ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/6 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo bijanye
  • Imana isezerana ko iyi si izorusimba
    Be maso!—2023
  • Ingabirano izokwamaho twahawe n’Umuremyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Umubumbe w’ibinyabuzima
    Vyoba vyararemwe?
  • Ibiri muri iki kinyamakuru
    Be maso!—2023
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/6 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Umubumbe wacu woba waremwe ku bw’umugambi kanaka?

Umusore ariko aritegereza ibintu vyo mu bidukikije bifise amabara atandukanye

Isi yaremwe ngo abantu bayibeko bahimbawe

Umubumbe tubako urafise ibikwiye vyose kugira ubuzima bushoboke. Uriko amazi menshi, na yo akaba ari ntahara ku buzima. Ukuntu isi ihengamye, ukuntu yizunguriza be n’inzira icamwo mu kuzunguruka izuba, ivyo vyose bituma amabahari adacika ibibarafu canke ngo akame kubera ubushuhe bwinshi. Vyongeye, ikirere gikikuje isi be n’inguvu ifise zo gukwega ibintu nk’isumaku birayikingira imishwarara yica. Ukuntu ibimera n’ibikoko usanga ari magiriranire biratangaje cane. Ivyo bituma abantu benshi bashika ku ciyumviro c’uko umubumbe wacu waremwe ku bw’umugambi kanaka.​—Soma Yesaya 45:18.

Ariko wokwibaza uti: ‘Imibabaro n’akarenganyo vyoba biri muri uwo mugambi?’​—Soma Gusubira mu vyagezwe 32:4, 5.

Umugambi Imana yari ifise igihe yarema isi woba uzoranguka?

Isi yaremwe ngo abantu bubahana kandi bakunda Umuremyi wabo bayibeko bahimbawe. Ku bw’ivyo, ubuzima bw’abantu buri n’intumbero ihambaye kuruta ubuzima bw’ibimera n’ibikoko. Twebwe abantu turashobora kumenya Umuremyi wacu no gushima urukundo rwiwe n’ubutungane bwiwe kandi tukamwigana.​—Soma Umusiguzi 12:13; Mika 6:8.

Uwaturemye arashoboye gushitsa ivyo yagabiye gukora vyose. Turashobora rero kwemera tudakeka ko azokuraho imibabaro n’akarenganyo, atume umubumbe wacu uba ahantu hatunganye haba abantu bahimbawe.​—Soma Zaburi 37:11, 29; Yesaya 55:11.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 3 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Kiraboneka no kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika