ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/2 rup. 10
  • Wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo bijanye
  • “Inzu yo Gusengerwamwo n’Amahanga Yose”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Yezu Ahumānura Urusengero
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yezu ahumanura urusengero
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Woba wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/2 rup. 10

WARI UBIZI?

Umubazibazi bakoresha mu bihe vya Bibiliya ni iki?

Igiti citwa bois d’aigle

Umubazibazi wava mu giti citwa bois d’aigle

Bibiliya ivuga yuko umubazibazi wakoreshwa mu bijanye no kumotesha impuzu be n’igitanda. (Zaburi 45:8; Imigani 7:17; Indirimbo ya Salomo 4:14) Umubazibazi uvugwa muri Bibiliya biboneka ko wava mu giti citwa bois d’aigle (co mu bwoko bwitwa Aquilaria). Igihe ikigegene c’ico giti kiriko kirabora, kiravamwo ibintu bimota bimeze nk’amavuta be n’ibintu bifata nk’uburembo. Ico giti carajanjagurwa kikaba ifu, iyo fu akaba ari wo “mubazibazi” baca bagurisha.

Amahema ya Isirayeli Bibiliya iyagereranya n’ “ibiterwa vy’imibazibazi Yehova yateye.” (Guharūra 24:5, 6) Ayo majambo ashobora kuba yerekeza ku kuntu ico giti kimeze, igishobora gukura gushika ku metero nka 30 kigaca gisanza amashami. Naho ico giti kitaboneka muri Israyeli y’ubu, kazinduzi imwe y’ivya Bibiliya (A Dictionary of the Bible) ivuga yuko “ata cobuza umuntu kwiyumvira yuko ico giti be n’ibindi bitazwi ubu muri [ako karere], vyahora birimwa mu Mwonga wa Yorodani wabamwo abantu benshi kandi wari utunze.”

Ni amashikanwa bwoko ki yemerwa ku rusengero rw’i Yeruzalemu?

Ikidodo c’ibumba co ku rusengero rw’i Yeruzalemu

Iki kidodo c’ibumba co ku rusengero rw’i yeruzalemu kimaze imyaka nka 2.000

Itegeko ry’Imana ryasaba ko ibimazi vyose vyatangwa ku rusengero biba vyiza gusumba ibindi vyose umuntu yaba afise. Imana ntiyashobora kwemera ibimazi bifise akanenge. (Kuvayo 23:19; Abalewi 22:21-24) Nk’uko bivugwa na Filo, umwanditsi w’Umuyuda wo mu kinjana ca mbere Inyuma ya Kristu, ico gihe abaherezi barasuzuma ibitungwa “kuva ku mutwe gushika ku binono” kugira ngo barabe neza ko ata kanenge na kamwe bifise, ko “bitagira agatosi canke agahonzi ako ari ko kose.”

Umuhinga umwe yitwa E. P. Sanders avuga yuko bishoboka ko abakorera ku rusengero “baha abantu b’abizigirwa badandaza ibitungwa vyo gutangako ibimazi uburenganzira bwo kugurisha gusa ibitungwa canke inyoni vyaba vyabanje gusuzumwa n’abaherezi. Uwo mudandaza rero yategerezwa guha uwamuguriye igitungwa icemezo cerekana ko nya gitungwa kitagira akanenge.”

Mu 2011, abacukuzi b’ivya kera barubuye mwene ico cemezo mu micungararo y’ahahoze urusengero, na co kikaba ari ikidodo c’ibumba kingana n’ikingorongoro. Ico kidodo ni ico hagati y’ikinjana ca mbere Imbere ya Kristu n’umwaka wa 70 Inyuma ya Kristu. Amajambo abiri yo mu giharameya ari kuri ico kidodo yasobanuwe ngo “Kiratyoroye ku Mana.” Vyiyumvirwa yuko abakuru bo ku rusengero baca bafata ico cemezo bakagishira ku bintu vyatangwako ishikanwa ku rusengero canke ku bitungwa vyo gutangako ibimazi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika