Kuba inzirabugunge mw’isi yuzuye igiturire, vyoba bishoboka?
“Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.”—ABAHEBURAYO 13:18.
NAHO hariho ibintu bishobora kutugirako akosho gakomeye, ivyo na vyo akaba ari igicumuro kiturimwo, isi tubamwo be na Shetani, turashobora kunanira akosho kavyo. Uti gute? Mu kwiyegereza Imana no mu kubaho twisunga ingingo ngenderwako zo mw’Ijambo ryayo Bibiliya, zino zikaba zamye ari ngirakamaro. Raba ubu burorero bubiri.
INGINGO NGENDERWAKO YO MURI BIBILIYA: “Nimureke gufata imigenzo y’iyi si.”—Abaromani 12:2, Ubwuzure Bushasha.
Ikintu cabaye: Uwitwa Guilherme ni umudandaza wo muri Brezile afise urudandaza rugenda neza. Ariyemerera yuko kuba inzirabugunge atari icoroshe. Avuga ati: “Biroroshe cane ko umudandaza atangura gukorana ubugunge, kumbure abitumwe n’uko abwirizwa gushitsa ivyo ishirahamwe akorera ryipfuza gushikako canke kubera ko atipfuza ko hagira abandi badandaza bamuja imbere. Abantu benshi babona ko kurya canke gutanga igiturire ari ibisanzwe. Igihe umuntu atanguje urudandaza kandi akaba afise ibintu vyinshi bimuhanze bisaba amahera, usanga bigoye ko aba inzirabugunge.”
Naho ari ukwo, Guilherme yaratsinze urugamba rwo kudakorana ubugunge nk’abandi. Avuga ati: “Naho abadandaza benshi usanga babona ko ubugunge ari ibisanzwe, birashoboka ko umuntu aba inzirabugunge. Urakeneye kubaho ufise ingingo ngenderwako zikomeye wisunga mu bijanye n’inyifato runtu. Bibiliya yaramfashije kubona ivyiza biva ku kuba inzirabugunge. Umuntu w’inzirabugunge aragira ijwi ryo mutima ryiza, akagira amahoro yo mu mutima, kandi akumva ko afise icubahiro. Arashobora kugira akosho keza ku bandi.”
INGINGO NGENDERWAKO YO MURI BIBILIYA: “Abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura. Kuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose.”—1 Timoteyo 6:9, 10, Bibiliya Yera.
Ikintu cabaye: Uwitwa André afise ishirahamwe rishira mu nyubakwa ibikoresho bifasha mu bijanye no gucungera umutekano. Umugwi umwe munini w’abakinyi b’umupira uri mu bakiriya b’ishirahamwe ryiwe. Umusi umwe, urukino rumwe rukomeye rurangiye, André yaciye aja ku biro vy’uwo mugwi w’abakinyi maze abashikiriza fagitire y’ivyo ishirahamwe ryiwe ryari ryabakoreye. Mu rwego rujejwe ivyerekeye amahera yinjira n’ayasohoka bari bakiriko baraharura amahera bari bahejeje kuronka avuye mu bibanza bidandarizwamwo amatike. Kubera ko amasaha yari yitereye, umuhagarikizi w’urwo rwego yaciye yihutira kuriha abari babakoreye, ushizemwo na André.
André avuga ati: “Igihe nariko ndataha nasanze uwo muhagarikizi yandishe amahera arenze. Nari nzi yuko atokwigeze amenya uwo yarishe ayarenze. Ariko nari nzi kandi ko uwo mugabo yogize ingorane akabwirizwa kwisopa akariha ayo mahera arenzeko. Naciye nsubirayo. Narashoboye kunyororomba ndaca mw’isinzi ry’abashigikira uwo mugwi w’abakinyi ndaheza nsubiza ayo mahera yari arenzeko. Nya muhagarikizi yarakubiswe n’inkuba. Kuva yakabaho ntiyari bwabone uwumusubiza amahera.”
André abandanya ati: “Ico kintu nakoze kizira ubugunge catumye uwo muhagarikizi anyubaha. Ubu haraheze imyaka itari mike bibaye, mugabo mu bahoze bakorana n’uwo mugwi bose, ni jewe jenyene tugikorana. Ndashima kubona yuko kuba narisunze ingingo ngenderwako ziri hejuru zo muri Bibiliya vyatumye ngira izina ryiza.”
Birahumuriza kumenya yuko, dufashijwe n’Imana, dushobora kunanira ibitwosha gukorana ubugunge. Ariko rero, utwigoro abantu bagira ntituzokwigera turandurana n’imizi igiturire. Imvo zituma haba igiturire zirakomeye cane ku buryo abantu badatunganye batoshobora kuzitorera umuti ubwabo. None ivyo vyoba bisigura yuko igiturire kitazokwigera gihera? Ikiganiro gisozera uru rukurikirane kirashira ahabona inyishu ihumuriza Bibiliya itanga kuri ico kibazo.