ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/9 rup. 23-28
  • Yehova yama nantaryo atubungabunga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova yama nantaryo atubungabunga
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Amayinga atoroshe
  • Mbwira ukuri umuryango n’abagenzi
  • Uruhamo rwo mu vy’idini rutangura
  • Uruhamo rwongerekana
  • Duhigwa buhongo
  • Impunzi zitagira iyo zija
  • Kwitaba amakoraniro y’ishengero
  • Agasago kacu kari ubwugamo butagira inkomanzi
  • Yehova arabungabunga abapfakazi
  • Yehova abandanya kutubungabunga
  • Twarironkeye imihezagiro ‘mu gihe ciza no mu gihe kigoye’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Nararetse Yehova arayobora intambuko zanje
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/9 rup. 23-28

Inkuru y’ubuzima

Yehova yama nantaryo atubungabunga

NK’UKO VYAVUZWE NA ENELESI MZANGA

Hari mu 1972. Imisore cumi yo mu bagize Umuhari w’urwaruka rwo muri Malawi, yaritereye mu nzu yacu irancakira, maze inkwegera mu murima w’ibikaju wari hafi yo ngaho. Ni ho bankubitiye bansiga ndi intere.

Ivyabona vya Yehova benshi bo muri Malawi baratewe ibitero bikaze nk’ico. Ni kubera iki bahamwa? Ni igiki cabafashije kwihangana? Nkundire mbiganire inkuru y’umuryango wanje.

NAVUTSE ku wa 31 Kigarama 1921, mvukira mu muryango ukunda ivyo gusenga. Dawe yari umupasitori wo mw’idini y’abaperesubitero yo muri Afirika yo Hagati. Nakuriye mu gasagara gatoyi kitwa Nkhoma, ko hafi y’umurwa mukuru wa Malawi ari wo Lilongwe. Igihe nari maze imyaka 15, naciye nabirwa na Emmas Mzanga.

Umusi umwe hari umugenzi wa dawe yatugendeye, na we nyene akaba yari umupasitori. Yari yarabonye yuko Ivyabona vya Yehova baba hafi y’i muhira, aca aratwihaniza ngo ntituze twifatanye na bo. Yatubwiye ko Ivyabona barimwo amashetani kandi yuko tutabaye maso na twebwe twokwiziziwe na yo. Iyo mburizi yaraduteye ubwoba cane ku buryo twaciye twimukira mu kindi kigwati, aho Emmas yaronse akazi ko gucuruza mu mangazini. Ariko budakeye na kabiri, twaramenye yuko n’iyo nzu nyene twimukiyemwo yari hafi y’aho Ivyabona vya Yehova baba!

Ariko rero bidatevye, urukundo rushika i bwina Emmas yakunda Bibiliya, rwatumye ayaga n’umwe muri ivyo Vyabona. Amaze kuronka inyishu zijijura ku bibazo vyinshi yari afise, Emmas yaremeye ko Ivyabona bigana na we Bibiliya. Mu ntango inyigisho ya Bibiliya yagirirwa ku mangazini yakoreramwo, mugabo mu nyuma iyo nyigisho yagira ku ndwi ku ndwi yabera mu nzu yacu. Igihe cose Ivyabona vya Yehova baba baje, naca nsohoka kubera yuko nabatinya. Ariko rero, Emmas yarabandanije kwiga Bibiliya. Haciye nk’amezi atandatu atanguye, yarabatijwe, aho hakaba hari muri Ndamukiza 1951. Ariko rero, nta vyo yambwiye kubera yatinya yuko vyari gusenyura umubano wacu.

Amayinga atoroshe

Ariko rero umusi umwe, umugenzi wanje yitwa Ellen Kadzalero yarambwiye yuko umunega wanje yabatijwe akaba Icabona ca Yehova. Ishavu ryaciye riniga! Kuva uwo musi, sinasubiriye kumuvugisha canke kumukinjikira imfungurwa. Naciye kandi mpagarika kumuvomera amazi yo kwiyoga no kuyamushuhiriza, ico kikaba ari igikorwa kibonwa yuko ari ibanga ry’umukenyezi mu mico kama yacu.

Haciye amayinga atatu Emmas yihanganira ukwo kuntu namufata, yaransavye n’ubugwaneza ko tuganira, araheza ambwira igituma yari yarafashe ingingo yo kuba Icabona. Yarasomye ivyanditswe bitari bike yongera arabisigura, nk’akarorero ico mu 1 Ab’i Korinto 9:16. Vyarankoze ku mutima cane maze numva yuko nanje nyene nkwiye kugira uruhara mu vyo kwamamaza inkuru nziza. Ni co gituma naciye mfata ingingo yo kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Kuri uwo mugoroba nyene, mu kunezereza umugabo wanje mukundwa, namuteguriye imfungurwa ziryoshe.

Mbwira ukuri umuryango n’abagenzi

Igihe abavyeyi banje bumva ko twifatanya n’Ivyabona vya Yehova, baraturwanije mu buryo bukaze. Umuryango wanje waratwandikiye ikete ritumenyesha kutazosubira kubagendera. Inyifato bagize yaratubabaje, mugabo twarizigiye umuhango wa Yezu w’uko tworonse basaza bacu, bashiki bacu, ba dawe na ba mawe benshi bo mu buryo bw’impwemu.​—Matayo 19:29.

Narateye imbere ningoga na ningoga mu kwiga Bibiliya maze mbatizwa muri Myandagaro 1951, haciye gusa amezi atatu n’igice umugabo wanje abatijwe. Naciye numva mvyuriwe umutima wo kubwira ukuri wa mugenzi wanje Ellen. Ikinezereje, yaremeye ko twigana Bibiliya. Muri Rusama 1952, Ellen yarabatijwe aba umuvukanyikazi wanje wo mu buryo bw’impwemu, ivyo bikaba vyarakomeje ubugenzi bwacu. Gushika ubu, turacari abagenzi somambike.

Mu 1954, Emmas yaragenywe kugira ngo aze aragendera amashengero ari umucungezi w’umuzunguruko. Ico gihe, twari tumaze kugira abana batandatu. Muri iyo misi, umucungezi w’ingenzi afise umuryango yamara indwi imwe agendera ishengero hanyuma indwi ikurikira akayimarana n’umugore wiwe be n’abana i muhira. Ariko rero, igihe Emmas yaba ariko aragendera ishengero, yama yitwararika ivy’uko ndongora inyigisho ya Bibiliya y’umuryango wacu. Twaragerageza gutuma iyo nyigisho tugirana n’abana bacu iba iyiryoshe. Twaravugana kandi ukujijuka kuvuye ku mutima ivyerekeye urukundo dukunda Yehova be n’urwo dukunda ukuri kwo mw’Ijambo ryiwe, tukongera tukagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza uko tugize umuryango. Iyo porogarama yo kumenyerezwa mu buryo bw’impwemu yarakomeje ukwizera kw’abana bacu irongera irabafasha kwitegurira uruhamo rwari rugiye kudushikira.

Uruhamo rwo mu vy’idini rutangura

Mu 1964, igihugu ca Malawi carikukiye. Igihe abategetsi bo mu mugambwe watwara bamenya impagararo yacu yo kutagira aho duhengamiye mu vya politike, baragerageje kuduhatira kugura amakarata y’umugambwea. Kubera ko twe na Emmas twanse kuyagura, abo muri wa Muhari w’urwaruka baciye batemagura umurima wacu w’ibigori, izo zikaba zari imfungurwa twokwikozeko ku mwaka wari gukurikira. Igihe abo muri wa Muhari w’urwaruka bariko batemagura ivyo bigori, baririmba bati: “Abo bose batemera kugura ikarata ya [perezida] Kamuzu [Banda], umuswa uzorya ibigori vyabo kandi abo bantu bazobiririra”. Yamara, naho twatakaje ivyo biribwa, ntitwihebuye. Twarabona ko Yehova atubungabunga. Yaradukomeje abigiranye urukundo.​—Ab’i Filipi 4:12, 13.

Igihe kimwe ijoro rigeze kure, aho hakaba hari muri Myandagaro 1964, nari i muhira ndi kumwe n’abana gusa. Twari dusinziriye, mugabo nkangurwa n’urwamo rw’abantu bariko baririmbira kure. Bari abantu bitwa Abagulewamkulu, ni ukuvuga akagwi gakorera mu mpisho gateye ubwoba ko mu bwoko bw’abatamvyi batera abantu, bashaka kwerekana ko ari imizimu ya basokuruza bapfuye. Wa Muhari w’urwaruka ni wo wari warungitse abo Bagulewamkulu kudutera. Naciye nkwakwanya mvyura abana, maze duca duhungira mw’ishamba imbere y’uko abo bene gutera bashikira inzu yacu.

Turi aho twari twinyegeje, twarabonye urubeya. Ba Bagulewamkulu bari badometse inzu yacu yari isakaje ivyatsi. Yarahiye iratokombera, hamwe n’ivyo twari dutunze vyose. Igihe bene gutera bariko barasubira inyuma basize ibisigarira vy’inzu yacu bifumba umwotsi, twabumva bavuga bati: “Twacanye agacanwa gahagije kugira ngo ca Cabona cote”. Ese ukuntu twakengurukiye Yehova kubona twari twahunze ata co tubaye! Ego ni ko baraturiye ivyacu vyose, mugabo ntibaturiye umwiyemezo wacu wo kwizigira Yehova aho kwizigira abantu.​—Zaburi 118:8.

Twaramenye yuko abo Bagulewamkulu bari bagize ikintu c’agahomerabunwa nk’ico ku yindi miryango itanu y’Ivyabona vya Yehova yo mu karere kacu. Urazi ukuntu twahimbawe tukongera tugakura ubwatsi igihe abavukanyi bo mu mashengero mabanyi baza kutugarukirako! Barongeye kutwubakira amazu baranaturonsa ibifungurwa bitumaza amayinga nk’angahe.

Uruhamo rwongerekana

Muri Nyakanga 1967 harabaye isekeza ryo gukorakoranya ku nguvu Ivyabona vya Yehova bose bo mu gihugu. Kugira ngo badutore, imisore y’inkazi kandi imeze nk’inyamaswa, ikaba yari mu bagize wa Muhari w’urwaruka be n’Urwaruka rw’abadiridiri bo muri Malawi bitwaje imipanga, barondera Ivyabona bava ku nzu baja ku yindi. Igihe baba babatoye, baca babasaba kugura amakarata y’umugambwe.

Igihe bashika ku nzu yacu, baratubajije nimba dufise ikarata y’umugambwe. Nishuye nti: “Oya, nta yo naguze. N’ubu nta yo ngura, kandi nta yo nzogura”. Baciye baducakira twe n’umugabo wanje batujana ku biro vy’abapolisi vy’aho iwacu, ntibatureka ngo dutware ikintu na kimwe. Igihe abana bacu batoya bataha bavuye kw’ishure, basanze atari ho turi, baca barahagarika umutima cane. Icabaye ciza, ni uko imfura yacu Daniel yaciye aza i muhira haciye akanya gatoya maze akamenya ivyabaye abibwiwe n’umubanyi. Ubwo nyene yaciye afata barumunawe abazana kuri vya biro vy’abapolisi. Bashitse igihe abapolisi bariko baratwuriza ibikamyo kugira ngo batujane i Lilongwe. Twarajanye n’abo bana.

I Lilongwe hariyo sentare ica urubanza rw’akarenganyo yasasa ku cicaro gikuru c’abapolisi. Abategetsi batubajije bati: “Muzobandanya kuba Ivyabona vya Yehova?”. Twishuye ngo “egome!”, naho nyene iyo nyishu yaca ituma umuntu acirwa urubanza rwo gupfungwa imyaka indwi. Ku bo bafata ko “ari indongozi” mw’ishirahamwe, bacirwa umunyororo w’imyaka 14.

Tumaze ijoro ryose ata co dushize ku munwa canke ngo turuhuke, abapolisi baratujanye mw’ibohero ry’i Maula. Utuzu tw’ibohero twari twuzuye abantu ku buryo tutashobora mbere kuronka aho turyama hasi! Mu kazu kamwekamwe kose k’ibohero wasanga harimwo indobo imwe yakoreshwa mu kwitabara. Imfungurwa twaronka zari intica ntikize kandi ziteguye nabi. Inyuma y’amayinga abiri, abakuru b’ibohero baratahuye ko turi abanyamahoro maze batwemerera kuza turakoresha ikibuga co kwinonoreramwo imitsi c’iryo bohero cari hanze. Kubera ko benshi muri twebwe twari hamwe, twararonka uturyo ku musi ku musi two kuremeshanya no kubwira inkuru nziza abandi banyororo. Tumaze amezi atatu mw’ibohero, twarekuwe tutari tuvyiteze, kubera umukazo ibindi bihugu vyagize ku ntwaro ya Malawi.

Abakuru b’igipolisi badutegetse gusubira mu mihana yacu, ariko kandi batubwira yuko igikorwa c’Ivyabona vya Yehova cari cabujijwe muri Malawi. Ukwo kubuzwa kwahereye ku wa 20 Gitugutu 1967 gushika ku wa 12 Myandagaro 1993, ni ukuvuga yuko kwamaze nk’imyaka 26. Iyo yari imyaka itoroshe, yamara dufashijwe na Yehova twarashoboye kuguma twumiye ku kutagira aho duhengamiye.

Duhigwa buhongo

Muri Gitugutu 1972, Leta yarasohoye itegeko ryatumye haba ikindi kiringo c’uruhamo rukaze. Iryo tegeko ryavuga yuko Ivyabona vya Yehova bose bategerezwa kwirukanwa mu kazi kandi yuko Ivyabona bose baba mu dusagara bategerezwa kwirukanwa mu mazu yabo. Ivyabona bahigwa buhongo.

Muri ico gihe, hari umuvukanyi mukirisu akiri muto yaje i muhira azaniye Emmas ubutumwa bwihuta, bwavuga buti: ‘Wa Muhari w’urwaruka ufise umugambi wo kuguca umutwe, uwutungire ku giti, maze uwushire abakuru bo ngaha’. Emmas yaciye ahunga mu maguru masha, mugabo ahejeje gutunganya ivy’uko twoca tumukurikira bidatevye. Naciye ndungika abana ubwo nyene. Maze ngira ngende, mbona cumi bo muri wa Muhari w’urwaruka ngabo, baje kurondera Emmas. Baciye biterera mu nzu yacu mugabo basanga Emmas yagiye. N’ishavu n’akantu, abo bagabo baciye bankwegera mu murima w’ibikaju wari hafi yo ngaho, aho bankubitaguriye imigere bongera bankubitisha ibikaju. Ico gihe bansize ndi intere. Maze gutora akenge, narikweze nsubira i muhira.

Muri iryo joro bumaze guhwibira, Emmas yarashize ubuzima bwiwe mu kaga mu kugaruka i muhira kundondera. Amaze kubona ukuntu nakubiswe bimwe bibi, Emmas hamwe n’uwundi mugenzi yari afise umuduga baranteruye banyengenga banshira muri uwo muduga. Twaciye tugenda ku nzu y’umuvukanyi yaba i Lilongwe, aho nagiye ndatorera mitende, Emmas na we atangura kugira imigambi y’ukuntu twohunga tukava muri ico gihugu.

Impunzi zitagira iyo zija

Umukobwa wacu Dinesi n’umugabo wiwe bari bafise ikamyo itwara amatoni atanu. Bakoresha umushoferi yahora ari muri rwa Rwaruka rw’abadiridiri bo muri Malawi mugabo akaba yari asigaye ababazwa n’ivyariko biradushikira. Yaritanze kugira ngo adufashe yongere afashe n’ibindi Vyabona. Mu majoro atari make uwo mushoferi yaratora Ivyabona abakura mu bibanza baba bihishijemwo. Yarambara umwambaro wiwe uranga rwa Rwaruka rw’abadiridiri bo muri Malawi, bigatuma arengana amabariyeri atari make y’abapolisi atwaye ya kamyo ipakiye. Yarahatswe cane mu gufasha Ivyabona amajana n’amajana kugira ngo bajabuke umupaka binjira muri Zambiya.

Haciye amezi makeyi, abakuru bo muri Zambiya baraduhunguye badusubiza muri Malawi; yamara, ntitwashobora gusubira mu gasagara k’iwacu. Amatungo yose twari twarasize bari barayivye. Mbere n’amabati yari asakaye inzu yacu bari barayakuyeko. Kubera ko ata hantu h’umutekano twari dufise tuja, twahungiye muri Mozambike, tuja kuba mw’ikambi y’impunzi y’i Mlangeni tumarayo imyaka ibiri n’igice. Ariko rero, muri Ruheshi 1975 intwaro nshasha yo muri Mozambike yarugaye iyo kambi maze idusubiza muri Malawi ku nguvu, aho ibintu bitari bwahinduke ku vyerekeye abasavyi ba Yehova. Nta kindi twari kugira atari uguhungira muri Zambiya ubugira kabiri. Dushitseyo twagiye mw’ikambi y’impunzi y’i Chigumukire.

Haheze amezi abiri, umugwi w’amabisi hamwe n’ibikamyo vy’igisoda vyarahagaze kw’ibarabara rikuru, maze abasoda amajana n’amajana bafise ibirwanisho bikomakomeye bo muri Zambiya bashwara muri iyo kambi. Batubwiye yuko bari baratwubakiye amazu mezameza kandi yuko bategekanije uburyo bwo kutwunguruza budufasha gushika aho nya mazu ari. Twari tuzi yuko ico ari ikinyoma. Abasoda baratanguye kwuriza abantu ku nguvu muri nya makamyo n’amabisi, haca haba uruhagarara. Nya basoda batanguye kurasa hejuru bakoresheje inkoho zabo za otomatike zimwe zirasa ubutavanyako, maze abavukanyi bacu n’abavukanyikazi ibihumbi n’ibihumbi barashwiragira umutima wabavuyemwo.

Muri uwo muvurungano, Emmas yaragize isanganya yikubita hasi maze baramuhonyanga, mugabo umwe mu bavukanyi aramufasha guhaguruka. Twiyumvira yuko iyo yari intango ya ya marushwa ahambaye. Impunzi zose zarirutse zisubira muri Malawi. Tukiri muri Zambiya, twarashikiriye uruzi, maze abavukanyi bahagarara ku murongo bafatanye amaboko kugira ngo bafashe umuntu wese kujabuka amahoro. Ariko rero, dushitse ku yindi nkombe y’urwo ruzi, abasoda bo muri Zambiya baradukoranirije hamwe maze badusubiza muri Malawi ku nguvu.

Twongeye gusubira muri Malawi, ntitwari dufise iyo tuja. Twaramenye yuko mu manama y’ivya politike be no mu binyamakuru, abantu bari bagabishijwe kuraba abo bita ngo ni amasura mashasha bashika mu dusagara tw’iwabo, aho bakaba bashaka kuvuga Ivyabona vya Yehova. Ku bw’ivyo, twaciye dufata ingingo yo kuja mu gisagara c’umurwa mukuru, aho tutari gushoka tumenyekana cokimwe no mu gasagara. Twarashoboye gupanga akazu gatoyi, maze Emmas asubira kuri ca gikorwa ciwe co kugendera amashengero mu mpisho ari umucungezi w’ingenzi.

Kwitaba amakoraniro y’ishengero

Ni igiki cadufashije kuguma turi abizerwa? Ni amakoraniro y’ishengero! Mu makambi y’impunzi yo muri Mozambike no muri Zambiya, twaritaba ata ngorane amakoraniro yagirirwa mu Ngoro z’Ubwami zibayabaye zaba zisakajwe ivyatsi. Gutororokanira hamwe ku bw’amakoraniro muri Malawi vyarimwo ingeramizi kandi vyari bigoye, yamara twama tugira akigoro. Kugira ngo twirinde gufatwa, kenshi twagirira amakoraniro mu gahinga ijoro rigiye. Kugira ngo twirinde gutuma bamenya aho twikoranirije, ntitwakoma amashi mu gushimira umushikirizansiguro mugabo twaca gusa tunyingisha ibiganza.

Abantu babatizwa ijoro rigiye. Umuhungu wacu Abiyudi yabatijwe mu gihe nk’ico. Inyuma y’insiguro y’ibatisimu, we hamwe n’abandi bari bagiye kubatizwa barajanywe mu mwiza ahantu hajaga bari barimvye ikinogo gitoya. Aho ni ho babatirijwe.

Agasago kacu kari ubwugamo butagira inkomanzi

Mu myaka ya nyuma y’ukubuzwa kw’igikorwa cacu, inzu yacu y’i Lilongwe ni yo yakoreshwa bwa hantu hatagira inkomanzi. Amakete be n’ibisohokayandikiro bivuye ku biro vy’ishami vyo muri Zambiya vyararungikwa mu mpisho bigashikira mu nzu yacu. Abavukanyi bakora bwa batwara amakete ku makinga baraza i muhira bagatora amakete n’ibisohokayandikiro vyavuye muri Zambiya bakabijana mu mihingo yose ya Malawi. Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi vyakwiragizwa, wasanga bifise intimba ntonto kubera yuko vyacapurwa ku mpapuro zakoreshwa mu gucapura Bibiliya. Ivyo vyatuma abatwara amakete bashobora gutwara ibinyamakuru bingana kabiri ivyo bari gutwara iyo biza kuba bicapuwe ku mpapuro zisanzwe. Abo batwara amakete baratanga kandi ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi vyaba birimwo ibiganiro vyo kwiga gusa. Ikinyamakuru kirimwo ibiganiro vyo kwiga gusa wasanga coroshe kunyegeza mu mupfuko w’ishati kubera yuko caba kigizwe n’urupapuro rumwe.

Abo batwara amakete barashize umwidegemvyo wabo be n’ubuzima bwabo mu kaga igihe baca mu bisaka, rimwe na rimwe bakabigira mw’ijoro, batwaye ku makinga yabo amakarato agerekeranye gushika hejuru arimwo ibisohokayandikiro bibujijwe. Naho haba hari amabariyeri y’abapolisi be n’izindi ngeramizi, baragenda ibilometero amajana n’amajana uko ikirere caba kimeze kwose kugira ngo bashire abavukanyi babo imfungurwa zo mu buryo bw’impwemu. Ese ukuntu abo batwara amakete bakundwa bari abarindutsi!

Yehova arabungabunga abapfakazi

Muri Kigarama 1992, Emmas ariko ashikiriza insiguro mu gihe c’urugendo rw’umuzunguruko, yarafashwe n’indwara yonona ubwonko. Mu nyuma, ntiyabaye agishobora kuvuga. Haciye igihe iyo ndwara yarongeye kumufata, ica ituma uruhande rumwe rw’umubiri rudakora. Naho bitari vyoroshe kuri we kwihanganira ukwo kutagira amagara, ugushigikirwa n’ishengero ryacu bimwe biranga urukundo vyaragabanije umwiheburo wanje. Narashoboye kubungabungira umugabo wanje i muhira gushika apfuye muri Munyonyo 1994, akaba yari amaze imyaka 76. Twari tumaze imyaka 57 twubakanye, kandi Emmas yapfuye ukubuzwa kumaze kuhava. Mugabo ndacafise agahinda ko kuba narabuze umugenzi wanje w’umwizerwa.

Maze gupfakara, umukwe wanje yarikoreye ibanga ryo kutitwararika gusa umugore wiwe n’abana batanu ariko kandi na jewe aranyitwararika. Ikibabaje ni uko yarwaye gatoyi aca arapfa muri Myandagaro 2000. None umukobwa wanje yari kuturonsa gute imfungurwa n’uburaro? N’ico gihe nyene, narabonye ko Yehova atwitwararika kandi yuko vy’ukuri ari “se w’impfuvyi, n’umucamanza ahagarikira abapfakazi” (Zaburi 68:5). Yehova, abicishije ku basavyi biwe bo kw’isi, yaraturonkeje inzu nshasha nziza cane. Ivyo vyagenze gute? Igihe abavukanyi n’abavukanyikazi bo mw’ishengero ryacu babona ivyago turimwo, baratwubakiye inzu mu mayinga atanu gusa! Abavukanyi bo mu yandi mashengero bazi kwubaka baraje gufasha. Urukundo n’ubuntu ivyo Vyabona bose bagaragaje vyaratujoreje kubera yuko inzu batwubakiye ari nziza kurusha amazu benshi muri bo babamwo. Ukwo kuntu ishengero ryagaragaje urukundo vyarashinze intahe nziza mu kibano cacu. Iyo ngiye kuryama mw’ijoro, numva umenga ndi mw’Iparadizo! Ni ivy’ukuri ko inzu yacu nziza cane yubakishijwe amatafari n’isima, mugabo nk’uko benshi babivuga, ni inzu vy’ukuri yubakanywe urukundo.​—Ab’i Galatiya 6:10.

Yehova abandanya kutubungabunga

Naho rimwe na rimwe nashikirwa n’ukwihebura bimwe bikomeye, Yehova yama angirira ubuntu. Indwi mu bana banje icenda baracariho, kandi ubu umuryango wanje ugizwe n’abantu 123. Ese ukuntu nkura ubwatsi kubona benshi muri bo basukurira Yehova ari abizerwa!

Ubu mfise imyaka 82. Nduzura umunezero iyo mbonye ivyo impwemu y’Imana yaranguye muri Malawi. Mu myaka ine iheze honyene, nariboneye igitigiri c’Ingoro z’Ubwami congerekana kiva kuri imwe gishika ku 600. Ikindi kandi, ubu turafise ibiro bishasha vy’ishami i Lilongwe, kandi turinovora ibifungurwa bikomeza vyo mu buryo bw’impwemu vyisukira ata kibitangira. Ndiyumvamwo vy’ukuri ko niboneye iranguka ry’umuhango w’Imana uri muri Yesaya 54:17, ahadukura amazinda hati: “Nta co kurwanisha bācuriye kukurwanya kizogira ico kimara”. Inyuma y’imyaka irenga 50 maze nsukurira Yehova, narajijutse yuko ibigeragezo ivyo ari vyo vyose dushobora guhura, Yehova yama nantaryo atubungabunga.

[Akajambo k’epfo]

a Nimba ushaka kumenya vyinshi ku vyerekeye kahise k’Ivyabona vya Yehova bo muri Malawi, raba igitabu Annuaire des Témoins de Jéhovah 1999, urupapuro rwa 149-223, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 24]

Umunega wanje Emmas yabatijwe muri Ndamukiza 1951

[Ifoto ku rup. 26]

Umugwi w’abatwara amakete b’abarindutsi

[Ifoto ku rup. 28]

Inzu yubakanywe urukundo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika