IKIGANIRO C’UKWIGA 24
Nutembagaze iciyumviro cose kirwanya ubumenyi bw’Imana
“Dutembagaza ivyiyumviro n’ikintu cose gihanitse gihagurukirijwe kurwanya ubumenyi bw’Imana.”—2 KOR. 10:5.
URURIRIMBO RWA 124 Ntitwigere duhemuka
INCAMAKEa
1. Ni ingabisho iyihe Paulo yahaye abakirisu barobanuwe?
INTUMWA Paulo yagabishije ati: “Mureke.” Tureke iki? Yavuze ati: “Mureke gushushanywa n’ivy’iki gihe.” (Rom. 12:2) Paulo yabwiye ayo majambo abakirisu bo mu kinjana ca mbere. Kubera iki none yahaye iyo ngabisho ikomeye abagabo n’abagore bari bariyeguriye Imana bongera bararobanuzwa impwemu nyeranda?—Rom. 1:7.
2-3. Shetani agerageza gute kudukura kuri Yehova, mugabo dushobora gute kurandurana n’imizi ibintu “bihamangiye” mu mizirikanyi yacu?
2 Paulo yari ahagaritse umutima kubera ko ivyiyumviro bibi vy’iyi si itwarwa na Shetani vyariko biragira akosho ku bakirisu bamwebamwe. (Ef. 4:17-19) Ivyo birashobora no gushikira uwo ari we wese muri twebwe. Shetani ya mana y’iki gihe, arakora yivuye inyuma kugira adukure kuri Yehova akoresheje amayeri atandukanye. Arashobora gufatira ku cipfuzo twoba dufise co kuba abahambaye canke ba rurangiranwa. Yoshobora mbere no gufatira ku vyo twaciyemwo, ku mico kama yacu canke ku mashure twize kugira atume twiyumvira nka we.
3 None twoba dushobora kurandurana n’imizi ibintu “bihamangiye” mu mizirikanyi yacu? (2 Kor. 10:4) Paulo yishura ati: “Dutembagaza ivyiyumviro n’ikintu cose gihanitse gihagurukirijwe kurwanya ubumenyi bw’Imana; kandi iciyumviro cose turakigira imbohe kugira kigamburukire Kristu.” (2 Kor. 10:5) Ego cane, tubifashijwemwo na Yehova turashobora kwikuramwo ivyiyumviro bibi. Nka kurya nyene umuti ushobora kudukuramwo ubumara bw’ishano twariye, ni ko n’Ijambo ry’Imana rishobora kudufasha kwikuramwo ivyiyumviro bibi vyo mw’isi ya Shetani.
‘NUHINDURE UMUZIRIKANYI WAWE UBE MUSHA’
4. Ni amahinduka ayahe benshi muri twebwe twabwirijwe kugira igihe twamenya ukuri?
4 Zirikana ku mahinduka wabwirijwe kugira igihe wamenya ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana, maze ugahitamwo gukorera Yehova. Benshi muri twebwe twabwirijwe guheba ingeso mbi zimwezimwe. (1 Kor. 6:9-11) Ese ukuntu dukenguruka cane kubona Yehova yaradufashije kuvavanura n’izo ngeso mbi!
5. Ni ibintu bibiri ibihe tubwirizwa gukora bivugwa mu Baroma 12:2?
5 Yamara ntidukwiye kwigera twijajara. Naho twahevye ibicumuro bikomeye twahora dukora imbere y’uko tubatizwa, turacakeneye kuguma twiyubara kugira ntitwoshwe kubisubiramwo. None twobigenza gute? Paulo yishura ati: “Mureke gushushanywa n’ivy’iki gihe, ahubwo muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha.” (Rom. 12:2) Hari ibintu bibiri rero tubwirizwa gukora. Ubwa mbere, tubwirizwa ‘kureka gushushanywa’ canke kwoshwa n’iyi si. Ubwa kabiri, dutegerezwa ‘guhindurwa’ mu guhindura umuzirikanyi wacu ukaba musha.
6. Ni icigwa ikihe dukura ku majambo Yezu yavuze muri Matayo 12:43-45?
6 Ihinduka Paulo yari afise mu bwenge si uguhindura ukuntu tuboneka gusa. Ni uguhindura ibitugize vyose. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Warahindutse canke warihinduye?”) Tubwirizwa guhindura rwose umuzirikanyi wacu, ni ukuvuga agatima dufise, inyiyumvo zacu n’ivyipfuzo vyacu. Twese rero turakeneye kwibaza duti: ‘Noba ndiko ngira amahinduka y’inyuma gusa canke narahindutse imbere muri jewe?’ Birahambaye kumenya itandukaniro ry’ivyo bintu bibiri. Mu majambo Yezu yavuze muri Matayo 12:43-45, yarerekanye ivyo dukwiye gukora. (Soma.) Ibivugwa muri ico canditswe birashimika kuri uku kuri guhambaye: Kwikuramwo ivyiyumviro bibi ntibihagije. Tubwirizwa kubisubiriza ivyiyumviro Imana ishima.
‘NUHINDURWE MUSHASHA MU NGUVU ZIKORESHA UMUZIRIKANYI WAWE’
7. Twohindura gute uko tumeze imbere muri twebwe?
7 Vyoba bishoboka ko duhindura uko tumeze imbere muri twebwe? Ijambo ry’Imana ryishura riti: “Mukwiye guhindurwa bashasha mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wanyu, mukambara wa muntu mushasha yaremwe hisunzwe ukugomba kw’Imana mu bugororotsi bw’ukuri no mu kudahemuka kw’ukuri.” (Ef. 4:23, 24) Birashoboka rero ko duhindura uko tumeze imbere muri twebwe, mugabo ntivyoroshe. Turakeneye gukora n’ibindi uretse kunanira ivyipfuzo bibi no guheba ingeso mbi. Tubwirizwa guhindura “inguvu zikoresha umuzirikanyi” wacu. Aho harimwo guhindura ivyipfuzo vyacu, ingeso zacu be n’imvo dukorana ibintu, kandi ico ni igikorwa kibandanya.
8-9. Ivyashikiye umuvukanyi umwe vyerekana gute akamaro ko guhindura uko tumeze imbere muri twebwe?
8 Reka turimbure akarorero k’umuvukanyi yahoze akaze cane. Amaze guheba kuborerwa no kurwana, yarakwije ibisabwa arabatizwa, maze birashinga intahe nziza mu kagwati yabamwo. Ariko umusi umwe ku mugoroba haciye igihe gito abatijwe, yarahuye n’ikigeragezo atari yiteze. Hari umugabo yari yaborewe yaje muhira iwe, aramusomborotsa ngo barwane. Mu ntango uwo muvukanyi yaravyihanganiye. Ariko igihe uwo mugabo yatangura gutuka Yehova, uwo muvukanyi mushasha vyaranse ko yigumya. Yaciye amugurukirako aramukubita. None ingorane yari iyihe? Naho kwiga Bibiliya vyari vyaramufashije kwikuramwo ivyipfuzo vyo kurwana, ntiyari bwashobore guhindura inguvu zikoresha umuzirikanyi wiwe. Mu yandi majambo, ntiyari bwahindure uko yari ameze imbere muri we.
9 Ariko uwo muvukanyi ntiyatanye n’akabando. (Imig. 24:16) Abifashijwemwo n’abakurambere, yarabandanije kugira ivyo ahinduye. Yahavuye akwiza ibisabwa vyo kuba umukurambere. Umusi umwe ku mugoroba ari imbere y’Ingoro y’Ubwami, yarasubiye guhura n’ikigeragezo gisa na kimwe hari haheze imyaka kimushikiye. Hari imborerwa yagomba ikubite umwe mu bandi bakurambere. None uwo muvukanyi yaciye akora iki? Yarafashije iyo mborerwa kuzirikana atekanye kandi yicishije bugufi, arayitururuza maze arayifasha gutaha naho yagenda yandika umunani. None ni igiki cari carabaye? Uwo muvukanyi yari yarahinduye inguvu zikoresha umuzirikanyi wiwe. Ibwina muri we yari yarahindutse acika umunyamahoro kandi yicisha bugufi, ivyo bikaba vyaraninahaje Yehova.
10. Tubwirizwa gukora iki kugira duhindure uko tumeze imbere muri twebwe?
10 Ayo mahinduka ntaba bukwi na bukwi canke ngo apfe kwizana. Hari igihe twobwirizwa kumara imyaka n’iyindi ‘twihata twivuye inyuma.’ (2 Pet. 1:5) Ariko kumara igihe twitwa ko turi mu kuri si vyo bica bituma duhinduka. Tubwirizwa gukora uko dushoboye kwose kugira duhindure uko tumeze imbere muri twebwe. Hari ibintu dutegerezwa gukora kugira tugire ayo mahinduka. Reka turabe bimwe muri vyo.
INGENE TWOHINDURA INGUVU ZIKORESHA UMUZIRIKANYI WACU
11. Isengesho ridufasha gute guhindura inguvu zikoresha umuzirikanyi wacu?
11 Gusenga ni co kintu ca mbere gihambaye twokora. Turakwiye kwigana umwanditsi w’amazaburi, uwasenze ati: “Nureme muri jewe umutima utyoroye, ewe Mana, ushire muri jewe impwemu nshasha, ihamye.” (Zab. 51:10) Dutegerezwa kwemera ko dukeneye guhindura inguvu zikoresha umuzirikanyi wacu, tugaca dusaba Yehova kugira abidufashemwo. Ni igiki kitwemeza ko Yehova adufasha kugira ayo mahinduka? Turaremeshwa n’ivyo yasezeranye ku bijanye n’Abisirayeli b’umutima udadaraye bo mu gihe ca Ezekiyeli. Yavuze ati: “Nzobaha umutima umwe, nshire muri bo impwemu nshasha . . . ndabahe umutima w’inyama,” ni ukuvuga umutima witeguriye gukurikiza ubuyobozi Imana itanga. (Ezk. 11:19) Yehova yari yiteguriye gufasha abo Bisirayeli kugira amahinduka, kandi na twebwe ariteguriye kudufasha.
12-13. (a) Twisunze Zaburi 119:59, dukwiye kuzirikana ku biki? (b) Ni ibibazo ibihe ukwiye kwibaza?
12 Kuzirikana ni ikintu ca kabiri ntahara twokora. Igihe dusoma Ijambo ry’Imana ku musi ku musi, turakwiye gufata akanya tukazirikana ku vyiyumviro n’inyifato dukeneye guhindura. (Soma Zaburi 119:59; Heb. 4:12; Yak. 1:25) Dutegerezwa kwisuzuma, tukamenya ivyiyumviro ivyo ari vyo vyose twoba dufise bihengamiye ku vyiyumviro vy’iyi si. Turakwiye kwemanga ubugoyagoye bwacu, maze tugakora uko dushoboye kwose kugira tubutsinde.
13 Nk’akarorero, niwibaze uti: ‘Hoba hari agatima k’ishari na gatoyi kari muri jewe?’ (1 Pet. 2:1) ‘Noba nishimira aho mvuka, amashure nize canke ubutunzi mfise?’ (Imig. 16:5) ‘Noba nsuzugura abandi kubera badafise nk’ivyo mfise canke kubera tudasangiye ubwoko?’ (Yak. 2:2-4) ‘Noba nohokera ivyo isi ya Shetani itanga?’ (1 Yoh. 2:15-17) ‘Noba ndyoherwa n’ukwisamaza kurimwo ubuhumbu n’ubukazi?’ (Zab. 97:10; 101:3; Am. 5:15) Niwiha inyishu kuri ivyo bibazo, uzobona neza imice ukeneye kuryohora. Hamwe tworandurana n’imizi ivyiyumviro bishobora kuba “bihamangiye” mu mutima wacu, tuzohimbara Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru.—Zab. 19:14.
14. Kubera iki guhitamwo abagenzi beza bihambaye?
14 Guhitamwo abagenzi beza ni ikintu ca gatatu gihambaye twokora. Twaba tubibona canke tutabibona, abagenzi bacu baratugirako akosho gakomeye. (Imig. 13:20) Haba kw’ishure canke ku kazi, usanga dukikujwe n’abantu batadufasha kwiyumvira nk’uko Imana ishima. Naho ari ukwo, turashobora kuronka abagenzi beza ku makoraniro y’ishengero. Ng’aho ni ho turemesherezwa ‘gukundana no gukora ibikorwa vyiza.’—Heb. 10:24, 25.
‘NTUNYIGANYIGE MU KWIZERA’
15-16. Shetani agerageza gute guhindura ivyiyumviro vyacu?
15 Niwibuke ko Shetani yiyemeje guhindura ivyiyumviro vyacu. Arazi ko ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana gutuma twiyumvira ibintu vyiza. Arakoresha rero inyigisho z’uburyo bwose kugira ahindure ukuntu twiyumvira maze atume dukekeranya.
16 Shetani arabandanya kubaza ca kibazo yabaza Eva mw’itongo rya Edeni ati: “Ni ivy’ukuri yuko Imana yavuze ngo . . . ?” (Ita. 3:1) Muri iyi si itwarwa na Shetani, turamenyereye kwumva batubaza ibibazo vyotuma tugira amakenga, nk’ibi ngo: ‘Ni ivy’ukuri ko Imana itemera ko abasangiye igitsina bubakana? Ni ivy’ukuri ko Imana idashaka ko muhimbaza Noweli n’imisi y’ivuka? Imana yanyu yoba vy’ukuri ibasaba kudaterwa amaraso? Imana y’urukundo yoba vy’ukuri ibasaba kutifatanya n’incuti zanyu zaciwe?’
17. Twokora iki duhuye n’ibibazo vyotuma tugira amakenga, kandi hazovamwo iki nk’uko mu Bakolosayi 2:6, 7 havyerekana?
17 Turakeneye kujijuka ku bijanye n’ivyo twemera. Igihe tutarondeye inyishu z’ibibazo bihambaye bijanye n’ivyo twemera, twoshobora gutangura gukekeranya. Izo nkeka amaherezo zoshobora kwonona ivyiyumviro vyacu maze zigasenyura ukwizera kwacu. None dukwiye gukora iki? Ijambo ry’Imana ritubwira ko dukwiye guhindura imizirikanyi yacu kugira twiyemeze neza “ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.” (Rom. 12:2) Nitwiyigisha tudahorereza, tuzojijuka ko ivyo twize muri Bibiliya ari ukuri. Ntituzokekeranya ko ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse. Gutyo, tuzoshinga imizi nka kurya kw’igiti gifise imizi igera kure, kandi “[ntituzo]nyiganyiga mu kwizera.”—Soma Abakolosayi 2:6, 7.
18. Ni igiki kizodufasha kwikuramwo ivyiyumviro bibi vyo mw’isi ya Shetani?
18 Nta wundi ashobora gukomeza ukwizera kwawe mu kibanza cawe. Nubandanye rero kugirwa mushasha mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wawe. Nusenge udahengeshanya, usabe Yehova agufashe abicishije ku mpwemu yiwe. Nuzirikane bimwe bigera kure kandi ugume usuzuma ivyiyumviro vyawe n’imvo ukorana ibintu. Nurondere abagenzi beza bazogufasha guhindura ivyiyumviro vyawe. Ivyo niwabigira, uzokwikuramwo ivyiyumviro bibi vyo mw’isi ya Shetani kandi uzoshobora gutembagaza “ivyiyumviro n’ikintu cose gihanitse gihagurukirijwe kurwanya ubumenyi bw’Imana.”—2 Kor. 10:5.
URURIRIMBO RWA 50 Isengesho ryanje ry’ukwiyegura
a Haba mu buryo bwiza canke bubi, ivyiyumviro vyacu biroshwa n’ivyo twaciyemwo, imico kama yacu be n’amashure twize. Twoshobora gusanga twariziziwe n’inyifato zimwezimwe zitabereye. Iki kiganiro kiraza kutwereka ingene twocungera ivyipfuzo bibi ivyo ari vyo vyose dushobora kuba dufise.