Woba uzokwumvira ingabisho zitomoye Yehova atanga?
“Iyi ni yo nzira. Nimuyigenderemwo.”—YES. 30:21.
1, 2. Shetani arondera gukora iki, kandi Ijambo ry’Imana ridufasha gute?
ICAPA co kw’ibarabara cerekana inzira itari yo ntikizimiza abantu gusa; kirashobora no guteza akaga. Dufate yuko umugenzi munaka akugabishije ko hari umuntu mubi yahinduye n’ibigirankana icapa kinaka kugira ngo atume ingenzi zitiyubara zimererwa nabi. Ntiwokwumvira none iyo ngabisho?
2 Nta woharira ko Shetani ari umwansi katwa arondera kutuzimiza. (Ivyah. 12:9) Ingeramizi zose twarimbuye mu kiganiro c’imbere y’iki ziva kuri we kandi zifise intumbero yo gutuma tuva mu nzira ijana mu buzima budahera. (Mat. 7:13, 14) Duhiriwe duhishije kubera yuko Imana yacu y’inyabuntu itugabisha kudakurikira ico twogereranya n’ivyapa vyo kw’ibarabara vya Shetani bizimiza abantu. Nimuze turimbure izindi ngeramizi zitatu ziva kuri Shetani. Uko twihweza ingene Ijambo ry’Imana ridufasha kwirinda kuzimizwa, twoshobora kwiyumvira ko Yehova ariko aragendera inyuma yacu atwereka inzira dukwiye gucamwo, akavuga ati: “Iyi ni yo nzira. Nimuyigenderemwo.” (Yes. 30:21) Kuzirikana ingabisho zitomoye Yehova aduha bizokomeza umwiyemezo wacu wo kuzumvira.
Ntimukurikire “abigisha b’ikinyoma”
3, 4. (a) Ni mu buryo ki abigisha b’ikinyoma bameze nk’amariba yakamye? (b) Abigisha b’ikinyoma bakunda kuva he, kandi baba bashaka iki?
3 Niwihe ishusho uri ku rugendo mu gihugu kigadutse. Urabonye iriba nka hariya maze ukagenda ugana iyo riri, wizigiye kuronka amazi kugira ngo wice akanyota. Ariko rero ushitseyo, usanze iryo riba ryarakamye. Ese ukuntu uvunika umutima! Abigisha b’ikinyoma bameze nk’amariba yakamye. Umuntu wese aja kuri bo kugira ngo aronke amazi y’ukuri aravunika umutima bimwe bikomeye. Yehova abicishije ku ntumwa Paulo na Petero aratugabisha ku bijanye n’abigisha b’ikinyoma. (Soma Ivyakozwe 20:29, 30; 2 Petero 2:1-3.) None abo bigisha ni bande? Amajambo yahumetswe izo ntumwa zibiri zanditse aradufasha kumenya aho abo bigisha b’ikinyoma bava n’ukuntu bakora.
4 Paulo yabwiye abakurambere b’ishengero ry’i Efeso ati: “Muri mwebwe ubwanyu hazohaguruka abagabo bavuge ibigoramanze.” Petero yandikiye abakirisu bagenziwe ati: “Hazobaho abigisha b’ikinyoma muri mwebwe.” None abigisha b’ikinyoma bava he? Boshobora guhaguruka bavuye mw’ishengero. Abo bantu ni abahuni.a None baba bashaka iki? Ntibaba bipfuza gusa guheba ishirahamwe bashobora kuba bahora bakunda. Paulo yasiguye yuko intumbero yabo ari iyo “[gu]kweger[a] abigishwa inyuma yabo.” Abo bigishwa Paulo ariko aravuga ni abigishwa ba Yezu Kristu. Aho kuja kurondera abigishwa babo bwite hanze, abahuni barondera kugenda batwaye abigishwa ba Kristu. Cokimwe n’“amabingira y’amarara,” abigisha b’ikinyoma baripfuza kurotsa abantu bo mw’ishengero, bakonona ukwizera kwabo maze bakabakura mu kuri.—Mat. 7:15; 2 Tim. 2:18.
5. Ni uburyo ubuhe abigisha b’ikinyoma bakoresha?
5 Abigisha b’ikinyoma bakora bate? Uburyo bakoresha burahishura agatima k’uruyeri. Abahuni ‘barinjiza mu mpisho’ ivyiyumviro vyonona. Nka kurya kw’abantu bakora ivya forode, barakorera mu kinyegero, bakinjiza ivyiyumviro vy’ubuhuni mu buryo bwihishije. Vyongeye, nka kurya nyene kw’umutekamutwe agerageza gutanga impapuro za magendu, ni ko n’abahuni bakoresha “amajambo y’uruhendo,” ni ukuvuga ivyiyumviro vy’ikinyoma, bakagerageza gushikiriza ivyiyumviro biremaremeye nk’aho vyoba ari ivy’ukuri. Barakwiragiza “inyigisho zihendana,” ‘bakagoramika Ivyanditswe’ kugira ngo bihure n’ivyiyumviro vyabo bwite. (2 Pet. 2:1, 3, 13; 3:16) Biragaragara ko abahuni bataturonderera ineza. Kubakurikira nta kindi vyotumarira atari ukudukura mu nzira ijana mu buzima budahera.
6. Bibiliya iduha impanuro itomoye iyihe ku bijanye n’abigisha b’ikinyoma?
6 Dushobora gute kwirinda abigisha b’ikinyoma? Impanuro Bibiliya itanga ku bijanye n’ukuntu dukwiye kubafata iratomoye. (Soma Abaroma 16:17; 2 Yohani 9-11.) Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Mubazibukire.” Izindi Bibiliya zihindura ayo majambo ngo “mubace kure,” na “mubirinde!” Iyo mpanuro yahumetswe iratomoye. Dufate yuko umuganga yakubwiye kwirinda kwegera umuntu arwaye indwara yandukira kandi yica. Wotahura ico uwo muganga ashaka kuvuga, kandi wokurikiza udaca ku ruhande iyo ngabisho aguhaye. Emwe, abahuni ‘bararwaye mu mutwe,’ kandi barondera kwandukiza abandi biciye ku nyigisho zabo z’ubuhemu. (1 Tim. 6:3, 4) Yehova, we Muganga Mukuru, atubwira kwirinda kubegera. Ego ni ko turazi ico ashaka kuvuga, ariko none twoba twiyemeje gukurikiza iyo ngabisho mu mice yose?
7, 8. (a) Kwirinda abigisha b’ikinyoma birimwo iki? (b) Ni kubera iki wiyemeje kwirinda ushikamye abigisha b’ikinyoma?
7 Kwirinda abigisha b’ikinyoma birimwo iki? Ntitubakira i muhira iwacu canke ngo tubaramutse. Turirinda kandi gusoma ibitabu vyabo, kuraba kuri televiziyo ibiganiro bivuga ibiberekeye, gusuzuma imihora yabo kuri Internet, canke kugira ico twanditse ku bibanza vyo kuri Internet bashirako amakuru aberekeye. Ni kubera iki dufata iyo mpagararo ishikamye? Tubitumwa n’urukundo. Kubera ko dukunda “ya Mana y’inyakuri,” ntitwitwararika inyigisho zigoretse ziteye kubiri n’Ijambo ryayo ry’ukuri. (Zab. 31:5; Yoh. 17:17) Turakunda kandi ishirahamwe rya Yehova, iryo twigishirijwemwo ukuri kweza umutima, harimwo izina rya Yehova n’insobanuro yaryo, umugambi Imana ifitiye isi, ukuntu abapfuye bamerewe, be n’icizigiro c’izuka. Woba ushobora kwibuka ukuntu wumvise umerewe igihe wamenya ari bwo bwa mbere ivyo bintu vy’agaciro vyerekeye ukuri hamwe n’ibindi? Ni kubera iki none woreka hakagira uwuguhenda ngo uhebe ishirahamwe wigishirijwemwo ivyo bintu vyerekeye ukuri?—Yoh. 6:66-69.
8 Naho abigisha b’ikinyoma bovuga iki, ntituzobakurikira! Kubera iki twoja kuri ayo mariba yakamye kugira gusa dutahe zirayoye twongere tuvunike umutima? Ahubwo riho, nimuze twiyemeze kuguma turi intahemuka kuri Yehova no kw’ishirahamwe rimaze igihe kirekire rituzimya akanyota rikoresheje amazi meza kandi apfutse yerekeye ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe.—Yes. 55:1-3; Mat. 24:45-47.
Ntimukurikire “inkuru z’ikinyoma”
9, 10. Ni ingabisho iyihe Paulo yahaye Timoteyo ku vyerekeye “inkuru z’ikinyoma,” kandi Paulo ashobora kuba yariko ariyumvira iki? (Raba kandi akajambo k’epfo.)
9 Rimwe na rimwe, vyoshobora kworoha kubona yuko icapa co kw’ibarabara cahinduwe ku buryo cerekana inzira itari yo. Ikindi gihe na ho, vyoshobora kutoroha kumenya urwo ruhendo. Ni co kimwe n’ingeramizi ziva kuri Shetani; zimwe usanga zibonekeza kuruta izindi. Intumwa Paulo aratugabisha ku bijanye na bumwe mu buryo Shetani akoresha burimwo akaga kandi budashoka bwibonekeza, ubwo na bwo akaba ari “inkuru z’ikinyoma.” (Soma 1 Timoteyo 1:3, 4.) Kugira ngo ntituve mu nzira ijana mu buzima, turakeneye kumenya inyishu y’ikibazo kigira giti: Inkuru z’ikinyoma ni iki, kandi dushobora gute kwirinda kuzumviriza?
10 Ingabisho Paulo yatanze ku bijanye n’inkuru z’ikinyoma tuyisanga mw’ikete rya mbere yandikiye Timoteyo, uno akaba yari umucungezi mukirisu yari yashinzwe igikorwa co gutuma ishengero riguma ridahumanye no gufasha abo basangiye ukwemera kuguma ari abizigirwa. (1 Tim. 1:18, 19) Paulo akoresha ijambo ry’ikigiriki rishobora kwerekeza ku kintu kitabaho, ku gitito canke ku kinyoma. Nk’uko inkoranyabumenyi imwe (The International Standard Bible Encyclopaedia) ibivuga, iryo jambo ryerekeza ku “nkuru (ijanye n’ivy’Imana) ata sano ifitaniye n’ikintu c’ukuri.” Paulo ashobora kuba yariko ariyumvira ibinyoma bijanye n’ivy’Imana vyava ku nkuru za kera abantu biremaremera zatuma abandi bashaka kumenya ibizerekeye.b Mwene izo nkuru nta kindi zimaze atari “[ugu]tanga ibibazo vyo kugirira ubushakashatsi,” ni ukuvuga ko zivyura ibibazo ata co bimaze bituma abantu bagira ubushakashatsi butagira intumbero. Inkuru z’ikinyoma ni icambo gikoreshwa n’umwe karuhariwe mu kubesha ari we Shetani, we akoresha ibinyoma bijanye n’ivy’Imana be n’ibitito bitajanye n’ivy’Imana kugira ngo azimize abantu ata co binona. Impanuro ya Paulo iratomoye: Ntiwumvirize inkuru z’ikinyoma!
11. Shetani yakoresheje gute ku ruyeri ku rwenge idini ry’ikinyoma mu kuzimiza abantu, kandi ni ingabisho iyihe twokwumvira bikadufasha kwirinda kuzimizwa?
11 Ni inkuru zimwezimwe z’ikinyoma izihe zoshobora kuzimiza abantu batiyubara? Muri rusangi, imvugo ngo “inkuru z’ikinyoma” irashobora kwerekezwa ku kinyoma canke ku gitito ico ari co cose kijanye n’ivy’Imana coshobora kudukura ku “kuri.” (2 Tim. 4:3, 4) Shetani, we yigira “umumarayika w’umuco,” yarakoresheje ku ruyeri ku rwenge idini ry’ikinyoma mu kuzimiza abantu. (2 Kor. 11:14) Abiyita abakirisu barigisha inyigisho zuzuyemwo ibitito n’ibinyoma, aho hakaba harimwo Ubutatu, umuriro udahera be n’ivy’uko ngo umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa. Abiyita abakirisu bararemesha kandi imisi mikuru, nka Noweli na Pasika. Imigenzo ijanye n’iyo misi mikuru, iyisa n’aho ata co itwaye, mu vy’ukuri ikomoka mu bitito no mu bupagani. Nitwumvira ingabisho Imana iduha yo kwitandukanya na bo kandi “[tukareka] gukora ku gihumanye,” ntituzozimizwa n’inkuru z’ikinyoma.—2 Kor. 6:14-17.
12, 13. (a) Ni ibinyoma ibihe Shetani yaremesheje, kandi ni igiki dukwiye kumenya ku bijanye n’ikinyoma kimwekimwe cose muri ivyo? (b) Dushobora gute kwirinda kuzimizwa n’inkuru z’ikinyoma ziva kuri Shetani?
12 Shetani yararemesheje ibindi binyoma vyoshobora kutuzimiza tutabaye maso. Rimbura uburorero bumwebumwe. Urashobora gukora ico ushaka cose; ni wewe wihitiramwo ikibereye n’ikitabereye. Ico ciyumviro kiraremeshwa mu bimenyeshamakuru no mu bijanye n’ukwinezereza. Ukwo kubona ingingo mfatirwako z’Imana mu buryo bugoramye vyoshobora gutuma tutaba tucigumya na gato mu bijanye n’inyifato runtu. Ico twomenya coco ni uko dukeneye rwose ubuyobozi mu bijanye no kumenya ikibereye n’ikitabereye, Imana yonyene ikaba ari yo ishobora kubuturonsa. (Yer. 10:23) Imana ntizogira ico ikoze mu bibera kw’isi. Kwoshwa na bene ako gatima ko kwiberaho tutanezwe ivya kazoza vyoshobora gutuma tuba “abantu badakora canke barumvye.” (2 Pet. 1:8) Ico twomenya coco ni uko umusi wa Yehova uriko uregereza wihuta, tukaba kandi dutegerezwa kuguma tuwiteze. (Mat. 24:44) Imana ntikubabaye. Kwemera ico kinyoma kiva kuri Shetani vyoshobora gutuma dutana n’akabando, twiyumvira yuko tutoshobora kwigera tuba ababereye gukundwa n’Imana. Ico twomenya coco ni uko Yehova akunda akongera agaha agaciro abasavyi biwe umwumwe ukwiwe.—Mat. 10:29-31.
13 Dutegerezwa kuguma turi maso, kubera ko ivyiyumviro n’inyifato biranga isi ya Shetani vyoshobora gusa n’aho vyumvikana. Ariko rero, uribuka yuko Shetani ari karuhariwe mu guhenda abantu. Nitwumvira impanuro n’ivyibutswa vyo mw’Ijambo ry’Imana ni ho gusa tuzoshobora kwirinda kuzimizwa n’“inkuru z’ikinyoma [ziva kuri Shetani] zaremaremwe ku buhinga [ni ukuvuga “imigani yarementanijwe n’incabwenge,” Ubwuzure Bushasha].”—2 Pet. 1:16.
‘Ntukurikire Shetani’
14. Ni ingabisho iyihe Paulo yahaye abapfakazi bakiri bato bamwebamwe, kandi ni kubera iki twese dukwiye gufata nkama amajambo yavuze?
14 Iyumvire icapa co kw’ibarabara canditseko ngo: “Iyi nzira igushikana kwa Shetani.” Ni nde muri twebwe yokurikiza ibiri kuri ico capa? Yamara, Paulo aratugabisha ku bijanye n’uburyo butari buke abakirisu biyeguye bohava basanga ‘bakebeje bagakurikira Shetani.’ (Soma 1 Timoteyo 5:11-15.) Ayo majambo Paulo yavuze yerekeye “abapfakazi bakiri bato” bamwebamwe, mugabo ingingo ngenderwako avuga ziraturaba twese. Abo bagore bakirisu bo mu kinjana ca mbere bashobora kuba batiyumvira ko bariko barakurikira Shetani, mugabo ivyo bakora vyarerekana ko bariko baramukurikira. Dushobora gute kwirinda gukurikira Shetani tutanabiciye n’ikanda? Nimuze dusuzume ingabisho Paulo atanga ku bijanye n’urusaku.
15. Shetani afise intumbero iyihe, kandi Paulo ashira ahabona gute amayeri Shetani akoresha?
15 Shetani afise intumbero yo kutunumya ngo ntituvuge ibijanye n’ukwizera kwacu, ni ukuvuga kutubuza kwamamaza inkuru nziza. (Ivyah. 12:17) Kugira ngo abishikeko, aragerageza gutuma dukurikirana ibikorwa bidutwara umwanya canke bituma twicamwo ibice. Raba ukuntu Paulo ashira ahabona amayeri Shetani akoresha. “Kutagira ico bakora, bayerera.” Muri iki gihe aho usanga ubuhinga bwarateye imbere, twoshobora gutakaza umwanya wacu n’uw’abandi, mu kubaterefona, mu kubarungikira ubutumwa kuri terefone ngendanwa, canke mu gukoranira hamwe na bo kugira ngo tube turatera ryarenga ku bintu bidahambaye canke rimwe na rimwe bitari vyo. “Abanyarusaku.” Urusaku rwoshobora gutuma umuntu abeshera abandi, ivyo bikaba bikunda gutuma haba amahane. (Imig. 26:20) Baba babizi canke batabizi, abantu babeshera abandi bafise intumbero yo kubasiga iceyi baba bariko barigana Shetani wa Mubesheranyi.c “Abita mu vy’abandi.” Nta burenganzira dufise bwo kubwira abandi ukuntu bakwiye kubaho. Izo nyifato zose ziranga ubunebwe kandi ziteza ingorane, zirashobora gutuma tudakora igikorwa twashinzwe n’Imana co kwamamaza Ubwami. Iyo turetse gushigikira twivuye inyuma igikorwa ca Yehova, tuba rero dutanguye gukurikira Shetani. Ntidushobora kuba ba ntahompagaze muri ivyo.—Mat. 12:30.
16. Ni impanuro izihe twokurikiza bikadufasha kwirinda ‘gukevya ngo dukurikire Shetani’?
16 Gukurikiza impanuro Bibiliya itanga birashobora kudufasha kwirinda ‘gukevya ngo dukurikire Shetani.’ Rimbura zimwezimwe mu mpanuro ziranga ubukerebutsi Paulo atanga. Kugira “vyinshi [d]ukora mu gikorwa c’Umukama.” (1 Kor. 15:58) Kuguma dufise vyinshi dukora mu bikorwa bijanye n’Ubwami bizoturinda kugira ubunebwe no gukurikira ibintu bidutwara umwanya bishobora kutugeramira. (Mat. 6:33) Nuvuge ibintu ‘vyiza vyo kwubaka.’ (Ef. 4:29) Niwiyemeze kutumviriza urusaku no kutarukwiragiza.d Niwizigire abo musangiye ukwemera wongere ububahe. Ivyo bizotuma ugira agatima ko kuvuga amajambo yubaka aho kuvuga ayasambura. ‘Niwishingire intumbero yo . . . kuraba ivyawe bwite.’ (1 Tes. 4:11) Niwitwararike abandi, mugabo ubigire mu buryo bwerekana ko utabinjirira mu buzima be n’uko wubahiriza agateka kabo. Uribuka kandi yuko tudakwiye guhata abandi ngo babone ibintu nk’uko natwe tubibona ku bijanye n’ibintu bakeneye kwifatiramwo ingingo.—Gal. 6:5.
17. (a) Ni kubera iki Yehova atugabisha ku bijanye n’ivyo tudakwiye gukurikira? (b) Wiyemeje iki ku bijanye n’inzira Yehova yipfuza ko ducamwo?
17 Ese ukuntu dukenguruka kuba Yehova atubwira mu buryo butomoye ivyo tudakwiye gukurikira! Ariko rero, ntiwigere wibagira yuko ingabisho Yehova aduha, izo twaciye irya n’ino muri iki kiganiro no mu kiganiro giheruka, aziduha abitumwe n’urukundo rwinshi adukunda. Yipfuza kuturinda amagorwa n’umubabaro biva ku gukurikira vya bintu bigereranywa n’ivyapa vyo kw’ibarabara bizimiza vya Shetani. Inzira Yehova yipfuza ko ducamwo yoshobora kuba ipfunganye, mugabo ishikana ahantu heza hashoboka, ni ukuvuga mu buzima budahera. (Mat. 7:14) Ese twoguma twumiye ku mwiyemezo twafashe wo kwumvira inkeburo Yehova aduha igira iti: “Iyi ni yo nzira. Nimuyigenderemwo.”—Yes. 30:21.
[Utujambo tw’epfo]
a “Ubuhuni” ni ukwitandukanya n’ugusenga kw’ukuri, ugusubira inyuma, ukwononekara, ukugarariza, uguheba.
b Nk’akarorero, igitabo kitemewe ko kiri mu bigize Bibiliya ca Tobi (Tobiya), icanditswe nko mu kinjana ca gatatu B.G.C. kikaba cari kikiriho mu gihe ca Paulo, cuzuyemwo inkuru z’ikinyoma zishingiye ku kwemera ibintazi kandi zitumvikana zivuga ivy’amageza n’ubupfumu zishikirizwa nk’aho ari iz’ukuri.—Raba igitabu ca mbere ca Étude perspicace des Écritures, urupapuro rwa 134-135.
c Mu kigiriki co mu ntango, akenshi Shetani arahabwa irindi zina risobanura ngo “umubesheranyi.” Ivyo ni ko biri kubera yuko Shetani ari we mubesheranyi mukuru.—Yoh. 8:44; Ivyah. 12:9, 10.
d Raba uruzitiro ruvuga ngo “Kugenda urarekurira amababa mu muyaga.”
Wokwishura gute?
Ushobora gute gushira mu ngiro ingabisho ziri mu vyanditswe bikurikira?
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 19]
Kugenda urarekurira amababa mu muyaga
Hari umugani wa kera w’Abayuda werekana neza inkurikizi zo gukwiragiza urusaku. Iciyumviro nyamukuru kiri muri uwo mugani, igishikirizwa mu buryo butandukanye, ni iki:
Umugabo umwe yaragiye mu gisagara, agenda arabeshera umugabo w’inkerebutsi wo muri ico gisagara. Mu nyuma, uwo munyarusaku yari afise intumbero yo gusiga iceyi uwo mugabo w’inkerebutsi, yaratahuye ikibi yari yakoze maze aja kuri uwo mugabo kumusaba ikigongwe, aremera yuko azokora ikintu cose gikenewe kugira ngo atunganye iyo ngorane. Uwo mugabo w’inkerebutsi yamusavye ikintu kimwe: Yabwiye uwo munyarusaku ngo agende atore umusego utekeyemwo amababa hanyuma awugurure, agende ararekurira ayo mababa mu muyaga. Naho uwo munyarusaku yazazaniwe n’ico kintu yari asabwe, yarakoze ivyo yari ategetswe araheza aragaruka kuri uwo mugabo w’inkerebutsi.
Yamubajije ati: “Noba noneho nagiriwe imbabazi?”
Uwo mugabo w’inkerebutsi yishuye ati: “Banza ugende wegeranye arya mababa yose.”
Na we ati: “Ivyo nobishobora gute? Umuyaga wamaze kuyatwara kure na kure.”
Nya mugabo w’inkerebutsi na we ati: “Gutunganya ivyononywe n’amajambo wavuze bigoye cokimwe no kwegeranya ayo mababa.”
Icigwa kiratomoye. Irirenze umunwa riba rirenze impinga, kandi hari aho bitokunda yuko umuntu atunganya ingorane riba ryateje. Imbere yo gukwiragiza utujambo tw’urusaku, vyoba vyiza twibutse yuko mu vy’ukuri tugira turekurire amababa mu muyaga.
[Ifoto ku rup. 16]
Bamwebamwe boshobora gute guha ikaze abahuni mu ngo zabo?