44; Yesaya 11:9; 60:13.

11. (a) Ni urukurikirane rw’ibintu bihimbaye ibihe bidondorwa mu buhanuzi? (b) Ni ubuntu ata wari abukwiriye ubuhe bugaragazwa, bugaragazwa gute kandi bugaragazwa na nde?

11 Amagorwa agira gatatu aherekezwa n’urukurikirane rw’ibintu bihimbaye bizogenda biraba mu musi w’Umukama. Ni igihe c’uko ‘abapfuye bacirwa imanza, n’ic’uko Imana iha impembo abashumba bayo ari bo bahanuzi n’aberanda n’abatinya izina ryayo.’ Ivyo bisobanura ko abapfuye bazozuka! Ku beranda barobanuwe bamaze gusinzira mu rupfu, iryo zuka riba mu ntango y’umusi w’Umukama. (1 Abatesalonika 4:15-17) Igihe kigeze, aberanda barobanuwe basigaye na bo nyene barazurwa mu kanya gatoyi bagaca babahamvya mw’ijuru. Hari n’abandi bahabwa impera, muri bo hakaba harimwo abashumba b’Imana ari bo bahanuzi ba kera hamwe n’abandi bantu bose berekanye ko batinya izina rya Yehova, baba ari abo muri rya sinzi rinini barokoka ya makuba akomeye canke “abapfuye, abahambaye n’abato,” bazurirwa kubaho mu kiringo c’Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi. Kubera ko Umwami Mesiya afise imfunguruzo z’urupfu n’iz’ukuzimu, intwaro yiwe y’Ubwami iramuronsa akaryo ko guha ubuzima abo bose babereye iyo ngabirano y’agaciro. (Ivyahishuwe 1:18; 7:9, 14; 20:12, 13; Abaroma 6:22; Yohani 5:28, 29) Bwaba ari ubuzima budahwera mw’ijuru canke ubuzima budahera ng’aha kw’isi, iyo ngabirano y’ubuzima ni ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova, uwuyironka wese akaba akwiye gukenguruka ibihe vyose!—Abaheburayo 2:9.

Ehe ya sandugu y’isezerano ryayo!

12. (a) Nk’uko bivugwa mu Vyahishuwe 11:19, Yohani abona iki mw’ijuru? (b) Ya sandugu y’isezerano cari ikimenyetso c’iki, kandi vyayigendeye guta aho Isirayeli ijaniwe mu bunyagano i Babiloni?

12 Yehova ari ku ngoma! Biciye ku Bwami bwiwe burongowe na Mesiya, aragaba akaganza abantu bose mu buryo bwiza igitangaza. Ivyo biremezwa n’ivyo Yohani aca abona. Yigana ati: “Maze aheranda h’urusengero rw’Imana hari mw’ijuru harugururwa, isandugu y’isezerano ryayo na yo ibonwa ahantu heranda h’urusengero rwayo. Haca haba imiravyo n’amajwi n’imituragaro na nyamugigima n’urubura rukomeye.” (Ivyahishuwe 11:19) Aho ni ho honyene havugwa isandugu y’isezerano ry’Imana mu gitabu c’Ivyahishuwe. Iyo Sandugu cari ikimenyetso kiboneka cerakana ko Yehova yari kumwe n’ihanga ryiwe rya Isirayeli. Muri ya taberenakulo no muri rwa rusengero Salomo yahavuye yubaka, iyo sandugu yabikwa Aheranda Rwose. Mugabo igihe Isirayeli yajanwa mu bunyagano i Babiloni mu 607 B.G.C., Yeruzalemu yasigaye ari umusaka kandi iyo sandugu nta wasubiye kumenya irengero ryayo. Ico gihe ni ho abami baserukira inzu ya Dawidi bahagarika “[kw]icara ku ntebe y’ubwami ya Yehova.”—1 Ngoma 29:23.a

13. Vyerekana iki kubona ya sandugu y’isezerano ry’Imana iboneka iri mu rusengero rw’Imana rwo mw’ijuru?

13 Ubu na ho, inyuma y’imyaka irenga 2.600, ya Sandugu irasubiye kuboneka. Ariko rero, mu vyo Yohani yerekwa, iyo Sandugu ntiri mu rusengero rwo kw’isi. Iboneka iri mu rusengero rw’Imana rwo mw’ijuru. N’ubu nyene, Yehova aganza biciye ku mwami akomoka mu muryango wa Dawidi. Ariko rero, uwo Mwami, ari we Kristu Yezu, yimikwa muri Yeruzalemu yo mw’ijuru, ikibanza kiri hejuru avyagiyemwo kugira ashitse imanza za Yehova. (Abaheburayo 12:22) Ibigabane bikurikira vyo mu gitabu c’Ivyahishuwe biraduhishurira izo manza izo ari zo.

14, 15. (a) Muri Yeruzalemu ya kera, ni nde gusa yabona isandugu y’isezerano, kandi kubera iki? (b) Mu rusengero rw’Imana rwo mw’ijuru, ni bande babona isandugu y’isezerano ryayo?

14 Muri Yeruzalemu ya kera, Abisirayeli muri rusangi, eka mbere n’abaherezi bakorera mu rusengero, ntibabona Isandugu y’isezerano kuko yari Aheranda Rwose hari hatandukanijwe n’Aheranda biciye kw’irido. (Guharūra 4:20; Abaheburayo 9:2, 3) Umuherezi mukuru gusa ni we yayibona igihe yaba yinjiye Aheranda Rwose ku Musi w’impongano waba rimwe mu mwaka. Yamara rero, igihe urusengero rwo mw’ijuru rwuguruwe, Yezu Kristu we Muherezi Mukuru yagenywe na Yehova si we gusa abona iyo sandugu y’ikigereranyo, ba baherezi batobato 144.000 na bo nyene barayibona, ushizemwo na Yohani.

15 Abo ba mbere bazuriwe kuba mw’ijuru babona iyo sandugu y’ikigereranyo bari hafi yayo, kuko bamaze gufata ikibanza cabo muri ba bakurambere 24 bakikuje intebe y’ubwami ya Yehova. Abagize umugwi wa Yohani bari kw’isi na bo baramurikiwe n’impwemu ya Yehova kugira batahure ibijanye n’ukuhaba kwiwe mu rusengero rwiwe rwo mu buryo bw’impwemu. Harabayeho kandi ibimenyetso vyafashije abantu muri rusangi gutahura ko ico kintu gihambaye cabaye. Mu vyo Yohani yeretswe haravugwa ibijanye n’imiravyo, amajwi, imituragaro, nyamugigima be n’urubura. (Gereranya n’Ivyahishuwe 8:5.) None ivyo bigereranya iki?

16. Ni mu buryo ki habayeho imiravyo, amajwi, imituragaro, nyamugigima n’urubura rukomeye?

16 Kuva mu 1914, harabayeho imidurumbanyo ikomeye mu madini. Ariko igishimishije, iyo midurumbanyo imeze nka nyamugigima yakurikiwe n’amajwi y’abantu biyeguriye Imana batangaza ubutumwa butomoye bujanye n’Ubwami bw’Imana bwashinzwe. Imburi zo muri Bibiliya zimeze nk’imituragaro zarumvikanye. Nka kurya kw’imiravyo, umuco wararabirije kw’Ijambo ry’Imana ry’ubuhanuzi, bituma turushiriza kuritahura twongera turaritangaza. Urubura rukomeye rugereranya imanza z’Imana rwaratibagurikiye ku biyita abakirisu no kw’idini ry’ikinyoma muri rusangi. Ivyo vyose abantu bari bakwiye kubibona. Mugabo ikibabaje, benshi babaye nk’abantu b’i Yeruzalemu mu gihe ca Yezu: ntibabonye iranguka ry’ivyo bimenyetso bivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe.—Luka 19:41-44.

17, 18. (a) Ivuzwa ry’inzumbete za ba bamarayika indwi ryatumye abakirisu biyeguye bagira ibanga irihe? (b) Abakirisu bariko barangura gute iryo banga?

17 Ba bamarayika indwi barabandanya kuvuza inzumbete zabo mu gutangaza ibintu bikomeye biba ng’aha kw’isi. Abakirisu biyeguye bari n’ibanga rihambaye ryo kubandanya bamenyesha isi ivyo bintu. Ese ukuntu barirangura banezerewe! Ivyo birabonekera mu gikorwa co kwamamaza baranguye muri iyi myaka 26 iheze kuva 1986 gushika 2011. Barongereje incuro zirenga zibiri amasaha bamara muri ico gikorwa, bava ku 680.837.042 bashika ku 1.707.094.710. Emwe, “ibanga ryeranda ry’Imana nk’uko inkuru nziza iri” ririko riramenyekana gushika “ku mpera z’isi.”—Ivyahishuwe 10:7; Abaroma 10:18.

18 Hari ayandi mayerekwa aturindiriye, uko imigambi y’Ubwami bw’Imana ibandanya guhishurwa.

[Akajambo k’epfo]

a Umuhinga mu vya kahise w’Umuroma yitwa Tacite avuga ko igihe Yeruzalemu yafatwa mu 63 B.G.C. maze Cnaeus Pompée akinjira mu rusengero, yasanze rugaragara. Nta sandugu y’isezerano yariyo.—Igitabu Histoires ca Tacite, V, 9.

[Uruzitiro ku rup. 173]

Ibiringo nyamukuru vyaranze amatangazo y’imanza za Yehova zigereranywa n’inzumbete

1. 1922, Cedar Point muri Ohio: Indongozi z’abiyita abakirisu mu vy’idini, mu vya politike no vy’urudandaza ziraterwa akamo ngo zisigure igituma zananiwe kuzana amahoro, ugusagamba n’agahimbare. Ubwami bwa Mesiya ni wo muti w’ingorane zose.

2. 1923, Los Angeles muri Californie: Insiguro y’icese ivuga ngo “Amahanga ariko yerekeza kuri Harumagedoni, ariko abantu amamiliyoni bariho ubu ntibazokwigera bapfa,” iratera akamo “intama” zikunda amahoro ngo zivavanure n’ikiyaga giteza urupfu kigereranya abantu.

3. 1924, Columbus muri Ohio: Abakuru b’amadini bararegwa ko bininahaza kandi bakanka kwamamaza Ubwami bwa Mesiya. Abakirisu b’ukuri bategerezwa kwamamaza ukwihora kw’Imana kandi bagahoza abantu batuntuye.

4. 1925, Indianapolis muri Indiana: Harashikirizwa ubutumwa bw’icizigiro bwerekana itandukaniro riri hagati y’umwiza wo mu vy’impwemu wugarije abiyita abakirisu n’isezerano rikayangana ry’Ubwami ryerekeye amahoro, ugusagamba, amagara meza, ubuzima, umwidegemvyo n’agahimbare k’ibihe bidahera.

5. 1926, Londres mu Bwongereza: Icago kimeze nk’igitero c’inzige kirashikira abiyita abakirisu n’indongozi zabo, kikerekana ko bateye akagere Ubwami bw’Imana kikongera kikavuza impundu kubera ko iyo ntwaro yo mw’ijuru yavutse.

6. 1927, Toronto muri Kanada: Ubutumire bumeze nk’ubutwawe n’ingabo zigendera ku mafarasi burahimiriza abantu ngo bave ‘mu madini y’abiyita abakirisu’ maze bashigikire n’umutima wabo wose Yehova Imana, Umwami wiwe n’Ubwami bwiwe.

7. 1928, Detroit muri Michigan: Itangazo ryo kurwanya Shetani tugashigikira Yehova riratomora neza ko Umwami yarobanuwe n’Imana, uwimitswe mu 1914, azokuraho ishirahamwe ribi rya Shetani maze akabohora abantu.

[Uruzitiro ku rup. 175]

Uguhonya isi

“Uko haciye amasegunda atatu, igihimba c’amashamba cimeza kingana n’ikibuga c’umupira w’amaguru kirazimangana. . . . Ivyo bituma amoko ibihumbi y’ibiterwa n’ibikoko ahona.”—Illustrated Atlas of the World (Rand McNally).

“Mu binjana bibiri abantu bamaze baba mu karere [k’ibiyaga binini (ko muri Amerika)], gasigaye karangwamwo imyanda myinshi kuruta utundi twose kw’isi.”—The Globe and Mail (Kanada).

Muri Ndamukiza 1986, umuriro wadutse mw’ihinguriro ry’umuyagankuba uva mu vyuka vy’ubumara i Tchernobyl muri Ukraine “ni ryo sanganya rikomeye kuruta ayandi yose yabaye mu bijanye n’ivyuka mwene ivyo . . . kuva ibisagara vya Hiroshima na Nagasaki bicucagiwe amabombe.” Ivyo vyuka vyarekuriye “mu kirere, mu butaka no mu mazi imishwarara y’ubumara imara igihe kirekire nk’iyarekuwe n’ibirwanisho vy’ubumara n’ibibombe vyose bimaze guturika.”—JAMA; The New York Times.

I Minamata mu Buyapani, ihinguriro rimwe rikora ivya shimi ryararekuriye ubumara (méthylmercure) muri ico kigobe. Abariye ifi n’utundi dukoko two mu mazi dufise ibiruka twatewe n’ubwo bumara baciye barwara indwara yitiriwe ico gisagara Minamata, ikaba ari “indwara idakira ifatira mu bwonko. . . . Gushika mu [1985], abantu 2.578 mu Buyapani bwose ni bo bari bamaze gufatwa n’iyo ndwara.”—International Journal of Epidemiology.

[Uruzitiro ku rup. 176]

Ibintu bikomeye bivugwa mu Vyahishuwe 11:15-19 ni intangamarara y’amayerekwa aca akurikira. Mu Vyahishuwe ikigabane ca 12 haradufasha gusubiza amaso inyuma tukabona neza ido n’ido ry’ibintu bikomeye biri mu Vyahishuwe 11:15, 17. Ikigabane ca 13 ni nk’umushinge w’ikigabane ca 11:18, kuko kivuga ibijanye n’intango be n’ugusagamba kw’ishirahamwe rya Shetani ry’ivya politike ryahoneje isi. Ikigabane ca 14 n’ica 15 biratanga ayandi makuru y’ido n’ido ajanye n’imanza Ubwami buzoshitsa zifitaniye isano n’ivuzwa ry’urumbete rw’indwi be n’amagorwa agira gatatu.

[Amafoto ku rup. 174]

Yehova ‘azohonya abahonya isi’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika