ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 12
  • Nokora iki igihe hari uwuntoteza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nokora iki igihe hari uwuntoteza?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Gutoteza ni iki?
  • Kubera iki hari abatoteza abandi?
  • Ni bande bakunze gutotezwa?
  • Wokora iki utotejwe?
  • Nokora iki bansindiye kw’ishure?
    Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza
  • Nokora iki igihe hari uwutoteza umwana wanje?
    Icofasha umuryango
  • Niwiheke kuri Yehova igihe bagutoteje
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Nokwikingira gute kw’ishure?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 12

URWARUKA RURIBAZA

Nokora iki igihe hari uwuntoteza?

  • Gutoteza ni iki?

  • Kubera iki hari abatoteza abandi?

  • Ni bande bakunze gutotezwa?

  • Wokora iki utotejwe?

Nusome kandi impanuro z’urunganwe rwawe be n’ibivugwa n’umwigisha ku bijanye n’ugutoteza maze ukore umwimenyerezo ku bijanye n’ugutoteza.

Gutoteza si ikintu co gufatira mu rwara. Icigwa cagizwe mu Bwongereza, hishimikijwe ibitigiri bishikirizwa mu binyamakuru vy’aho, cerekana ko ibice 40 kw’ijana vy’abakiri bato biyahura bivuye ku gutotezwa.

Gutoteza ni iki?

Gutoteza ntikugarukira gusa ku kugirira nabi umuntu ku mubiri. Kurimwo kandi ibi bikurikira:

  • Amajambo mabi. “Abakobwa barashobora gukoresha amajambo akaze. Sinzokwigera nibagira amazina banyita canke ivyo bamvugako. Baratuma numva ko ata co maze, ko ntakenewe be n’uko ndi imburakimazi. Bari gutuma bankubita hako bangirira ibiraho.”—Celine w’imyaka 20.

  • Gukumira. “Abanyeshure twigana baratanguye kunyinuba. Sasita, baca bamera nk’aho ata kibanza gihari ku meza yabo kugira sinicarane na bo. Umwaka wose waraheze ndira nongera nisangiza.”—Haley w’imyaka 18.

  • Gutoteza umuntu kuri Internet. “Urashobora kwandika utujambo dukeyi ukoresheje orodinateri ariko ukaba ucafuje izina ry’uwundi muntu canke mbere wishe ubuzima bwiwe. Wogira ngo ni ugushikuza ariko birashobora gushika!” (Daniel w’imyaka 14) Gutoteza umuntu kuri Internet harimwo no kumurungikira amafoto canke amamesaje y’ibiterasoni ukoresheje telefone ngendanwa.

Kubera iki hari abatoteza abandi?

Ng’izi impamvu zimwezimwe:

  • Na bo ubwabo baba baratotejwe. Umusore yitwa Antonio yiyemerera ati: “Vyarandya mu mutwe kubona abo mu runganwe rwanje bamfata nabi ku buryo nanje natanguye gutoteza abandi kugira gusa abandi banyemere. Mu nyuma naratereje amaso inyuma ndabona ukuntu ivyo nagira vyari bibi!”

  • Beretswe akarorero kabi. “Akenshi abakiri bato batoteza abandi . . . barabiye ku bavyeyi babo, kuri bakuru babo canke ku kuntu abo mu muryango wabo bafata abandi.”—Vyanditswe na Jay McGraw mu gitabu ciwe Uburyo umuntu yorusimba ahanganye n’ugutotezwa (mu congereza).

  • Biyerekana ko ari agakomeye ariko badatekaniwe. “Abana batoteza abandi biyerekana ko baruta abandi kugira banyegeze intuntu bafise n’ukwumva ko bakengeretse.”—Vyanditswe na Barbara Coloroso mu gitabu ciwe Uwutoteza abandi, Uwutotezwa be n’Umurorerezi (mu congereza).

Ni bande bakunze gutotezwa?

  • Abikumira. Abakiri bato bamwebamwe bigora kwifatanya n’abandi usanga bikumira, abatoteza abandi na bo ngo twababonye.

  • Abakiri bato babonwa ko batandukanye n’abandi. Abakiri bato bamwebamwe baratotezwa kubera uko baboneka: ibara ryabo ry’urukoba canke ubwoko bwabo, kubera idini barimwo canke mbere kubera ubumuga bafise; uwutoteza abandi ntabura ivyo afatirako.

  • Abakiri bato batiyizigira. Abatoteza abandi barashobora kwihweza bakabona abantu bikengera. Abo akenshi baba boroshe gucakira, narirya batoba bashoboye kwihagararako.

Wokora iki utotejwe?

  • Bereke ko ata co bigutwaye. Umwigeme yitwa Kylie avuga ati: “Abatoteza abandi baba bakeneye kubona ko batumye wumva ubabaye. Iyo uberetse ko ata co bigutwaye, baca bakuvako.” Bibiliya ivuga iti: “Umuntu w’inkerebutsi atuma [umutima] uguma utekanye gushika kw’iherezo.”​—Imigani 29:11.

  • Ntiwihore. Wihoye uba wongereje ingorane mu zindi, ntuba uzitoreye umuti. Bibiliya ivuga iti: “Ntihagire n’umwe mwishura ikibi ku kindi.”​—Abaroma 12:17; Imigani 24:19.

  • Ntiwisuke mu ngorane. Uko bishoboka kwose, niwirinde abantu n’ibiringo vyotuma wikwegera abagutoteza.​—Imigani 22:3.

  • Tanga inyishu itari yitezwe. Bibiliya ivuga iti: “Inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake.”​—Imigani 15:1.

  • Nube umuntu atwenza. Nk’akarorero, nimba hari uwugutoteza akubwira ko uvyibushe rwose, womwereka ko ata co bigutwaye ukamubwira uti: “Ubona utobeshera inzovu?”

  • Niwigire. “Ata co wishuye, uba werekanye ko uhumuye be n’uko uruta uwo ariko aragutoteza. Birerekana ko wigumya, iyo ikaba ari kamere uwutoteza abandi atagira.”—Nora w’imyaka 19.

  • Nurushirize kwiyizigira. “Abatoteza abandi barabibona iyo udatekanye, kandi barashobora gufatira kuri ukwo kudatekana kwawe kugira basenyure ukwiyizigira kwose ufise.”—Umwigeme yitwa Rita.

  • Vyiganire umuntu. Itohoza rimwe ryagizwe ryerekana ko ica kabiri kirenga c’abatotezwa kuri Internet batigera bavuga ibiriko biraba, kumbure kubera amasoni (na canecane abahungu) canke bagatinya kwihorwa. Ariko wibuke ko unumye, abagutoteza baba bakamiwe mu coze. Kubishira ahabona irashobora kuba yo ntambwe ya mbere wotera kugira wikureko ako kabi kabishe.

Impanuro z’urunganwe rwawe

“Niwirinde ibibanza canke ibiringo vyoba vyoroshe ko utotezwa. Ntiwibagire ko abatoteza abandi na bo nyene bafise ingorane zibahanze. Ivyo ubizi, amajambo yabo ntakubabaza kanini.”​—Antonio.

“Niwiyizigire. Ntugire ubwoba; shikama ku vyo wemera. Abatoteza abandi barateshwa bagata iyo babonye ko ata bubasha bagufiseko kandi ko ata bwoba bagutera.”​—Jessica.

Ibivugwa n’umwigisha

“Gutoteza abandi ni ikibazo gikomeye cane. Kw’ishure nahora nigishako, intambara zaraduka mw’ishure, mbere no mu twana two mu wa gatatu! Hari abana baryoherwa no gutoteza abandi ngo ni uko bituma bumva ko ari ba rurangiranwa kandi ko bubahwa.

“Akenshi, abatotejwe baragonanwa no kubishira ahabona kuko batinya ko bene kubatoteza babihora canke ko abandi banyeshure bazobona ko barega abandi. Barashobora kwibaza nimba hari ikizokorwa koko ku bijanye n’ako gatotezo. Naho ari ukwo, ndemesheje uwo wese ariko aratotezwa ngo abishire ahabona. Ni co kintu ciza wokora, kandi birashobora gukingira abandi ntibatotezwe.”​—Jenilee, uwahoze ari umwigisha muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umwimenyerezo

Ni vyo canke Si vyo

  1. Gutoteza abandi vyaramyeho.

  2. Gutoteza abandi nta co bitwaye; ni ukwifyinira gusa.

  3. Uburyo bwiza bwo kubuza abagutoteza ni ukugera ingere ku yindi.

  4. Iyo utotejwe, aba ari ikosa ryawe.

  5. Bamwebamwe mu batotezwa baca baba abatoteza abandi.

  6. Ubonye uwuriko aratoteza uwundi, vyoba vyiza uciye uvyihoza.

  7. Naho baboneka ko ari agakomeye, abatoteza abandi usanga imbere muri bo badatekaniwe.

  8. Abatoteza abandi barashobora guhinduka.

INYISHU

  1. Ni vyo. Nk’akarorero, Bibiliya iravuga ivy’abantu bitwa Abanefilimu, iryo izina ryabo risobanura ngo “abagwisha abandi.”​—Itanguriro 6:4.

  2. Si vyo. Umuntu arashobora gupfa kubera gutotezwa. Ikibabaje n’uko bamwebamwe mu baguma batotezwa biyahura.

  3. Si vyo. Abatoteza abandi akenshi baba bakomeye gusumba abo batoteza, kugera ingere ku yindi rero, nta co vyomara.

  4. Si vyo. Nta muntu akwiriye gutotezwa! Uwutoteza abandi aragirwa n’ivyo akora.

  5. Ni vyo. Ikibabaje ni uko bamwe bata ishavu ryabo ku bandi mu kubagirira nk’uko babagiriye.

  6. Si vyo. Ubonye ikibi hama ntukivuge uragirwa n’icaha. Ubonye uwuriko atoteza uwundi hama ntukureko umunwa, woba uriko urunyura iyo ngorane aho kuyitorera umuti.

  7. Ni vyo. Naho abatoteza abandi bibona ko ari agahambaye, benshi muri bo usanga badatekaniwe gutyo bagaca bacinyiza abandi kugira bumve ko bamerewe neza.

  8. Ni vyo. Abatoteza abandi barashobora guhindura ukuntu babona ibintu n’ukuntu bigenza mu gihe hagize uwubafasha.​—Abanyefeso 4:​23, 24.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika