ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/9 rup. 7-9
  • Amategeko Imana yahaye Abisirayeli yoba yarimwo ubutungane?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amategeko Imana yahaye Abisirayeli yoba yarimwo ubutungane?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ABACAMANZA “B’INKEREBUTSI KANDI BAZI UTUNTU N’UTUNDI”
  • INGINGO ZAFASHA GUCA IMANZA ZIGOROROTSE
  • BARUNGUKIYE KU BUTUNGANE NYAKURI
  • «Itegeko rya Yehova riratunganye»
    Niwiyegereze Yehova
  • Imvugo ngo “ijisho ku rindi” isobanura iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/9 rup. 7-9
Umucamanza wo muri Isirayeli ya kera ariko arumviriza ababurana

Amategeko Imana yahaye Abisirayeli yoba yarimwo ubutungane?

HARACIYE igihe sentare mpanavyaha zo mu gihugu kimwe zemeye ibimenyamenya bitari vyo vyerekana ko abagabo babiri bagirwa n’ubwicanyi, zica zibacira urwo gupfa. Igihe ukuri kwaja ahabona, abashingwamanza barakoze uko bashoboye kwose maze umwe muri bo ararekurwa. Nayo uwundi we, n’abashingwamanza karuhariwe nta co bari kumufasha kuko yari amaze kwicwa.

Kubera ko bishobora gushika abacamanza bagaca urubanza ukutari ko, Bibiliya ivuga iti: “Ubutungane, ubutungane ni bwo ukwiye gukurikirana.” (Gusubira mu vyagezwe 16:20) Igihe abacamanza bakurikije ubutungane, abanyagihugu barahungukira. Amategeko Imana yahaye Abisirayeli ba kera yatuma bashobora guca imanza ata kugira nkunzi canke ukurenganya. Reka twihweze ayo mategeko, turabe nimba “inzira [z’Imana] zose ari ubutungane.”​—Gusubira mu vyagezwe 32:4.

ABACAMANZA “B’INKEREBUTSI KANDI BAZI UTUNTU N’UTUNDI”

Igihe abacamanza ari abantu babishoboye, batarenganya kandi batarya igiturire, abantu barahungukira. Ya mategeko Imana yahaye Abisirayeli yarashimika cane ku kamaro ko kugira abacamanza nk’abo. Igihe bari bakiri mu rugendo mu bugaragwa, Musa yasabwe kurondera “abagabo babishoboye, batinya Imana, abagabo b’abizigirwa, banka inyungu y’akarenganyo” ngo babe ari bo bacira imanza abantu. (Kuvayo 18:21, 22) Haciye imyaka mirongo ine, Musa yaribukije Abisirayeli yuko abacira imanza abantu bakwiye kuba ari “abagabo b’inkerebutsi kandi bazi utuntu n’utundi.”​—Gusubira mu vyagezwe 1:13-17.

Haciye imyaka amajana, Umwami Yehoshafatia wa Yuda yategetse abacamanza ati: “Murabe ivyo mukora, kuko mudaca imanza z’umuntu mugabo muca imanza za Yehova; kandi ari kumwe namwe mu vy’uguca imanza. Nuko rero, mutinye Yehova. Mube maso mukore, kuko ata kutagororoka canke ukugira nkunzi canke ukurya igiturire biri muri Yehova Imana yacu.” (2 Ngoma 19:6, 7) Umwami yari abibukije yuko baciye urubanza ukutari ko babitumwe n’umwikeko canke umwina, ingaruka zavyo Imana yoziharuye ku gatwe kabo.

Abacamanza bo muri Isirayeli baramutse bakurikije ivyo bintu bihambaye Imana yabasaba, ihanga ryose ryarumva ko rikingiwe. Ariko amategeko y’Imana yarimwo n’ingingo ngenderwako zafasha abacamanza guca imanza zigororotse naho zaba zigoye cane. Zimwezimwe muri izo ngingo ngenderwako ni izihe?

INGINGO ZAFASHA GUCA IMANZA ZIGOROROTSE

Naho abacamanza b’inkerebutsi kandi babishoboye ari bo bagenwa, ntibabwirizwa guca imanza bishimikije ubwenge bwabo canke ubuhinga bwabo. Yehova Imana yarabahaye ingingo canke ubuyobozi bokwisunga kugira bace imanza zibereye. Reka turabe zimwezimwe muri izo ngingo Imana yahaye abacamanza bo muri Isirayeli.

Gutohoza neza. Imana yategetse abacamanza bo muri Isirayeli biciye kuri Musa, iti: “Igihe mwumviriza urubanza hagati ya bene wanyu, mutegerezwa guca urubanza mu bugororotsi.” (Gusubira mu vyagezwe 1:16) Kugira abacamanza bace urubanza rugororotse, bategerezwa kuba bafise amakuru yose akenewe. Ni co gituma Imana yategetse umucamanza wese iti: “Utegerezwa . . . kurondera, ugatohoza, ukabariritsa neza.” Abacamanza bategerezwa kuraba yuko ico umuntu yagirizwa gifise ‘ivyemeza ko ari ukuri’ imbere y’uko bamucira urubanza.​—Gusubira mu vyagezwe 13:14; 17:4.

Kwumviriza ivyabona. Kwumviriza ivyabona vyarafasha cane abacamanza kugira amatohoza. Itegeko ry’Imana ryagira riti: “Nta cabona kimwe rudende gikwiye guhaguruka ngo cagirize umuntu kw’ikosa iryo ari ryo ryose canke ku gicumuro ico ari co cose, ku biraba igicumuro ico ari co cose yokora. Ikintu gikwiye kwemezwa bivuye ku ntahe ishinzwe n’ivyabona bibiri canke bitatu.” (Gusubira mu vyagezwe 19:15) Itegeko ry’Imana ryabwira uwaba ari icabona riti: “Ntuze utwarire hejuru inkuru y’ububeshi. Ntugafatanye n’umubisha mu kuba icabona gitegura imigambi y’ubukazi.”​—Kuvayo 23:1.

Kudashinga intahe y’ikinyoma. Igihano cahabwa uwashinze intahe y’ikinyoma, caratuma abagira uruhara muri urwo rubanza bose biyubara. Itegeko ryavuga riti: “Abacamanza baze batohoze bitonze, maze nimba ico cabona ari icabona c’ikinyoma kandi kikaba caremetse mwene wabo ikirego c’ikinyoma, muze mumugirire nk’uko nyene yari yateguye kugirira mwene wabo, kandi utegerezwa gukura ikibi hagati yawe.” (Gusubira mu vyagezwe 19:18, 19) Hagize rero uwushinga intahe y’ikinyoma kugira atware itongo ry’uwundi, yaca ariha ibingana n’ivyo yagomba kunyaga mugenziwe. Aramutse abesheye umuntu kugira amwicishe kandi azi neza ko ari intungane, ni we yaca ahasiga agatwe. Iryo tegeko ryaratuma abantu birinda gushinga intahe y’ikinyoma.

Kutagira nkunzi. Abacamanza bamaze kuronka ibimenyamenya vyose vyabonetse, baca barujana mu mwiherero kugira bafate ingingo. Urubanza rugeze aho, hari ikintu gihambaye abacamanza babwirizwa kubako maso. Itegeko ry’Imana ryavuga riti: “Ntukagire nkunzi mu kuntu ufata umuntu mutoyi, kandi ntugahengamire ku wuhambaye. Mugenzawe ukwiye kumucira urubanza mu butungane.” (Abalewi 19:15) Mu manza zose abacamanza baca, bategerezwa gucisha aho ukuri kuri, aho kuraba igihagararo canke icubahiro umuntu afise mu kibano.

Izo ngingo zitomoye dusanga mu mategeko Imana yari yahaye Abisirayeli ziramaze ibinjana zitanzwe, ariko zirashobora gufasha abacamanza muri iki gihe. Bazikurikije, vyobafasha kwirinda guca imanza ukutari ko canke kugira uwo barenganije.

Umucamanza wo muri iki gihe ariko arumviriza abantu babiri baharira

Amategeko y’Imana arimwo ingingo ngenderwako zoshobora gufasha abacamanza kutarenganya

BARUNGUKIYE KU BUTUNGANE NYAKURI

Musa yabajije Abisirayeli ati: “Ni ihanga rikomeye irihe rifise ingingo nyobozi zigororotse n’ingingo z’ubutungane nk’iri tegeko ryose ndiko nshira imbere yanyu uno musi?” (Gusubira mu vyagezwe 4:8) Emwe, nta rindi atari Isirayeli gusa. Umwami Salomo yarihatiye gushitsa amategeko ya Yehova kuva akiri muto. Ni co gituma ku ngoma yiwe abanyagihugu bari ‘bibereyeho mu mutekano’ no mu mahoro, batunganiwe. “Bararya, bakanywa bakanezerwa.”​—1 Abami 4:20, 25.

Ariko ikibabaje ni uko Abisirayeli bahavuye batera ibitugu Imana yabo. Imana yavuze biciye ku musavyi wayo Yeremiya, iti: “Ehe [b]ataye ijambo rya Yehova, none ubukerebutsi [ba]fise ni ubuhe?” (Yeremiya 8:9) Ivyo vyatumye Yeruzalemu isigara izwi ko ari “ca gisagara cagirwa n’amaraso” cuzuye “ibintu biteye ishishi.” Amaherezo caratikijwe, kimara imyaka 70 ari umusaka.​—Ezekiyeli 22:2; Yeremiya 25:11.

