ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/8 rup. 27-32
  • Igana Yehova—Ukoreshe Ubutungane n’Ubugororotsi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igana Yehova—Ukoreshe Ubutungane n’Ubugororotsi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni Umunyabutungane Yamara Akaba Umunyembabazi
  • Igikorwa Kigororotse co Gukiza Abantu
  • Rondera Ubutungane, Ukurikirane Ubugororotsi
  • ‘Abaganwa Bazotwaza Ubutungane’
  • Gumya Ubutungane Kandi Ukore Ibigororotse
  • Yehova—Soko ry’Ubutungane n’Ubugororotsi Nyakuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • “Kurikiza ubutungane” mu kugendana n’Imana
    Niwiyegereze Yehova
  • “Inzira ziwe zose ziragororotse”
    Niwiyegereze Yehova
  • Yezu “ashiraho ubutungane mw’isi”
    Niwiyegereze Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/8 rup. 27-32

Igana Yehova—Ukoreshe Ubutungane n’Ubugororotsi

“Ndi Yehova, nkunda gukoresha imbabazi, ubutungane n’ubugororotsi mw’isi; kuko ivyo ari vyo bimpimbara.”—YEREMIYA 9:24, NW.

1. Ni icizero ikihe ciza igitangaza Yehova aduha?

YEHOVA yasezeranye yuko hoje igihe umuntu wese yomumenye. Abicishije ku muhanuzi wiwe Yesaya, yavuze ati: “Hose ku murwa wanje wera ntihazoba hakir’ibiryana cank’ivyica; kuko kumenya [Yehova, NW] kuzoba kwuzuye mw isi nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.” (Yesaya 11:9) Ese ukuntu ico ari icizero ciza igitangaza!

2. Kumenya Yehova birimwo n’iki? Kubera iki?

2 Ariko none kumenya Yehova bisobanura iki? Yehova yarahishuriye Yeremiya igihambaye kuruta ico ari co. ‘Kummenya no kuntahura ko ndi Yehova, nkunda gukoresha imbabazi, ubutungane n’ubugororotsi mw’isi; kuko ivyo ari vyo bimpimbara.’ (Yeremiya 9:24, NW) Kumenya Yehova rero birimwo no kumenya uburyo akoresha ubutungane n’ubugororotsi. Mu gihe rero tugaragaje izo kamere, tuzomuhimbara. Ivyo dushobora kubikora dute? Mw’Ijambo ryiwe Bibiliya, Yehova yarazigamye inyandiko z’ivyo yagiranye n’abantu b’abanyagasembwa mu kiringo c’imyaka n’iyindi. Turyize turashobora gushika ku kumenya inzira ya Yehova y’ubutungane n’ubugororotsi hanyuma tugaheza tukamwigana.—Abaroma 15:4.

Ni Umunyabutungane Yamara Akaba Umunyembabazi

3, 4. Ni kuki twovuga ko Yehova yakoresheje ubutungane mu guhonya Sodomu na Gomora?

3 Urubanza Imana yaciriye Sodomu na Gomora ni akarorero keza ntangere kagereranya imice itari mike y’ubutungane bwa Yehova. Yehova ico yagize ntikwabaye gusa ugushitsa igihano cari gikenewe, ahubwo kandi yarahaye ubukiriro ababikwiriye. Uguhonywa kw’ivyo bisagara none kwari gufise ishingiro vy’ukuri? Aburahamu, uwo biboneka ko yari afise ubumenyi buke ku vy’ukuntu ubukozi bw’ikibi bw’i Sodomu bwangana, mu ntango ntiyibaza ko gufise ishingiro. Yehova yaremereye Aburahamu yuko mu gihe hosangwamwo n’abagororotsi na cumi bobo, yoretse ico gisagara. Birumvikana, ubutungane bwa Yehova ntibwigera buba ubwa gihuruduka canke ubutagiramwo ikigongwe.—Itanguriro 18:20-32.

4 Igendura ryagizwe na ba bamarayika babiri ryaratumye haboneka icemeza neza ukuntu ivy’ukwigenza runtu vyari vyaratitutse i Sodomu. Aho abagabo bo mu gisagara, “uhereye ku bakuru n’abato,” bamenyeye yuko hari abagabo babiri bari baje kuguma mu nzu ya Loti, barateye inzu yiwe bashaka gukora ku nguvu ubusambanyi bw’abagabo ku bandi. Mbega ukuntu ubuhumbu bwabo bwari bwabaye agaterasoni! Nta gukeka, urubanza Yehova yaciriye ico gisagara rwari urugororotse.—Itanguriro 19:1-5, 24, 25.

5. Imana yarokoye gute Loti n’umuryango wiwe ibakura i Sodomu?

5 Intumwa Petero amaze kuvuga ivy’isangangurwa rya Sodomu na Gomora bwa karorero ko kutuburira, yanditse ati: “Umwami Imana arazi gukiza abamwubaha ibibagerageza.” (2 Petero 2:6-9) Ubutungane ntibwari kuba bushikijwe iyo Loti n’umuryango wiwe bari kuzimanganirizwa hamwe n’abantu batibanga Imana b’i Sodomu. Gutyo, abamarayika ba Yehova baraburiye Loti ku vyerekeye agatikizo kari kimirije. Igihe Loti yari agifufura, abamarayika baramufashe ukuboko, we hamwe n’umugore wiwe n’abakobwa biwe, babajana inyuma y’igisagara, kubera ko ‘Yehova yari abagiriye ikigongwe.’ (Itanguriro 19:12-16) Turashobora kwemera tudakeka yuko Yehova azogirira imbabazi nk’izo abagororotsi mu gihe ca ka gatikizo k’ivy’iyi si kagiye kuza.

6. Ni kuki tudakwiye guhagarika umutima mu buryo budakwiriye ku vyerekeye itikizwa ry’iyi si mbi?

6 Naho umuhero w’ivy’iyi si uzoba ari igihe ‘c’uguhōra,’ nta mvo iriho yotuma duhagarika umutima mu buryo butabereye. (Luka 21:22) Urubanza Imana izoshitsa kuri Harumagedoni ruzoba ari ‘urugororotse rwose.’ (Zaburi 19:9) Nk’uko Aburahamu yavyiboneye, twebwe abantu turashobora kwizigira ubutungane bwa Yehova bimwe bishitse, bwo buri hejuru cane kuruta ubwacu. Aburahamu yabajije ati: “Non’umucamanza w’isi yose ntiyokora ibigororotse?” (Itanguriro 18:25; gereranya na Yobu 34:10.) Canke, nk’uko Yesaya yabivuze atihenda, “Ni nde yigeze [y]igisha [Yehova], akamwigisha kuroranya [inzira y’ubutungane, NW]?”—Yesaya 40:14.

Igikorwa Kigororotse co Gukiza Abantu

7. Ni isano irihe riri hagati y’ubutungane bw’Imana n’ikigongwe cayo?

7 Ubutungane bw’Imana ntibugaragara mu buryo ihana inkozi z’ikibi gusa. Yehova yidondora ko ari “Imana igororotse [n]’Umukiza.” (Yesaya 45:21) Biragaragara rero, hariho isano rya hafi hagati y’ubugororotsi bw’Imana, canke ubutungane bwayo, n’icipfuzo ifise co gukiza abantu inkurikizi z’icaha. Igitabu The International Standard Bible Encyclopedia casohotse mu 1982, caragize ico kivuga kuri uwo murongo, cerekana yuko “ubutungane bw’Imana burondera mu buryo bufadika guserura ikigongwe cayo no gushitsa urukiza rwayo.” Si uko ubutungane bw’Imana bukeneye kworoshwa n’ikigongwe, ahubwo ni uko ikigongwe ari uburyo bumwe bwo guserura ubutungane bw’Imana. Incungu Imana yatanze kugira ngo abantu bakizwe ni ko karorero kibonekeje kuruta twose kerekana uwo muce w’ubutungane bw’Imana.

8, 9. (a) Ni igiki cumvikana muri iyi ndondoro ngo “igikorwa kigororotse kimwe”? Kubera iki? (b) None Yehova adusaba iki?

8 Igiciro c’iyo ncungu ubwaco—ubuzima bw’agaciro bw’Umwana w’ikinege w’Imana, Yezu Kirisitu—cari igihanitse kubera ko ingingo ngenderwako za Yehova zikora kuri bose, kandi na we nyene ubwiwe arazubahiriza. (Matayo 20:28) Ubuzima butagira agasembwa, bumwe bwa Adamu, bwari bwatakaye, bituma hakenerwa ubuzima butagira agasembwa kugira ngo ubw’abakomoka kuri Adamu bucungurwe. (Abaroma 5:19-21) Intumwa Paulo avuga ko ingendo y’ukutadohoka Yezu yagize, harimwo na kwa kuriha ya ncungu, cari “igikorwa kigororotse kimwe.” (Abaroma 5:18, akajambo k’epfo [NW]) Ni kuki biri ukwo? Kubera yuko nk’uko Yehova abona ibintu, gucungura abantu cari co kintu ciza kandi gitunganye cokorwa, naho nyene carinze gukorwa bimusavye ikiguzi kinini. Uruvyaro rwa Adamu rwari nk’ “irenga rivunitse,” iryo Imana itashatse guhohosha, canke nk’ “urumuri ruyenga,” urwo Imana itashatse kuzimya. (Matayo 12:20) Imana yari n’umwizero w’uko mu bakomoka kuri Adamu hobayemwo abagabo n’abagore b’abizerwa benshi.—Gereranya na Matayo 25:34.

9 None dukwiye kwakira dute ico gikorwa ruheta kiranga urukundo n’ubutungane? Kimwe mu bintu Yehova na we adusaba ni “ugukora ibiroranye [“ubutungane,” NW].” (Mika 6:8) Ivyo dushobora kubikora dute?

Rondera Ubutungane, Ukurikirane Ubugororotsi

10. (a) Uburyo bumwe dushobora kugaragarizamwo ubutungane ni ubuhe? (b) Dushobora dute kubanza kurondera ubugororotsi bw’Imana?

10 Ica mbere na mbere, dutegerezwa guhuza n’ingingo ngenderwako z’Imana zigenga ivy’ukwigenza runtu. Kubera yuko ingingo ngenderwako z’Imana zitunganye zikaba kandi zigororotse, tugaragaza ubutungane igihe tubaho duhuza na zo. Ico ni co Yehova yiteze ku bantu biwe. Yehova yabwiye Abisirayeli ati: “Mwige gukora neza; mushimikire imanza zibereye.” (Yesaya 1:17) Yezu yahaye impanuro nk’iyo abamwumviriza muri ya Nsiguro yo ku Musozi, igihe yabigisha ‘kubanza kurondera ubwami n’ukugororoka kw’Imana.’ (Matayo 6:33) Paulo yaremesheje Timoteyo ngo “[a]kurikire ukugororoka.” (1 Timoteyo 6:11) Igihe tubaho duhuza n’ingingo ngenderwako z’Imana zigenga inyifato kandi tukambara wa muntu mushasha, tuba turiko turakurikirana ubutungane n’ubugororotsi nyakuri. (Abanyefeso 4:23, 24) Mu yandi majambo, turondera ubutungane mu gukora ibintu mu buryo bw’Imana.

11. Ni kuki dukwiye kurwanya ububasha bw’icaha, kandi twoburwanya gute?

11 Nk’uko tubizi neza, ntivyama vyorohera abantu b’abanyagasembwa gukora ibitunganye kandi bigororotse. (Abaroma 7:14-20) Paulo yararemesheje Abakirisu b’i Roma kurwanya ububasha bw’icaha, kugira ngo bashobore gutanga imibiri yabo beguriye Imana imeze nk’ ‘ibirwanishwa vy’ukugororoka,’ bikaba vyobaye ngirakamaro ku Mana mu vy’ugushitsa umugambi wayo. (Abaroma 6:12-14) Muri ubwo buryo nyene, twize tudahorereza kandi tugakurikiza Ijambo ry’Imana, turashobora kwiyinjizamwo ‘ugukosorwa kuva kuri Yehova’ kandi ‘tugatozwa indero mu kugororoka.’—Abanyefeso 6:4; 2 Timoteyo 3:16, 17.

12. Ni ibiki dukwiye kwirinda niba dushaka gufata abandi nk’uko dushaka ko Yehova adufata?

12 Ica kabiri, tugaragaza ubutungane igihe dufata abandi nk’uko dushaka ko Yehova adufata. Biroroshe kugendera ku ngingo irimwo tubiri—ugasanga twebwe turiyumvira imbabazi, ariko ku bandi tugakaza. Ku makosa yacu usanga twiteguye gusaba ukubabarirwa, yamara tukihutira kunegura amakosa y’abandi, ayashobora kuba ataco avuze tugereranije n’ayo ubwacu dukora. Yezu yarabajije adaca hirya, ati: “Urābira iki akabango kari mu jisho rya mugenzawe, kand’inkingi iri mu jisho ryawe ntuyitegereze?” (Matayo 7:1-3) Ntidukwiye kwigera twibagira yuko ata n’umwe muri twebwe yohagarara hamwe Yehova yoserangura amakosa yacu. (Zaburi 130:3, 4) Kuba ubutungane bwa Yehova butuma yirengagiza intege nke z’abavukanyi bacu, tweho turi iki ngo tubacire rubi?—Abaroma 14:4, 10.

13. Ni kuki umuntu w’umugororotsi yumva ategerezwa kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami?

13 Ica gatatu, tugaragaza ubutungane bw’Imana igihe tuja mu murimo w’ukwamamaza inkuru nziza twivuye inyuma. Yehova aduhanura ati: “Ntukanke kugirira ivyiza ababibereye, ugifise uburyo bgo kubikora.” (Imigani 3:27) Ntivyoba ari vyiza twigumijeko ubumenyi ntangabuzima Imana yatuvaguriye. Ni vyo, abantu benshi bashobora kwanka ubutumwa dushikiriza, ariko bugingo Imana ikibandanije kubagirira imbabazi, dukwiye kugira umutima wo kuguma tubaha akaryo ‘ko gushikira ukwihana.’ (2 Petero 3:9) Kandi nka kumwe kwa Yezu, twumva duhimbawe igihe dushoboye gufasha umuntu gukurikira ubutungane n’ubugororotsi. (Luka 15:7) Ubu ni igihe ciza c’uko ‘tubiba mu bugororotsi.’—Hoseya 10:12.

‘Abaganwa Bazotwaza Ubutungane’

14. Abakurambere barangura uruhara uruhe mu biraba ubutungane?

14 Twese dutegerezwa kugendera mu nzira y’ubugororotsi, ariko abakurambere bo mw’ishengero ry’Abakirisu bafise ibanga ridasanzwe muri ivyo. Inganji ya Yezu ya kiganwa ‘ishigikizwa ubutungane n’ukugororoka.’ Kubera ico, ingingo ngenderwako ishingirwa abakurambere ni ubutungane bw’Imana. (Yesaya 9:7) Bagumiza mu muzirikanyi ibivugwa mu buryo bw’ubuhanuzi muri Yesaya 32:1, ahagira hati: “Rāba, umwami azoganza mu bugororotsi, n’abaganwa bazotwaza imanza ziroranye [“ubutungane,” NW].” Kubera ko ari abacungezi bagenywe n’impwemu, ari bo ‘babwiriza b’Imana,’ abakurambere bakwiye gukora ibintu mu buryo bw’Imana.—Tito 1:7.

15, 16. (a) Abakurambere bigana gute wa mwungere w’umwizerwa avugwa mu kigereranirizo Yezu yatanze? (b) Abakurambere bumva bamerewe gute ku vyerekeye abatakaye mu vy’impwemu?

15 Yezu yarerekanye yuko ubutungane bwa Yehova burimwo imbabazi, ikigongwe n’ukutarenza urugero mu gukora ibintu. Ikiruta vyose, yaragerageje gufasha abafise ingorane, no “kurondera no gukiza icari cazimiye.” (Luka 19:10) Nka kumwe kwa wa mwungere avugwa muri ca kigereranirizo Yezu yatanga c’uwarondeye intama yazimiye atarambirwa gushika ayitoye, abakurambere bararondera abayovye mu vy’impwemu kandi bakihatira kubayobora ngo bagaruke mu mukuku.—Matayo 18:12, 13.

16 Aho gucira rubi abashobora kuba bakoze ivyaha bikomeye, abakurambere barondera kubavura no kubashikana ku kwihana niba bishoboka. Baranezerwa igihe bashoboye gufasha umuntu yayovye. Ariko rero barababara igihe umuntu yakoze ikibi ananiwe kwihana. Ico gihe ingingo ngenderwako zitunganye z’Imana zibasaba guca uwo muntu atihana. N’aho nyene, nka kumwe kwa wa muvyeyi w’umwana w’icangazi, baba bizigiye ko hari umusi uwo muntu yatirimutse ‘azogarura umutima.’ (Luka 15:17, 18) Ku bw’ico, abakurambere baribwiriza kugendera abantu bamwebamwe baciwe kugira ngo babibutse ukuntu bashobora kugaruka mw’ishirahamwe rya Yehova.a

17. Ni intumbero iyihe abakurambere baba bafise igihe bihweza urubanza rw’uwakoze ikibi, kandi ni kamere iyihe izobafasha gushikira iyo ntumbero?

17 Abakurambere barakeneye canecane kwigana ubutungane bwa Yehova igihe baca imanza z’abakoze ikibi. Mu gihe ca Yezu abanyavyaha ‘baza baramwegera’ kubera ko bumva yuko yobatahura kandi akabafasha. (Luka 15:1; Matayo 9:12, 13) Ariko ntiwumve, Yezu ntiyarenza uruho rw’amazi ku bukozi bw’ikibi. Zakayo, uwari azwi cane ko yari umuntu agunga, yarasangiye amazimano na Yezu rimwe, bituma yihana kandi arikosora kubera ugucumukura kwose yari yarateje abandi. (Luka 19:8-10) Abakurambere bo muri iki gihe baba bafise iyo ntumbero nyene igihe bumviriza imanza—kugira ngo uwatirimutse bamushikane ku kwihana. Mu gihe ari abantu badatinywa nka kumwe Yezu yari ari, abakoze ikibi benshi bazorushiriza kworoherwa kurondera gufashwa na bo.

18. Ni igiki kizotuma abakurambere bashobora kumera nk’ “aho kwikinga umuyaga”?

18 Umuntu w’umutima udakomantaye azotuma abakurambere bakoresha ubutungane bw’Imana, bumwe budakoresha ubukari canke ukutagira impuhwe. Birakwegera ubwenge kubona Ezira yari yarateguye umutima wiwe ntategure umuzirikanyi wiwe gusa, kugira ngo yigishe Abisirayeli ubutungane. (Ezira 7:10) Umutima utahura uzotuma abakurambere bakurikiza ingingo zo mu Vyanditswe zibereye, wongere utume batirengagiza ukuntu ivy’umuntu umwumwe wese vyifashe. Igihe Yezu yakiza wa mugore yari arwaye ubutinyanka bw’urudaca, yarerekanye yuko ubutungane bwa Yehova busobanura ugutahura ico amategeko avuga kandi asobanura vy’ukuri. (Luka 8:43-48) Abakurambere bakurikiza ubutungane bakoresheje imbabazi bashobora gusanishwa n’ “aho kwikinga umuyaga” ku badugaritswe umutima n’intege nke zabo bwite canke n’iyi si tubayemwo.—Yesaya 32:2.

19. Umuvukanyikazi umwe yakiriye gute ikoreshwa ry’ubutungane bw’Imana?

19 Umuvukanyikazi umwe yari yakoze icaha gikomeye yahavuye yitahurira ubutungane bw’Imana. Ariyemerera ati: “Mvugishije ukuri, nari natinye kuja kubonana n’abakurambere. Mugabo bamfatanye imbabazi n’urupfasoni. Abakurambere bari nk’abavyeyi aho kuba abacamanza bakaze. Baramfashije gutahura yuko Yehova atontaye mu gihe niyemeje gukosora inzira zanje. Nariboneye ukuntu adutoza indero nk’Umuvyeyi w’urukundo. Narashoboye kwugururira umutima Yehova nizeye ko yokwumviriza ugutakamba kwanje. Ntereje amaso inyuma, ndashobora kuvuga ntabesha yuko umubonano nagiranye n’abakurambere, ubu hakaba haciye imyaka indwi, wari umuhezagiro uvuye kuri Yehova. Kuva ico gihe, ubucuti nari mfitanye na we bwararushirije gukomera cane.”

Gumya Ubutungane Kandi Ukore Ibigororotse

20. Ni inyungu izihe ziva ku gutahura n’ugukoresha ubutungane n’ubugororotsi?

20 Turashima kuba ubutungane bw’Imana busobanura ibiruta guha umuntu wese ivyo akwiriye. Ubutungane bwa Yehova bwatumye yemerera ubuzima budashira abagaragaza ukwizera. (Zaburi 103:10; Abaroma 5:15, 18) Imana itugirira ibintu muri ubwo buryo kubera ko ubutungane bwayo butirengagiza uko ivyacu vyifashe, kandi burondera gukiza umuntu ntiburondera kumucira rubi. Vy’ukuri, ugutahura neza kuruta urugero rw’ubutungane bwa Yehova birarushiriza kumutwegereza. Kandi uko twita ku rutare ngo twigane uwo muce wa kamere yiwe, ubuzima bwacu be n’ubw’abandi buzohezagirwa muri vyinshi. Ugukurikirana ubutungane kwacu ntikuzobura kubonwa na Data wa twese wo mw’ijuru. Yehova adusezeranira ati: “[Mugumye ubutungane, NW], mukore ivy’ukugororoka: kukw agakiza kanje kagira gashike, n’ukugororoka kwanje kugira guhishurwe. Hahirwa umuntu akora ivyo.”—Yesaya 56:1, 2.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba Umunara w’Inderetsi wo muri Ndamukiza 1991, urupapuro 21-22.

Woba Uvyibuka?

◻ Ihonywa rya Sodomu na Gomora ritwigisha iki ku vyerekeye ubutungane bwa Yehova?

◻ Ni kuki ya ncungu ari uburyo bwibonekeje bw’uguserurwa kw’ubutungane bw’Imana n’urukundo rwayo?

◻ Uburyo butatu dushobora kugaragarizamwo ubutungane ni ubuhe?

◻ Ni mu buryo budasanzwe ubuhe abakurambere bashobora kwigana ubutungane bw’Imana?

[Ifoto ku rup. 31]

Turagaragaza ubutungane bw’Imana biciye mu murimo dukora wo kwamamaza inkuru nziza

[Ifoto ku rup. 32]

Igihe abakurambere bagaragaza ubutungane bw’Imana, abafise ingorane bazorushiriza kworoherwa no kurondera gufashwa na bo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika