ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusoma Ivyanditswe n’Ugushimika Kubereye
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
    • ICIGWA CA 21

      Gusoma Ivyanditswe n’Ugushimika Kubereye

      Ni ibiki ukeneye kugira?

      Nushimike ku majambo canke ku mvugo zishira ahabona iciyumviro ushikiriza. Nusome n’inyiyumvo ibereye.

      Ni Kuki Bihambaye?

      Inguvu zose z’ivyanditswe bisomwa ziraseruka iyo habaye ugushimika kubereye.

      IGIHE ubwira abandi ivyerekeye imigambi y’Imana, waba ubibabwira muri mwenyene canke uri ku mukiruruko, ikiganiro ushikiriza gikwiye gushimikira ku biri mw’Ijambo ry’Imana. Ivyo mu bisanzwe birimwo ugusoma ivyanditswe muri Bibiliya, na vyo bikaba bikwiye kugirwa neza.

      Ugushimika Kubereye Kurashiramwo Inyiyumvo. Ivyanditswe bikwiye gusomanwa inyiyumvo. Rimbura uturorero dukeyi. Igihe usoma Zaburi 37:11 n’ijwi ryumvikana, ijwi ryawe rikwiye kwumvikanamwo ko witeganye umunezero amahoro ahasezeranwa. Igihe usoma Ivyahishuriwe 21:4 ku biraba uguhera kw’amarushwa n’urupfu, ijwi ryawe rikwiye kugaragaza yuko ushimana igishika ugutabarwa kw’igitangaza kuburwa muri ico gisomwa. Igisomwa co mu Vyahishuriwe 18:2, 4, 5, narirya kidusaba kuva muri ‘Babiloni Hahambaye’ iremerewe n’ivyaha, gikwiye gusomwa n’ijwi ryumvikanamwo ko ibintu vyihutirwa. Birumvikana, inyiyumvo userura ikwiye kuba ivuye ku mutima, mugabo ntirenze urugero. Ukuntu akanyengetera kabereye kangana, kurerekanwa na nya gisomwa ubwaco, hamwe n’ukuntu kiriko kirakoreshwa.

      Nushimike ku Majambo y’Ukuri. Mu gihe ivyo uvuga ku murongo munaka bishingiye ku gahimba kamwe gusa kawo, ukwiye gushimika kuri ako gahimba igihe usoma nya canditswe. Nk’akarorero, igihe usoma Matayo 6:33, nimba urondera gusigura ico ‘kubanza kwitwararika ubwami’ bisigura, ntiwoshimika ubwa mbere na mbere kuri “ukugororoka kwayo” canke kuri “ivyo vyose.”

      Mu nsiguro yo kw’Ikoraniro ry’Umurimo, hari aho woteganya gusoma Matayo 28:19. Ni amajambo ayahe ukwiye gushimikako? Nimba ushaka kuremesha abantu gushiruka ubute mu gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana, nushimike kuri “muhindure . . . abigishwa.” Ku rundi ruhande, dufate ko uteganya kuvuga ivyerekeye ibanga Abakirisu bajejwe ryo kubwira ukuri kwa Bibiliya abantu b’inyambukira. Canke ushobora kuba ushaka kuremesha abamamaji bamwebamwe ngo bakorere aho bakenewe kuruta ahandi. Ushobora rero gushimika kuri “abantu bo mu mahanga yose.”—NW.

      Kenshi icanditswe gikoreshwa mu gutanga inyishu y’ikibazo, canke mu gushigikira iciyumviro abandi bafiseko amakenga. Mu gihe ivyiyumviro vyose biseruwe muri nya canditswe bishimitsweko cokimwe, abakwumviriza boshobora kutabona aho bihuriye. Wewe iciyumviro ushobora kuba ukibona neza, mugabo bo ntibakibone.

      Nk’akarorero, dufate ko uriko usoma Zaburi 83:18 muri Bibiliya irimwo izina ry’Imana. Mu gihe ugushimika kwose ugushize ku mvugo “Usumba vyose,” umunyamuhana yoshobora kudategera ukuri gusa n’ukwibonekeza kw’uko Imana ifise izina ryayo. Ukwiye gushimika kw’izina “Yehova.” Ariko rero, igihe uriko urakoresha ico canditswe nyene mu gihe usigura ukugaba n’ukuganza kwa Yehova, ukwiye gushimika canecane ku mvugo “Usumba vyose.” Ni co kimwe n’igihe woba uriko urakoresha Yakobo 2:24 kugira werekane akamaro k’ukugira ukwizera kujana n’ibikorwa. Gushimika canecane ku mvugo “bitsindanishiriza umuntu” aho gushimika kuri “ibikorwa,” vyoshobora gutuma bamwe mu bakwumviriza batumva ico ushaka kuvuga.

      Akandi karorero gafasha ushobora kugasanga mu Baroma 15:7-13. Ico ni igihimba c’ikete intumwa Paulo yandikiye ishengero ryari rigizwe n’Abanyamahanga be n’Abayuda kavukire. Ngaho iyo ntumwa ishikiriza iciyumviro c’uko ubusuku bwa Kirisitu butagirira akamaro Abayuda bakebwe gusa, mugabo ko bukagirira n’abantu bo mu mahanga kugira ngo “abanyamahanga bahimbarize Imana imbabazi zayo.” Paulo aca asubiramwo amajambo yo mu vyanditswe bine yerekana ako karyo abanyamahanga bafise. None ukwiye gusoma gute ayo majambo kugira ngo ushimike ku ciyumviro Paulo yari afise mu muzirikanyi? Mu gihe woba uriko urashira utumenyetso ku majambo ushimikako, ushobora kudushira kuri “abanyamahanga” ku murongo w’9, kuri “yemwe banyamahanga” ku murongo w’10, “yemwe banyamahanga mwese” na “amoko yose” ku murongo wa 11, be na “abanyamahanga” ku murongo wa 12. Gerageza gusoma Abaroma 15:7-13 ushimika gutyo. Ivyo ubigize, iciyumviro ca Paulo cose kirarushiriza gutomoka no kworoha gutegera.

      Uburyo bwo Gushimika. Amajambo atekeye ivyiyumviro ari yo ushaka ko yibonekeza, ushobora kuyashimikako mu buryo bwinshi. Uburyo ukoresha bukwiye kuba bujanye na nya canditswe hamwe n’aho ushikiririza insiguro yawe. Ngibi ivyiyumviro bikeyi vy’ukuntu wobigenza:

      Ugushimika n’ijwi. Ivyo birimwo uguhindura ijwi ukwo ari kwo kwose gutuma amajambo atekeye ivyiyumviro yibonekeza mu gihimba gisigaye c’iryungane. Ukwo gushimika ushobora kugushikako mu guhindura urugero rw’ijwi, haba mu kuryongereza canke mu kurigabanya. Mu ndimi nyinshi, guhindura urugero rw’ijwi birongereza ugushimika. Ariko rero mu ndimi zimwezimwe, ivyo vyoshobora guhindura insobanuro yose y’ikintu. Igihe ugenda bukebuke uriko urasoma amajambo makurumakuru, ivyo birongereza uburemere bwayo. Mu ndimi zitemera ko umuntu aduza ijwi nk’uburyo bwo gushimika ku majambo amwamwe, birakenerwa ko ugira ibisanzwe bigirwa vyose muri urwo rurimi, kugira ngo ushike ku kintu ciza wipfuza.

      Ukuruhuka. Ivyo ushobora kubigira imbere canke inyuma yo gusoma agahimba nyamukuru k’icanditswe, canke ukabigira aho hompi. Kuruhuka buno nyene imbere yo gusoma iciyumviro ngenderwako biratuma abantu barindirana igishika ibigira bikurikire; kuruhuka mu nyuma birarushiriza gutuma iciyumviro kibanyura. Ariko rero, mu gihe uturuhuko tubaye twinshi kurenza, nta na kimwe giheza ngo cibonekeze.

      Ugusubiramwo. Urashobora gushimika ku ciyumviro kinaka mu guhagarara gatoyi hanyuma ugasubiramwo gusoma nya jambo canke nya majambo. Uburyo bakunda gushima gukoresha ni uguheza gusoma nya canditswe hanyuma ugasubiramwo nya jambo rikuru.

      Ibimenyetso vy’umubiri. Ibimenyetso vy’umubiri hamwe n’ivyo mu maso hawe kenshi birashobora kwongereza akanyengetera k’ijambo canke k’i gice c’iryungane.

      Ijwi. Mu ndimi zimwezimwe, amajambo ashobora rimwe na rimwe gusomanwa ijwi rigira ico rikoze ku nsobanuro yayo, kandi rikayashira ahabona. No ngaha nyene, ukwiye kwiyubara, canecane igihe userura akanebaguro.

      Igihe Ari Abandi Basoma. Igihe umuntu wo ku muhana asoma icanditswe, ashobora gushimika ku majambo atari yo, canke ntashimike kw’ijambo na rimwe. None woca ugira iki? Mu bisanzwe, birarushiriza kuba vyiza utomoye insobanuro mu gusigura ico canditswe. Uhejeje kugisigura, ushobora guca ushimikira canecane ku majambo atekeye ivyiyumviro ari muri Bibiliya.

      UBURYO BWO GUTSIMBATAZA UGUSHIMIKA

      • Ku biraba icanditswe ico ari co cose utegekanya gusoma, niwibaze uti: ‘Ni inyiyumvo iyihe canke akanyengetera akahe aya majambo aserura? Nkwiye kugaserura gute?’

      • Nusuzume nya bisomwa utegekanya gukoresha. Kuri kimwekimwe cose, niwibaze uti: ‘Iki canditswe kija gushitsa intumbero iyihe? Ni amajambo ayahe akwiye gushimikwako kugira ngo nshike kuri iyo ntumbero?’

      IMYIMENYEREZO: (1) Nusuzume icanditswe uteganya gukoresha mu murimo wo mu ndimiro. Niwimenyereze kugisoma n’inyiyumvo ibereye. Ufise mu muzirikanyi uburyo uteganya gukoresha ico gisomwa, nugisome n’ijwi ryumvikana ushimika kw’ijambo nyaryo canke ku majambo abereye. (2) Mu gitabu muriko muriga, nutore ingingo imwe irimwo ivyanditswe vyasubiwemwo mu majambo. Niwihweze ukuntu ivyanditswe vyakoreshejwe. Nushire utumenyetso ku majambo atanga ivyiyumviro. Nusome nya ngingo yose n’ijwi ryumvikana, mu buryo bushimika neza kuri nya vyanditswe.

  • Gusigura Neza Ivyanditswe
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
    • ICIGWA CA 22

      Gusigura Neza Ivyanditswe

      Ni ibiki ukeneye kugira?

      Raba neza yuko icanditswe ugisigura mu buryo bujanye n’ibigikikije be na Bibiliya yose uko ingana. Uburyo gisigurwa bukwiye kandi kuba buhuye n’ibintu bimaze gusohorwa na “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.”

      Ni Kuki Bihambaye?

      Kwigisha Ijambo ry’Imana abandi ni ibanga riremereye. Ico Imana igomba ni uko abantu bashika ku “kumenya ivy’ukuri.” (1 Tim. 2:3, 4) Ivyo bica bituma tugira ibanga ryo kwigisha neza Ijambo ry’Imana.

      IGIHE twigisha abandi, ntibisaba gupfa gusoma imirongo yo muri Bibiliya. Intumwa Paulo yandikiye mugenziwe Timoteyo ati: “Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk’uwamaze kurama, umukozi atarinda gutētērwa, aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri.”—2 Tim. 2:15, ni twe tubihiritse.

      Gukora ivyo, bisaba ko dusigura ivyanditswe mu buryo bujanye n’ivyo Bibiliya ubwayo yigisha. Ivyo bisaba ko turimbura ibikikije nya canditswe, aho kwikuriramwo gusa amajambo aturyohera no kwiyongereramwo ivyiyumviro vyacu. Biciye ku muhanuzi Yeremiya, Yehova yaragabishije abantu ku vyerekeye abahanuzi biyita abatumwe na Yehova, mugabo mu vy’ukuri bagashikiriza “ivyo beretswe bivuye mu mitima yabo.” (Yer. 23:16) Intumwa Paulo yaragabishije Abakirisu ngo ntibandurishe Ijambo ry’Imana ivyiyumviro vy’abantu, igihe yandika ati: “Twanse ibiteye isoni bikorerwa mu mpisho, ntitugenda mu bugunge, [“ntidutitura,” NW] ijambo ry’Imana.” Muri iyo misi, abadandaza b’umuvinyu barajoborora umuvinyu wabo kugira ngo ugwire hanyuma ubinjirize amahera menshi. Twebwe ntidutitura Ijambo ry’Imana mu kurivanga n’ivyiyumviro vy’abantu. Paulo yamenyesheje ati: “[Ntitu]ri nka bamwe benshi, bacurūrīsha ijambo ry’Imana, ariko tuvuga nk’abatagira ubugunge, bavuga ibiva ku Mana, ni ko tuvuga muri Kristo, imbere y’Imana.”—2 Kor. 2:17; 4:2.

      Rimwe na rimwe, woshobora gusubiramwo amajambo y’icanditswe kugira ushire ahabona ingingo ngenderwako. Bibiliya yuzuyemwo ingingo ngenderwako zitanga ubuyobozi buroranye bw’ukuntu twovyifatamwo mu gihe ibintu bitifashe kumwe. (2 Tim. 3:16, 17) Mugabo ukwiye kuraba neza yuko uburyo usigura butagiramwo amahinyu, be n’uko utariko urakoresha icanditswe nabi, ngo utume cumvikana nk’ikivuga ivyo wewe wishakira ko kivuga. (Zab. 91:11, 12; Mat. 4:5, 6) Uburyo gisigurwa butegerezwa guhura n’umugambi wa Yehova, kikajana n’Ijambo ry’Imana ryose uko ringana.

      ‘Kuramiriza neza mw’ijambo ry’ukuri’ harimwo kandi ugutegera neza ico Bibiliya ivuga. Si nk’“inkoni” tuza turashoreza abandi. Abigisha b’ivy’idini barwanije Yezu Kirisitu, baravuga ivyo basubiyemwo vyo mu Vyanditswe mugabo bakiyobagiza ibintu bihambaye kuruta ibindi, nk’ivyerekeye ubutungane n’ikigongwe be n’ukudahemuka, ari na vyo Imana isaba. (Mat. 22:23, 24; 23:23, 24) Igihe Yezu yigisha Ijambo ry’Imana, yagaragaje kamere ya Se. Umwete Yezu yagiriye ukuri wari uvanze n’urukundo rugera kure yakunda abantu yigisha. Dukwiye kwihata ngo dukurikire akarorero kiwe.—Mat. 11:28.

      None twomenya neza gute yuko dusigura icanditswe mu buryo bubereye? Gusoma Bibiliya tudahorereza bizodufasha. Turakeneye kandi gushima ukuba Yehova yarashizeho “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge,” wa mugwi w’Abakirisu basizwe abicishako mu gutanga imfungurwa z’ivy’impwemu zo kugaburira abo mu nzu y’abizera. (Mat. 24:45, NW) Kwiyigisha hamwe no kwitaba amakoraniro tudahorereza be no kuyagiramwo uruhara, bizodufasha kwungukira ku nyigisho itangwa biciye kuri uwo mugwi w’umushumba.

      Igitabu Comment raisonner à partir des Écritures coba kiboneka mu rurimi uzi? Wize kugikoresha neza ntuzoteba kuronka ubuyobozi ukeneye buzogufasha gusigura neza ivyanditswe amajana n’amajana bikunda gukoreshwa mu busuku bwacu. Nimba utegekanya gukoresha icanditswe kitamenyerewe, vyoba vyiza wifashe ruto ukagira ubushakashatsi bukenewe kugira ngo igihe uvuga ushobore kuramiriza neza mw’ijambo ry’ukuri.—Imig. 11:2.

      Sigura mu Buryo Butomoye. Igihe wigisha abandi, raba yuko babona neza isano riri hagati y’umutwe w’ikiganiro uriko urasigura n’ivyanditswe ukoresha. Nimba utanguje akabazo imbere yo gusoma icanditswe, abakwumviriza bakwiye kubona ukuntu ico canditswe cishura nya kibazo. Nimba ukoresheje ico canditswe kugira ushigikire amajambo manaka yavuzwe, raba neza yuko umutohoji atomokerwa n’ukuntu ico canditswe cemeza nya ciyumviro.

      Gupfa gusoma icanditswe, eka n’aho wogisoma ushimika, mu bisanzwe ivyo ntibikwiye. Niwibuke yuko umuntu asanzwe ataba amenyereye Bibiliya, n’uko kandi atazotahura iciyumviro asomye rimwe gusa. Niwerekane agace ka nya gisomwa kerekeye ivyo uriko uravuga.

      Ivyo mu bisanzwe bisaba yuko ushimika ku majambo nyamukuru afise ico avuga ku biriko birihwezwa. Uburyo bworoshe kuruta ni ugusubiramwo ayo majambo arimwo iciyumviro. Igihe uriko uraganira n’umuntu, ushobora kubaza utubazo tumufasha kubona amajambo nyamukuru. Igihe bamwebamwe bariko bashikiriza insiguro umugwi w’abantu, bashima gushikira intumbero yabo mu gukoresha ivyitiranwa canke mu gusubiramwo nya ciyumviro. Ariko rero, uhisemwo kugira ivyo, uraba maso kugira ngo abumviriza ntibatakaze isano riri hagati y’ico uriko uravuga be n’amajambo yakoreshejwe muri nya canditswe.

      Umaze gushira ahabona amajambo nyamukuru, uba washizeho umushinge mwiza. Nuce rero ushishikara insiguro yawe. Woba wabanje kwerekana neza igituma ugiye gusoma ico canditswe? Nimba ari ukwo, niwerekane ukuntu amajambo washimitseko ajanye n’ivyo wemereye abumviriza. Nuvuge utomora iryo sano iryo ari ryo. Naho nyene woba utakoresheje intangamarara y’icanditswe itomoye, urakwiye gushishikara gusigura.

      Abafarizayo babajije Yezu ico biyumvira ko ari ikibazo kigoye, ari co c’iki: “Mbega biremerwa k’umuntu yirukana umugore kubg’inyanduruko y’ikintu cose?” Yezu yishuye yishimikije Itanguriro 2:24. Urabona yuko yashimitse canecane ku gace kamwe k’ico canditswe, hanyuma agaca agasigura nk’uko bikenewe. Amaze kwerekana yuko umugabo n’umugore wiwe bacika “umubiri umwe,” Yezu yasozereye ati: “Ico Imana yamatanije, umuntu ntaz’akimature.”—Mat. 19:3-6.

      Ukwiye gutanga insobanuro ingana gute kugira ngo utume icanditswe gisigurika mu buryo butomoye? Ivyo bikwiye kurabirwa ku bakwumviriza abo ari bo, be no ku kamaro kari mu ciyumviro kiriko kirihwezwa. Niwishingire intumbero y’ugusobanura mu buryo bworoshe kandi udahingura.

      Nufashe Abantu Kwiyumvira Ukoresheje Ivyanditswe. Ku biraba ubusuku intumwa Paulo yaranguriye i Tesalonike, Ivyakozwe 17:2, 3 hatubwira yuko ‘yabafasha kwiyumvira akoresheje Ivyanditswe.’ Ubwo ni ubuhinga umusavyi wa Yehova wese akwiye kugerageza gutsimbataza. Nk’akarorero, Paulo yariganye ibintu biraba ubuzima bwa Yezu n’ubusuku yaranguye, arerekana yuko ivyo vyari vyaramenyeshejwe mu Vyanditswe vy’Igiheburayo. Yaciye asozera mu buryo bukomeye mu kuvuga ati: “Yesu, uwo mbabgira, ni we Kristo.”

      Igihe Paulo yandikira Abaheburayo, yarasubiyemwo kenshi amajambo yo mu Vyanditswe vy’Igiheburayo. Kugira ngo ashimike kuri iyo ngingo yongere ayitomore, kenshi yarashira ahabona ijambo rimwe canke amajambo makeyi arimwo, hanyuma akerekana ico ano avuze. (Heb. 12:26, 27) Mu nkuru dusanga mu Baheburayo ikigabane ca 3, Paulo yarasubiyemwo amajambo yo muri Zaburi 95:7-11. Raba ingene yaciye ateba ku mice itatu yayo: (1) yarerekeje ku mutima (Heb. 3:8-12), (2) ku co amajambo “uyu musi” avuze (Heb. 3:7, 13-15; 4:6-11), hamwe (3) no ku nsobanuro y’imvugo ngo “Ntibazoshika mu buruhukiro bganje” (Heb. 3:11, 18, 19; 4:1-11). Niwihatire kwigana ako karorero igihe usigura icanditswe cose usomye.

      Raba ingene Yezu yaroranirwa mu gufasha abantu kwiyumvira akoresheje Ivyanditswe, mu nkuru dusanga muri Luka 10:25-37. Umugabo umwe w’umuhanga mu Vyagezwe yabajije ati: “Mwigisha, nkore iki, ngo nze ndagwe ubu[zima] budashira?” Mu kwishura, Yezu yabanje gusaba uwo mugabo kuvuga ukuntu we abibona, hanyuma Yezu aca ashimika ku kamaro ko gukora ivyo Ijambo ry’Imana rivuga. Igihe vyagaragara yuko uwo mugabo atari yategereye iyo ngingo, Yezu yaramaze umwanya utari muto asigura ijambo rimwe gusa ryo mu canditswe, ari ryo ‘mugenzawe.’ Aho gupfa kuvuga ico ari co, yakoresheje ikigereranirizo kugira ngo afashe nya mugabo gushika ubwiwe ku nsozero ibereye.

      Biboneka yuko igihe Yezu yishura ibibazo atapfa gusubiramwo gusa ivyanditswe vyatanga inyishu idomako, yibonekeza. Yarihweza ico ivyo vyavuga hanyuma agaca abihuza n’ikibazo kiriko kirihwezwa.

      Igihe Abasadukayo banka kwemera icizigiro c’izuka, Yezu yashimitse ku gahimba kamwe ko muri Kuvayo 3:6. Mugabo ntiyaciye ahagarara ahejeje gusubiramwo amajambo y’ico canditswe. Yarabafashije kwiyumvira ayakoresheje, kugira ngo yerekane neza yuko izuka riri mu bigize umugambi w’Imana.—Mrk. 12:24-27.

      Kumenya neza ubuhinga bwo kuzirikana ata mahinyu kandi mu buryo ngirakamaro ukoresheje Ivyanditswe, bizogufasha cane gucika umwigisha w’umuhanga.

      UBURYO BWO GUTSIMBATAZA UBWO BUHINGA

      • Za urasoma Bibiliya udahorereza. Niwige Umunara w’Inderetsi uwitondeye, kandi utegure neza amakoraniro y’ishengero.

      • Nurabe neza yuko uzi insobanuro y’amajambo ari mu canditswe ico ari co cose utegekanya gukoresha. Nusome nya canditswe witonze kugira utahure neza ico kivuga.

      • Nugire akamenyero ko kugira ubushakashatsi mu bitabu vyacu vya gikirisu.

      UMWIMENYEREZO: Niwiyumvire ku nsobanuro ya 2 Petero 3:7. Ico canditswe coba cemeza yuko isi izotongorwa n’umuriro? (Igihe usigura “isi” ico ari co, nurimbure kandi ico “amajuru” asigura. Ni ivyanditswe ibihe vyerekana yuko ijambo “isi” rishobora gukoreshwa mu mvugo ngereranyo? Ni bande canke ni igiki kizosangangurwa, nk’uko bivugwa mu murongo w’7? Ivyo bihuye gute n’ivyashitse mu misi ya Nowa ivugwa ku murongo wa 5 n’uwa 6?)

  • Gushira Ahabona Agaciro Ngirakimazi k’Amayagwa
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
    • ICIGWA CA 23

      Gushira Ahabona Agaciro Ngirakimazi k’Amayagwa

      Ni ibiki ukeneye kugira?

      Nufashe abakwumviriza babone ukuntu ikiganiro ushikiriza kiraba ubuzima bwabo, canke babone ingene bashobora kugikoresha mu buryo ngirakamaro.

      Ni Kuki Bihambaye?

      Iyo abantu batabona agaciro ngirakimazi k’ivyo uriko uravuga, boshobora kukwereka ko bitabashimisha, canke ubwenge bukigira ahandi, bakangaza imizirikanyi yabo.

      WABA uriko ubwira umuntu umwe canke ubwira abantu benshi, ntibiranga ubukerebutsi kwibwira ko uwukwumviriza (abakwumviriza) aza (baza) gushimishwa n’ikiganiro cawe kubera gusa yuko wewe kigushimisha. Ubutumwa ushikiriza burahambaye, mugabo mu gihe udashoboye gushira ahabona agaciro ngirakimazi kabwo, hari aho kumbure utoshobora gutuma abakwumviriza baguma bashimishijwe igihe kirekire cane.

      Ivyo ni ko bimera no ku bakwumviriza bari mu Ngoro y’Ubwami. Mu bwenge bashobora gutega ugutwi igihe ukoresheje ikigereranirizo canke icabonywe batari bwigere bumva. Mugabo mu bwenge boshobora kwigira ahandi igihe uvuga ibintu basanzwe bazi, canecane igihe udashoboye kuvyubakirako. Ukeneye kubafasha kubona igituma n’ingene ivyo uriko uravuga bibafitiye akamaro koko.

      Bibiliya ituremesha kwiyumvira ibintu ngirakimazi. (Imig. 3:21) Yehova yarakoresheje Yohani Umubatizi kugira ngo ayobore abantu ku “bukerebutsi ngirakimazi bw’abagororotsi.” (Luka 1:17, NW) Ubwo ni ubukerebutsi bushingiye rwose ku gutinya Yehova kwiza. (Zab. 111:10) Abashima ubwo bukerebutsi barafashwa kumenya uko bovyifatamwo mu buzima muri iki gihe kandi bakaroranirwa, no gucakira ubuzima nyakuri, ari bwo buzima buhoraho bwo muri kazoza.—1 Tim. 4:8; 6:19.

      Gutuma Insiguro Iba Ngirakimazi. Nimba ushaka ko insiguro yawe iba ngirakimazi, ntukazirikane gusa amayagwa, ahubwo kandi nuzirikane abakwumviriza. Ntubiyumvire bwa mugwi gusa. Uwo mugwi uba ugizwe n’abantu be n’imiryango. Hashobora kuba harimwo abakiri bato cane, imiyabaga, abakuze, hamwe na bakeyi bageze mu zabukuru. Hashobora kuba harimwo abashasha be n’abatanguye gukorera Yehova imbere y’uko wewe uvuka. Bamwe bashobora kuba bahumuye mu vy’impwemu; abandi bashobora kuba bacoshwa cane n’inyifato be n’imigenzo imwimwe y’isi. Ibaze uti: ‘Mbega aya mayagwa ngiye gushikiriza yoshobora gute kugira ico yunguye abanyumviriza? Nshobora gute kubafasha gutegera ico ashaka kwigisha?’ Hari aho wohitamwo kwihwabira umugwi umwe canke ibiri mu yivuzwe ngaho. Ariko rero ntuce wibagira abandi buhere.

      Bite hoho hamwe woba ushinzwe gushikiriza inyigisho y’ishimikiro yo muri Bibiliya? Ushobora gute gutuma mwene iyo nsiguro iba ngirakamaro ku bantu baba basanzwe bemera iyo nyigisho? Niwihatire gukomeza ukujijuka bayifiseko. Uti gute? Mu kubafasha kuzirikana ku kimenyamenya Ivyanditswe bitanga kuri yo. Urashobora no kubafasha gutsimbataza ugukenguruka bafitiye iyo nyigisho yo muri Bibiliya. Ivyo bishobora kugirwa mu kwerekana ukuntu iyo nyigisho ijanye n’ibindi bintu biri mu bigize ukuri kwa Bibiliya, be n’ukuntu ijanye na kamere ya Yehova ubwiwe. Koresha uturorero, nk’ibintu vyabaye, twerekana ingene gutahura iyo nyigisho nyene vyagiriye akamaro abantu kandi bigahindura ukuntu babona kazoza.

      Insobanuro ngirakimazi y’ukuntu ayo mayagwa yokurikizwa ntuyihe utujambo dukeyi mu nsozero y’insiguro yawe. Guhera mu ntango nyene, umuntu wese wo mu bakwumviriza akwiye kwiyumvamwo ko ivyo bintu bimwerekeye. Umaze gusasa uwo mushinge, nubandanye kwerekana insobanuro ngirakimazi igihe usigura imwimwe yose mu ngingo nkurunkuru zigize umutumba w’insiguro hamwe no mu nsozero.

      Igihe werekana insobanuro y’amayagwa, raba neza yuko ubigira mu buryo bujana n’ingingo ngenderwako za Bibiliya. Ivyo bisobanura iki? Bisobanura kubigira mu buryo buranga urukundo, kandi ukagaragaza impuhwe. (1 Pet. 3:8; 1 Yoh. 4:8) No mu gihe intumwa Paulo yarondera gutunganya ingorane zigoye zari i Tesalonike, yihwabiye ugushira ahabona imice y’iterambere ryo mu vy’impwemu ry’abavukanyi n’abavukanyikazi biwe b’Abakirisu. Yaranaseruye ko yizigiye yuko mu kibazo bariko bihweza, borondeye gukora ibigororotse. (1 Tes. 4:1-12) Mbega icitegererezo ciza twokwigana!

      Insiguro yawe yoba igenewe kuvyurira abakwumviriza umutima wo kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza no kuyigisha abandi? Nukomeze ubushwashwanutsi n’ugushima bogirira ako gateka. Ariko rero mu gihe ugira ivyo, uragumiza mu muzirikanyi yuko urugero abantu bagezako mu vyo gushobora kugira uruhara muri ico gikorwa rugenda rutandukana, kandi na Bibiliya ivyo ntivyirengagiza. (Mat. 13:23) Ntutume abavukanyi bawe baremerwa n’inyiyumvo yo kwiyagiriza. Mu Baheburayo 10:24 haduhimiriza ‘kwohererezanya ku rukundo no ku bikorwa vyiza.’ Iyo twoherereje abandi ku rukundo, ibikorwa bishingiye ku mvo nziza bizokurikira. Aho kurondera kubaha amategeko ntarengwa yo kwisunga, niwemere icese yuko Yehova ashaka ko dukomeza mu bandi ‘ukwumvira Imana biciye mu kwizera.’ (Rom. 16:26) Dufise ivyo mu muzirikanyi, turondera gukomeza ukwizera, ni ukuvuga ukwizera kwacu bwite be n’ukw’abavukanyi bacu.

      Gufasha Abandi Gutegera. Uko ushinga intahe ku bandi, ntubure gushira ahabona agaciro ngirakimazi k’inkuru nziza. Kugira ivyo bisaba ko urimbura ibiri mu mizirikanyi y’abantu bo mu cibare ukoreramwo. Ibibarimwo ushobora kubimenya gute? Urakurikirana amakuru kw’iradiyo canke kuri televiziyo. Raba ku rupapuro rwa mbere rw’ibinyamakuru vyo mw’isi. Si ivyo gusa, niwihatire gukwegera abantu binjire mu kiyago, hanyuma wumvirize igihe bavuga. Hari aho wosanga bariko banyinyana n’ingorane zibahanamiye, nk’ugukurwa mu kazi, ukuriha amahera y’inzu, ukurwara canke ukurwaza, urupfu rw’uwo mu muryango, ukugeramirwa n’ubukozi bw’ikibi, akarenganyo kagirwa n’umuntu w’umukuru, ugusambuka kw’umubano w’ababiranye, ukutumvirwa n’abana, n’ibindi. Mbega Bibiliya irashobora kubafasha? Nta gukeka.

      Igihe utanguje ikiyago, ntihazobura ikibazo uzoba ufise mu muzirikanyi. Ariko rero, nimba nya muntu yerekanye yuko afise iyindi ngorane imuraje ishinga, ntiwitinye guca uganira na we kuri iyo ngorane nyene nimba ubishoboye, canke umusabe ko wogaruka umaze kuronka amakuru ngirakamaro ayerekeye. Birumvikana, turirinda ‘kwisuka mu bitaturaba,’ mugabo turashima kuganira n’abandi ku mpanuro ngirakimazi Bibiliya itanga. (2 Tes. 3:11) Biribonekeza, ikizorushiriza gukora abantu ku mutima canecane ni ukuntu impanuro ya Bibiliya ikora ku buzima bwabo.

      Iyo abantu badashobora kubona ingene ubutumwa tubashikiriza bugira ico bubakozeko ubwabo, boshobora kwanka ico kiyago bidatevye. Naho botureka ngo tuvuge, mu gihe tudashoboye kwerekana agaciro ngirakimazi k’ico kiganiro, vyoshobora gusigura ko ubutumwa tubabwira ata kintu kinini buzokora ku buzima bwabo. Ahubwo, dushize ahabona agaciro ngirakimazi kabwo, ikiganiro cacu coshobora gutuma abantu bagira ico bahinduye mu buzima bwabo.

      Igihe urongora inyigisho za Bibiliya, nubandanye gushira ahabona insobanuro ngirakimazi y’amayagwa. (Imig. 4:7) Nufashe abatohoji batahure impanuro, ingingo ngenderwako hamwe n’uturorero vyo mu Vyanditswe bibereka ingene bogendera mu nzira za Yehova. Nushimike ku vyiza biva ku kuzigenderamwo. (Yes. 48:17, 18) Ivyo bizotuma abatohoji bahindura ibikwiye guhindurwa mu buzima bwabo. Nububakemwo ugukunda Yehova be n’icipfuzo co kumuhimbara, kandi ureke ikibasunikira gushira mu ngiro impanuro yo mw’Ijambo ry’Imana kibiviremwo bo nyene.

      UBURYO BWO KUBIGIRA

      • Igihe utegura insiguro, nturimbure gusa amayagwa, ahubwo kandi nurimbure n’abazoba bakwumviriza. Nuyishikirize mu buryo buzobagirira akamaro koko.

      • Insobanuro ngirakimazi y’ayo mayagwa ntikwiye kubikwa ngo ivugwe mu nsozero gusa. Ikwiye kugaragarira mu nsiguro yawe yose.

      • Igihe witegurira gushinga intahe, nurimbure ibiri mu mizirikanyi y’abantu bo mu cibare ukoreramwo.

      • Igihe ushinga intahe, nutege abiri umuntu muganira, hanyuma uhuze ivyo umubwira n’ivyo avuze.

      UMWIMENYEREZO: Nusubiremwo ibiri mu nomero z’Igikorwa Dukorera Ubwami ushobora kuronka, hanyuma urobanuremwo uburyo bumwe canke bubiri bwo gushikiriza inkuru nziza ubona ko bwoba ngirakimazi kuruta ubundi, kugira ubukoreshe mu cibare iwanyu. Nugerageze kubukoresha mu murimo wo mu ndimiro.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika