ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/6 rup. 18
  • Woba wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Wa muherezi mukuru yacira Yezu urwo gupfa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Yezu ajanwa kwa Anasi, hama kwa Kayifa
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ajanwa kwa Anasi, Hanyuma kwa Kayafa
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Petero yihakana Yezu
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/6 rup. 18

Woba wari ubizi?

Vyoba biri n’ico bivuze kuba intumwa Petero avugwa ko yahawe indaro n’umuhinguzi w’inshato imbere y’uko abwirwa kuja kwa Koruneliyo?

▪ Inkuru yo mu Vyakozwe ivuga ko Petero yamaze “imisi itari mike i Yopa ku witwa Simoni, umuhinguzi w’inshato,” uwari afise “inzu iruhande y’ikiyaga.” (Ivyakozwe 9:43; 10:6) Akazi ko guhingura inshato Abayuda babona ko gahumanye kandi ko kagayitse. Igitabu citwa Talimudi cavuga ko abahinguzi b’inshato barutwa n’abegeranya amase. Ako kazi Simoni yakora katuma yama akora ku mivyimba y’ibikoko, bisobanura ko yama ahumanye ku buryo adashobora kugira uruhara mu birori binaka. (Abalewi 5:2; 11:39) Twisunze ivyo amasôko atandukanye abivugako, Simoni ashobora kuba yarakoresha amazi y’ikiyaga mu gukora ako kazi kiwe, kandi ikibanza yakoreramwo gishobora kuba cari ku mpera y’igisagara kubera ko guhingura inshato cari “igikorwa gitera umunuko.”

Ariko biboneka yuko ivyo bitabujije ko Petero asaba indaro kwa Simoni. Ivyo vyerekana ko Petero ashobora kuba yari amaze kwiga kurengera ivyiyumviro bitari vyo Abayuda bari bafise ku bijanye n’abantu babonwa ko bahumanye, nk’uko na Yezu yari yarabirengeye.​—Matayo 9:11; Luka 7:36-50.

Amajambo Yezu yavuze ngo “wewe ubwawe urabivuze” asobanura iki?

▪ Igihe Kayifa umuherezi mukuru w’Abayuda yategeka Yezu ngo avuge icese nimba ari Kristu Umwana w’Imana, yishuye ati: “Wewe ubwawe urabivuze.” (Matayo 26:63, 64) None yashaka kuvuga iki?

Yezu ntiyariko agerageza guhesha ico kibazo Kayifa yari amubajije. Imvugo ngo “wewe ubwawe urabivuze” biboneka ko yari imvugo Abayuda bakoresha mu kwemeza ko ikintu kanaka kivuzwe ari ukuri. Nk’akarorero, Talimudi y’i Yeruzalemu, ico kikaba ari igitabu c’idini ry’Abayuda catunganijwe mu kinjana ca kane G.C. (G.C. bisobanura mu Gihe Cacu), iravuga ibijanye n’Umuyuda umwe yabajijwe nimba umurabi umwe yari yapfuye, aca yishura ati: “Urabivuze.” Iyo nyishu yatanze yatahuwe ko yemeje yuko uwo murabi yari yapfuye koko.

Yezu yari azi ko umuherezi mukuru yari afise ububasha bwo kumurahiza ngo avugishe ukuri. Vyongeye, iyo Yezu aguma yihoreye vyari gutahurwa yuko ahakanye ko ari Kristu. Rero mu kwishura ngo “wewe ubwawe urabivuze,” Yezu yari yemeje ivyo umuherezi mukuru yari avuze. Mu kwigana iyo nkuru, Mariko yerekana ko igihe Kayifa yabaza Yezu adakikiriza nimba ari we Mesiya, Yezu yishuranye umutima rugabo ati: “Ndi we.”​—Mariko 14:62; raba kandi Matayo 26:25 na Mariko 15:2.

[Ifoto ku rup. 18]

Ihinguriro ry’inshato i Fez, muri Maroke

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika