Ikigabane ca 31
Ibikorwa vya Yehova birakomeye kandi ni agatangaza
Iyerekwa rya 10—Ivyahishuwe 15:1–16:21
Ibivugwamwo: Yehova ari mu rusengero rwiwe; amabakure indwi y’uburake bwiwe asukwa kw’isi
Igihe birangukirako: Kuva mu 1919 gushika kuri Harumagedoni
1, 2. (a) Ni ikimenyetso kigira gatatu ikihe Yohani atwiganira? (b) Ni uruhara uruhe abasavyi ba Yehova bamaze igihe bazi ko abamarayika barangura?
UMUGORE aribarutse umwana w’umuhungu! Igisato kinini kirarondera kurotsa nya mwana! Ivyo bimenyetso bibiri vyo mw’ijuru, ibidondorwa mu buryo bukomeye mu Vyahishuwe ikigabane ca 12, vyadufashije kubona neza ko za mpari zo kuva kera hagati y’Uruvyaro rwa wa mugore w’Imana be na Shetani n’uruvyaro rwiwe rw’amadayimoni zishitse ku gihe c’agaheta. Mu gushimika kuri ivyo bimenyetso, Yohani avuga ati: “Maze haboneka ikimenyetso gikomeye mw’ijuru . . . Haboneka ikindi kimenyetso.” (Ivyahishuwe 12:1, 3, 7-12) Ubu rero Yohani atwiganira ikimenyetso kigira gatatu, ati: “Maze mbona mw’ijuru ikindi kimenyetso, ikimenyetso gikomeye kandi c’agatangaza: abamarayika indwi bafise ivyago indwi. Ivyo ni vyo vya nyuma, kuko biciye kuri vyo ishavu ry’Imana rirangizwa.” (Ivyahishuwe 15:1) Ico kimenyetso kigira gatatu na co nyene kirafise insobanuro ikomeye ku basavyi ba Yehova.
2 Urabona n’ubu nyene ko abamarayika bafise uruhara rukomeye mu gushitsa ivyo Imana igomba. Abasavyi ba Yehova baramaze igihe ico kintu bakizi. Kanatsinda, umwanditsi w’amazaburi wa kera yaranahimirije abo bamarayika ahumekewe, ati: “Hezagire Yehova, yemwe bamarayika biwe, mukomeye mu bubasha, mushitsa ijambo ryiwe, mu kwumviriza ijwi ry’ijambo ryiwe”! (Zaburi 103:20) Ubu na ho muri iryo yerekwa rishasha, abamarayika bahabwa igikorwa co gusuka ivyago indwi vya nyuma.
3. Vya vyago indwi ni iki, kandi isukwa ryavyo risobanura iki?
3 None ivyo vyago ni iki? Kumwe kwa za nzumbete indwi, ni amatangazo y’imanza zikaze avuga ukuntu Yehova abona inzego zitandukanye z’ino si kandi agabisha abantu ku ngaruka za nyuma z’ingingo ziwe z’ubutungane. (Ivyahishuwe 8:1–9:21) Isukwa ry’ivyo vyago ryerekeza ku gushitsa izo manza, igihe Yehova azotikiza abo afitiye uburake ku musi w’ishavu ryiwe rirurumba. (Yesaya 13:9-13; Ivyahishuwe 6:16, 17) Biciye kuri vyo rero, “ishavu ry’Imana ri[ra]rangizwa.” Mugabo imbere y’uko Yohani atwiganira ibijanye n’isukwa ry’ivyo vyago, abanza kutubwira ivy’abantu bamwebamwe batazobabazwa na vyo. Kubera ko abo bantu b’intahemuka banse ikimenyetso ca ca gikoko, bararirimbira Yehova amashemezo uko batangaza umusi wiwe w’ukwihora.—Ivyahishuwe 13:15-17.
Indirimbo ya Musa n’iya wa Mwagazi w’intama
4. Ubu Yohani abona iki?
4 Ubu na ho Yohani abona ibintu vyiza igitangaza. Avuga ati: “Maze mbona icasa n’ikiyaga c’ikiyo kivanze n’umuriro, mbona n’abatahukana intsinzi kuri ca gikoko no kw’ishusho yaco no ku gitigiri c’izina ryaco bahagaze iruhande ya nya kiyaga c’ikiyo, bafise inanga z’Imana.”—Ivyahishuwe 15:2.
5. “Ikiyaga c’ikiyo kivanze n’umuriro” kigereranya iki?
5 Ico “kiyaga c’ikiyo” ni ca kindi nyene Yohani yari yabonye kiri imbere y’intebe y’ubwami y’Imana. (Ivyahishuwe 4:6) Gisa na ca “kiyaga gishongeshejwe” (ni ukuvuga ikintu cajamwo amazi) co kuri rwa rusengero rwa Salomo, aho abaherezi bakura amazi yo kwihumanura. (1 Abami 7:23) Ni ikigereranyo rero kibereye c’“amazi,” ni ukuvuga Ijambo ry’Imana ari na ryo Yezu akoresha mu gutyorora ishengero ry’abaherezi rigizwe n’abakirisu barobanuwe. (Abanyefeso 5:25, 26; Abaheburayo 10:22) Ico kiyaga c’ikiyo “kivanze n’umuriro,” bikaba vyerekana ko abo barobanuwe bagezwa kandi bagatyororwa uko bagamburuka ingingo ngenderwako ziri hejuru bashiriweho. Vyongeye, kiratwibutsa ko Ijambo ry’Imana ririmwo n’amajambo avuga ivy’imanza zikaze Yehova acira abansi biwe. (Gusubira mu vyagezwe 9:3; Zefaniya 3:8) Zimwe muri izo manza zikaze ziraserurwa na vya vyago indwi vya nyuma bigomba bisukwe.
6. (a) Abaririmvyi bahagaze imbere y’ikiyaga c’ikiyo co mw’ijuru ni bande, kandi tubimenyeshwa n’iki? (b) Ni mu buryo ki “batahukana intsinzi”?
6 Kubona ca kiyaga gishongeshejwe co mu rusengero rwa Salomo cari kigenewe gukoreshwa n’abaherezi, birerekana ko abo baririmvyi bari imbere y’ikiyaga c’ikiyo co mw’ijuru ari umugwi w’abaherezi. Bafise “inanga z’Imana,” bikaba bitwereka ko hari ico bahuriyeko na ba bakurambere 24 be na bamwe 144.000, kuko iyo migwi na yo nyene iririmba ijanisha n’inanga. (Ivyahishuwe 5:8; 14:2) Abaririmvyi Yohani abona ni “abatahukana intsinzi kuri ca gikoko no kw’ishusho yaco no ku gitigiri c’izina ryaco.” Babwirizwa rero kuba ari abo muri bamwe 144.000 bari kw’isi mu gihe c’iherezo. Baratahukana intsinzi vy’ukuri uko bagize umugwi. Kuva mu 1919, baramaze imyaka irenga 90 banka gushirwako ikimenyetso ca ca gikoko canke kwizigira ko ishusho yaco ari yo izozanira abantu amahoro. Benshi muri bo baramaze kwihangana gushika ku rupfu, kandi aho bari mw’ijuru nta gukeka ko bahimbarwa cane no kwumviriza ingene bene wabo bakiri kw’isi baririmba.—Ivyahishuwe 14:11-13.
7. Inanga yakoreshwa gute muri Isirayeli ya kera, kandi inanga z’Imana zivugwa mu vyo Yohani yeretswe zikwiye gutuma tugira iki?
7 Abo bantu b’intahemuka batahukana intsinzi bafise inanga z’Imana. Bameze nka ba Balewi bakorera ku rusengero kera, abasenga Yehova mu kuririmba bajanisha n’inanga. Hari n’abandi wasanga bavuga ubuhanuzi bajanisha n’inanga. (1 Ngoma 15:16; 25:1-3) Umurya w’inanga wararyosha indirimbo z’umunezero Abisirayeli baririmbira Yehova hamwe n’amasengesho bamutura yo kumushemeza no kumushimira. (1 Ngoma 13:8; Zaburi 33:2; 43:4; 57:7, 8) Igihe baba bari mu ntuntu canke mu bunyagano, ijwi ry’inanga ntiryumvikana. (Zaburi 137:2) Inanga z’Imana zivugwa muri iryo yerekwa zikwiye gutuma twitegana igishika ururirimbo rw’umunezero n’intsinzi rwo gushemeza Imana yacu no kuyishimira.a
8. Ni ururirimbo uruhe ruriko ruraririmbwa, kandi rugizwe n’amajambo ayahe?
8 Ni vyo Yohani atwiganira ati: “Kandi bariko baririmba ururirimbo rwa Musa wa mushumba w’Imana n’ururirimbo rwa wa Mwagazi w’intama, bati: ‘Ibikorwa vyawe birakomeye kandi ni agatangaza, Yehova Mana, Mushoboravyose. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri, Mwami w’ibihe bidahera. Ni nde vy’ukuri atazogutinya ga Yehova, akaninahaza izina ryawe, kuko wewe wenyene ari wewe uri intahemuka? Kuko amahanga yose azoza agasenga imbere yawe, kuko ingingo zawe zigororotse zerekanywe.’”—Ivyahishuwe 15:3, 4.
9. Ni kubera iki urwo ruririmbo rwitwa “ururirimbo rwa Musa”?
9 Abo batahukanye intsinzi baririmba “ururirimbo rwa Musa,” ni ukuvuga ururirimbo rusa n’urwo Musa yaririmvye mu bihe nk’ivyo. Abisirayeli bamaze kwibonera vya vyago cumi mu Misiri hamwe na kwa gutikizwa kw’ingabo z’Abanyamisiri ku Kiyaga Gitukura, Musa yaciye abayobora mu ruririmbo rw’intsinzi rwo gushemeza Yehova, ati: “Yehova azoganza igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera.” (Kuvayo 15:1-19) Ese ingene bibereye kubona abo baririmvyi Yohani yerekwa, abatsinda ca gikoko kandi bakagira uruhara mu gutangaza vya vyago indwi vya nyuma, na bo nyene baririmbira “wa Mwami w’ibihe bidahera”!—1 Timoteyo 1:17.
10. Ni urundi ruririmbo uruhe Musa yatunganije, kandi umurongo warwo wa nyuma werekeye gute abagize isinzi rinini muri iki gihe?
10 Mu rundi ruririmbo umutama Musa yatunganije igihe Abisirayeli bariko bitegurira kwigarurira igihugu ca Kanani, yabwiye iryo hanga ati: “Ngira menyeshe izina rya Yehova. Nimwemere ko ubukuru ari ubw’Imana yacu!” Umurongo wa nyuma w’urwo ruririmbo wararemesha n’abatari Abisirayeli, kandi amajambo Musa yavuze ahumekewe arashika ku nyota abagize isinzi rinini muri iki gihe, kuko agira ati: “Nezerwe, mwa mahanga, kumwe n’abantu biwe.” Ni kubera iki amahanga akwiye kunezerwa? Ni kubera yuko Yehova agira ‘ahōre amaraso y’abasavyi biwe yongere yihore abarwanizi biwe.’ Ugushitsa urwo rubanza rugororotse bizozanira agahimbare abo bose bizigiye Yehova.—Gusubira mu vyagezwe 32:3, 43; Abaroma 15:10-13; Ivyahishuwe 7:9.
11. Ururirimbo Yohani yumvise rubandanya kuranguka gute muri iki gihe?
11 Ese ukuntu Musa yari kunezerwa iyaba ariho ari muri iki gihe c’umusi w’Umukama, akifatanya n’uwo mugwi w’abaririmvyi bo mw’ijuru, ati: “Amahanga yose azoza [asenge] imbere yawe”! Urwo ruririmbo ruryoshe cane rurabandanya kuranguka bimwe bitangaje muri iki gihe nk’uko tuvyibonera, atari mw’iyerekwa gusa: abantu amamiliyoni bo mu “mahanga” bariko bararindiga n’umunezero mwinshi mw’ishirahamwe rya Yehova ryo kw’isi.
12. Ni kubera iki ururirimbo rw’abatahukanye intsinzi rwitwa kandi “ururirimbo rwa wa Mwagazi w’intama”?
12 Yamara rero, urwo ruririmbo si urwa Musa gusa ariko kandi ni “urwa wa Mwagazi w’intama.” Uti gute? Musa yari umuhanuzi wa Yehova muri Isirayeli, ariko kandi Musa ubwiwe yaravuze ko Yehova yohagurukije umuhanuzi ameze nka we. Uwo muhanuzi yahavuye aba wa Mwagazi w’intama, Yezu Kristu. Musa yari “umushumba w’Imana,” Yezu na we akaba Umwana w’Imana, ari na we Musa Mukuru. (Gusubira mu vyagezwe 18:15-19; Ivyakozwe 3:22, 23; Abaheburayo 3:5, 6) Ku bw’ivyo, abo baririmvyi baririmba kandi “ururirimbo rwa wa Mwagazi w’intama.”
13. (a) Naho Yezu aruta Musa, ni mu buryo ki ameze nka we? (b) Twokwiyunga gute kuri abo baririmvyi?
13 Nka kumwe kwa Musa, Yezu yararirimbiye Imana amashemezo ku mugaragaro yongera aravuga ko Yehova yotsinze abansi biwe bose. (Matayo 24:21, 22; 26:30; Luka 19:41-44) Yezu kandi yari yiteganye umushasharo igihe amahanga yorindize aza gushemeza Yehova, kandi kubera ko ari wa “Mwagazi w’intama” witanze, yarahevye ubuzima bwiwe kugira ivyo bishoboke. (Yohani 1:29; Ivyahishuwe 7:9; gereranya na Yesaya 2:2-4; Zekariya 8:23.) Vyongeye, nka kumwe nyene Musa yaha agaciro izina ry’Imana Yehova kandi akarihayagiza, na Yezu nyene yarahishuye izina ry’Imana. (Kuvayo 6:2, 3; Zaburi 90:1, 17; Yohani 17:6) Kubera ko Yehova ari intahemuka, imihango yiwe ininahaye izoranguka ata kabuza. Nta gukeka rero ko twiyunga kuri abo baririmvyi b’intahemuka, kuri wa Mwagazi w’intama no kuri Musa, mu kwemeranya n’amajambo y’urwo ruririmbo agira ati: “Ni nde vy’ukuri atazogutinya ga Yehova, akaninahaza izina ryawe?”
Abamarayika bafise amabakure
14. Ni bande Yohani abona basokoroka aheranda, kandi bahabwa iki?
14 Birabereye ko twumva ururirimbo rw’abo barobanuwe batahukana intsinzi. Uti kubera iki? Kubera yuko batangaje kw’isi imanza zari mu mabakure yari yuzuye ishavu ry’Imana. Ariko rero, isukwa ry’ayo mabakure ntiryerekeye abantu gusa kuko Yohani abandanya yigana ati: “Inyuma y’ivyo nditegereza, maze aheranda h’ihema ry’intahe harugururwa mw’ijuru, hanyuma ba bamarayika indwi bafise vya vyago indwi basokoroka aheranda, bambaye impuzu y’ilino yoroshe isukuye, yakaka, kandi bakenyeje mu bikiriza vyabo imikanda y’inzahabu. Maze kimwe muri vya binyabuzima bine giha ba bamarayika indwi amabakure indwi y’inzahabu yuzuye ishavu ry’Imana, imwe ibaho ibihe bitazoshira.”—Ivyahishuwe 15:5-7.
15. Ni kubera iki bidatangaje kubona abamarayika indwi basokoroka aheranda?
15 Ku bijanye n’urusengero rw’Abisirayeli, urwarimwo ibintu bigereranya ivyo mw’ijuru, umuherezi mukuru wenyene ni we yashobora kwinjira Aheranda Rwose, ng’aha hakaba hiswe “aheranda.” (Abaheburayo 9:3, 7) Hagereranya ikibanza Yehova avyagiyemwo mw’ijuru. Ariko rero mw’ijuru ubwaho, Umuherezi Mukuru Yezu Kristu si we gusa afise agateka ko kurenguka imbere ya Yehova; n’abamarayika baragafise. (Matayo 18:10; Abaheburayo 9:24-26) Ntibitangaje rero kubona abamarayika indwi basohoka bava aheranda mw’ijuru. Bafise igikorwa Yehova Imana ubwiwe yabajeje, igikorwa co gusuka amabakure yuzuye ishavu ry’Imana.—Ivyahishuwe 16:1.
16. (a) Ni igiki cerekana ko ba bamarayika indwi bakwije ibisabwa kugira barangure igikorwa cabo? (b) Ni igiki cerekana ko hari n’abandi bagira uruhara mu gikorwa gihambaye co gusuka ya mabakure y’ikigereranyo?
16 Abo bamarayika barakwije neza ibisabwa kugira barangure ico gikorwa. Bambaye impuzu y’ilino isukuye kandi yakaka, bikaba vyerekana ko batanduye mu buryo bw’impwemu, ari beranda kandi bagororotse imbere ya Yehova. Vyongeye, bambaye imikanda y’inzahabu. Imikanda ikunze gukoreshwa igihe umuntu akenyera kugira yitegurire igikorwa. (Abalewi 8:7, 13; 1 Samweli 2:18; Luka 12:37; Yohani 13:4, 5) Abo bamarayika rero barakenyeye kugira barangure igikorwa kanaka. Vyongeye, imikanda yabo ni iy’inzahabu. Muri rwa rusengero rwa kera, inzahabu yakoreshwa ku bintu vyo mw’ijuru bifitaniye isano n’Imana. (Abaheburayo 9:4, 11, 12) Ivyo bisobanura ko abo bamarayika bafise igikorwa gihambaye bashinzwe n’Imana babwirizwa kurangura. Hari n’abandi bagira uruhara muri ico gikorwa. Kimwe muri vya binyabuzima bine ni co kibaha ayo mabakure. Nta gukeka ko ico ari ca kinyabuzima ca mbere gisa n’intambwe, iyigereranya ubutinyutsi n’umutima rugabo bikenewe mu gutangaza imanza za Yehova.—Ivyahishuwe 4:7.
Yehova ari aheranda hiwe
17. Yohani atubwira iki ku bijanye n’aheranda, kandi ivyo bitwibutsa iki ku bijanye n’aheranda h’urusengero muri Isirayeli ya kera?
17 Ubwa nyuma, mu gusozera iki gice c’iyerekwa, Yohani atubwira ati: “Aheranda haca huzura umwotsi kubera ubuninahazwa bw’Imana no kubera ububasha bwayo, kandi nta n’umwe yashobora kwinjira aheranda gushika nya vyago indwi vya ba bamarayika indwi birangiye.” (Ivyahishuwe 15:8) Muri kahise ka Isirayeli, vyarashika ibicu bigatwikira aheranda h’urusengero, kandi ukwo kwigaragaza kw’ubuninahazwa bwa Yehova kwatuma abaherezi batinjirayo. (1 Abami 8:10, 11; 2 Ngoma 5:13, 14; gereranya na Yesaya 6:4, 5.) Ivyo vyari ibihe Yehova yaba ariko arakurikiranira hafi ibiba kw’isi.
18. Abo bamarayika indwi bazoja gushikiriza raporo Yehova ryari?
18 Yehova kandi aritwararitse cane ibiba kw’isi muri iki gihe. Ashaka ko ba bamarayika indwi basozera igikorwa bahawe. Tubayeho mu gihe gikomeye co gushitsa urubanza nk’uko bidondorwa muri Zaburi 11:4-6, ahagira hati: “Yehova ari mu rusengero rwiwe rweranda. Yehova—mu majuru ni ho intebe yiwe y’ubwami iri. Amaso yiwe aritegereza, amaso aca ibibatsi yiwe arasuzuma abana b’abantu. Yehova ubwiwe asuzuma umugororotsi kimwe n’umubisha, kandi uwo wese akunda ubukazi umutima wiwe uramwanka koko. Nka kurya kw’imvura, azotibagurira ku babisha imitego, umuriro n’amazuku n’umuyaga ubabura, bibe wo mugabane w’igikombe cabo.” Abo bamarayika indwi ntibazosubira mu kibanza c’ubuninahazwa Yehova avyagiyemwo batarangije gusuka ku banyakibi ivyo vyago indwi.
19. (a) Ni itegeko irihe ritangwa, kandi ni nde aritanga? (b) Igikorwa co gusuka ya mabakure y’ikigereranyo catanguye ryari?
19 Haca hasamirana itegeko riteye akoba. Yohani yigana ati: “Maze numva ijwi rirenga rivuye aheranda ribwira ba bamarayika indwi riti: ‘Nimugende musuke mw’isi ayo mabakure indwi y’ishavu ry’Imana.’” (Ivyahishuwe 16:1) Ni nde atanga iryo tegeko? Ategerezwa kuba ari Yehova ubwiwe, kuko ugukayangana kw’ubuninahazwa n’ububasha bwiwe kwatumye ata wundi yinjira aheranda. Yehova yaraje mu rusengero rwiwe rwo mu buryo bw’impwemu guca urubanza mu 1918. (Malaki 3:1-5) Ategerezwa rero kuba yatanze iryo tegeko ryo gusuka ayo mabakure y’ishavu ryiwe haciye igihe gitoyi inyuma y’uwo mwaka. Nkako, imanza ziri muri ayo mabakure y’ikigereranyo zatanguye gutangazwa cane mu 1922, kandi ziguma zirushiriza gutangazwa muri iki gihe.
Ya mabakure na za nzumbete
20. Amabakure y’ishavu rya Yehova ahishura iki kandi atangaza iki, vyongeye asukwa gute?
20 Ayo mabakure y’ishavu rya Yehova arahishura ukuntu Yehova abona ibintu biranga ino si, akanaburira abantu ku bijanye n’imanza agiye gushitsa. Abamarayika basuka ayo mabakure biciye kw’ishengero ry’abakirisu barobanuwe bari kw’isi, ari na bo baririmba ururirimbo rwa Musa n’urwa wa Mwagazi w’intama. Uko abagize umugwi wa Yohani bagiye baramamaza inkuru nza y’Ubwami, barahishuye n’umutima rugabo ibiri muri ayo mabakure y’ishavu. (Matayo 24:14; Ivyahishuwe 14:6, 7) Ubutumwa bwabo rero bugizwe n’imice ibiri: ni ubw’amahoro kuko bumenyesha abantu ko bagiye kubohorwa, bukaba n’ubw’intambara kuko buburira abantu ku bijanye n’“umusi w’ukwihora w’Imana yacu.”—Yesaya 61:1, 2.
21. Ivyo ya mabakure ane ya mbere y’ishavu ry’Imana asukwako bihuye gute n’ivyo za nzumbete zine za mbere zitikiza, kandi bitandukaniye ku ki?
21 Ivyo ayo mabakure ane ya mbere y’ishavu ry’Imana asukwako birahuye n’ivyo za nzumbete zine za mbere zitikiza, ni ukuvuga isi, inzuzi, amasôko y’amazi hamwe n’ibitangamuco vyo mu kirere. (Ivyahishuwe 8:1-12) Izo nzumbete zatangaje ivyago bishika ku “ca gatatu” gusa, ariko isukwa ry’ayo mabakure y’uburake bw’Imana ryoryo ritikiza ikintu cose uko cakabaye. Ku bw’ivyo, naho “ica gatatu” kigereranya amadini y’abiyita abakirisu ari co cabanje gushikirwa n’ivyago mu musi w’Umukama, nta muce n’umwe w’ishirahamwe rya Shetani utababajwe n’ubutumwa busesereza bw’imanza za Yehova be n’imibabaro buteza.
22. Ni gute inzumbete zitatu za nyuma zari zitandukanye n’izindi, kandi zifitaniye isano gute n’amabakure atatu ya nyuma y’uburake bwa Yehova?
22 Inzumbete zitatu za nyuma zozo zari zitandukanye n’izo kuko ziswe amagorwa. (Ivyahishuwe 8:13; 9:12) Zibiri za mbere muri zo ahanini zari zigizwe n’inzige be n’ingabo z’abagendera ku mafarasi, mu gihe urwa gatatu rwavuga ibijanye n’ivuka ry’Ubwami bwa Yehova. (Ivyahishuwe 9:1-21; 11:15-19) Nk’uko tuzobibona, amabakure atatu ya nyuma y’uburake bwa Yehova na yo nyene arafitaniye amasano amwamwe n’ivyo bintu, uretse ko hari ukuntu atandukanye n’ayo magorwa atatu. Nimuze rero twihweze twitonze ibintu bikomeye duhishurirwa igihe ayo mabakure y’ishavu rya Yehova asukwa.
[Akajambo k’epfo]
a Birashimishije kubona mu 1921 abagize umugwi wa Yohani barasohoye (mu congereza) igitabu gifasha kwiga Bibiliya citwa Inanga y’Imana, hakaba hasohotse amakopi yaco arenga imiliyoni zitanu mu ndimi zirenga 20. Catumye haboneka abandi baririmvyi barobanuwe.