ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 113
  • Ukwicisha Bugufi Kuri Pasika ya Nyuma

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukwicisha Bugufi Kuri Pasika ya Nyuma
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Icigwa c’ukwicisha bugufi kuri Pasika ya nyuma
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu yitegurira Pasika ya nyuma
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Pasika ya Nyuma Kuri Yezu Yegereza
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • ‘Ivyo bize bibabere Icibutso’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 113

Ikigabane ca 113

Ukwicisha Bugufi Kuri Pasika ya Nyuma

PETERO na Yohani bisunze amategeko bahawe na Yezu, bamaze gushika i Yeruzalemu gutegura ivya Pasika. Yezu ashika bugorovye, bikaboneka ko azananye na za ntumwa cumi zindi. Izuba ririko riracokera ibuheramaso igihe Yezu n’umugwi bari kumwe bamanuka Umusozi wa Elayono. Ubu ni bwo bwa nyuma Yezu abona ico gisagara ku murango ari kuri uwo musozi, gushika aho azozukira.

Bidatevye Yezu hamwe n’umugwi bari kumwe bashika mu gisagara hanyuma baja ku nzu baza guhimbarizamwo Pasika. Baduga ingazi baja muri ca cumba kinini co hejuru, aho basanze imyiteguro yose yamaze kugirwa kugira ngo bahimbaze Pasika bari ukwa bonyene. Yezu si we abonye ico gihe kirashitse, nk’uko avyivugira ati: “Kwifuza nifuje cane gusangira namwe ivy’iyi Pasika, ntarababazwa.”

Nk’uko vyagirwa, abahimbaza Pasika banywa ibikombe bine vy’umuvinyu. Yezu amaze kwakira igikombe biboneka ko kigira gatatu, akurira ubwatsi Imana hanyuma avuga ati: “Mwābīre iki, mugisangire: kuko mbabgira yuk’uhereye none ntazokwongera kunywa ku nzabibu, kugeza ah’ubgami bg’Imana buzozira.”

Ku gihe kinaka bakiriko barafungura, Yezu arahaguruka, akura imitamana yiwe, afata igitambara, hanyuma yuzuza amazi umubehe. Nk’uko bisanzwe, uwagendewe aritaho ukwoza umushitsi ibirenge. Ariko kubera ko ico gihe ata wagendewe ariho, Yezu ico gikorwa aracikorera. Uwo ari we wese mu ntumwa yari akwiye kuboneraho akaryo ko kubigira; yamara bisa n’uko ata n’umwe abikora kubera ubukeba bukiri muri bo. Maze baterwa n’isoni aho Yezu atanguriye kuboza ibirenge.

Yezu ashikiriye Petero, uno arahakana ati: “Nta ho uzokwigera unyoza ibirenge gushitsa ibihe vyose.”

Yezu avuga ati: “Ni ntakwoza, nta ho tuzoba duhūriye.”

Petero asubizayo ati: “Mugenzi, ntugarukize ku birenge gusa, arik’ushikane ku maboko no ku mutwe.”

Yezu arishura ati: “Uwari yiyuhagiye nta kindi agomba, atar’ukwoga ibirenge, kukw aba akeye umubiri wose: namwe murakeye, ariko si mwese.” Ivyo abivuga kubera ko azi yuko Yuda Iskariyoti ariko agira imigambi yo kumugura.

Yezu amaze kwoza ibirenge vya bamwe 12 bose dushizemwo n’ivy’uwuza kumugura ari we Yuda, asubira kwambara imitamana yiwe hanyuma asubira ku meza. Maze abaza ati: “Mbega muramenye ico mbagiriye? Munyita Mwigisha na Shobuja, kandi mubivuga ko, kukw ari ko ndi. Nuko rero, ko jewe mbogeje ibirenge, ndi Shobuja n’Umwigisha, namwe mukwiye kwozanya ibirenge. Kuko mbahaye akarorero, kugira ngo nk’uko jewe mbagiriye, abe ari ko namwe mugira. N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Umushumba ntaruta shebuja, kandi n’intumwa ntiruta uwayitumye. Ni mwamenya ivyo muzoba muhiriwe ni mwabikora.”

Mbega icigwa c’akaroruhore cerekeye ugukorana ukwicisha bugufi! Intumwa ntizikwiye kurondera ikibanza ca mbere, mu kwiyumvira ko zihambaye cane ku buryo abandi bakwiye nantaryo kwama bazikorera. Zikwiye gukurikira akarorero Yezu atanze. Ako karorero si ukwoza ibirenge kw’umugenzo gusa. Oya, ariko ni ukugira umutima ukunze wo gukorera abandi ata kurobanura, naho coba ari igikorwa gikengeretse canke kidahimbaye. Matayo 26:20, 21; Mariko 14:17, 18; Luka 22:14-18; 7:44; Yohana 13:1-17.

▪ Ikidasanzwe ni igiki mu kuntu Yezu abona Yeruzalemu igihe yinjiye muri ico gisagara guhimbaza Pasika?

▪ Mu gihe ca Pasika, ni ikihe gikombe bisa n’uko Yezu ahereza za ntumwa 12 ahejeje gukenguruka?

▪ Igihe Yezu yari kw’isi, ni ikintu nyabaki abantu bari basanzwe bakorera abashitsi, kandi ni kuki kitakozwe mu gihe ca Pasika yahimbajwe na Yezu hamwe n’intumwa?

▪ Yezu yarondera iki mu kurangura ca gikorwa gikengeretse c’ukwoza ibirenge vy’intumwa ziwe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika