-
Arengutswa Imbere y’Ikombe Hanyuma Ajanwa kwa PilatoUmuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
-
-
Ikigabane ca 121
Arengutswa Imbere y’Ikombe Hanyuma Ajanwa kwa Pilato
BURI mu guca. Petero yihakanye Yezu ubugira gatatu, abagize Ikombe na bo bahejeje isambisha ryabo ry’agashinyaguro hanyuma baratandukana. Ariko rero, bugica ku wa Gatanu mu gitondo, barasubira gukorana, ubu bagakoranira mu ngoro yabo y’Ikombe. Igituma bakorana bisa n’uko ari ukugira ngo isambisha ryaraye rigizwe base n’abarihuza n’amategeko. Igihe Yezu arengukijwe imbere yabo, bavuga nk’uko bavuze mw’ijoro, bati: “Namb’uri Kristo, tubgire.”
Yezu arabishura ati: “N’iyo nobabgira, ntimwovyemera; n’iyo nobabaza ntimwonyishura.” Ariko rero, Yezu arerekana n’umutima rugabo akaranga kiwe, mu kuvuga ati: “Uhereye none Umwana w’umuntu azoba yicaye i buryo bg’ububasha bg’Imana.”
Bose bashaka kumenya mu kubaza bati: “None rer’ur’Umwana w’Imana?”
Yezu arabishura ati: “Murarivuze ko ndi we.”
Kuri abo bantu bafise imigabo y’ubwicanyi, iyo nyishu irakwiye. Bayifata nk’ukurogota. Babaza bati: “Turacaronderera iki ivyabona? Kuk’ubgacu tuvyīyumviye mu kanwa kiwe.” Nuko rero baboha Yezu, baramujana, hanyuma bamuhereza buramatari w’Abaroma, Ponsiyo Pilato.
Yuda, umwe yagura Yezu, yakurikiranye ukuntu ibintu biriko biragirwa. Aho aboneye ko Yezu aciriwe rubi, yumva aradogombwe. Nuko aja kuri ba baherezi bakuru no ku nararibonye gusubiza vya biceri 30 vy’amafeza, asigura ati: “Nacumuye, naguze amaraso y’ūtagira icaha.”
Bishura ata kigongwe bati: “Bidutwaye iki? N’ivyawe”! Nuko Yuda ata mu rusengero vya biceri vy’amafeza ariruka hanyuma agerageza kwimanika. Ariko rero ishami Yuda apfunditseko umugozi biboneka yuko ryavunitse, umubiri wiwe wose wisenya ku mabuye ari munsi, urasanzara.
Abaherezi bakuru ntibazi neza ico bokoza ivyo biceri vy’amafeza. Biyumvira uku: “Nti[vy]emerwa gushirwa mu mashikanwa, kukw ari i[b]iguze amaraso.” Nuko rero bamaze guhanuzanya, ayo mahera bayagura itongo ku mubumvyi kugira bazoze barahahamba bakavantara. Iryo tongo rero riraheza ryitwa “Ubwatsi bg’amaraso.”
Haracari mu gitondo ca kare igihe Yezu atwawe ku kirimba kwa buramatari. Ariko Abayuda bamuherekeje baranka kwinjira kubera biyumvira yuko ukwiyegereza Abanyamahanga cane gutyo kwobahumanya. Nuko kugira aborohereze, Pilato arasohoka. Abaza ati: “Ikirego mufise kur’uyu muntu n’igiki?”
Nabo barishura bati: “Ugira ng’uyu, iyaba atākoze ibibi tuba tumukuzaniye?”
Kubera ko Pilato yipfuza kutabigiramwo uruhara, yishura ati: “Ni mumujane mwebge, mumucire urubanza nk’ukw ivyagezwe vyanyu bivuga.”
Nya Bayuda mu guhishura imigabo bafise y’ubwicanyi, bivugisha bati: “Erega twebge ntitwemererwa kwica umuntu.” Mu vy’ukuri, bishe Yezu mu gihe ca Pasika, vyoshobora gutuma haba umugumuko mu bantu, kubera ko benshi basonera cane Yezu. Ariko hamwe Abaroma bomubicira bamwagiriza ivya politike, kumbure vyobakurako icaha imbere y’abantu.
Nuko indongozi z’idini, ata kwirirwa baracishamwo isambisha ryagizwe imbere yaho ca gihe bacira Yezu rubi ngo yarogose, ubu badendekeranya ibirego bitandukanye. Bagira iki kirego kirimwo bitatu: “Uyu twamubonye [1] agomesha ubgoko bgacu, [2] ababuza gutanga ikori rya Kayisari, [3] yivuga ngo ni Kristo, Umwami.”
Icagirizo c’uko ngo Yezu yiyita ko ari umwami ni co Pilato yibandako. Nuko rero aca asubira kwinjira mu ngoro, yakura Yezu, aramubaza ati: “Ni wewe Mwami w’Abayuda?” Mu yandi majambo ni ukuvuga ngo: woba warenze itegeko mu kwivuga ko uri umwami arwanya Kayisari?
Yezu ashaka kumenya ivyo Pilato amaze kumwumvako uko bingana, ni kwo kubaza ati: “Mbeg’ivyo ubibajije kubgawe, canke n’abandi bakubariye ivyanje?”
Pilato aremera ko atazi ibimwerekeye hanyuma yipfuza kubimenya. Arishura ati: “Mbega nanje nd’Umuyuda? Ab’ubgoko bganyu n’abaherezi bakuru ni bo bakunzaniye. Wakoze iki?”
Yezu ntagerageza na gatoyi kwinyusha ico kibazo cerekeye ivy’ukuba umwami. Inyishu Yezu aza gutanga ubu nta nkeka iratangaza Pilato. Luka 22:66–23:3; Matayo 27:1-11; Mariko 15:1; Yohana 18:28-35; Ivyakozwe 1:16-20.
▪ Ikombe rishaka iki mu gusubira gukorana mu gitondo?
▪ Yuda yapfuye gute, hanyuma vya biceri 30 vy’amafeza bikoreshwa iki?
▪ Abayuda ah’ukwiyicira Yezu bo nyene, ni kuki bashaka ko Abaroma baba ari bo bamwica?
▪ Ni ibirego ibihe Abayuda bagereka kuri Yezu?
-
-
Avanwa kwa Pilato Ajanwa kwa Herodi Yongera KugarukanwaUmuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
-
-
Ikigabane ca 122
Avanwa kwa Pilato Ajanwa kwa Herodi Yongera Kugarukanwa
NAHO Yezu atagerageza namba guhisha Pilato yuko ari umwami, arasigura yuko Ubwami bwiwe budahanamiye Uburoma namba. Yezu avuga ati: “Ubgami bganje s’ubgo mur’iyi si; iyaba ubgami bganje bgar’ubgo mur’iyi si, abagendanyi banje baba bārwanye, ngo simpabge Abayuda. Ariko noneh’ubgami bganje s’ubg’ino.” Gutyo Yezu aremeza incuro zitatu yuko afise Ubwami, naho nyene budakomoka mw’isi.
Yamara Pilato arongera kumucunaguza ati: “Ubgo wewe uri Umwami?” Ni ukuvuga ngo, wewe woba uri umwami naho Ubwami bwawe atari ubwo muri iyi si?
Yezu amenyesha Pilato yuko yabitoye, mu kumwishura ati: “Ni wewe uvyivugiye ko nd’umwami. Iki ni co navukiye, kand’iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Uw’ukuri wese yumva ijwi ryanje.”
Egome, icatumye nyene Yezu abaho kw’isi ni ugushingira intahe “ukuri,” canecane ukuri kwerekeye Ubwami bwiwe. Yezu ariteguriye kuba umwizerwa kuri ukwo kuri naho mbere kwomutwara agatwe. Naho nyene Pilato abaza, ati “Mbeg’ukuri n’iki?” nta zindi nsiguro yirirwa ararindira. Yumvise ibikwiye kugira ace urubanza.
Pilato asubira kuri rya shengero ry’abantu ririndiririye ku kirimba. Bisa n’uko Pilato aseruka ari kumwe na Yezu, akabwira ba baherezi bakuru n’abari kumwe na bo ati: “Jewe nta gicumuro mbonye kuri we.”
Rya shengero ry’abantu rishavuzwa n’iyo ngingo, ritangura gushimika riti: “Asibanganya igihugu, yigisha i Yudaya hose; yahereye i Galilaya ageza n’ino.”
Ishaka rirenze urugero ry’Abayuda ritagiramwo ukwiyumvira ritegerezwa kuba ritangaza Pilato. Nuko rero, igihe ba baherezi bakuru n’abagabo b’inararibonye bakibandanya gusemerera, Pilato asubira kuri Yezu abaza ati: “Ntiwumva ingene bakwagiriza vyinshi?” Yamara Yezu ntagerageza kwishura. Ukuguma atekereje kandi ariko yagirizwa ibintu bikomeye, gutuma Pilato ajorerwa.
Pilato yumvise ko Yezu ari Umunyagalilaya, aba aronse icanzo co kuvyikurako. Umutegetsi w’i Galilaya, ari we Herode Antipa (mwene Herode Mukuru), ari i Yeruzalemu guhimbaza Pasika, ari co gituma Pilato arungika Yezu kuri we. Herode Antipa ni we yari yaricishije Yohani Umubatizi, bikaba vyatumye agira ubwoba igihe yumva ivyerekeye ibikorwa vy’igitangaro Yezu yariko arakora, agatinya rero yuko Yezu yoba vy’ukuri yari Yohani yazuwe mu bapfuye.
Ubu na ho Herode arengewe n’umunezero yizigiye ko ashobora kubona Yezu. Ivyo si ukubera yuko arajwe ishinga n’uko Yezu yomererwa neza, canke ngo abe ashaka kugerageza vy’ukuri kumenya yuko ivyo yagirizwa vyoba ari vyo canke atari vyo. Ahubwo afise amatsiko gusa kandi akaba yizigiye kubona Yezu akora igitangaro.
Yamara Yezu aranka kumara Herode amatsiko. Kukaba nkako, Herode amubajije ikibazo, nta kajambo amwumvako. Herode ahebuye, we hamwe n’abasirikare biwe b’abarinzi, bashinyagurira Yezu. Bamwambika umwerupe hanyuma bakaza baramushinyagurira. Maze bamusubiza kwa Pilato. Ivyo bituma Herode na Pilato, abari bahoze badacana uwaka, bacika abagenzi somambike.
Yezu agarutse, Pilato ahamagara abaherezi bakuru, abategetsi b’Abayuda hamwe n’abanyagihugu, arabakoranya hanyuma avuga ati: “Mwanzaniye uyu muntu ngw agomesha abantu; none jewe namucunagurije imbere yanyu, nta caha mbona kuri we ku vyo mwamureze. Na Herode n’uko, kuko yamudushubije: kandi rāba nta co yakoze gikwiye kumwicisha. Nuko ndamukubita, ndamurekure.”
Iryo rigize kabiri Pilato amenyesha ko Yezu ataco azira. Arashashaye kumurekura, kuko abona yuko inzigo ari yo yatumye abaherezi bamumushikiriza. Pilato agize ngo arabandanya kugerageza kurekura Yezu, araronka mbere iyindi mpamvu yotuma amurekura. Igihe avyagiye ku ntebe yiwe y’icubahiro, umugore wiwe arungika ubutumwa bumwihanikiriza buti: “Ntihagire ico ugira uwo mugororotsi; kuko narāye ndose [bisa n’uko zari iziva ku Mana] mbona mbabazwa vyinshi kubgiwe.”
Pilato arazi ko akwiye kurekura uyo muntu ataco azira. Ariko abishobora ate? Yohana 18:36-38; Luka 23:4-16; Matayo 27:12-14, 18, 19; 14:1, 2; Mariko 15:2-5.
▪ Yezu yishura ate ikibazo c’uko yoba ari umwami?
▪ “Ukuri” Yezu yamaze ubuzima bwiwe bwo kw’isi ashingira intahe ni ukuhe?
▪ Urubanza Pilato aca ni uruhe, abantu bishura iki, Pilato na we amugira ate?
▪ Herode Antipa ni nde, ni kuki arengewe n’umunezero wo kubona Yezu, kandi amugira iki?
▪ Ni kuki Pilato ashashaye kurekura Yezu?
-
-
“Raba! Wa Mugabo!”Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
-
-
Ikigabane ca 123
“Raba! Wa Mugabo!”
PILATO atangajwe n’ukuntu abonye Yezu avyifashemwo kandi ariyemerera ko ata kibi ariko, arondera ubundi buryo bwo kumurekura. Abwira rya sinzi ati: “Musanganywe umugenzo ko mbarekurira umwe mu misi ya Pasika.”
Baraba, umwicanyi ruhebwa, na we nyene yagizwe imbohe, bituma Pilato abaza ati: “Uwo mugomba ko ndabarekurira ni nde? Ni Baraba canke ni Yesu yitwa Kristo?”
Kubera ko rya sinzi ry’abantu ryajijuwe n’abaherezi bakuru babagomesheje, basaba ko barekurirwa Baraba ariko Yezu akicwa. Pilato ntarambirwa. Yishura abaza ati: “Mur’abo bompi uwo mugomba ko ndabarekurira ni nde?”
Bavuga basemerera bati: “Ni Baraba.”
Pilato abaza n’ibimaremare ati: “None Yesu yitwa Kristo, we ndamugire nte?”
Bishurana uruyogoyogo rw’akazibamatwi bati: “Namanikwe!” “Mumanike! Mumanike!”—NW.
Kubera Pilato azi yuko bariko basaba ukwicwa kw’umuntu ata kosa ariko, aramuburanira ati: “Ku ki? Yakoze ikibi ki? Simmubonakw igikwiye kumwicisha; nuko ndamukubita, ndamurekure.”
Ivyo agerageza vyose, iryo sinzi ryarakaye, rigomowe n’indongozi zabo z’idini, riguma rimoka riti: “Namanikwe.” (NW) Kubera ko ryohejwe n’abaherezi, iryo sinzi rishaka amaraso. Kandi iyumvire, haciye imisi itanu gusa, bamwe muri bo kumbure barimwo mu bakiriye Yezu aje i Yeruzalemu bwa Mwami! Ico gihe cose, abigishwa ba Yezu, niba ari ho bari, baguma mu gacerere bihishije.
Pilato abonye ko utwigoro twiwe ata ciza duhaye turavamwo atari uko uruyogoyogo rurushiriza kuduga, yakira amazi hanyuma arakaraba imbere y’iryo sinzi, avuga ati: “Jeho ndacuna kubg’amaraso y’uyu mugororotsi: n’ivyanyu.” Kuri iryo jambo, ba bantu barishura, bati: “Amaraso yiwe araba ari twebge akora n’abana bacu.”
Nuko, nk’uko babisavye, akaba kandi yipfuza gushimisha iryo sinzi aho gukora ico azi ko ari ciza, Pilato abarekurira Baraba. Afata Yezu aramutanga, bamukura impuzu maze baramutonagura. Ukwo ntikwari ugukubita gusanzwe. Ikinyamakuru kimwe (The Journal of the American Medical Association) kiradondora umugenzo Abaroma bari bafise w’ugutonagura, kiti:
“Igikoresho bari basanzwe bakoresha cari ikimoko kigufi (nk’indembo) kigizwe n’imigozi y’igikoba umwumwe ukwawo, nya migozi ikagira uburebure butandukanye canke kikaba kiyijishwemwo, muri co hakaba harimwo intete ntonto z’icuma canke utugegene dukarishe tw’amagufa y’intama dusobekanzemwo duhana inta. . . . Uko abasoba b’Abaroma baza barahushura bisubiriza bihanukiriye umugongo wa nyene gukubitwa, izo ntete z’icuma zatuma inyama zisadagurika, ya migozi y’urukoba na yo hamwe na ya magufa y’intama bigatabagura uruhu, bikinjira no mu nyama. Maze uko babandanya bakubita, ugushishagurwa kwaratantamura gushika ku misoso ifatanye n’amagufa hanyuma bikavamwo ibishishagu bitentemwa vy’inyama zivirirana.”
Ukwo gukubitwa gusinzikaza amagara guheze, Yezu ajanwa mu ngoro ya buramatari, umugwi wose w’ingabo uko ungana urakoranywa. Ngaho nya basoda bamwongerako ayandi mahano mu kujisha urugori rw’amahwa hanyuma barumushinga mu mutwe. Bashira irenga mu kuboko kwiwe kw’iburyo, hanyuma bamwambika umutamana w’umutugutu, bene umwe wambarwa n’abantu b’abami. Maze baza bamushinyagurira bati: “Ndagize bwakeye Mwami w’Abayuda!” Vyongeye, baza baramucirako amate bongera bamutabagira mu maso. Bamushikura rya renga rigumye barimuhonda mu mutwe, baranarushiriza kwinjiza mu mutwe ya mahwa asongoye y’ “urugori” rwo kumuteza isoni.
Urupfasoni rwibonekeje rwa Yezu hamwe n’ukwigumya kwiwe muri ukwo gufatwa nabi bijoreza Pilato, ku buryo yumva aribusubire kugerageza kumukiza. Abwira rya sinzi ati: “Ehe ndamusohokanye aho muri, ngo mumenye kw ata gicumuro mbonye kuri we.” Ashobora kuba yiyumvira yuko nibabona ukuntu Yezu asinzikajwe bija kworosha imitima yabo. Yezu ahagaze imbere y’ico kigwi c’abantu b’imburakigongwe, yambaye rwa rugori rw’amahwa hamwe n’umutamana w’umutugutu mu maso hiwe na ho havirirana kandi hasogotwa n’umubabaro, Pilato aratangara ati: “Raba! Wa mugabo!”—NW.
Naho yakomerekejwe kandi agakubitwa, ngaho hahagaze umuntu adasanzwe mu nkuru z’ivyabaye zose, umuntu ahambaye kuruta ababayeho bose vy’ukuri! Egome, Yezu aragaragaza urupfasoni rurimwo ubutekereji kandi akiyumanganya, ivyo birerekana ubukuru na Pilato ategerezwa kwemera icese, kuko amajambo avuga biboneka ko arimwo icubahiro n’impuhwe. Yohana 18:39–19:5; Matayo 27:15-17, 20-30; Mariko 15:6-19; Luka 23:18-25.
▪ Pilato agerageza gute kurekura Yezu?
▪ Pilato agerageza gute kwikura mu vy’urwo rubanza?
▪ Ni ibiki bijana n’ugutonagurwa?
▪ Yezu atyekezwa gute bahejeje kumutonagura?
▪ Pilato yongera kugerageza gute kurekura Yezu?
-
-
Baramutanga Baca BaramujanaUmuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
-
-
Ikigabane ca 124
Baramutanga Baca Baramujana
AHO Pilato asubiriye kugerageza kurekura Yezu abitumwe n’ubupfasoni amubonyemwo yasinzikajwe, ba baherezi bakuru barushirizaho kuraka. Biyemeje kutareka ngo hagire ikibabuza umugambi wabo w’ububisha. Nuko basubiramwo gusemerera bati: “Mumanike! Mumanike!”—NW.
Pilato arishura ati: “Ni mube ari mwebge mumwishorerera, [“mumumanike,” NW].” (Ibihushanye n’ivyo basavye ubwa kare, abo Bayuda barashobora kugira ububasha bw’ukwica inkozi z’ikibi zakoze amakosa yo mu vy’idini akomeye bihagije.) Maze, n’imiburiburi ubugira gatanu, Pilato amenyesha ko Yezu ata kibi ariko. Avuga ati: “Jewe [n]ta kibi namubonanye.”
Abayuda babonye ko ivyagirizo vyabo vya politike binaniwe kugira ico bivamwo, basubira ku kirego c’ivy’idini c’uko yarogose, hakaba hari haciye amasaha makeyi bagikoresheje igihe Yezu yasambishwa imbere y’abagize Ikombe. Bavuga bati: “Twebge dufise icagezwe, kandi kubg’ico cagezwe akwiye gupfa, kuko yigize Umwana w’Imana.”
Ico kirego kuri Pilato ni gishasha, kandi gituma arushiriza gutinya. Ubu arabona ko Yezu atari umuntu asanzwe, nk’uko nyene vyerekanywe n’indoto mukiwe yarose be n’ukuntu Yezu ari umuntu w’intatinyurukamvye. Ariko “Umwana w’Imana”? Pilato azi ko Yezu aturuka i Galilaya. Yamara none vyoshoboka ko yoba yarabayeho imbere yaho? Pilato amusubirana mu ngoro, amubaza ati: “Ur’uwa hehe?”
Yezu aguma yinumiye. Imbere yaho yari yabwiye Pilato yuko ari umwami, ariko yuko Ubwami bwiwe atari ubwo muri iyi si. Nta yindi nsiguro yogira ico imara ubu. Ariko rero, ubwibone bwa Pilato bukaburwa n’uko yanse kwishura, hanyuma arakarira Yezu mu kumubwira ati: “Nta co umbarira? Ntuzi yuko mfise ububasha bgo kukurekura, kandi mfise ububasha bgo [“kukumanika,” NW]?”
Yezu aramwishurana ukwubaha ati: “Nta bubasha war’ufise kuri jewe, [kiretse] ubuhawe buvuye hejuru.” Ariko avuga ivy’uko Imana irekurira abategetsi b’abantu ububasha bw’ukwifatira mu minwe ivyerekeye abantu. Yezu yongerako ati: “Ni co gituma uwakunshikirije afise icaha kirengeje.” Si ivy’imbeshere, umuherezi mukuru Kayafa hamwe n’abacuditse hamwe na we be na Yuda Iskariyoti bose, ni bo baribubazwe cane amabi akorerwa Yezu, kuruta Pilato.
Kubera Pilato ajorejwe na Yezu mbere kuruta, akaba kandi atinya ko Yezu yoba aturuka ku Mana, asubira kwongera kugira akigoro ngo amurekure. Ariko rero ba Bayuda Pilato baramwamira. Basubiramwo ikirego cabo ca politike, bamutera ubwoba ku rwenge bati: “Ni warekura uyo, ntuzoba ucuzura na Kayisari, kuk’uwigīra umwami wese aba agararije Kayisari.”
Nanzi inkurikizi mbi vyovamwo, Pilato yongera kuzana hanze Yezu. Abisubiramwo ati: “Ehe rāba umwami wanyu.”
“Mukūreho, mukūreho, umu[manik]e.”
Pilato yongera kubaza yihebuye ati: “[“Manike,” NW] umwami wanyu?”
Abayuda bararuhijwe n’ubutegetsi bw’Abaroma. Si ivy’imbeshere, ntibashaka kuganzwa n’Abaroma! Yamara, n’uburyarya n’akantu, ba baherezi bakuru bavuga bati: “Nta mwami dufise, atari Kayisari.”
Kubera yuko Pilato yanka gutakaza igiti afise mu vya politike hamwe n’ukuntu azwi, akuraho arahebera Abayuda aho bahereye bamumusaba. Atanga Yezu. Ba basoda bambura Yezu wa mutamana w’umutugutu hanyuma bamwambika imitamana yiwe. Kubera bajanye Yezu kumumanika, bamusaba kwikorera umugogo wiwe w’ukubabarizwako.
Ubu ni ku musase wo ku wa Gatanu, ku wa 14 Nisani; kumbure hariko haregereza isaha zitandatu zo ku mutaga. Yezu yagumye ari maso guhera ku wa Kane mu gitondo ca kare, akaba yashikiwe n’ibintu biteye amaganya vyaje bikurakuranwa. Birumvikana rero ko inguvu ziwe zija kumuheramwo kubera uburemere bwa nya mugogo. Maze sinzi uwuhaciye yirenganira, akaba ari umugabo yitwa Simoni w’i Kureni muri Afirika, asabwa kuwumutwarira. Uko bashishikara inzira, abantu benshi, ushizemwo abagore, bakurikira baborogeshwa n’intuntu bongera baririra Yezu.
Yezu arakebuka abwira nya bagore ati: “Yemwe bakobga b’i Yerusalemu, ntimundirire, ariko mwiririre n’abana banyu, kukw imisi izoza bazovuga, bati Hahirwa abāgumbashe n’inda zitigeze kuvyara n’amabere atigeze kwonsa. . . . Ko bagira bartyo igiti kibisi, non’icumye kizogirirwa gite?”
Igiti Yezu ariko yerekezako ni ihanga ry’Abayuda, irigifise amazimazi y’ubuzima muri co kubera Yezu ari ho ari, hakaba kandi hariho amasigarira amwizera. Ariko ivyo nivyakurwa muri iryo hanga, igiti cumye mu vy’impwemu ni co kizosigara, egome, ishirahamwe rikabiranye ry’abagize ihanga. Yō! Ese ntuze ukuntu hazoba hariho impamvu y’ukurira igihe ingabo z’Abaroma zizokora bwa barigisi bazoba nk’igikoresho c’Imana bagatikiza ihanga ry’Abayuda! Yohana 19:6-17; 18:31; Luka 23:24-31; Matayo 27:31, 32; Mariko 15:20, 21.
▪ Ni ikirego ikihe indongozi z’idini zigereka kuri Yezu igihe ibirego vyabo vya politike binaniwe kugira ico bivamwo?
▪ Ni igiki gituma Pilato arushiriza gutinya?
▪ Ni nde yikoreye icaha gisumbirije kubera ibishikira Yezu?
▪ Amaherezo, ni mu buryo ki ba baherezi bagondoza Pilato ngo abahereze Yezu bamwice?
▪ Yezu abwira iki abagore bamuririra, kandi ashaka kuvuga iki mu kwerekeza ku vy’igiti avuga ko ari “kibisi” hanyuma akavuga ngo “cumye”?
-
-
Ugusambagirika ku GitiUmuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
-
-
Ikigabane ca 125
Ugusambagirika ku Giti
HARI abambuzi babiri bajananywe na Yezu kwicwa. Batarashika kure y’igisagara, wa murongo w’abantu uhagarara ahantu hitwa Gologota, canke Ikibanza c’Agahanga.
Izo mbohe bazambura imitamana yazo. Maze hatangwa umuvinyu uvanze n’isiki. Umenga yoba yateguwe n’abagore b’i Yeruzalemu, kandi Abaroma ntibanka ko benekumanikwa bahabwa ico kivange gitimbisha umubabaro. Ariko rero Yezu awuhonjeje, aranka kunywa. Kuki? Bigaragara ko ashaka kugumana ubushobozi bwiwe bwose bwo kwiyumvira muri ico kigeragezo kaminuza c’ukwizera kwiwe.
Ubu Yezu arambikwa ku giti, amaboko yiwe agashirwa hejuru y’umutwe wiwe. Maze ba basoda bamukomera imisumari mininiminini mu biganza no mu birenge. Arigonyonzora kubera umubabaro igihe ya misumari iriko itobekeranya inyama n’imitsi. Ca giti kimaze gushingwa umubabaro urasogota, kubera uburemere bw’umubiri bumomagura ku bisebe vy’ahakomerewe imisumari. Yamara, Yezu aho guhigira abasoda b’Abaroma, arabasabira ati: “Data, n’ubaharire, kuko batazi ico bakora.”
Kuri ico giti Pilato yahamaditse icandiko gisomwa uku: “Yezu Umunyanazareti Umwami w’Abayuda.” Igituma yandika ivyo, bisa n’uko atari kubera gusa ko yubaha Yezu, ariko kandi ni uko asesemwa n’abaherezi b’Abayuda kubera ko bamukambije gushika aho acira Yezu urubanza rwo gupfa. Kugira bose bashobore gusoma nya candiko, Pilato yacanditse mu ndimi zitatu, ni ukuvuga mu Giheburayo, mu Kilatini cemewe, no mu Kigiriki gisanzwe.
Ba baherezi bakuru, dushizemwo Kayafa na Anasi, babura iyo bakwirwa. Iryo tangazo rivuga ibintu neza rirabanyaga intsinzi. Ni co gituma bagāra bati: “Nta co wandika ng’Umwami w’Abayuda, arik’uti Yivuze ngo Ni jewe Mwami w’Abayuda.” Kubera ko ababajwe n’uko yabaye nk’igikoresho c’abaherezi, Pilato yishurana akagama ata kwisubirako ati: “Ico nanditse, nacanditse.”
Nya baherezi, hamwe n’isinzi rinini ry’abantu, ubu bakoranira aho hantu h’iyiciro, hanyuma abaherezi baranka kwemera intahe ishingwa n’ico candiko. Baja barasubiramwo ca cagirizo c’ikinyoma cabanza gutangirwa muri rya sambishwa ryo mw’Ikombe. Ntibitangaje rero kubona abahita batangura kumutuka, bazunza umutwe bavugana agahemo bati: “Ewe usambura urusengero, ukarwubaka mu misi itatu, ni wikize: ni waba ur’Umwana w’Imana imanure ku [“giti co kubabarizwako,” NW].”
Abaherezi bakuru n’abagenzi babo mu vy’idini bamukora mu nkovu bamucurira bati: “Yakijije abandi, we ntashobora kwikiza. N’Umwami w’Abisirayeli, ni yīmanure ku [“giti co kubabarizwako,” NW] ubu nyene, duheze tumwizere. Yizigiye Imana, n’imukize ubu nyene ni yaba imubabaye; kuko yīgira ngo Nd’Umwana w’Imana.”
Ba basoda binjirwamwo n’uwo mutima, na bo bashimanga Yezu. Baramuhema mu kumuha inkarisha, kumbure bayifatira gusa imbere y’iminwa yiwe yumye. Baramushimanga bati: “Ni waba ur’Umwami w’Abayuda, ni wikize.” Na ba bambuzi—umwe ari iburyo bwa Yezu, uwundi na we ibubamfu—baramutwenga. Vyibaze nawe! Umuntu ahambaye kuruta ababayeho bose, uwafatanije na Yehova Imana kurema ibintu vyose, akemera gucumukuzwa n’ayo mahano yose!
Nya basoda bafata ivyambarwa vya Yezu babigabura mu mice ine. Babipfindirako ngo barabe uwo bija kwegukira. Ariko rero icambarwa c’imbere ntikigira umushono, kikaba ari ic’ubwoko bwiza buhebuje. Nuko rero ba basoda babwirana bati: “Reka twoye kuwutabura, tuwupfindire, ugire ūwegukiye.” Gutyo bashitsa icanditswe batabizi, kivuga giti: “Bagabuye impuzu zanje, bapfindira umwambaro wanje.”
Mu nyuma, umwe muri ba bambuzi aranyurwa n’uko Yezu vy’ukuri ategerezwa kuba ari umwami. Arakankamira rero mugenziwe ati: “No kwubaha Imana ntuyubaha, kand’uciriwe urubanza rumwe n’urwiwe? Tweho turishuye, kuko tugiriwe ibihwanye n’ivyo twākoze: arik’uyu nta kibi yakoze.” Maze atakambira Yezu ati: “Urahav’uz’unyibuke Yesu, ah’uzo[kwinjir]ira mu bgami bgawe.”
Yesu aramwishura ati: “N’ukuri ndabikubwiye uyu musi, uzoba uri kumwe nanje mw’Iparadizo.” (NW) Uwo muhango uzoranguka igihe Yezu azoba ategeka bwa Mwami mw’ijuru hanyuma akazura iyo nkozi y’ikibi yigaye, amusubize muzima kw’isi, mw’Iparadizo abarokotse Harumagedoni hamwe na bagenzi babo bazoba batewe iteka ryo gutunganya. Matayo 27:33-44; Mariko 15:22-32; Luka 23:27, 32-43; Yohana 19:17-24.
▪ Ni kuki Yezu yanka kunywa umuvinyu uvanze n’isiki?
▪ Bisa n’uko ari kubera iki hari icandiko cometse ku giti Yezu amanitsweko, kandi gituma haba ibihari ibihe hagati ya Pilato n’abaherezi bakuru?
▪ Ni amahano yandi ayahe Yezu agirirwa ku giti, kandi bisa n’uko aterwa n’iki?
▪ Ubuhanuzi buranguka gute mu bigirwa ku vyambarwa vya Yezu?
▪ Umwe muri ba bambuzi agira ihinduka nyabaki, kandi Yezu azoshitsa gute ico amusavye?
-
-
‘Ni ivy’Ukuri Uyo Yari Umwana w’Imana’Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
-
-
Ikigabane ca 126
‘Ni ivy’Ukuri Uyo Yari Umwana w’Imana’
KU MUTAGA, ata gihe kinini Yezu aramara ku giti, haza umwijima w’akayobera umara amasaha atatu. Si uwutewe n’ubwirakabiri, kubera ko ubwo buba gusa mu mboneko, ariko ubu ukwezi kukaba ari igisyo mu kiringo ca Pasika. Vyongeye, ubwirakabiri bumara iminuta mikeyi gusa. Uwo mwijima rero ukomotse ku Mana! Kumbure uratuma abariko bacurira Yezu babanza kubireka gatoyi, ukanatuma mbere agatyekezo kabo gahagarara.
Niba ico kintu giteye ubwoba gishitse imbere y’uko ya nkozi y’ikibi akangira mugenziwe hanyuma agasaba Yezu kumwibuka, uwo mwijima ushobora kuba uri mu vyatumye yigaya. Kumbure muri uwo mwijima ni ho abagore bane, ari bo nyina wa Yezu na mwenewabo Salome, Mariya Magadalena na Mariya nyina w’intumwa Yakobo Mutoyi begereza ku giti co kubabarizwako. Yohani, intumwa ikundwa cane na Yezu, ari kumwe na bo ngaho.
Ese ukuntu umutima wa nyina wa Yezu ‘usogotwa’ igihe yitegereza umwana yonkeje akanabungabunga amanitswe ngaho ariko asambagirika! Yamara ico Yezu yiyumvira si umubabaro wiwe bwite, ahubwo ariyumvira ukumererwa neza kwa nyina wiwe. Agira akigoro gakomeye, akomanga umutwe awerekeza kuri Yohani hanyuma abwira nyina wiwe ati: “Nguyo umwana wawe.” Maze awukomanga yerekeza kuri Mariya, abwira Yohani ati: “Nguyo nyoko.”
Yezu ngaho rero nyina wiwe, uwo bigaragara ko ubu ari umupfakazi, amushinze intumwa akunda bimwe bidasanzwe ngo imubungabunge. Ivyo abigize kubera ko abandi bahungu ba Mariya gushika ubu bataragaragaza ko bamwizeye. Gutyo ashizeho akarorero keza mu kudategekaniriza nyina wiwe ivyo azokenera ku mubiri gusa, ariko kandi n’ivyo azokenera vyo mu buryo bw’impwemu.
Nko kw’isaha y’icenda yo ku muhingamo, Yezu avuga ati: “Mfise inyota.” Yezu yumva ko ari nk’aho Se yoba yamukuyeko amaboko kugira ngo ukutadohoka kwiwe kugeragezwe gushika kw’iherezo. Nuko rero arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Mana yanje, Mana yanje, n’iki kikumpebesheje?” Bamwebamwe mu bahagaze iruhande, aho bumviye ivyo baritangaza bati: “Uyo ahamagaye Eliya.” Buno nyene umwe muri bo arirukanga, afata ikinywamazi akijobeka mu muvinyu ukarishe, agishira kw’isonga ry’umubingobingo, aramuha ngo anywe. Ariko abandi bavuga bati: “Banza ugume: turabe ko Eliya yoza kumu[manura].”
Yezu ahawe uwo muvinyu ukarishe, arasemerera ati: “Birashikijwe!” (NW) Egome, ararangije ikintu cose Se wiwe yamurungitse kw’isi gukora. Amaherezo, avuga ati: “Data, mu maboko yawe ni ho nshize [“impwemu yanje,” NW].” Yezu ngaho atuye Imana inguvu-buzima yiwe yizigiye yuko Imana izoyimusubiza. Maze ajondamika umutwe hanyuma aracikana.
Yezu ahumetse irya nyuma, haza ikinyamugigima gikaze, kirasatagura ibitandara. Iryo nyiganyiga rirakomeye cane ku buryo n’imva zizitse inyuma ya Yeruzalemu zisadagurika zikuguruka imivyimba igashibagurikira hanze. Abahita babona ibiziga vyazikurutse binjira mu gisagara barabivuga.
Si ivyo gusa, aho Yezu apfiriye, igihuzu kinini kigabura Ahera n’Ahera Cane ho mu rusengero rw’Imana gitantamukamwo kubiri, guhera hejuru gushika epfo. Ico gihuzu c’irido gisharije bimwe vy’akaroruhore bisa n’uko gifise amahagarara y’imetero 18, kikaba kandi kiremereye cane! Ico gitangaro c’akajoreza ntikigaragaza gusa uburake Imana ifitiye abishe Umwana wayo, ariko kandi gisobanura yuko inzira ija Ahera Cane, ni ukuvuga mw’ijuru ubwaho, ubu yuguruwe biciye ku rupfu rwa Yezu.
Nuko, aho abantu bumviye ico kinyamugigima bakibonera n’ibiriko birashika, bagira ubwoba bwinshi cane. Umugabisha w’abasoda ahagarikiye iryo yicwa rya Yezu aninahaza Imana. Atangaza ati: “N’ivy’ukuri, uyo yar’Umwana w’Imana.” Kumbure ni ho yari ari igihe ivy’uko ari Umwana w’Imana vyaharirwako kw’isambishwa ryiwe imbere ya Ponsiyo Pilato. Ubu rero arajijutse yuko Yezu ari Umwana w’Imana, egome, yuko vy’ukuri ari we muntu ahambaye kuruta ababayeho bose.
N’abandi nyene barajumarariwe ku bw’ivyo bintu vy’ibitangaza bibaye, hanyuma batangura gusubira i muhira bikubitagura ku bikiriza mu kwerekana intuntu n’isoni nyinshi cane bafise. Hariho abigishwakazi ba Yezu bariko barabira kure ayo marorerwa, bakorwa ku mutima rwose n’ivyo bintu vy’agakomeye. Intumwa Yohani na we nyene ni ho ari. Matayo 27:45-56; Mariko 15:33-41; Luka 23:44-49; 2:34, 35; Yohana 19:25-30.
▪ Ni kuki ubwirakabiri budashobora kuba ari bwo bwateye uyo mwijima w’amasaha atatu?
▪ Imbere gatoyi y’urupfu rwa Yezu, ni akarorero keza akahe yahaye abafise abavyeyi bageze mu zabukuru?
▪ Ni amajambo ane ya nyuma ayahe Yezu yavuze imbere y’uko acikana?
▪ Ca kinyamugigima cakoze ibiki, kandi ivy’uko igihuzu co mu rusengero catantamutsemwo kubiri bisobanura iki?
▪ Umugabisha w’abasoda ahagarikiye iyicwa rya Yezu ashikwa ku mutima gute n’ivyo bitangaro?
-
-
Yafubwe ku wa Gatanu, ku w’Iyinga Uruhafu Ruba RureraUmuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
-
-
Ikigabane ca 127
Yafubwe ku wa Gatanu, ku w’Iyinga Uruhafu Ruba Rurera
UBU ni ku wa Gatanu, umuhingamo ukaba witereye. Isabato yo ku wa 15 Nisani na yo ihava itangura izuba rirenze. Ikiziga ca Yezu kimanitswe kuri ca giti, ariko ba bambuzi babiri bari kumwe na we baracabona. Ku wa Gatanu ku muhingamo hitwa Ukwitegura kubera ko ari co gihe abantu bategura ibifungurwa kandi bagasozera igikorwa cose cihutirwa kidashobora kurindira gushika inyuma y’Isabato.
Isabato igiye gutangura vuba si Isabato isanzwe gusa (wa musi ugira indwi w’iyinga), ahubwo kandi ni Isabato irimwo zibiri, canke “ihambaye.” Yitwa ukwo kubera ko ku wa 15 Nisani, ari wo musi wa mbere w’Imisi Mikuru y’Imitsima Itambiwe imara imisi indwi (ukaba wama ari Isabato naho woba ari ku musi munaka wo mu ndwi), ushitse ku musi nyene w’Isabato isanzwe.
Dukurikije Ivyagezwe vy’Imana, ibiziga ntibisigwa bimanitswe ku giti mw’ijoro. Nuko Abayuda basaba Pilato yuko urupfu rw’abicwa runyarutswa mu kubavunagura amaguru. Nuko rero ba basoda bavunagura amaguru ya ba bambuzi babiri. Mugabo kubera ko Yezu biboneka ko yapfuye, amaguru yiwe ntavunagurwa. Ivyo bishitsa icanditswe kivuga ngo: “Nta n’igufa ryiwe rizovunwa.”
Ariko rero, kugira ngo biyemeze neza ko Yezu yapfuye vy’ukuri, umwe mu basoda asogota icumu mu rubavu rwiwe. Nya cumu ritobekeranya ahari umutima wiwe, hanyuma buno nyene hasohoka amaraso n’amazi. Intumwa Yohani yavyiboneye, avuga yuko ivyo vyashikije ikindi canditswe kivuga giti: “Bazobona uwo bacumise.”
Uwundi yari ahari igihe c’iyicwa rya Yezu ni Yozefu wo mu gisagara c’i Arimataya, umuntu azwi cane wo mu bagize Ikombe. Yari yaranse gushigikira ingingo y’akarenganyo sentare nkuru yafashe yo kwica Yezu. Yozefu mu vy’ukuri ni umwigishwa wa Yezu, naho nyene yatinye kwiyerekana ko ari we. Ariko rero ubu agira umutima rugabo, aja kwa Pilato gusaba ikiziga ca Yezu. Pilato arengutsa umugabisha w’abasoda agicungishijwe, hanyuma nya mugabisha amaze kwemeza ko Yezu yapfuye, Pilato ashinga ko batanga ikiziga.
Yozefu atwara ca kiziga hanyuma akizingira mu mpuzu yera nziza itanduye, mu gutegura ivy’ukuja kumufuba. Asahirizwa na Nikodemo, uwundi muntu wo mu bagize Ikombe. Nikodemo na we nyene yari yarananiwe kwatura ko yizeye Yezu kubera yatinya gutakaza igiti afise. Mugabo ubu azana ikizingo kirimwo nk’ibiro 33 vy’imira n’imbazi zizimvye. Ikiziga ca Yezu kizingirwa mu bitambara birimwo ivyo bimotesho, nk’uko nyene Abayuda basanganywe umugenzo wo gutegura ibiziga bigiye guhambwa.
Ico kiziga rero kiryamikwa mu ruhafu rushasha rw’icibutso rwa Yozefu rwimbwe mu gitandara co mw’itongo ry’i ruhande yaho. Bahejeje, batembagariza ikibuye kinini ku munwa wa nya ruhafu. Nya kiziga baranyarutsa kugitegura kugira bamufube imbere yuko Isabato igera. Nuko rero, Mariya Magadalena na Mariya nyina wa Yakobo Umutoyi, bakaba kumbure barafashije muri iryo tegura, basimbira i muhira gutegura ibindi bimotesho hamwe n’ayandi mavuta atamirana. Inyuma y’Isabato, bategekanya kwongera gusiga ikiziga ca Yezu kugira kizigamwe igihe kirekire.
-