ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/6 rup. 4-7
  • Imana iritaho abageze mu zabukuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana iritaho abageze mu zabukuru
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Umucamanza w’abapfakazi’
  • Kubahumuriza “mu marushwa yabo”
  • ‘Ivya mbere vyarashize’
  • Kwitaho abageze mu zabukuru ni ibanga ryega umukirisu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Mutere iteka abageze mu zabukuru bari muri mwebwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Yehova aritwararikana ikibabarwe abasavyi biwe bageze mu zabukuru
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Naho bari ukwa bonyene, ntibibagirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/6 rup. 4-7

Imana iritaho abageze mu zabukuru

NTIBITANGAJE kuba ivyo gufata nabi abageze mu zabukuru bisigaye vyarabaye ndanse muri iki gihe. Bibiliya yaravuze kuva kera yuko mu “misi y’iherezo” y’iyi si itibanga Imana, abantu bobaye “bikunda gusa, . . . badakunda n’ababo” (2 Timoteyo 3:1-3). Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo ‘gukunda ababo’ rishobora gusobanura urukundo mu bisanzwe usanga ruri hagati y’abagize umuryango. Si agaseseshwarumuri, nk’uko Bibiliya yari yarabivuze, mwene urwo rukundo rurabuze muri iki gihe.

Yehova Imana aratandukanye cane n’abafata nabi abageze mu zabukuru; wewe arabaha agaciro kanini akongera akabitaho. Raba ukuntu Bibiliya ivyerekana.

‘Umucamanza w’abapfakazi’

Ivyanditswe vy’igiheburayo birerekana yuko Yehova Imana yitaho abageze mu zabukuru. Nk’akarorero, muri Zaburi 68:5, Dawidi yita Imana ‘umucamanza w’abapfakazi’, abo usanga akenshi ari abageze mu zabukurua. Mu zindi Bibiliya iryo jambo “umucamanza” rihindurwa ngo “umuntu aburanira”, “umuntu akingira” canke “umuntu arwanira”. Uca ubona rero ko Yehova yitaho abapfakazi. Kukaba nkako, Bibiliya ivuga yuko iyo bafashwe nabi uburake bwiwe buca buziriringa (Kuvayo 22:22-24). Imana n’abasavyi bayo baraha agaciro kanini abapfakazi be n’abandi bantu bose b’intahemuka bageze mu zabukuru. Mu Migani 16:31 harerekana ukuntu Yehova Imana be n’abasavyi biwe babona abageze mu zabukuru mu kuvuga hati: “Imvi ku mutwe n’igitsibo c’icubahiro, kiboneka mu nzira y’ubugororotsi”.

Ntibitangaje rero kubona ukwubaha abageze mu zabukuru wari umuce nyamukuru wa vya Vyagezwe Yehova yaha Isirayeli. Abisirayeli bategetswe bati: “Umuntu wese muri mwebge az’avire hasi ūmaze kuyenzura imvi, yubahe umutāma, antinye, jewe Imana yiwe: ni jewe Uhoraho” (Abalewi 19:32). Urabona rero ko muri Isirayeli kwubaha abageze mu zabukuru vyari bifitaniye isano cane n’ubucuti umuntu yagiranira na Yehova Imana. Umuntu ntiyoshoboye kuvuga yuko akunda Imana mu gihe yaba afata nabi abageze mu zabukuru.

Abakirisu ntibagengwa n’Ivyagezwe vya Musa. Ariko bagengwa n’‘icagezwe ca Kirisitu’, ico kikaba kigira ikintu kinini gikoze ku kuntu bigenza no ku nyifato bagira, harimwo no gukunda be no kwitaho abavyeyi babo hamwe n’abageze mu zabukuru (Ab’i Galatiya 6:2; Abanyefeso 6:1-3; 1 Timoteyo 5:1-3). N’ikindi kandi, abakirisu ntibagaragaza urukundo bafitaniye kubera gusa basabwa kubigira, yamara barugaragaza kubera biba bivuye ku mutima. Intumwa Petero yabahimirije ati: “Mukovye mu gukundana bivuye mu mitima”.​—1 Petero 1:22.

Umwigishwa Yakobo aradufasha kubona iyindi mpamvu yotuma twitaho abageze mu zabukuru. Yanditse ati: “[“Ugusenga kutanduye kandi kudahumanye”, NW] imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’isi” (Yakobo 1:27). Ng’aho Yakobo arashira ahabona iciyumviro gikora ku mutima. Aratwereka ko abo bantu bakundwa Yehova abona ko bafise agaciro.

Ku bw’ivyo rero, kwirinda gufata nabi abageze mu zabukuru vyonyene ntibihagije. Ahubwo riho, dukwiye kwerekana mu buryo buboneka ko tubitaho mu kubakorera ibikorwa vyiza (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Kugaragariza urukundo mu bikorwa” ruri ku rupapuro rwa 6-7.). Yakobo yanditse ati: ‘Ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye’.​—Yakobo 2:26.

Kubahumuriza “mu marushwa yabo”

Hariho ikindi ciyumviro dukura mu majambo ya Yakobo. Urabona ko Yakobo yabwiye abakirisu kuraba abapfakazi “mu marushwa yabo” (Ni twe dushimitse.). Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “amarushwa” mu bisanzwe risigura umubabaro, amagorwa, canke ugucumukura biterwa n’imikazo iva ku bidushikira mu buzima. Nta nkeka ko abenshi mu bageze mu zabukuru bashikirwa na mwene uwo mubabaro. Bamwe usanga bumva bishwe n’irungu. Abandi na bo usanga bavunika umutima kubera ko hari ivyo batagishobora gukora bitewe n’uko bitereye mu myaka. Mbere n’abo usanga ari abanyamwete mu murimo barangurira Imana, boshobora gucika intege. Raba nk’akarorero ivy’uwitwa Johnb, uwumaze imyaka irenga 40 ari umwamamaji w’Ubwami bw’Imana w’intahemuka, imyaka 30 muri iyo akaba ayimaze mu murimo udasanzwe w’igihe cose. John ubu ageze mu myaka 80, ariyemerera yuko bishika akumva acitse intege. Avuga ati: “Akenshi ndatereza amaso inyuma maze nkibuka amakosa nakoze, emwe, amakosa menshi cane. Nguma nibwira yuko nari gushobora gukora vyiza kuruta”.

Abantu nk’abo barashobora guhumurizwa no kumenya yuko naho Yehova atunganye, atitega ko tuba abatunganye. Naho azi amakosa yacu, Bibiliya ivuga ku bimwerekeye iti: “Uhoraho, wokwama wibuka ibigabitanyo, Bgirukiro, ni nde yohava akazohagarara adatsinzwe?” (Zaburi 130:3). Egome, Yehova ntaraba gusa amakosa tugira ariko araraba n’ibiri mu mutima. Uti none ivyo tuvyemezwa n’iki?

Wa Mwami Dawidi, ubwiwe akaba yari azi ico ari co gukora ikosa no kuba umunyagasembwa, yarahumekewe n’Imana kwandika amajambo akurikira ari muri Zaburi 139:1-3, ayagira ati: “Uhoraho waransuzumye, urammenya, urazi iyicara ryanje n’īva hasi ryanje, umenyera kure ivyo niyumvira. Usorongora inzira zanje n’iryama ryanje, urazi iminyuro yanje yose”. Ngaha ijambo ryahinduwe ngo “usorongora” risobanura urudome ku rundi “kugosora”, nka kurya nyene umurimyi agosora, agatandukanya imiguruka n’intete. Dawidi, ahumekewe n’Imana, aradukura amazinda yuko Yehova azi kugosora ibikorwa vyacu agakuramwo bibi maze akaguma yibuka ibikorwa vyiza.

Data wa twese wo mw’ijuru munyakigongwe aribuka akongera agaha agaciro ibikorwa vyacu vyiza mu gihe tuguma turi intahemuka kuri we. Kanatsinda, Bibiliya ivuga yuko ari nk’aho Imana yoba ikoze ivyo kugabitanya hamwe yokwibagira ibikorwa vyacu be n’urukundo twerekanye ko dukunda izina ryayo.​—Abaheburayo 6:10.

‘Ivya mbere vyarashize’

Bibiliya iratwereka yuko ingorane z’ubusaza zitari mu mugambi Imana yari ifitiye abantu. Aho abavyeyi bacu ba mbere, ari bo wa mugabo n’umugore ba mbere, bamariye kugarariza Umuremyi wabo ni ho gusa abantu batangura kuza barashikirwa n’ingaruka mbi ziterwa n’ubusaza (Itanguriro 3:17-19; Abaroma 5:12). Ivyo ntibizobandanya ibihe vyose.

Nk’uko twamaze kubibona, vyinshi mu bintu bibi biriko biradushikira muri iki gihe, ushizemwo n’ugufata nabi abageze mu zabukuru, ni ivyerekana ko tubayeho mu “misi y’iherezo” y’ivy’iyi si (2 Timoteyo 3:1). Imana ifise umugambi wo gukuraho ingaruka z’icaha, ushizemwo n’ingaruka mbi ziterwa n’ubusaza be n’urupfu. Bibiliya ivuga iti: “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize”.​—Ivyahishuriwe 21:4.

Mw’isi nshasha y’Imana, imibabaro iterwa n’ubusaza izoba yarashize. Gufata nabi abageze mu zabukuru na vyo nyene bizoba vyaraheze (Mika 4:4). N’abantu bapfuye Imana yibuka, bazosubira kuba bazima kugira ngo na bo nyene baronke akaryo ko kubaho ibihe bidahera kw’isi y’iparadizo (Yohana 5:28, 29). Ico gihe kuruta ikindi gihe ico ari cose, bizogaragara ko Yehova Imana atitaho abageze mu zabukuru gusa, ariko kandi ko yitaho n’abo bose bamugamburukira.

[Utujambo tw’epfo]

a Ariko ntiwumve, hariho abapfakazi usanga bataragera mu zabukuru. Ivy’uko Imana yitaho n’abapfakazi bataragera mu zabukuru biribonekeza nk’akarorero mu Balewi 22:13.

b Iryo si ryo zina ryiwe ry’ukuri.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 6, 7]

Kugaragariza urukundo mu bikorwa

Mu Vyabona vya Yehova, usanga abakurambere b’amashengero baja imbere abandi mu bijanye no kwitaho abageze mu zabukuru. Barafatana uburemere iyi mpanuro y’intumwa Petero igira iti: “Muragire ubusho bg’Imana bgo muri mwebge” (1 Petero 5:2). Kwitaho abageze mu zabukuru mu buryo buboneka ni umuce umwe w’ibanga ryo kuragira ubusho bw’Imana. Ariko none ivyo vyoba bisaba iki?

Kugira ngo umuntu amenye neza ivyo uwugeze mu zabukuru akeneye uko bingana, bisaba ko yihangana, bigasaba kandi ko kumbure amugendera akatari gake akongera akamuyagisha. Ashobora kuba akeneye gufashwa mu vyo gusuma, kugira isuku, kujanwa ku makoraniro ya gikirisu, gusoma Bibiliya n’ibitabu vya gikirisu be no mu bindi vyinshi. Igihe cose bishoboka, harakwiye kugirwa indinganizo ngirakimazi kandi umuntu yokwizigira ko zizogira ico zivamwo, kandi zigashirwa mu ngiroc.

Bite ho nk’igihe mw’ishengero hoba hari umuvukanyi canke umuvukanyikazi yitereye mu myaka ageze habi, kumbure akaba akeneye gufashwa mu vy’amahera? Vyoba vyiza umuntu abanje kuraba niba hariho abana canke izindi ncuti boshobora gufasha. Ivyo vyoba bihuye n’ibivugwa muri 1 Timoteyo 5:4, ahagira hati: “Umupfakazi wese, namb’afise abana cank’abuzukuru, ni babanze kwiga kwubaha Imana ku vyo bagirira ababo, no kwishura ivyiza abavyeyi babo: kukw ivyo ari vyo bishimwa mu nyonga z’Imana”.

Hari aho uwo muntu ageze mu zabukuru yoba akeneye gufashwa kuraba nimba ari mu bashobora kuronka ku mfashanyo kanaka itegekanywa na Leta. Hari igihe mw’ishengero hoba hari aboshobora kugira ico bafashije muri ivyo. Niba ubwo buryo bwose budashoboka, abakurambere boshobora kuraba niba uwo muntu akwije ibisabwa kugira afashwe n’ishengero. Rimwe na rimwe, ivyo vyaragirwa mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere, uravye nk’ivyo Paulo yandikiye uwo bari basangiye igikorwa Timoteyo ati: “Ntihakagire umupfakazi yandikirwa gufashwa ataramara imyaka mirongwitandatu y’amavuka, kandi handikwe uwar’afiswe n’umugabo umwe gusa, handikwe ūshimirwa ibikorwa vyiza, namba yararera abana, namba yaratanga indāro, yarōza ibirenge vy’abera, yarafasha abababaye, yarashishikara gukurikira ibikorwa vyiza vyose”.​—1 Timoteyo 5:9, 10.

[Akajambo k’epfo]

c Ushaka kumenya vyinshi kuri ivyo, raba ikiganiro kivuga ngo “Kwitaho abageze mu zabukuru ni ibanga ryega umukirisu”, casohowe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama 2004.

[Ifoto ku rup. 5]

Doruka yaritaho abapfakazi b’aboro.​—Ivyakozwe n’intumwa 9:36-39

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika