ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Amaganya ya Yezu mw’Itongo
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
    • Ikigabane ca 117

      Amaganya ya Yezu mw’Itongo

      YEZU ahejeje gusenga, we hamwe n’intumwa ziwe 11 b’abizerwa baririmbira Yehova bamushemeza. Maze baramanuka bavuye muri ya nzu yo hejuru, bamena umwijima w’ijoro hakanye, hanyuma basubira inyuma bajabutse Umugezi wa Kidironi berekeza i Betaniya. Ariko bari mu nzira, bahagarara ahantu bakunda, ari ryo tongo ry’i Getsemane. Iryo riherereye ku Musozi wa Elayono canke mu micungararo yawo. Aho ni ho kenshi Yezu asanga intumwa ziwe mu biti vy’imyelayo.

      Yezu asiga umunani mu ntumwa ziwe—kumbure akabasiga hafi y’ubwinjiriro bw’iryo tongo—ababwiriza ati: “Ba muricaye hano, mbanze nje harya gusenga.” Maze atwara bandi batatu ari bo Petero, Yakobo, na Yohani, hanyuma yinjirana na bo muri iryo tongo. Yezu aratuntura, arahagarika umutima cane. Ababwira ati: “Umutima wanje uri n’akabonge kagomba kunyica: ba muragumye aha, mubane maso nanje.”

      Yezu yigiye imbere yubama hasi, atangura gusengana ubwira ati: “Data, asangwa vyoshoboka, iki gikombe ni kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.” None ngaho ashaka kuvuga iki? Ni kuki ari n’ “akabonge kagomba ku[mw]ica”? Yoba ariko arasuha ava kuri ya ngingo yafata y’ugupfa agatanga incungu?

      Habe namba! Yezu ntariko atakamba ngo akurweko urupfu. Mbere n’iciyumviro co kwirinda gushikirwa n’urupfu rw’ukwitangako inkuka, bimwe vyavugwa na Petero, kuri we kirashisha. Ahubwo riho, ari mu maganya kubera atinya yuko uburyo yimirije gupfa nk’inkozi y’ikibi ikengeretse buhava bushira iceyi kw’izina rya Se wiwe. Ubu yiyumvamwo yuko mu masaha makeyi ahava amanikwa ku giti, nk’aho yoba ari we muntu mubi kuruta bose, uwarogose ku Mana! Ivyo ni vyo bimuhagarika umutima bimwe bibabaje.

      Yezu amaze gusenga igihe kirekire, aragaruka, asanga za ntumwa zitatu zirasinziriye. Abarira Petero ati: “Ubgo ntimurushe mubana maso nanje n’isaha n’imwe? Ni mube maso, musenge, ntimuje mu mosha mabi.” Ariko rero mu kwemera icese umwitwarariko bahozemwo hamwe n’uko amasaha ageze kure, avuga ati: “Umutima ni wo ukunze, arik’umubiri ufise intege nke.”

      Yezu maze aragenda ubugira kabiri hanyuma asaba Imana ngo imukureko “iki gikombe,” ni ukuvuga, umugabane Yehova yamushinze, canke ico amugombako. Agarutse, yongera gusanga bamwe batatu basinziriye, kandi bari bakwiye kuba bariko barasenga kugira ntibaje mu mosha mabi. Aho Yezu abavugishirije, ntibamenya ico basubizayo.

      Amaherezo, ubugira gatatu, Yezu aragenda, nko ku burebure bw’aho umuntu yotera ibuye, arapfukama, aboroga cane yongera akoragura amosozi, arasenga ati: “Data, asangw’ubigomba, kura iki gikombe, kindēngāne.” Yezu ariyumvamwo cane imibabaro ikaze kubera iceyi ugupfa nk’inkozi y’ikibi biza gushira kw’izina rya Se. Erega kwagirizwa ko ari uwarogose, ni ukuvuga uwavumye Imana, gisa n’ikirengeye kwihanganira!

      Yamara Yezu arabandanya gusenga ati: “Ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.” Yezu n’ubugamburutsi bwinshi, arorohera ivyo Se agomba. Amaze kuvuga ivyo, umumarayika ava mw’ijuru araseruka, aramukomeza n’amajambo aremesha. Kumbure uwo mumarayika abwira Yezu yuko Se amushima cane.

      Yamara ese umuzigo uri ku bitugu vya Yezu! Ubuzima budahera bwiwe bwite hamwe n’ubw’umuryango w’abantu wose uko ungana buri ku manga. Amaganya Yezu afise mu mutima ararenze, bigatuma arushiriza kubandanya asengana ubwira, indugumba abira na yo icika amama y’amaraso uko ijojotera hasi. Ikinyamakuru kimwe (The Journal of the American Medical Association) kivuga giti: “Naho ico ari ikintu kidakunda kuba, indugumba y’amaraso . . . irashobora kubira iyo umuntu aremerewe cane n’amaganya.”

      Mu nyuma Yezu aragaruka ubugira gatatu ku ntumwa ziwe, n’ubu nyene asanga barasinziriye. Baruhishijwe cane n’intuntu itavugwa. Yezu avugana ugutangara ati: “Ni mwisinzirire noneho, muruhuke. Igihe kirashitse; rāba Umwana w’umuntu ashizwe mu maboko y’abanyavyaha. Ni muvyuke, tugende: eh’ūnguze ari hafi.”

      Yezu akiriko aravuga, Yuda Iskariyoti aregereza aherekejwe n’isinzi rinini ry’abantu bitwaje ibimuri n’amatara n’ibirwanisho. Matayo 26:30, 36-47; 16:21-23; Mariko 14:26, 32-43; Luka 22:39-47; Yohana 18:1-3; Abaheburayo 5:7.

      ▪ Yezu avuye mu nzu yo hejuru, ajana hehe intumwa ziwe, kandi nya hantu akorayo iki?

      ▪ Bugingo Yezu yariko arasenga, intumwa zariko zigira iki?

      ▪ Ni kuki Yezu ari mu maganya, kandi ni igiki asaba Imana?

      ▪ Ivy’uko indugumba ya Yezu icika nk’amama y’amaraso vyerekana iki?

  • Yezu Agurwa Hanyuma Agafatwa
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
    • Ikigabane ca 118

      Yezu Agurwa Hanyuma Agafatwa

      NI MU gicugu gishira ubuca, igihe Yuda ajana isinzi rinini ry’abasoda, abaherezi bakuru, Abafarizayo hamwe n’abandi mw’itongo ry’i Getsemane. Nya baherezi bemeye guhera Yuda ibiceri 30 vy’amafeza kugira abahe Yezu.

      Imbere yaho, Yuda yari yasabwe kugenda ngo ave ku mfungurwa za Pasika, bigasa n’uko yaciye aja ku baherezi bakuru. Abo buno nyene baciye bakorakoranya abagendanyi babo, hamwe n’umugwi w’abasoda. Yuda kumbure yari yabajanye aho Yezu n’intumwa ziwe bari bahimbarije Pasika. Aho nya sinzi ryitwaje ibirwanisho hamwe n’amatara n’ibimuri riboneye ko bahavuye, rikurikira Yuda bava muri Yeruzalemu, bajabuka Umugezi wa Kidironi.

      Uko Yuda arongora uwo murongo w’abantu ku Musozi wa Elayono, yiyumvira adakeka yuko azi aho ari busange Yezu. Mu ndwi iheze, igihe Yezu n’intumwa ziwe bagira urugendo bagenda bagaruka i Betaniya n’i Yeruzalemu, kenshi barahagarara mw’itongo ry’i Getsemane kugira baruhuke bongere batere abiri. Ariko ubu, narirya Yezu ashobora kuba yihishije mu mwijima munsi y’ibiti vy’imyelayo, abo basoda baza kumumenya gute? Bashobora kuba bataribwigere bamubona. Ni co gituma Yuda abaha ikimenyetso, akavuga ati: “Uwo nja gusoma azoba ari we, mumufate, mumujane mumugumije.”

      Yuda aja imbere iryo sinzi rinini arijana muri nya tongo, abona Yezu ari kumwe n’intumwa ziwe, hanyuma agenda amugana. Aravuga ati: “N’amahoro ga Mwigisha?” yongera amusomagura n’ikibabarwe cinshi.

      Yezu avuga atarya umunwa ati: ‘Mugenzi, ikikuzanye aha n’igiki?’ Maze Yezu mu kwiyishurira ico kibazo we nyene abajije, avuga ati: “Yuda, mbeg’utangisha Umwana w’umuntu kumusoma?” Ariko biramaze kuri mwene kumugura! Yezu yegera imbere mu muco w’ibimuri n’amatara vyaka hanyuma abaza ati: “Murondera nde?”

      Barishura bati: “Yesu Umunyanazareti.”

      Yezu yishura ahagaze rugabo imbere yabo bose ati: “Ni jewe.” Nya bagabo bajorejwe n’ubutwari bwiwe, batazi ikiza kuba, bagenza imigongo bahenagurika.

      Abandanya kuvuga atekereje ati: “Mbabgiye kw ari jewe: asangw ari jewe murondera, mureke aba, bīgīre.” Imbere yaho gatoyi muri ya nzu yo hejuru, Yezu yabwiye Se wiwe mw’isengesho yuko yari yarazigamye intumwa ziwe b’abizerwa n’uko ata n’umwe muri bo yari yaratakaye “atari wa mwana wo gupfa rubi.” Nuko, kugira ijambo yavuze rishobore kuranguka, asaba ko abayoboke biwe barekurwa bakigira.

      Mu gihe nya basoda basubije umutima hamwe bagahaguruka hanyuma bagatangura kuboha Yezu, za ntumwa zimenya ibigira bishike. Bamubaza bati: “Mugenzi, tubakubite inkota?” Imbere y’uko Yezu yishura, Petero ahitana imwe muri za nkota zibiri intumwa zagura, yahuka Malikusi, umusuku w’umuherezi mukuru. Petero ayikubise, ahusha umutwe wa nya musuku, imuhitana ugutwi kw’iburyo.

      Yezu avuga bubanguranye ati: “Geza aho.” Akora ku gutwi kwa Malikusi, akiza nya gikomere. Maze atanga icigwa gihambaye, ategeka Petero ati: “Subiza inkota yawe ahayo; kukw ababanguye inkota bose bazokwicwa n’inkota. Ugira ngo sinoshobora kwinginga Data, na we akandungikira ubu nyene abamarayika basaga legiyono cumi na zibiri?”

      Yezu ntiyanka gufatwa, kuko asigura ati: “Non’ivyanditswe vyoshika bite kw ari ko bikwiye kuba?” Hanyuma yongerako ati: “Mbeg’igikombe Data yampaye ndeke kukinywa?” Aremera gushitsa ico Imana imugombako ata gahigihigi namba afise!

      Maze Yezu avuga abwira rya sinzi, ababaza ati: “Mbega munziye kumfata nk’umwambuzi, muzanye inkota n’amahiri? Ko nicara mu rusengero nigisha imisi yose ntimumfate? Arikw ivyo vyose bibaye, kugira ngw ivyanditswe n’abāvugishwa n’Imana bishike.”

      Avuze ivyo, wa mugwi w’abasoda hamwe n’umugabisha w’abasirikare ari kumwe n’abakuru b’Abayuda basumira Yezu hanyuma baramuboha. Za ntumwa ngo zibibone, zita Yezu zirahunga. Ariko, umusore umwe, akaba kumbure ari umwigishwa Mariko, asigara muri iryo sinzi. Ashobora kuba yari ari muri ya nzu Yezu yahimbarizamwo Pasika, mu nyuma agakurikira iryo sinzi guhera ngaho. Ariko rero ubu aramenyekana, haca hageragezwa ivyo kumufata. Mugabo ataho impuzu yiwe yera, arahunga. Matayo 26:47-56; Mariko 14:43-52; Luka 22:47-53; Yohana 17:12; 18:3-12.

      ▪ Ni kuki Yuda yizigiye neza ko aza gusanga Yezu mw’itongo ry’i Getsemane?

      ▪ Yezu agaragaza gute yuko arajwe ishinga n’intumwa ziwe?

      ▪ Ni igiki Petero agira mu kurwanira Yezu, ariko kuri ivyo na we abwira iki Petero?

      ▪ Yezu ahishura ate yuko yemera ico Imana imugombako ata gahigihigi namba afise?

      ▪ Igihe intumwa zihevye Yezu ni nde asigaraho, hanyuma ashikirwa n’iki?

  • Ajanwa kwa Anasi, Hanyuma kwa Kayafa
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
    • Ikigabane ca 119

      Ajanwa kwa Anasi, Hanyuma kwa Kayafa

      YEZU, uwuboshwe nk’inkozi y’ikibi mu zindi, ajanwa kwa Anasi, uwahoze ari umuherezi mukuru akomeye cane. Anasi yari umuherezi mukuru igihe Yezu yari agahungu k’imyaka 12 akajoreza abigisha b’Abarabi ku rusengero. Abatari bake mu bahungu ba Anasi mu nyuma barakoze bwa baherezi bakuru, ubu na ho umukwe wiwe Kayafa akaba ari we afise ico kibanza.

      Kumbure Yezu abanza kujanwa ku nzu ya Anasi kubera ko yamaze igihe kirekire ari uwuhambaye mu buzima bw’ivy’idini y’Abayuda. Ukwo kuja kuraba Anasi biraha Umuherezi Mukuru Kayafa umwanya wo gukorakoranya Ikombe, ya sentare nkuru y’Abayuda igizwe n’abantu 71, no gutororokanya amasura y’ikinyoma.

      Umuherezi mukuru Anasi ubu abaza Yezu ivyerekeye abigishwa biwe n’ivyerekeye inyigisho ziwe. Ariko rero Yezu asubizayo ati: “Nabarira ab’isi mvyeruye, nahora nigishiriza mu masinagogi no mu rusengero ah’Abayuda bose bakoranira, nta co navugiye mu mpisho. Umbarije iki? Baza abāhora bavyumva ico nababariye: erega ni bo bazi ivyo navuze.”

      Avuze atyo, umwe muri ba bagendanyi ahagaze hambavu ya Yezu amukubita ikofe, avuga ati: “Uko ni ko wishura umuherezi mukuru?”

      Yezu asubizayo ati: “Namba mvuze nabi, nyagiriza ico kibi; ariko namb’ari neza, unkubitiye iki?” Bahejeje guterana ayo majambo, Anasi arungika Yezu aboshwe, ngo ajanwe kwa Kayafa.

      Mugabo ubu abaherezi bakuru bose n’inararibonye hamwe n’abanyabwenge b’ivyanditswe, eka Ikombe ryose uko ringana, bariko baratororokana. Ikibanza bakoraniramwo bisa n’uko ari inzu ya Kayafa. Gusambisha mwene ukwo ku mugoroba wa buca ari Pasika birazira mu mategeko y’Abayuda. Ariko ivyo ntibibuza za ndongozi z’idini kurangura umugambi wazo w’ububisha.

      Haraciye amayinga, igihe Yezu yazura Lazaro, abagize Ikombe ubwabo bari bamaze gushinga ingingo y’uko ategerezwa gupfa. Hagisigaye imisi ibiri gusa na ho, ni ukuvuga ku wa Gatatu, abakuru b’idini bagiriye inama hamwe ngo bacakire Yezu ku rwenge, kugira bamwice. Iyumvire nawe: urubanza rwiwe rwari rwamaze gucibwa n’imbere y’uko asambishwa!

      Ubu hariko hagirwa utwigoro ngo baronke amasura aza gutanga ibimenyamenya vy’ikinyoma, kugira ngo Yezu yagirwe n’icaha. Ariko rero ntihaboneka amasura ahuza mu vyo avuga. Amaherezo haza babiri, hanyuma bemeza bati: “Twebge twaramwumvise avuga, ati Nzosambura uru rusengero rwubatswe n’intoke nubake urundi mu misi itatu, rutubatswe n’intoke.”

      Kayafa abaza ati: “Nta co wiregura? Aba bakwagirije iki?” Ariko Yezu aguma yinumiye. No kuri ico kirego c’ikinyoma nyene, ya masura ntahuza ku vyo avuga, ivyo bigakoza isoni Ikombe. Nuko umuherezi mukuru agerageza ayandi mayeri.

      Kayafa arazi ukuntu Abayuda baca baribwa n’ishavu iyo hagize umuntu yiyita ko ari we Mwana w’Imana. Incuro zibiri imbere yaho, n’ubukazi n’akantu, bari bise Yezu uwarogose akwiriye gupfa, hamwe biyumvira ukutari kwo ngo avuga ko angana n’Imana. Ubu Kayafa amubwira ku rwenge ati: “Ndakurahiye Imana nzima, tubarire kw ari wewe Kristo, Umwana w’Imana.”

      Tutaravye n’ivyo Abayuda biyumvira, Yezu vy’ukuri ni we Mwana w’Imana. Kuguma yinumiye na vyo vyohava bifatwa nk’ukwihakana ko atari we Kirisitu. Nuko Yezu asubizayo n’umutima rugabo ati: “Urarivuze; yamara ndababgira yuk’uhereye ubu muzobona Umwana w’umuntu yicaye i buryo bg’Ububasha, aje mu bicu vyo kw ijuru.”

      Avuze iryo, Kayafa yitantamurirako impuzu imbere y’abantu, avuga yitangaza ati: “Ararogose, turacaronderera iki ivyabona? Ehe muriyumviye ingen’arogose: mugira ngw iki?”

      Ikombe ritangaza riti: “Akwiye gupfa.” Maze batangura kumushinyagurira, bavuga ibintu vyinshi bamurogotako. Bamukubita amakofe bongera bamucira amate mu maso. Abandi bamupfuka mu maso hose baza baramukubita ibipfunsi, bavugana akagaye bati: “Yewe Kristo, dupfindūrire: ni nde agukubise?” Iyo nyifato y’ugutukana kandi itemewe, ihaba igihe Yezu asambishwa mw’ijoro. Matayo 26:57-68; 26:3, 4; Mariko 14:53-65; Luka 22:54, 63-65; Yohana 18:13-24; 11:45-53; 10:31-39; 5:16-18.

      ▪ Yezu abanza kujanwa hehe, kandi ngaho ashikirwa n’ibiki?

      ▪ Ubukurikira Yezu ajanwa hehe, kandi bamujanirayo iki?

      ▪ Kayafa yashoboye gute gutuma Ikombe ritangaza ko Yezu akwiye gupfa?

      ▪ Ni inyifato nyabaki y’ugutukana kandi itemewe ihaba igihe c’ugusambishwa kwa Yezu?

  • Bamwihakana mu Rugo
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
    • Ikigabane ca 120

      Bamwihakana mu Rugo

      INYUMA y’aho Petero na Yohani batereye Yezu mw’itongo ry’i Getsemane hanyuma bagahungana ubwoba bari kumwe n’intumwa zisigaye, bahagarika ivy’uguhunga kwabo. Kumbure bahuriranye na Yezu igihe bariko bamujana kwa Anasi. Aho Anasi amurungikiye ku Muherezi Mukuru Kayafa, Petero na Yohani barakurikira bari ku nta itari nto, kumbure batinyira ubuzima bwabo bwite bakaba kandi bahagaritswe umutima n’ibigiye gushikira Shebuja wabo.

      Bashitse kwa Kayafa, na ho hakaba ari ahantu hagutse, Yohani biramushobokera kwinjira mu rugo kubera ko azinanyi n’umuherezi mukuru. Ariko rero, Petero asigaye hanze kw’irembo. Mugabo ntibitevye, Yohani aragaruka avugana n’umucunzi w’irembo, akaba ari umusukukazi, Petero rero abona kurekurirwa kwinjira.

      Ubu harakanye, abakozi bo mu nzu hamwe n’abagendanyi b’umuherezi mukuru bakaba bacanye agakomezwa k’amakara. Petero abiyungako ngo yote arindiriye ikija kuva mw’isambishwa rya Yezu. Ngaho, ku muco w’umuriro, wa mucunzi w’irembo yinjiza Petero, aramuraba neza. Avuga yitangaza ati: “Nawe nyene mwari kumwe na Yezu Umunyagalilaya.”

      Petero ateshwa umutwe n’uko bamumenye, arahakana imbere yabo bose y’uko atigeze amenya Yezu. Avuga ati: ‘Eka sindamuzi, mbere sintahura n’ivyo uriko uravuga.’

      Petero avuze ivyo aca agenda hambavu y’umuryango w’irembo. Ngaho sinzi uwundi mwigeme amumenye, na we nyene abwira abahagaze ngaho ati: “N’uyu nyene yari kumwe na Yesu Umunyanazareti.” N’ubu nyene Petero aravyihakana, ararahira ararengwa ati: “Uyo muntu sindamuzi.”

      Petero aguma aho mu rugo, agerageza kwihisha uko ashoboye. Kumbure bigeze aho, akangwa n’ukubika kw’inkoko mu mwijima wo mu gicugu c’ubuca. Muri ako kanya, isambishwa rya Yezu rirabandanya, rigashobora kuba ririko riragirirwa mu gice co hejuru c’inzu y’aho mu rugo. Nta gukeka, Petero n’abandi barindiririye hasi barabona uruja n’uruza rw’amasura atari amwe yarengukijwe ngo ashinge intahe.

      Hafi isaha kuva bivuzwe ubwa nyuma yuko Petero yari kumwe na Yezu. Ubu abatari bake mu bari ngaho baje kuri we bavuga bati: “N’ivy’ukuri na we ur’uwo muri bo; bitayeko n’imvugo yawe iraguhinyuza.” Umwe muri uwo mugwi ni incuti ya Malikusi umwe Petero yaca ugutwi. Avuga ati: “Sinakubonye uri kumwe na we muri rya tongo?”

      Petero avuga ashimangira ati: “Uyo muntu sindamuzi.” Nkako, agerageza kubajijura yuko bose bihenda, mu kurahira yisiba ahakana ico kintu, yigenera akabi karibumushikire hamwe atoba ariko avuga ukuri.

      Petero amwihakanye gutyo ubugira gatatu, inkoko irabika. Hanyuma muri ico gihe Yezu, uwo biboneka ko yasohotse akaja mu rubaraza ruri hejuru ya nya rugo, arahindukira araba Petero. Buno nyene, Petero yibuka ico Yezu yari yavugiye mu nzu yo hejuru imbere y’amasaha makeyi ahaciye, ngo “inkoko itarabika, uja kunyihakana gatatu.” Petero avunywe umutima n’uburemere bw’ico caha ciwe, aja hanze, ararira arabogoza.

      Ivyo bishoboye gushika bite? Bishobotse gute ko Petero, uwari yishimiye rwose ubukomezi bwiwe bwo mu vy’impwemu, yihakana Shebuja incuro zitatu zikurikirana bidatevye? Hari aho uko ibintu vyari vyifashe kwoba kwatumye Petero aterwa atiteguye. Ukuri kwariko kuragorekwa, Yezu na we akaba yariko yerekanwa ko ari inkozi y’ikibi mbi. Ibigororotse vyariko birahindurwa ibibi, uwutaco yagirizwa yerekanwa nk’umunyacaha. Kubera rero imikazo Petero yarimwo ico gihe, vyatumye adandabagirana. Nk’aka kanya, umutima ubereye yari afise w’ukudahemuka warajuragiritse; akongatazwa n’ugutinya abantu, na vyo bimutera intuntu. Ivyo ntibikigere bidushikira! Matayo 26:57, 58, 69-75; Mariko 14:30, 53, 54, 66-72; Luka 22:54-62; Yohana 18:15-18, 25-27.

      ▪ Yohani na Petero baronse gute uburenganzira bwo kwinjira mu kigo c’umuherezi mukuru?

      ▪ Bugingo Petero na Yohani bari mu rugo, ni ibiki biriko bibera mu nzu?

      ▪ Inkoko yabitse kangahe, Petero na we ahakana kangahe yuko atazi Kirisitu?

      ▪ Kuba Petero yararahiye yisiba bisobanura iki?

      ▪ Ni igiki catumye Petero ahakana yuko azi Yezu?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika