Ikigabane ca 101
I Betaniya, mu Nzu kwa Simoni
YEZU avuye i Yeriko, yerekeza i Betaniya. Urwo rugendo rufata hafi umusi wose, kubera ko ari umudugo w’ibirometero nka 19, ahantu hagoye guca. I Yeriko haherereye nko ku metero 250 munsi y’urugero rw’ibahari, i Betaniya na ho hakaba nko ku metero 760 hejuru y’urugero rw’ibahari. Urashobora kwibuka ko Betaniya ari ho Lazaro na bashikiwe baba. Ico kigwati gitoyi kiri ku birometero nka 3 uvuye i Yeruzalemu, kikaba giherereye ku nkike yo mu buseruko y’Umusozi wa Elayono.
Benshi baramaze gushika i Yeruzalemu kugira ngo bahimbaze Pasika. Baje kare kugira bihumanure. Kumbure boba bakoze ku muvyimba canke ku kindi kintu gituma bahumana. Nuko bakurikiza uburyo bw’ukwihumanura busanzwe bukurikizwa, kugira bashobore guhimbaza Pasika mu buryo bwemewe. Mu gihe abashitse kare batororokaniye ku rusengero, benshi batangura kwibaza ko Yezu yoba aza kuri iyo Pasika.
I Yeruzalemu havyutse ibihari ku vyerekeye Yezu. Bisanzwe bizwi ko indongozi z’idini zishaka kumufata ngo zimwice. Kukaba nkako, batanze amategeko yuko mu gihe hogira uwumenya aho ari abwirizwa kubibamenyesha. Incuro zitatu muri ayo mezi aheze, ni ukuvuga kuri ya Misi Mikuru y’Amahema, kuri ya Misi Mikuru y’Iyegura, n’inyuma y’aho azuriye Lazaro, izo ndongozi z’idini zaragerageje kumwica. Ni co gituma abantu bibaza bati ubwo Yezu yoba azokwongera guseruka mu bantu? Barabazanya bati ‘Muvyibazako iki?’
Muri ico gihe, Yezu ashika i Betaniya imisi itandatu imbere y’uko Pasika iba ku wa 14 Nisani dukurikije ikirangamisi c’Abayuda. Yezu ashika i Betaniya igihe kinaka ku musi wa Gatanu ku mugoroba, hakaba mu ntango y’uwa 8 Nisani. Ntiyari gushobora kugira urugendo aja i Betaniya ku wa Gatandatu, kubera ko kugira urugendo kw’Isabato yatangura guhera ku wa Gatanu izuba rirenze igashika ku wa Gatandatu izuba rirenze bibuzwa n’itegeko ry’Abayuda. Yezu kumbure aja i muhira kwa Lazaro, nk’uko yari yagiyeyo imbere yaho, hanyuma ahamara ijoro ryo ku wa Gatanu.
Ariko rero sinzi uwundi muntu aba i Betaniya atumiye Yezu n’abo bisangiye urugendo, ngo baje gusangira amazimano ku wa Gatandatu ku mugoroba. Uwo mugabo ni Simoni, uwahoze ari umunyamibembe, uwushobora kumbure kuba yarakijijwe na Yezu imbere y’aho. Nk’uko Marita asanzwe ari umuntu akunda ibikorwa, aguma yirukangira abashitsi. Ariko Mariya nk’uko yimereye, aratega yompi Yezu, mugabo ubu ho abigira mu buryo buvyura ibihari.
Mariya apfundurura ikebano, rikaba ari icupa ritoyi, ririmwo amavuta atamirana angana nk’inusu y’ikiro, “y’agati kitwa narada.” Ayo mavuta ni ay’agaciro kanini cane. Nkako, aciye ibingana n’umushahara w’umwaka! Mariya agize ngo arasuka nya mavuta ku mutwe wa Yezu no ku birenge vyiwe hanyuma agahanaguza umushatsi wiwe ibirenge vya Yezu, ka kamoto gatamirana gashwara inzu yose.
Abigishwa bagira ishavu, babaza bati: “Mbeg’ubu buhombe n’ubg’iki?” Maze Yuda Iskariyoti avuga ati: “N’iki catumye ayo mavuta atagu[rishwa] idenariyo amajana atatu, ngo zihabge aboro?” Ariko Yuda mu vy’ukuri ntababajwe n’aboro, kuko yahoze yiba amahera mu gasandugu k’abigishwa.
Yezu aburanira Mariya. Ategeka ati: “Ni mumureke! Mumubabariza iki? Ankoreye igikorwa ciza. Aboro murāmana imisi yose; aho mwogombera mwobagirira neza; ariko jeho ntituja kwamana imisi yose. Akoze ukw ashoboye, ansutse amavuta ku mubiri kuwutegurira guhambga bitaraba. Ndababgire ukuri: Ah’ubutumwa bgiza buzovugwa hose mw isi yose, n’ico uyu akoze kizovugwa, kibe icibutso ciwe.”
I Betaniya ubu Yezu ahamaze amasaha arenga 24, kandi inkuru y’uko ari ho ari yakwiragiye. Nuko rero benshi baza ku nzu kwa Simoni kuraba Yezu, ariko kandi baje no kuraba Lazaro, na we nyene akaba ari ho ari. Nuko abaherezi bakuru baja inama y’ukutica Yezu wenyene, ariko no kumwicana na Lazaro nyene. Ivyo ni ukubera ko abantu benshi bariko bizera Yezu kubera ko babona uwo yazuye mu bapfuye asigaye ari muzima! Ese ukuntu izo ndongozi z’idini ari inkozi z’ikibi yemwe! Yohana 11:55–12:11; Matayo 26:6-13; Mariko 14:3-9; Ivyakozwe 1:12.
▪ Ni ibihari ibihe biriko biba ku rusengero i Yeruzalemu, kandi biba kubera iki?
▪ Ni kuki Yezu akwiye gushika i Betaniya ku wa Gatanu ah’ugushika ku wa Gatandatu?
▪ Yezu ashika i Betaniya ryari, kandi bisa n’uko Isabato ayimara ari hehe?
▪ Ni igiki Mariya akoze kikavyura amahane, hanyuma Yezu amuvugira gute?
▪ Ni igiki cerekana ubukozi bw’ikibi bukomeye bw’abaherezi bakuru?