Umusavyi w’Imana Yesaya yariboneye ibihe bigoye cane Isirayeli yaciyemwo. Avyiyumviriye, yaciye avuga ikintu gihambaye c’ukuri cerekeye Yehova Imana n’amategeko yatanze. Yavuze ati: “Iyo imanza zawe ziroranye ziri mw isi, ababa mw isi biga kugororoka.”​—Yesaya 26:9, Bibiliya Yera.

Yesaya yarahimbawe igihe Imana yamubwira ngo amenyeshe ivya kazoza ku bijanye n’Umwami Mesiya, ari we Yezu Kristu. Yavuze ati: “Ntazoca urubanza afatiye ku bipfa kubonekera amaso yiwe, canke ngo akangire yisunze gusa ivyo amatwi yiwe yumvise. Kandi azocira urubanza koko abantu batobato mu bugororotsi, atange igikangiro mu kugororoka ku neza y’abatekereza bo kw’isi.” (Yesaya 11:3, 4) Abo bose bemera kuba abatwarwa b’Ubwami bw’Imana burongowe na Mesiya, emwe, bazoba bahiriwe!​—Matayo 6:10.

a Yehoshafati risobanura ngo “Yehova ni Umucamanza.”

Amategeko y’Imana yoba yararekurira umuntu kwihora?

Abantu barahaririye cane kuri aya majambo dusanga muri Bibiliya agira ati: “Ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi.” (Kuvayo 21:24) Abantu bamwebamwe bemera yuko ayo majambo yerekana ko Imana yemera ivyo kwihora. Mugabo ivyo vyiyumviro birateye kubiri n’itegeko ry’Imana rigira riti: “Ntukihore canke ngo ugirire inzika abo mu gisata cawe.” (Abalewi 19:18) None ayo majambo dusanga muri Kuvayo 21:24 dukwiye kuyatahura gute?

Muri Kuvayo 21:22 havuga ivyerekeye abagabo babiri bariko bararwana, umwe muri bo agaca ku mugore yibungenze, bigatuma avyara hataragera. Bishitse uwo mugore n’umwana ntibapfe, umugabo w’uwo mugore baciyeko ntiyari arekuriwe kwihora. Ahubwo riho, umugabo yaciye kuri uwo mugore yategerezwa “gutangishwa indishi ata kabuza hisunzwe ico nyene umugore amuciriye. Kandi [y]ategerezwa kubitanga biciye ku bacamanza.” Ivyo bisigura ko abacamanza baca basaba umugabo yaciye kuri uwo mugore kuriha ihadabu umugabo wiwe. Bishitse uwo mugore n’umwana bagapfa kubera iryo sanganya, abo bacamanza baca bacira urwo gupfa uwo mugabo yateje iryo sanganya.

Igihe ibintu vyifashe gutyo, uwabuze si we yaca akurikiza iyo ngingo ivuga ngo “ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi . . . ,” ahubwo ni abacamanza. (Kuvayo 21:23, 24) Iyo ngingo yaributsa abacamanza yuko igihano cabwirizwa kuba ikitarenze ariko kandi ntikibe ikidakwiye. Umuhinga mu vya Bibiliya Richard Elliott Friedman avuga ati: “Biboneka ko iyo ngingo yashaka ahanini kwerekana ko igihano gitegerezwa kuba gihuye n’ikibi cakozwe ariko kandi ntikibe ikirenze urugero.”

Umugabo wo mu gihe ca kera akubise ikofe uwundi

Ni igiki none catumye abantu biyumvira ko amategeko y’Imana abarekurira kwihora? Yezu yavuze muri Matayo 5:38, 39 ati: “Mwarumvise ko vyavuzwe ngo: ‘Ijisho ku rindi n’iryinyo ku rindi.’ Ariko jewe ndababwiye nti: Nturwanye umuntu mubi; mugabo uwo wese agukubise ikofe kw’itama ry’i buryo, muhindukirize n’irindi.” Biboneka yuko mu gihe ca Yezu indongozi zimwezimwe z’idini zari zarongeyeko rya tegeko ryo muri Kuvayo 21:23, 24 ku nyigisho zatanga ku munwa kugira zerekane ko umuntu ku gatwe kiwe arekuriwe kwihora. Ariko rero, Yezu yaratomoye yuko amategeko Imana yahaye Abisirayeli adashigikira ivyo kwihora.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika