Inkuru y’ubuzima
Intambara twarwanye kugira tugume dukomeye mu vy’impwemu
Nk’uko vyavuzwe na Rolf Brüggemeier
Ikete rya mbere naronse maze gutabwa mw’ibohero, ryari rivuye ku mugenzi umwe. Yamenyesheje ko mawe na barumunanje ari bo Peter, Jochen na Manfred na bo nyene bari bafashwe. Ivyo vyatumye bashiki bacu babiri batoyi basigara bonyene ata muvyeyi canke uwo bavukana bari kumwe. Ni kubera iki abategetsi bo mu Budagi bwo mu Buseruko bahama umuryango wacu? Ni igiki cadufashije kuguma dukomeye mu vy’impwemu?
INTAMBARA YA KABIRI Y’ISI YOSE yarahungabanije amahoro twari twifitiye mu bwana bwacu, umwe wese muri twebwe aribonera amabi y’intambara. Dawe yinjiye mu gisoda c’Abadagi maze apfa ari imbohe y’intambara. Ivyo vyatumye mawe, uwitwa Berta, abwirizwa kurera abana batandatu bafise imyaka iri hagati y’umwaka umwe n’imyaka 16.
Idini mawe yarimwo ryatumye yumva azinutswe ivy’amadini, rituma ataba agishaka uwumuvugira ivy’Imana mu matwi. Ariko rero umusi umwe mu 1949, umukenyezi mutomuto azi kwiyubara yitwa Ilse Fuchs yaraje i muhira iwacu kutubwira ibijanye n’Ubwami bw’Imana. Ibibazo yabaza be n’ukuntu yafasha abantu kuzirikana, vyatumye mawe yumva ashaka kumenya vyinshi. Ukwiga Bibiliya vyatumye mawe agira icizigiro.
Yamara rero, twebwe abahungu mu ntango twarakekeranya. Abanazi be n’Abakomunisita baje mu nyuma yabo, baradusezeraniye ibintu vy’akatabonetse, yamara kwari ukuduhenda gusa. Naho twari dufise amakenga ku bijanye n’ibindi bintu vyose twosezeranirwa, twarakozwe ku mutima igihe twamenya ko hari Ivyabona bashizwe mu makambi y’itunatuniro kubera banse gushigikira intambara. Mu mwaka ukurikira twe na mawe na Peter twarabatijwe.
Murumuna wacu Manfred na we nyene yarabatijwe, ariko biboneka ko ukuri kwo muri Bibiliya kutari bwashinge imizi muri we. Igihe Abakomunisita babuza igikorwa cacu mu 1950 maze akazigirizwa n’igipolisi (cari kizwi cane bita Stasi) cakorera mu kinyegero, yaramenye ibanga aravuga aho twagirira amakoraniro. Ivyo ni vyo vyahavuye bituma mawe hamwe na barumunanje bandi bafatwa.
Dukora mu gihe igikorwa cari kibujijwe
Kubera ko igikorwa cari kibujijwe, twategerezwa kwinjiza ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu Budagi bwo mu Buseruko mu kinyegero. Kubera ari jewe natwara amakete, naja gutora ivyo twarungikiwe mu gice co mu Burengero bwa Berlin, aho ibitabu vyacu bitari bibujijwe, nkaca ndabijabukana urubibe . Naracitse abapolisi akatari gake, ariko muri Munyonyo 1950 ndafatwa.
Ca gipolisi Stasi, caranshize mu gasho katagira idirisha na rimwe ko mu nzu yo mu kuzimu. Ku mutaga sinemererwa kuryama, ijoro na ryo narimara ndiko ndasambishwa, rimwe na rimwe n’ugukubitwa ngakubitwa. Kuva ico gihe nta gakuru k’abo i muhira naronka gushika muri Ntwarante 1951, aho mawe, Peter be na Jochen baza kwumviriza aho ncirwa urubanza. Naciriwe umunyororo w’imyaka itandatu.
Haciye imisi itandatu nciriwe urubanza, Peter, Jochen na mawe barafashwe. Inyuma y’ivyo, hari umuvukanyikazi yaciye yitwararika mushikanje Hannelore, uwari afise imyaka 11, mamawacu na we ajana Sabine, uwari afise imyaka 7. Abarinzi bo muri ca gipolisi (Stasi), bafata mawe na barumunanje nk’abicanyi bateye akaga, mbere barabakura imigozi yabo y’ibirato. Bategerezwa kuguma bahagaze igihe baba bariko barasambishwa. Na bo nyene baciriwe umunyororo w’imyaka itandatu.
Mu 1953, twe n’ibindi Vyabona bamwebamwe twari dupfunganywe, twashinzwe igikorwa co kwubaka ikibuga c’indege gitoyi c’igisoda ariko twaranse kubigira. Abategetsi baciye baduha igihano co kumara imisi 21 turi ahantu ha twenyene, ivyo bikaba vyasobanura ko ata gikorwa na kimwe twakora, ata makete twaronka ata n’imfungurwa zikwiye baduha. Hari abavukanyikazi bakirisu baza barabika agakate ku dufungurwa turi ku rushi babaha, bakakaduha mu mpisho. Ivyo vyatumye menyana na Anni, akaba yari umwe muri abo bavukanyikazi, maze amaze kurekurwa mu 1956 nanje nkarekurwa mu 1957, duca turubakana. Haciye umwaka twubakanye, umukobwa wacu Ruth yaravutse. Peter, Jochen, na Hannelore basa n’abubakiye izabo rimwe.
Haheze nk’imyaka itatu ndekuwe, narongeye gufatwa. Intwazangabo imwe yo muri ca gipolisi Stasi yaragerageje kunjijura ngo mbe umusumarusaku. Yavuze ati: “Mushingantahe Brüggemeier, enda se mwana wa mama niwiyumvire. Umunyororo urazi ico ari co, kandi ntitwipfuza ko wokwongera guca muri ivyo vyose. Urashobora kwigumira uri Icabona, ukabandanya inyigisho zawe, emwe ukayaga n’abantu ivya Bibiliya uko ugomba. Ico twe dushaka gusa, ni uko tuguma turonka amakuru y’ibiriko biraba. Zirikana ku mukenyezi wawe no ku kigeme kawe”. Ayo majambo ya nyuma yaransogose. Yamara rero, nari nzi ko igihe nobaye ndi mu munyororo Yehova yokwitwararitse umuryango wanje kuruta uko jewe nowitwararika, kandi yarabikoze.
Abategetsi baragerageje guhata Anni ngo akore akazi k’amasaha menshi ku musi maze areke abandi bantu abe ari bo baraba Ruth hagati mu ndwi. Anni yaranse maze aca aza arakora mw’ijoro kugira ngo ashobore kwitwararika Ruth ku mutaga. Abavukanyi bacu bo mu vy’impwemu baritwararikana cane kandi barahaye ibintu vyinshi umukenyezi wanje ku buryo bimwebimwe yashobora kubisabikanya n’abandi. Muri ico gihe, naramaze hafi iyindi myaka itandatu mu munyororo.
Ukuntu twagumije ukwizera turi mu munyororo
Igihe nasubira mu munyororo, Ivyabona twapfunganywe bari bashashaye kumenya ibintu vyari biherutse gusohorwa. Ese ukuntu nari mpimbawe kubona nari narize neza ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi kandi nkaba nari naritavye amakoraniro ntasibiriza ku buryo nashoboye kubabera isoko ry’indemesho mu vy’impwemu!
Igihe twasaba abarinzi ko boturonsa Bibiliya, bishuye bati: “Guha Bibiliya Ivyabona vya Yehova biteye akaga nko guha umusuma apfunzwe ibikoresho vyomufasha gutoroka”. Imisi yose, abavukanyi batuja imbere, barahitamwo igisomwa ca Bibiliya co kwihweza. Mu gice c’isaha twamara buri musi tugendagenda ku mbuga y’ibohero, ukwinonora imitsi hamwe no guhumeka akayaga keza si vyo vyaturaza ishinga kuruta kwungukira ku canditswe c’umusi ca Bibiliya. Naho nyene twategerezwa kuguma dutandukanye nk’imetero zitanu kandi tukaba tutemererwa kuvuga, ntitwabura ukuntu tubwirana ico canditswe. Dusubiye mu gasho, twarashira hamwe ivyo umwe wese yashoboye kwumva, tugaheza tukagira ikiganiro cacu co ku musi ku musi gishingiye kuri Bibiliya.
Amaherezo, hari umusumarusaku yatureze bica bituma banshira mu gasho ka jenyene. Ese ukuntu wari umuhezagiro kubona ico gihe nari naramaze gufata ku mutwe ivyanditswe amajana! Iyo misi namaze ata co nkora nayikoresheje mu kuzirikana ku vyiyumviro bitandukanye vyo muri Bibiliya. Baciye banyimurira mu rindi bohero, aho umurinzi waryo yanshize mu gasho karimwo ibindi Vyabona babiri, maze n’igiteye umunezero utovugwa, yaraduhaye Bibiliya. Inyuma y’amezi atandatu nari maze ndi mu gasho ka jenyene, narakengurutse kubona nshobora kandi kuganira ivyiyumviro vyo muri Bibiliya n’abo dusangiye ukwizera.
Murumunanje Peter aravuga ivyamufashije kwihangana ari mu rindi bohero, ati: “Nariha ishusho y’ukuntu ubuzima buzoba bumeze mw’isi nshasha kandi umuzirikanyi wanje nkawugumizamwo ivyiyumviro vyo muri Bibiliya. Twebwe Ivyabona twarakomezanya mu kubazanya ibibazo bishingiye kuri Bibiliya canke mu guhana ibibazo vyo gukora bishingiye ku Vyanditswe. Ubuzima ntibwari bworoshe. Hari igihe wasanga turi abantu 11 bugaraniwe mu kumba k’imetero kwadarato nka 12. Aho ni ho twategerezwa gukorera ibintu vyose, uri ugufungura, ukuryama, ukwiyoga eka n’ukwitabara. Vyaradutera umujinya”.
Jochen, umwe muri ba barumunanje bandi, aribuka uko yabigenjeje igihe yari mu munyororo, ati: “Nararirimba indirimbo nashobora kwibuka zo mu gitabu cacu c’indirimbo. Imisi yose narazirikana ku canditswe kinaka nari narafashe ku mutwe. Maze kurekurwa, naragumanye akamenyero keza ko kwiyigisha mu vy’impwemu. Imisi yose, narasoma icanditswe c’umusi ca Bibiliya ndi kumwe n’umuryango wanje. Twaranategura amakoraniro yose”.
Mawe akurwa mw’ibohero
Mawe amaze imyaka ibiri irenga gatoyi apfunzwe, yararekuwe. Uwo mwidegemvyo yari aronse yawukoresheje mu kwigisha Bibiliya Hannelore na Sabine, arabafasha gushinga umushinge mwiza w’ukwizera kwabo. Yaranabafashije kumenya ukuntu bovyifatamwo mu ngorane zovyuka kw’ishure biturutse ku kwizera Imana kwabo. Hannelore avuga ati: “Ntitwarazwa ishinga n’ingaruka ivyo vyogize kuko i muhira twaremeshanya. Ugufatana mu nda kwacu kwatuma ingorane iyo ari yo yose twacamwo iba iyisanzwe”.
Hannelore abandanya ati: “Twaranaronsa ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu abavukanyi bacu bari mw’ibohero. Twarimurira ku mpapuro zitanyengeterwa n’amazi inomero yose y’Umunara w’Inderetsi mu tudome dutoduto. Twaca dutekera izo mpapuro mu rundi rukaratasi rutanyengeterwa n’amazi tugaca tuzinyegeza mu vyamwa vyitwa prunes twama tubarungikira mu vyo twabagemurira uko ukwezi gutashe. Uzi ukuntu twagira umunezero igihe baturungikiye ubutumwa batubwira bati: ‘Ivyamwa biri aho ntivyari biryoshe bwo!’. Ico gikorwa cari caradutwaye, ku buryo novuga ko vy’ukuri cari igihe ciza cane”.
Ingene twabayeho igihe igikorwa cari kibujijwe
Peter aradondora ukuntu ubuzima bwari bwifashe mu myaka mirongo igikorwa camaze kibujijwe mu Budagi bwo mu Buseruko. Agira ati: “Twagirira amakoraniro mu nzu z’abantu turi imigwi mitomito, tukaba twarahana umwanya mu gushika canke mu gutaha. Igihe cose tugize ikoraniro, twaca dutunganya ivy’irizokurikira. Ivyo twabigira dukoresheje ibimenyetso be no mu kugira utwo twanditse kubera ko twamana ubwoba bw’uko abo muri ca gipolisi Stasi boba baje kutwabura amajwi mu mpisho”.
Hannelore asigura ati: “Rimwe na rimwe twararonka amakaseti yafatiweko porogarama z’amateraniro. Ivyo vyama bituma tugira amakoraniro aryoshe. Umugwi wacu mutoyi warakoranira hamwe kugira tumare amasaha menshi turiko turumviriza inyigisho zo muri Bibiliya. Naho tutabona abashikirizansiguro, twarakurikira porogarama twitonze kandi tukagira utwo twanditse”.
Peter avuga ati: “Abavukanyi bacu bo mu bindi bihugu barakora uko bashoboye kwose kugira baturonse ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya. Mu myaka nka cumi ya nyuma imbere y’uko ca Gihome c’i Berlin gisenyuka mu 1989, baraducapurira ibisohokayandikiro bidasanzwe vy’utudome dutoduto. Hari abemeye gushira mu kaga imiduga yabo, amahera yabo, eka mbere n’umwidegemvyo wabo kugira batware imfungurwa zo mu vy’impwemu mu Budagi bwo mu Buseruko. Hari ijoro rimwe twari twiteze umugabo n’umugore umwe bubakanye, yamara twararindiriye amaso ahera mu nzira. Ca gipolisi cari cabonye ibisohokayandikiro bari bazanye gica kiragumya umuduga wabo. Naho twari mu kaga, ntitwigeze twiyumvira ivyo guhagarika igikorwa kugira twibereho ata wutudurumbanya”.
Manfred, umwe murumunanje yaduhemukira mu 1950, aravuga icamufashije gusubira kugira ukwizera no kukugumana, ati: “Inyuma y’amezi makeyi namaze mu munyororo, naciye nimukira mu Budagi bwo mu Burengero nca ndata inzira y’ukuri kwa Bibiliya. Nagarutse mu Budagi bwo mu Buseruko mu 1954, mu mwaka ukurikira nca ndubaka urwanje. Bidatevye, umukenyezi wanje yarakiriye ukuri kwa Bibiliya, maze mu 1957 arabatizwa. Ijwi ryanje ryo mu mutima ryahavuye ritangura kuza rirambuza amahoro, maze mfashijwe n’umukenyezi wanje, ndagaruka mw’ishengero.
“Abavukanyi bakirisu bari banzi imbere y’uko mpeba ukuri, baranyakiranye urukundo ngarutse, bisa nk’aho umengo nta na kimwe cari cabaye. Umuntu akuramukije amwenyura canke akakugwa mu nda, biraryoshe cane. Ndahimbawe kubona narasubije hamwe na Yehova be n’abavukanyi banje”.
Intambara yo mu vy’impwemu iracabandanya
Umuntu wese mu muryango wacu yarabwirijwe kurwana intambara ikomeye y’ukwizera. Murumunanje Peter avuga ati: “Muri iki gihe, dukikujwe n’ibintu vyinshi bisamaza be n’ibintu vyinshi vy’amaronko bidukwegakwega, kuruta ikindi gihe ico ari co cose. Mu ruhamo, twarabumbwa n’ivyo twaba dufise. Nk’akarorero, nta n’umwe muri twebwe yashaka kuja mu wundi mugwi w’inyigisho abitumwe n’imvo ziwe bwite, kandi nta n’umwe yidoga ngo amakoraniro abera kure canke ngo arateba. Twese twarahimbarwa no gukoranira hamwe, naho nyene bamwebamwe muri twebwe vyasaba ko turindira gushika isaha zitanu z’ijoro kugira igihe cacu co kuva ahabereye amakoraniro kigere”.
Mu 1959, mawe yafashe ingingo yo kwimukira mu Budagi bwo mu Burengero ajanye na Sabine, uwari afise imyaka 16 ico gihe. Kubera ko bashaka gukorera ahari hakenewe abamamaji b’Ubwami cane, ibiro vy’ishami vyabarangiye ahitwa Ellwangen, i Baden-Württemberg. Umwete mawe yari afise naho yari magaramake waravyuriye Sabine umutima wo gutangura gukora ubutsimvyi igihe yari afise imyaka 18. Igihe Sabine yubaka urwiwe, mawe yarize gutwara umuduga afise imyaka 58 kugira ashobore kurushiriza gukora igikorwa co kwamamaza. Yagumye aha agaciro uwo murimo gushika asandavye mu 1974.
Jewe nanje, maze hafi imyaka itandatu mu munyororo ubugira kabiri, baranjanye mu Budagi bwo mu Burengero mu 1965, umuryango wanje ata vyo uzi. Ariko rero, umukenyezi wanje Anni hamwe n’umwigeme wacu Ruth bahavuye bampamvyayo. Narabajije ibiro vy’ishami niba twoshobora gukorera ahakenewe abamamaji kuruta, baca badusaba kuja i Nördlingen, muri Leta ya Bavière. Aho ni ho Ruth na musazawe Johannes bakuriye. Anni yaciye atangura umurimo w’ubutsimvyi. Akarorero kiwe keza katumye Ruth aca atangura ubutsimvyi akiva ku ntebe y’ishure. Abana bacu bompi bubakanye n’abatsimvyi. Ubu barafise imiryango, kandi ubu dufise abuzukuru batandatu b’intore utoraba.
Mu 1987, naciye ndonka gukukuruka hakiri kare maze nca niyunga na Anni mu murimo w’ubutsimvyi. Haheze imyaka itatu, ibiro vy’ishami vy’i Selters vyarantumyeko ngo nje guterera umuganda mw’iyagurwa ry’inyubakwa z’ishami. Inyuma y’aho, twarafashije kwubaka Ingoro y’amateraniro ya mbere y’Ivyabona vya Yehova ahahoze ari mu Budagi bwo mu Buseruko, i Glauchau, aho mu nyuma twahavuye duterwa agateka ko kubungabunga iyo ngoro. Kubera ingorane z’amagara, twarasubiye kwimuka kugira tuje kubana n’umukobwa wacu mw’ishengero rya Nördlingen, tukaba ubu turi abatsimvyi muri iryo shengero.
Ikintu kinezereza cane, ni uko barumunanje bose na bashikanje bose, hamwe n’abo mu muryango wacu nka bose babandanya gukorera ya Mana yacu y’agahore Yehova. Mu myaka n’iyindi, twarabonye ko igihe cose tuzoguma dukomeye mu vy’impwemu, tuzokwama twibonera iranguka ry’amajambo ari muri Zaburi 126:3, agira ati: “Uhoraho yadukoreye ibikomeye, natwe turanezerewe”.
[Ifoto ku rup. 13]
Aha hari ku musi wacu w’ubugeni, mu 1957
[Ifoto ku rup. 13]
Aha nari kumwe n’umuryango wanje mu 1948: (imbere, uva ibubamfu uja iburyo) Manfred, Berta, Sabine, Hannelore, Peter; (inyuma, uva ibubamfu uja iburyo) ni jewe na Jochen
[Ifoto ku rup. 15]
Iki ni igitabu gicapuwe mu tudome dutoduto cakoreshwa igihe igikorwa cari kibujijwe hamwe n’ibikoresho ca gipolisi “Stasi” cakoresha mu kwabura amajwi mu mpisho
[Abo dukesha ifoto]
Forschungs- und Gedenkstätte NORMANNENSTRASSE
[Ifoto ku rup. 16]
Aha nari kumwe n’abo tuvukana: (imbere, uva ibubamfu uja iburyo) Hannelore na Sabine; (inyuma, uva ibubamfu uja iburyo) jewe, Jochen, Peter, na Manfred