ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/10 rup. 8-9
  • Ubwami bw’Imana—Wokora iki ngo uzobwungukireko?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwami bw’Imana—Wokora iki ngo uzobwungukireko?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo bijanye
  • Ubwami bw’Imana—Igituma Yezu abuha agaciro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ubwami bw’Imana
    Be maso!—2013
  • Nuhitemwo gushigikira Ubwami bw’Imana ubu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/10 rup. 8-9
Umugabo n’umugore bariko barafashwa kwiga ibijanye n’Ubwami bw’Imana muri Bibiliya

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | UBWAMI BW’IMANA​—NI IGIKI BUZOGUKORERA?

Ubwami bw’imana​—Wokora iki ngo uzobwungukireko?

Ibiganiro biheze bishobora kuba vyakweretse ko Ivyabona vya Yehova baha agaciro Ubwami bw’Imana. Kandi ushobora kuba washimishijwe cane n’ivyiza bimwebimwe Ubwami bw’Imana buzokora. Ariko ushobora kuba wibaza nimba ivyo vyiza bizoranguka vy’ukuri.

Ni vyiza kuba udapfa kwemera ikintu cose ubariwe. (Imigani 14:15) Abanyaberoyaa ba kera na bo nyene bari abantu badapfa kwemera ivyo bumvise. Igihe babwirwa inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana ari bwo bwa mbere, barayemeye. Ariko ntibayemeye kubera gusa yari inkuru ivuga ibintu bibashimisha. Ahubwo barasuzumye Ivyanditswe vyeranda bitonze kugira “ngo barabe ko ivyo ari ko biri.” (Ivyakozwe 17:11) Ivyo bisigura yuko Abanyaberoya bafashe inkuru nziza bari bumvise bayigereranya n’ico Ivyanditswe bivuga. Bahavuye bashira amazinda yuko iyo nkuru nziza yari ishingiye koko kw’Ijambo ry’Imana.

Tukuremesheje nawe kubigenza gutyo. Turashobora kugufasha kwiga Bibiliya ku buntu. Ivyo vyokuronsa akaryo ko gusuzuma yuko ivyo Ivyabona vya Yehova bemera ku bijanye n’Ubwami bw’Imana bihuje n’ivyo Bibiliya yigisha.

Kwiga Bibiliya ntibizotuma gusa umenya ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Bizogufasha no kuronka inyishu z’ibibazo bimwebimwe bihambaye mu buzima, nk’ibi:

  • Twakomotse he?

  • Intumbero y’ubuzima ni iyihe?

  • Kubera iki Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro?

  • Bitugendera gute iyo dupfuye?

  • Isi yoba izokurwaho?

  • Ni igiki gituma mu rugo haba agahimbare?

N’igihambaye kuruta, kwiga Bibiliya bizotuma ‘wiyegereza Imana.’ (Yakobo 4:8) Vyongeye, uko urushiriza kwiyegereza Imana, ni ko uzorushiriza kwibonera ivyiza Ubwami bw’Imana bushobora kukuronsa muri iki gihe be n’ibihe bidahera. Yezu yasenze Se ati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.”​—Yohani 17:3.

Ivyabona vya Yehova barashobora kugufasha kwiga Bibiliya bakoresheje iki gitabu.

Wipfuza ko hagira uwukwigisha Bibiliya ku buntu, nubibwire Icabona ca Yehova uwo ari we wese canke ubisabe biciye ku muhora wabo www.pr418.com. (Fyonda ahavuga ngo GUSABA KWIGISHWA BIBILIYA ku ntango y’uwo muhora, uce wandika amakuru akenewe)

a Beroya cari igisagara c’intara ya kera yitwa Makedoniya.

Ubwami bw’Imana ni inkoramutima kuri we

Folake

Agakobwa k’imyaka cumi kitwa Folake, kw’ishure baraheruka kubasaba ngo umwe wese yandike ico akunda kuruta ibindi vyose. Folake we yahisemwo kwandika igituma akunda kuyagira abandi ibijanye n’Ubwami bw’Imana.

Folake yavuze ati: “Ubwami bw’Imana ni intwaro iriho koko. Ariko ntushobora kuyibona naho wokwambara amarori!”

Folake yaciye yandika ibijanye n’ivyiza Ubwami bw’Imana buzokora ashashaye cane kuzobona. Amaze kwerekana ingorane zimwezimwe ubwo Bwami buzotorera umuti, yanditse ati: “Ndababara iyo mbonye abantu baba mw’ibarabara kubera batagira aho baba be n’abana bicwa n’inzara hirya no hino kw’isi.” Yongeyeko ati: “Ndanezerwa igihe nsomye Yesaya 65:21.” Ku bijanye n’abantu bazoba batwarwa n’Ubwami bw’Imana, uwo murongo uvuga uti: “Emwe, bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo.”

Folake yavuze kandi yuko ashashaye kuzobona igihe Imana izokuraho indwara zose biciye ku Bwami bwayo. Mu vyo yanditse, yarashizemwo icanditswe c’​Ivyahishuwe 21:4, kivuga giti: “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.” Mu gusozera, yarasubiyemwo yuko ukuyagira abandi ivyerekeye Yehova be n’Ubwami bwiwe ari co kintu akunda kuruta ibindi vyose. Emwe, Ubwami bw’Imana ni inkoramutima kuri ako gakobwa!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika