ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp17 no. 5 rup. 5
  • Woba ufise umumarayika murinzi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba ufise umumarayika murinzi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ivyo bijanye
  • Abamarayika ni bande?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Abamarayika bagira ico bakoze gute kuri twebwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Abamarayika ni “impwemu ku bw’igikorwa gikorerwa abantu”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ingene abamarayika bashobora kugufasha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
wp17 no. 5 rup. 5

IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | ABAMARAYIKA​—BARABAHO? IGITUMA UKWIYE KUBIMENYA

Woba ufise umumarayika murinzi?

Bibiliya ntivuga ko buri muntu afise umumarayika murinzi. Ego ni ko Yezu yarigeze kuvuga ati: “Murabe ntimusuzugure n’umwe muri aba batoyi; kuko ndababwiye yuko abamarayika babo mw’ijuru bama bitegereza mu maso ha Dawe ari mw’ijuru.” (Matayo 18:10) Ariko rero Yezu ntiyariko avuga ko buri muntu afise umumarayika murinzi. Yariko avuga gusa yuko abamarayika bitwararika cane ivyo abigishwa biwe bakora. Ku bw’ivyo, abasavyi b’Imana b’ukuri ntibita mu kaga, bibwira yuko abamarayika b’Imana babakingira.

Vyoba none bisobanura yuko abamarayika badafasha abantu? Habe namba. (Zaburi 91:11) Hari abemeza bashimitse yuko Imana yabakingiye yongera irabayobora ikoresheje abamarayika. Umwe Kenneth yavugwa mu kiganiro gitangura ni umwe muri bo. Naho tutoca tuvyemeza ijana kw’ijana, ashobora kuba avuga ukuri. Igihe Ivyabona vya Yehova bavuga inkuru nziza, barakunze kwibonera ingene abamarayika babafasha. Mugabo kubera ko abamarayika bataboneka, ntidushobora kuvuga urugero Imana ishikanako mu kubakoresha igihe ifasha umuntu mu mice itandukanye. Naho ari ukwo, ntitwoba twihenze dushimiye Mushoboravyose ku vyiza vyose aba yadukoreye.​—Abakolosayi 3:15; Yakobo 1:17, 18.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika