ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/6 rup. 11-15
  • Imana irashimagiza urukundo rwayo kuri twebwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana irashimagiza urukundo rwayo kuri twebwe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Urukundo rw’Imana be n’igicumuro
  • Ico Imana yatanze biciye kuri Yezu Kristu
  • Kwambikwa izera hishimikijwe incungu
  • Urukundo rw’Imana ruragaragarizwa abandi
  • Urashobora kugira impagararo igororotse ubu
  • Incungu ni ingabirano iruta izindi zose Imana yatanze
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Incungu ni ingabire iruta izindi zose
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Ingabire iruta zose ni iyihe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Incungu ya Kirisitu—Ni Yo Nzira Imana Ikirizamwo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/6 rup. 11-15

Imana irashimagiza urukundo rwayo kuri twebwe

“Ubuntu ata wari abukwiriye [buzoganza] biciye ku bugororotsi ku bw’ubuzima budahera.”​​—⁠ROM. 5:​21.

1, 2. Ni ingabirano zibiri izihe zoshobora kubonwa ko zihambaye, kandi ni iyihe ihambaye kuruta iyindi muri zo?

“IRAGI rihambaye kuruta ayandi yose Abaroma baraze ababasubiriye ni itegeko ryabo be n’ukuba babona yuko umuntu abwirizwa kubaho yisunga iryo tegeko.” (Vyavuzwe na Dr. David J. Williams wo kuri Kaminuza y’i Melbourne muri Ositaraliya) Naho iryo ragi ryoba rihambaye gute, hariho iragi canke ingabirano irushirije kuba iy’agaciro. Iyo ngabirano ni uburyo Imana yashizeho kugira ngo tugire impagararo yemewe kandi igororotse imbere yayo be n’icizigiro co kuronka ubukiriro n’ubuzima budahera.

2 Uburyo Imana yatumye iyo ngabirano iboneka burajanye n’ubutungane bwayo. Mu Baroma ikigabane ca 5, intumwa Paulo ntiyashikirije ivyo bintu mu guca irya n’ino amakuru y’ido n’ido yerekeye amategeko. Ahubwo, yatanguye n’iki kintu kidusubiriza umutima mu nda kandi giteye akamwemwe, ati: “Tumaze kwitwa abagororotsi bivuye ku kwizera, tunezererwe [rero] amahoro hamwe n’Imana biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu.” Abaronka iyo ngabirano y’Imana baca bavyurirwa umutima wo kuyikunda. Paulo yari umwe muri abo. Yanditse ati: “Urukundo rw’Imana rwasutswe mu mitima yacu biciye ku mpwemu nyeranda.”​​—⁠Rom. 5:​1, 5.

3. Ni ibibazo ibihe bica bivyuka?

3 Ariko none, ni kubera iki iyo ngabirano iranga urukundo yari ikenewe? Imana yashoboye gute kuyitanga mu buryo buranga ubutungane kandi butarimwo akarenganyo? Vyongeye abantu bategerezwa gukora iki kugira ngo bayironke? Nimuze turondere inyishu zimara akanyota z’ivyo bibazo maze turabe ukuntu zigaragaza urukundo rw’Imana.

Urukundo rw’Imana be n’igicumuro

4, 5. (a) Ni mu buryo buhambaye ubuhe Yehova yerekanye urukundo rwiwe? (b) Ni ibintu vyabaye kera ibihe twomenya bikadufasha gutahura ibivugwa mu Baroma 5:​12?

4 Yehova yarakoze ikintu cerekana urukundo ruhambaye mu kurungika Umwana wiwe w’ikinege kugira ngo afashe abantu. Ico kintu Paulo yakivuze muri ubu buryo ati: “Imana irashimagiza urukundo rwayo bwite kuri twebwe, kuko Kristu yadupfiriye tukiri abacumuzi.” (Rom. 5:8) Zirikana ikintu kimwe kivugwa ng’aho ngo: “Tukiri abacumuzi.” Abantu bose barakeneye kumenya ukuntu vyagenze kugira ngo tube abacumuzi.

5 Paulo yaravuze mu ncamake ico kintu, ahereye kuri uku kuri kugira guti: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruzanwa] n’igicumuro, gutyo urupfu [rukwira] ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.” (Rom. 5:​12) Turashobora gutahura ico kintu kubera ko Imana yandikishije inkuru yerekana ukuntu ubuzima bw’abantu bwatanguye. Yehova yaremye abantu babiri ari bo Adamu na Eva. Kubera yuko Umuremyi atagira agasembwa, n’abo bantu ba mbere, ari bo ba sogokuruza bacu, ntibagira agasembwa. Imana yabahaye itegeko rimwe gusa maze ibamenyesha yuko kugambarara iryo tegeko vyotumye bacirwa urwo gupfa. (Ita. 2:​17) Ariko rero, bahisemwo gukora mu buryo bubakwegera akarambaraye, bararenga itegeko ryumvikana Imana yari yarabahaye, baba berekanye yuko badashaka ko iba Umutanzi w’amategeko na Segaba.​​—⁠Gus. 32:​4, 5.

6. (a) Ni kubera iki abakomoka kuri Adamu bapfuye imbere y’uko Imana itanga Itegeko rya Musa be n’inyuma y’aho? (b) Ni igiki cogereranywa n’indwara abantu bavukana bayandukijwe n’abavyeyi babo?

6 Aho Adamu amariye gucumura ni ho gusa yavyaye abana, bose abaraga igicumuro n’ingaruka zaco. Ego ni ko, ntibari bararenze itegeko ry’Imana nk’uko Adamu yari yararirenze, ari co gituma batagirwa n’ico gicumuro nyene; eka kandi nta rutonde rw’amategeko rwari bwatangwe. (Ita. 2:​17) Naho ari ukwo, abakomoka kuri Adamu bararazwe igicumuro. Gutyo, igicumuro n’urupfu vyaraganje gushika igihe Imana yaha Abisirayeli urutonde rw’amategeko, runo rukaba rwarerekanye neza yuko bari abacumuzi. (Soma Abaroma 5:13, 14.) Ingaruka z’igicumuro twarazwe zoshobora kugereranywa n’indwara zimwezimwe twoshobora kuvukana tuzandukijwe n’abavyeyi bacu. Naho abana bo mu muryango munaka bavukana indwara bayandukijwe n’abavyeyi babo, vyoshobora gushika bamwebamwe muri bo ntibavukane iyo ndwara. Mugabo ukwo si ko biri ku bijanye n’igicumuro. Adamu yaraturaze igicumuro twese, ari co gituma dupfa twese. Twoba tuzokwigera tuva muri iyo ngorane tudashobora kwikiza?

Ico Imana yatanze biciye kuri Yezu Kristu

7, 8. Ni mu buryo ubuhe ingendo y’abantu babiri batagira agasembwa yavuyemwo ibintu bitandukanye?

7 Yehova abigiranye urukundo yaratunganije ivy’uko abantu bokurwako igicumuro barazwe. Paulo yasiguye yuko ivyo vyashobotse biciye ku wundi muntu, ni ukuvuga umuntu atagira agasembwa wo hanyuma, mu vy’ukuri akaba ari Adamu wa kabiri. (1 Kor. 15:​45) Mugabo ingendo y’umwe wese muri abo bantu babiri batagira agasembwa yavuyemwo ibintu bitandukanye cane. Uti gute?​​—⁠Soma Abaroma 5:15, 16.

8 Paulo yanditse ati: “Ivya ya ngabirano ntibimeze nk’uko vyari kuri rya kosa.” Adamu yaragirwa n’iryo kosa, kandi yaraciriwe mu buryo bukwiye urubanza rubi, ni ukuvuga ko yapfuye. Yamara, si we wenyene yari gupfa. Dusoma duti: “Benshi barapfuye biciye kw’ikosa [ry’uwo] muntu umwe.” Urwo rubanza rubereye rwaciriwe Adamu rurerekeye abantu bose b’abanyagasembwa bamukomokako, na twebwe turimwo. Naho ari ukwo, turashobora guhumurizwa no kumenya yuko wa muntu atagira agasembwa Yezu, yashoboye gutuma haboneka ibintu bitandukanye n’ivyo. None ivyo bintu vyabonetse ni ibihe? Inyishu tuyisanga mu majambo Paulo yavuze ngo “abantu b’uburyo bwose bitwa abagororotsi ku bw’ubuzima.”​​—⁠Rom. 5:​18.

9. Imana yariko irakora iki mu kwita abantu abagororotsi, nk’uko bivugwa mu Baroma 5:16, 18?

9 None imvugo z’ikigiriki ngo “ukwitwa abagororotsi” na “bitwa abagororotsi” ziserura ikihe ciyumviro? Umuhinduzi umwe wa Bibiliya yanditse iki ciyumviro ati: “Ni imvugo y’ikigereranyo ijanye n’ivy’amategeko iserura iciyumviro c’ibintu bisa n’ibigirwa mu bijanye n’amategeko. Iravuga ibijanye n’ukuntu ivy’umuntu bihinduka mu vyerekeye Imana, atari ihinduka riba muri uwo muntu . . . Iyo mvugo y’ikigereranyo yerekana ko Imana imeze nk’umucamanza yafashe ingingo ku neza y’uwuriko aragirizwa, uno akaba ari nk’aho yari yazanywe imbere ya sentare y’Imana, yagirizwa ko yakoze ikintu kiranga ukutagororoka. Mugabo Imana ica yambika izera uwo yagirizwa.”

10. Ni igiki Yezu yakoze cisunzwe kugira ngo abantu bashobore kwitwa abagororotsi?

10 None “Umucamanza w’isi yose” agororotse yisunze iki kugira ngo yambike izera umuntu atagororotse? (Ita. 18:​25) Mu gushiraho umushinge, Imana ibigiranye urukundo yararungitse kw’isi Umwana wayo w’ikinege. Yezu yarakoze ivyo Se wiwe agomba mu buryo butagira agahaze, naho yashikiwe n’ibigeragezo, agatyekezwa birenze urugero akongera akagirirwa nabi. Yaragumanye ugutungana kwiwe gushika aho apfira ku giti co kubabarizwako. (Heb. 2:​10) Mu gutanga ubuzima bwiwe butagira agasembwa, Yezu yaratanze incungu yari gushobora kubohora canke gucungura uruvyaro rwa Adamu ikarukiza igicumuro n’urupfu.​​—⁠Mat. 20:​28; Rom. 5:​6-8.

11. Incungu ishingiye ku kuringanira ukuhe?

11 Hari ahandi hantu Paulo yise ico kintu ngo “incungu y’indinganire.” (1 Tim. 2:6) None ukuringanira kwari ukuhe? Adamu yarazaniye agasembwa n’urupfu abantu amamiliyaridi, ni ukuvuga abantu bamukomokako. Ni ivy’ukuri yuko Yezu, we muntu atari afise agasembwa, yari gutuma haboneka abantu amamiliyaridi batagira agasembwa bamukomokako.a Ku bw’ivyo, vyatahurwa yuko ubuzima bwa Yezu buri kumwe n’ubw’abantu bose batagira agasembwa bari kumukomokako ari bwo bwobaye incungu iringaniye n’ubuzima bwa Adamu buri kumwe n’ubw’abantu b’abanyagasembwa bamukomokako. Ariko rero, Bibiliya ntivuga yuko hoba hari uruvyaro rwa Yezu rwari mu bigize incungu. Mu Baroma 5:​15-​19 haserura iciyumviro c’uko urupfu rw’“umuntu umwe” gusa rwatumye abantu babohorwa. Egome, ubuzima bwa Yezu butagira agasembwa bwari buringaniye n’ubwa Adamu. Yezu Kristu ni we wenyene ashimikwako kandi ni we wenyene akwiye gushimikwako. Abantu b’uburyo bwose barashoboye kuronka ya ngabirano ya gusa hamwe n’ubuzima bivuye ku “gikorwa kimwe c’ukuregurwa” ca Yezu, ico na co kikaba ari ingendo yiwe y’ukugamburuka n’ugutungana gushika no ku rupfu. (2 Kor. 5:14, 15; 1 Pet. 3:​18) Ivyo vyashobotse gute?

Kwambikwa izera hishimikijwe incungu

12, 13. Ki kubera iki abitwa abagororotsi bakeneye imbabazi n’urukundo vy’Imana?

12 Yehova Imana yaremeye inkuka y’incungu umwana wiwe yatanze. (Heb. 9:​24; 10:10, 12) Naho ari ukwo, abigishwa ba Yezu bo kw’isi, harimwo n’intumwa ziwe b’abizigirwa, bagumye ari abanyagasembwa. Naho wasanga bihatira kwirinda gukora ikibi, ntibama baroraniwe. Kubera iki? Kubera yuko bari bararazwe igicumuro. (Rom. 7:​18-​20) Mugabo Imana yari ishoboye kugira ico ikoze kuri ivyo kandi yaragikoze. Yaremeye ya “ncungu y’indinganire” yongera iragira umutima ukunze wo kuyikoresha ku bw’ineza y’abasavyi bayo b’abantu.

13 Kuba Imana yarakoresheje incungu ku bw’ineza y’intumwa n’abandi bantu ntivyatumwe n’uko bari barakoze ibikorwa vyiza binaka. Ahubwo, Imana yakoresheje incungu ku bw’ineza yabo ibitumwe n’imbabazi zayo be n’urukundo rwayo rwinshi. Yahisemwo gukura ku ntumwa n’abandi urubanza bari baraciriwe, ibona yuko batagirwa n’igicumuro barazwe. Paulo yaravyerekanye neza ati: “Mu vy’ukuri, ubwo buntu ata wari abukwiriye ni bwo mwakirishijwe biciye mu kwizera; kandi ivyo ntibiva kuri mwebwe, ni ingabirano y’Imana.”​​—⁠Ef. 2:8.

14, 15. Ni impera iyihe yasezeraniwe abo Imana yise abagororotsi, mugabo bari bagikeneye gukora iki?

14 Iyumvire ukuntu ari ingabirano kuba Mushoboravyose ababarira igicumuro umuntu yarazwe hamwe n’ibintu bibi yakoze! Nta woshobora guharura ibicumuro abantu baba barakoze imbere y’uko bacika abakirisu, yamara Imana yishimikije incungu, irashobora kubabarira ivyo bicumuro. Paulo yanditse ati: “Ya ngabirano yavuyemwo ukwitwa abagororotsi bivuye ku makosa menshi.” (Rom. 5:​16) Intumwa n’abandi bantu baronka iyo ngabirano iranga urukundo (ni ukuvuga ukwitwa abagororotsi) bobwirijwe kubandanya basenga Imana y’ukuri babigiranye ukwizera. None bazoronka impera iyihe muri kazoza? Bibiliya yishura iti: “Abaronka ubuntu ata wari abukwiriye bugwiriye be n’ingabirano ya gusa y’ubugororotsi [bazoganza] mu buzima biciye kuri uyo muntu umwe, Yezu Kristu.” Egome, ibiva mu ngabirano y’ubugororotsi biratandukanye n’ibiva mu makosa ya Adamu. Iyo ngabirano ivamwo ubuzima.​​—⁠Rom. 5:​17; soma Luka 22:​28-​30.

15 Abaronka iyo ngabirano, ni ukuvuga abitwa abagororotsi, baracika abana b’Imana bo mu buryo bw’impwemu. Kubera yuko ari abaraganwa na Kristu, barafise icizigiro co kuzukira kuba mw’ijuru ari abana bo mu buryo bw’impwemu koko kugira ngo bafadikanye na Yezu Kristu “kuganza.”​​—⁠Soma Abaroma 8:​15-​17, 23.

Urukundo rw’Imana ruragaragarizwa abandi

16. Ni ingabirano iyihe abafise icizigiro co kuba kw’isi baronka no muri iki gihe?

16 Si abantu bose bizera Imana kandi bayikorera ari abakirisu b’intahemuka biteze “kuganza” hamwe na Kristu mw’ijuru. Benshi barafise icizigiro gishingiye kuri Bibiliya nk’ico abasavyi b’Imana babayeho imbere y’ubukirisu bari bafise. Barizigiye kuzobaho ibihe bidahera mw’Iparadizo kw’isi. Boba none n’ubu bashobora kuronka ingabirano iranga urukundo ivuye ku Mana gutyo bakabonwa ko ari abagororotsi biteze kuba kw’isi? Twisunze ivyo Paulo yandikiye Abaroma, inyishu y’ico kibazo ni ego kandi ivyo biraduhumuriza!

17, 18. (a) Imana yabona Aburahamu gute yisunze ukwizera kwiwe? (b) Yehova yashoboye gute kubona ko Aburahamu ari umugororotsi?

17 Paulo yaravuze ibijanye n’akarorero nyamukuru ka Aburahamu, uno akaba yari umuntu afise ukwizera yabayeho imbere y’uko Yehova aha Isirayeli urutonde rw’amategeko be n’imbere cane y’uko Kristu yugurura inziza ijana mu buzima bwo mw’ijuru. (Heb. 10:19, 20) Dusoma duti: “[Ntivy]aciye kw’itegeko ngo Aburahamu canke uruvyaro rwiwe aronke wa muhango w’uko yobaye samuragwa w’isi, ahubwo vyaciye ku bugororotsi bivuye ku kwizera.” (Rom. 4:​13; Yak. 2:23, 24) Imana yabona rero ko wa mwizigirwa Aburahamu yari umugororotsi.​​—⁠Soma Abaroma 4:20-​22.

18 Ivyo ntibisobanura yuko Aburahamu atacumura mu myaka mirongo yamaze akorera Yehova. Ntiyari umugororotsi muri ubwo buryo. (Rom. 3:10, 23) Ariko rero, Yehova yisunze ubukerebutsi bwiwe butagira urugero ntiyirengangije ukwizera kudasanzwe Aburahamu yari afise be n’ibikorwa vyiwe vyava kuri ukwo kwizera. Aburahamu yarizera mu buryo budasanzwe rwa “ruvyaro” rwari rwarasezeranywe rwokomotse kuri we. Vyaragaragaye yuko urwo Ruvyaro ari Mesiya, ni ukuvuga Kristu. (Ita. 15:6; 22:​15-​18) Ku bw’ivyo, hishimikijwe “incungu yarishwe na Kristu Yezu,” uwo Mucamanza yagenywe n’Imana arashobora kubabarira ibicumuro vyakozwe kera. Gutyo, Aburahamu n’abandi bantu bari bafise ukwizera babayeho mu gihe c’imbere y’ubukirisu bari mu bazozurwa.​​—⁠Soma Abaroma 3:24, 25; Zab. 32:​1, 2.

Urashobora kugira impagararo igororotse ubu

19. Ni kubera iki ukuntu Imana yabona Aburahamu bikwiye kuremesha abantu benshi muri iki gihe?

19 Kuba Imana y’urukundo yarabonye ko Aburahamu ari umugororotsi birakwiye kuremesha abakirisu b’ukuri bo muri iki gihe. Yehova ntiyamwise umugororotsi nka kurya nyene biri ku bo arobanuza impwemu kugira ngo babe “abaraganwa na Kristu.” Igitigiri ntarengwa c’abagize uwo mugwi “bahamagariwe kuba aberanda” kandi baremerwa ko ari “abana b’Imana.” (Rom. 1:7; 8:14, 17, 33) Igihushanye n’ivyo, Aburahamu yabaye “umugenzi wa Yehova,” ivyo bikaba vyabaye imbere y’uko inkuka y’incungu itangwa. (Yak. 2:​23; Yes. 41:8) Tuvuge iki none ku vyerekeye abakirisu b’ukuri bafise icizigiro co kuba mw’Iparadizo izoba yagarukanywe kw’isi?

20. Imana yiteze iki ku bantu bo muri iki gihe ibona ko ari abagororotsi nka Aburahamu?

20 Abo ntibaronse “ingabirano ya gusa y’ubugororotsi” bafise icizigiro co kuba mw’ijuru “mu kubohorwa biciye ku ncungu yarishwe na Kristu Yezu.” (Rom. 3:​24; 5:15, 17) Naho ari ukwo, barizera cane Imana be n’iyo ncungu, kandi baragaragaza ukwizera kwabo biciye ku bikorwa vyiza. Kimwe muri ivyo bikorwa ni ‘ukwamamaza ubwami bw’Imana no kwigisha ivyerekeye Umukama Yezu Kristu.’ (Ivyak. 28:​31) Gutyo, Yehova arashobora kubona ko ari abagororotsi nka kurya yabona Aburahamu. Ingabirano abantu nk’abo baronka, imwe yo kuba abagenzi b’Imana, iratandukanye n’“ingabirano ya gusa” abarobanuwe baronka. Naho ari ukwo, nta gukeka ko ari ingabirano bakira babigiranye ugukenguruka kugera kure.

21. Ni ivyiza ibihe abantu bashobora kuronka kubera urukundo n’ubutungane vya Yehova?

21 Nimba ufise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera, urakwiye kumenya yuko utaronse ako karyo bivuye ku mihango ihindagurika yatanzwe n’umutegetsi w’umuntu. Ahubwo nyabuna, ico cizigiro kigaragaza umugambi urangwa n’ubukerebutsi wa Segaba w’ibiriho vyose. Yehova yagiye aratera intambwe kugira ngo ashitse uwo mugambi wiwe. Izo ntambwe yaziteye yisunze ubutungane nyakuri bwiwe. N’ikiruta ivyo, zaragaragaje urukundo rw’Imana rwinshi. Ni co gituma Paulo yashoboye kuvuga ati: “Imana irashimagiza urukundo rwayo bwite kuri twebwe, kuko Kristu yadupfiriye tukiri abacumuzi.”​​—⁠Rom. 5:8.

[Akajambo k’epfo]

a Nk’akarorero, ico ciyumviro kijanye n’uruvyaro carashizwe mu gitabu kigira kabiri ca Étude perspicace des Écritures, urupapuro rwa 728, ingingo ya 2 n’iya 3.

Woba uvyibuka?

• Uruvyaro rwa Adamu rwarazwe iki, kandi ivyo vyavuyemwo iki?

• Incungu y’indinganire yatanzwe gute, kandi ni mu buryo ubuhe habaye ukuringanira?

• Ingabirano yo kwitwa umugororotsi yatumye ugira icizigiro ikihe?

[Ifoto ku rup. 13]

Wa muntu atagira agasembwa Adamu yaracumuye. Wa muntu atagira agasembwa Yezu yaratanze “incungu y’indinganire”

[Ifoto ku rup. 15]

Mbega ukuntu ari inkuru nziza kuba dushobora kwitwa abagororotsi biciye kuri Yezu!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika