ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Shetani yoba abaho?
    Umunara w’Inderetsi—2014 | 1 Munyonyo
    • IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | SHETANI YOBA ABAHO?

      Shetani yoba abaho?

      Igishusho cerekana umumarayika Shetani yakorowe kw’isi

      Iki ni igishusho c’i Madrid muri Espanye cerekana Shetani nk’umumarayika mubi yakorowe kw’isi

      “Nakuriye muri Salvador. Igihe naba nagambaraye, mawe yakunda kumbwira ati: ‘Shetani araza kugutwara!’ Naca ndamwishura nti: ‘Nashake aze!’ Ico gihe sinemera ko Shetani abaho, nemera Imana gusa.”​—Vyavuzwe na ROGELIO.

      Woba nawe wiyumvira nk’ukwo kwa Rogelio akiri umwana? Muri ibi vyiyumviro bikurikira, ni ikihe wumva ko gisa n’icumvikana?

      • Shetani ntabaho; ni ikibi gusa kiri mu muntu.

      • Shetani arabaho, ariko ivy’abantu nta co bimubwiye.

      • Shetani ni ikiremwa kitaboneka c’ububasha kigira akosho gakomeye ku bantu.

      Iciyumviro kimwekimwe cose muri ivyo usanga gifise abantu nk’amamiliyoni bagishigikiye. None hari ico bimaze kumenya ic’ukuri ico ari co? Nimba Shetani atabaho, abemera yuko abaho barihenda. Nimba na ho Shetani abaho mugabo ivy’abantu bikaba ata co bimubwiye, nta mvo rero yari ikwiye gutuma abantu benshi bamutinya canke bahagarika umutima kubera we. Ariko rero, nimba Shetani ari umunyamayeri ahenda abantu, uca wumva rero ko tugeramiwe cane kurusha uko abantu benshi bavyiyumvira.

      Nimuze twihweze ingene Bibiliya yishura ibi bibazo: Shetani ni iki canke ni nde? Yoba ari ikibi kiri mu muntu canke ni ikiremwa gifise ubwenge kitaboneka? Nimba ari ikiremwa, yoba yokugeramira? Nimba yokugeramira, wokwikingira gute?

  • Shetani yoba ari ikibi gusa kiri mu muntu?
    Umunara w’Inderetsi—2014 | 1 Munyonyo
    • Shetani ari mw’ijuru ariko yitegereza Yobu yashikiwe n’ivyago

      IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | SHETANI YOBA ABAHO?

      Shetani yoba ari ikibi gusa kiri mu muntu?

      Biroroshe cane kuvuga yuko Shetani avugwa muri Bibiliya ari ikintu kibi cose kiri mu muntu. Ariko mu vy’ukuri, ivyo vyoba ari vyo Bibiliya yigisha? Nimba Shetani ari ikibi gusa kiri mu muntu, ni kubera iki Bibiliya yerekana Shetani ariko aravugana na Yezu Kristu be n’Imana Mushoboravyose ubwayo? Raba uturorero tubiri tw’ingene bavuganye.

      SHETANI AVUGANA NA YEZU

      Igihe Yezu yatangura igikorwa ciwe co kwigisha, Shetani yaramugerageje incuro zitatu. Ubwa mbere, Shetani yaragerageje kwosha Yezu ngo akoreshe ububasha yahawe n’Imana mu buryo buranga ubwikunzi kugira ngo yivune inzara. Ubukurikira, yarahigishije Yezu ngo ashire mu kaga ubuzima bwiwe kugira yerekane ko ahambaye. Ubwa nyuma, Shetani yabwiye Yezu ko yomuha ubwami bwose bwo kw’isi aramutse amwunamiye akamusenga. Yezu yaramiriye kure ivyo bigeragezo vyose birimwo amayeri, akoresheje Ijambo ry’Imana.​—Matayo 4:1-11; Luka 4:1-13.

      None Yezu yariko avugana na nde? Yoba yariko avugana n’ikibi cari muri we? Bibiliya ivuga yuko Yezu “[ya]gejejwe mu mice yose cokimwe natwe, mugabo ntiyagira igicumuro.” (Abaheburayo 4:15) Yongerako iti: “Nta gicumuro yakoze, eka kandi nta buhendanyi bwabonetse mu kanwa kiwe.” (1 Petero 2:22) Yezu yagumye ari umuntu atagira akanenge. Ntiyigeze ahemuka. Ntiyaretse ngo hagire ikibi na kimwe gicumbika muri we. Birumvikana rero ko Yezu atariko avugana n’ikibi cari muri we. Yariko avugana n’ikiremwa kibaho koko.

      Muri ico kiganiro Shetani yagiranye na Yezu, harimwo ibindi bintu vyerekana ko Shetani abaho koko.

      • Niwibuke ko Shetani yemereye Yezu ubwami bwose bwo kw’isi aramutse amusenze. (Matayo 4:8, 9) Iyo Shetani aza kuba atabaho, yari gushobora gute guha Yezu ubwo bwami yamwemereye? Vyongeye, Yezu ntiyahakanye yuko Shetani afise ububasha bwo kubutanga.

      • Shetani abonye ko Yezu amunaniye, yaciye “[a]mureka kugeza aronse akandi karyo keza.” (Luka 4:13) None ubona twovuga ko Shetani ari ikibi gusa, canke ni umwansi adateshwa ngo ate?

      • Yezu amaze kugeragezwa, ‘abamarayika baraje, batangura kumukorera.’ (Matayo 4:11) Abo bamarayika baremesheje Yezu bongera baramufasha, boba bari ibiremwa bifise ubwenge bibaho koko? Nimba bari ibiremwa bibaho koko, kubera iki twovuga yuko Shetani atari ikiremwa kibaho vy’ukuri?

      SHETANI AVUGANA N’IMANA

      Akarorero ka kabiri kerekeye inkuru y’umugabo umwe yubaha Imana yitwa Yobu. Iyo nkuru iravuga ibiganiro bibiri vyabaye hagati ya Shetani n’Imana. Muri ivyo biganiro uko ari bibiri, Imana yarashimye Yobu kubera ko yari intahemuka. Shetani yavuze ko Yobu akorera Imana abitumwe n’ubwikunzi. Yerekanye ko Yobu akorera Imana kubera ivyo imuha. Ni nk’aho Shetani yashaka kwerekana ko azi Yobu kurusha uko Imana imuzi. Yehova yararetse Shetani aratwara Yobu ivyo atunze n’abana biwe, aratuma mbere akikwa n’amagara.a Vyarabonetse ko Yehova yavuze ukuri ku vyerekeye Yobu, Shetani na we aragaragara ko ari umubeshi. Imana yarahezagiye Yobu kubera ukudahemuka kwiwe.​—Yobu 1:6-12; 2:1-7.

      Muri ivyo biganiro vyabaye hagati ya Yehova Imana na Shetani, Yehova yoba yariko aravugana n’ikibi cari muri we? Bibiliya ivuga iti: “Nayo Imana y’ukuri, inzira yayo ntigira akanenge.” (2 Samweli 22:31) Ijambo ry’Imana rivuga kandi riti: “Mweranda, mweranda, mweranda ni Yehova Imana, Mushoboravyose.” (Ivyahishuwe 4:8) Ikintu ceranda ni ikintu gityoroye, kizira igicumuro. Yehova aratunganye, ntagira akanenge. Nta kibi na kimwe comuranga.

      Ikiganiro cabaye hagati ya Shetani n’Imana caragize ingaruka ku buzima bwa Yobu

      Naho ari ukwo, hari aboharira bavuga ko Yobu atabayeho, ko iyo nkuru ari umugani gusa. Ivyo vyoba vyumvikana? Hariho iyindi mirongo yo muri Bibiliya yerekana ko Yobu yabayeho vy’ukuri. Nk’akarorero, muri Yakobo 5:7-11, Yobu aravugwa ko ari akarorero keza karemesha abakirisu kwihanganira ibihe bigoye, kakabibutsa kandi ko Yehova aha impera abihangana. Ako karorero koba kamaze iki nimba Yobu n’ukwo kuntu yatewe na Shetani ari ibintu bitabayeho vy’ukuri? Ikigeretseko, muri Ezekiyeli 14:14, 20, havuga ko Yobu, Nowa na Daniyeli bari abagororotsi. Cokimwe na Nowa be na Daniyeli, Yobu yarabayeho vy’ukuri, akaba yari afise ukwizera gukomeye. Nimba Yobu yarabayeho vy’ukuri, ntiwumva none ko uwamuteje ivyago ategerezwa na we nyene kuba yarabayeho?

      Bibiliya rero iratomora ko Shetani abaho vy’ukuri naho ataboneka. Urashobora guca wibaza uti: ‘Jeho n’abanje yoba yotugirira nabi?’

      BITE HO MURI IKI GIHE CACU?

      Dufate ko inkozi z’ikibi zije kuba mu karere ubamwo. Biragaragara ko umutekano wanyu wogeramirwa, n’inyifato runtu igatituka. Ubu na ho niwiyumvire ikintu gisa n’ico: Shetani n’ibiremwa bitaboneka vyitwa amadayimoni vyagararije Imana nka we, ng’abo bakororewe kw’isi. Vyoca bigenda gute? Iyumvire ivyo uhora ubona canke wumva mu makuru y’aho iwanyu n’ayo mu makungu:

      • Woba ubona ingene ubukozi bw’ikibi butagira ishingiro burushiriza kwiyongera, naho kw’isi yose ata ko batagira ngo bagerageze kubutuza?

      • Woba ubona ingene ibintu vyo kwinezereza birimwo ivy’amashetani birushiriza kwiyongera, naho abavyeyi badasiba gusemerera?

      • Woba ubona ingene abantu baguma bonona ibidukikije, naho haguma hagirwa utwigoro two kubikingira?

      • Woba ubona ko hari ikitagenda neza mu kibano, ko hariho ikintu gituma abantu bakora ibintu bizokwega akarambaraye?

      Raba uwo Bibiliya ivuga ko ari we nyanduruko y’izo ngorane zose. Ivuga iti: “Ca gisato kinini kiraririzwa hasi, ya nzoka yo mu ntango, iyitwa Mubesheranyi na Shetani, umwe azimiza isi yose; araririzwa kw’isi, n’abamarayika biwe bararirizanywa na we. . . . Haragowe isi n’ikiyaga, kuko Shetani amanutse kuri mwebwe, afise ishavu ryinshi, azi ko afise igihe gito.” (Ivyahishuwe 12:9, 12) Abantu benshi bamaze gusuzuma ibimenyamenya, baratahuye ko Shetani ari ikiremwa kitaboneka kitugeramiye, kikaba kigira akosho gakomeye cane kw’isi.

      Hari aho wohagarika umutima wibaza ingene wokwikingira, kandi ivyo birumvikana. Ikiganiro gikurikira kirakwereka ico wokora.

      a Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.

  • Twoba dukwiye gutinya Shetani?
    Umunara w’Inderetsi—2014 | 1 Munyonyo
    • IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | SHETANI YOBA ABAHO?

      Twoba dukwiye gutinya Shetani?

      Umugabo n’umugore bariko biruka bava mu nzu irimwo umwuka wica

      Cokimwe n’umwuka witwa monoxyde de carbone, Shetani ntaboneka kandi arateye akaga

      Uwo mwuka ntugira ibara kandi ntumota. Biragoye cane kumenya ahantu uri. Woshobora kwica umuntu atabizi. Abarenga nk’ica kabiri c’abicwa n’ubumara kw’isi yose usanga bishwe n’uwo mwuka witwa monoxyde de carbone. Ariko rero, ntuhagarike umutima. Hariho uburyo bwogufasha kumenya ahari uwo mwuka ukawikingira. Abantu benshi barashira mu mazu utwuma tuvuza induru igihe twumvise uwo mwuka. Bumvise iyo nduru, baca bagira ico bakoze.

      Cokimwe n’uwo mwuka, Shetani na we nyene ntaboneka, biragoye cane ko abantu bamumenya kandi arateye akaga rwose. Ariko Imana irashobora kudufasha. Nta mvo yotuma utinya Shetani uramutse urondeye kwungukira ku bintu bikurikira Imana idufashisha:

      Ubushobozi bwo kwihitiramwo. Muri Yakobo 4:7 hatubwira hati: “Murwanye Shetani, na we azobahunga.” Naho Shetani afise ubushobozi, ntashobora kuguhata ngo ukore ivyo udashaka. Ihitamwo ni rwawe. Muri 1 Petero 5:9 hagira hati: “[Shetani] mumurwanye mukomeye mu kwizera.” Wibuke ko Yezu amaze kwiyamiriza incuro zitatu ibigeragezo vya Shetani yivuye inyuma, ari ho Shetani yamureka. (Matayo 4:11) Na wewe urashobora guhitamwo kumurwanya.

      Kugiranira ubucuti n’Imana. Muri Yakobo 4:8 haturemesha hati: “Mwiyegereze Imana.” Yehova ubwiwe agusaba ngo ugiranire ubucuti na we. Wobishikako gute? Ico woherako ni ukwiga vyinshi ku vyerekeye Imana biciye kuri Bibiliya. (Yohani 17:3) Ivyo uzokwiga ku vyerekeye Yehova bizotuma umukunda maze urwo rukundo rukuvyurire umutima wo gukora ivyo agomba. (1 Yohani 5:3) None niwarushiriza kwiyegereza So wawe wo mw’ijuru, na we azoca akora iki? Muri Yakobo hishura yuko Imana “na yo izo[kwi]yegereza.”

      Umusore ariko ariga Bibiliya, agaca asenga Imana maze agaturira ibintu vy’ubupfumu

      Yehova araduha ibintu bidufasha kwikingira Shetani

      Ugukingirwa n’Imana. Mu Migani 18:10 dusoma duti: “Izina rya Yehova ni umunara ukomeye. Umugororotsi awirukiramwo agakingirwa.” Ivyo ntibisigura yuko izina ry’Imana ry’uruharo ari nk’igiheko kidukingira. Ahubwo bisigura yuko abubaha cane izina ry’Imana bashobora gusaba ko Imana ibakingira umwanya uwo ari wo wose.

      Akarorero twokurikiza. Mu Vyakozwe 19:19 haratubwira ikintu cotwigisha cerekeye abantu b’i Efeso bari baherutse kuba abakirisu, hati: “Abatari bake mu bahora bagira ivy’amageza bashira hamwe ibitabu vyabo, babituririra imbere ya bose. Baharurira hamwe ibiciro vyavyo basanga biciye ibiceri vy’ifeza ibihumbi mirongo itanu.”a Abo bakirisu baraturiye ibintu vyose vyari bifitaniye isano n’ubupfumu bataravye igiciro cavyo. Ako ni akarorero keza cane kuri twebwe. Iyi si yuzuyemwo ibintu vy’ubupfumu n’ivy’amashetani. Mbere n’ibintu vy’ubupfumu biboneka ko ata co bitwaye vyoshobora gutuma amashetani akugirako akosho. Birahambaye ko wamirira kure ibintu nk’ivyo naho vyosaba ko uheba ibingana iki.​—Gusubira mu vyagezwe 18:10-12.

      Rogelio umwe avugwa mu kiganiro gitangura, yarinze ashikana imyaka 50 ataremera ko Shetani abaho. Ariko mu nyuma yarahinduye ivyiyumviro. Kubera iki? Avuga ati: “Nararonse Bibiliya ari bwo bwa mbere mu buzima bwanje. Ivyo nize mw’Ijambo ry’Imana vyaranjijuye ko Shetani abaho. Vyongeye, birankingira akosho kiwe.”

      “Ivyo nize mw’Ijambo ry’Imana vyaranjijuye ko Shetani abaho. Vyongeye, birankingira akosho kiwe”

      Woshima kubaho igihe Shetani azoba atakiriho? Birashoboka. Bibiliya yaravuze yuko Shetani, uwuzimiza abantu benshi, hazogera igihe “araririzwa muri ca kiyaga c’umuriro n’amazuku.” (Ivyahishuwe 20:10) Birumvikana ko umuriro buriro n’amazuku ata co vyokora ku kiremwa kitaboneka. Ico kiyaga c’umuriro n’amazuku kigereranya rero ukurandurwa ubutakigaruka. Shetani azokurwaho ubutagisubira kubaho. Ese ingene abakunda Imana bazokwiberaho mu munezero!

      Mu kurindira, nugume wiga ivyo ushoboye vyose ku vyerekeye Yehova be n’ivyo agomba.b Ese ukuntu bizoba bihimbaye kubaho ushobora kuvuga vy’ukuri uti: “Shetani ntabaho!”

      a Nimba ivyo biceri vy’ifeza vyari amadenariyo y’amaroma, vyangana n’umushahara w’umusi umwe w’abakozi 50.000, akaba yari amahera menshi cane!

      b Wipfuza kumenya n’ibindi ku co Bibiliya ivuga ku vyerekeye Shetani n’ivy’ubupfumu, raba ikigabane ca 10 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Urashobora gusaba ico gitabu Icabona ca Yehova.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika