ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/00 rup. 5
  • Nutege Ugutwi Ivyavuzwe Vyeranda

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nutege Ugutwi Ivyavuzwe Vyeranda
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • ‘Nutege Yompi Wongere Wakire Izindi Nyigisho’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Niwumvirize wongere wige
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ya Materaniro y’Intara yo mu 1999 Yataziriwe ngo “Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana”
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • ‘Koranya abantu’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 5/00 rup. 5

Nutege Ugutwi Ivyavuzwe Vyeranda

1 Ivyo umuntu avuga vyose si ibibereye gutegwa ugutwi cane. Ariko iyo Imana ivuze, hariho impamvu ngirakamaro yotuma twumviriza. (Gus. 28:1, 2) Duhiriwe duhishije, abanditsi bahumekewe banditse “ivyavuzwe n’Imana” ku neza yacu. (Rom. 3:2) Iteraniro ry’intara rigiye kuzoba rizotanga uburyo bwiza cane bwo kwumva ivyo bintu vyavuzwe uko bizosomwa bikongera bikaganirwako. Ni gute ushobora gutega ugutwi mu buryo budasanzwe?

2 Nushike Kare Ibitondo Vyose: Iyumvire akamwemwe Abisirayeli bagize igihe babwirwa ngo baje kubonana na Yehova ku Musozi Sinayi kugira bumvirize Ivyagezwe vyiwe! (Kuv. 19:10, 11, 16-19) Nimba ufise agatima nk’ako ku vyerekeye kwakira amabwirizwa ya Yehova kw’iteraniro ry’intara, uzogira ivyo uringaniza kugira ngo ushike hakiri kare imisi yose. Ntidushobora gukurikira porogarama yose igihe tuje twacerewe kandi tukagora abandi igihe tugerageza kurondera ivyicaro. Imiryango izokwugururwa ku kibanza c’iteraniro igihe c’isaha zibiri zo mu gatondo, hanyuma porogarama itangure isaha zitatu n’igice zo mu gatondo imisi yose.

3 Mbere na bamwebamwe mu bashika kare usanga batari mu bibanza vyabo igihe co gutangura ikiringo c’iteraniro. Kubera iki biba gutyo? Usanga barindira gushika umuhagarikizi w’ikiringo yinjije ururirimbo rw’intango imbere y’uko bahagarika kuganira n’abagenzi, bakabona gutangura kunyororomba mu bandi, bagana ibibanza vyabo. Turakwiye kumenya yuko, igihe hagisigaye iminuta nk’ingahe ngo ururirimbo rwo gutangura icese rusamirane, umuhagarikizi azoba yicaye ku mukiruruko mu gihe umuziki w’Ubwami w’intangamarara uzoba uriko uravuga. Ico ni co kimenyetso cacu c’uko hageze kwicara! Hanyuma, iyo ururirimbo rwo gutangura rumenyeshejwe, tuzoba twiteguriye gufadikanya n’abandi kuririmba mu gushemeza Yehova.

4 Nimwumvirize nk’Abagize Umuryango Wunze Ubumwe: Igihe ivyavuzwe vyeranda vyasomerwa Abisirayeli bari bakoranye, imiryango harimwo n’ “abana” babwirizwa kwumviriza no kwiga. (Gus. 31:12) Ku materaniro yacu, abana ntibakwiye ‘gupfa kurekerwa aho.’ (Imig. 29:15) Bavyeyi, nimutegekanye ivy’uko umuryango wanyu wose uko ungana wokwicara hamwe, mutibagiye n’imiyabaga. Abavyeyi bamwebamwe bararindira gushika aho ururirimbo rwo gutangura ruvuga maze bakabona gutwara abana babo batoyi mu tuzu twa surwumwe. Yamara, ivyo ntivyokwigisha abana agaciro ntangere indirimbo n’amasengesho bifise mu gusenga kwacu. Ese ukuntu birushiriza kuba vyiza kwitwararika ivyo kuja mu kazu ka surwumwe imbere y’uko hatangura ikiringo cose c’iteraniro nimba bishoboka!

5 Tuzokworoherwa no kwumviriza mu gihe turuhuka bikwiye mw’ijoro rimwerimwe ryose kandi tukirinda no gufungura ibifungurwa biremereza ku murango. Niwibande ku vyo umushikirizansiguro ariko aravuga. Niwankire umuzirikanyi wawe kuyerera. Nukurikire muri Bibiliya yawe igihe ivyanditswe biri ko birasomwa. Nugire utuntu wanditse dukeduke. Uko insiguro yose iriko irashikirizwa, nusubiremwo mu muzirikanyi wawe ivyo umushikirizansiguro yavuze wongere urimbure ingene woshira mu ngiro ayo mayagwa. Mu mpera z’umusi, nimuganire mu muryango ivyari muri iyo porogarama. Ni ikihe kintu canezereje umwe wese? Umuryango wawe woshobora gukoresha neza gute ivyo wize?

6 Nugaragarize Icubahiro Ijambo ry’Imana: Amateraniro araduha akaryo keza ko kuganira n’abagenzi hamwe no guhimbarwa n’uguhurikira hamwe kwubaka. Dushitse hakiri kare, tuzoronka umwanya wo gutera abiri imbere yuko porogarama itangura. Mugabo, bamwebamwe baraja mu vyo kuganira no mu kiringo ca porogarama, mu kwiyumvira bihenda ngo ivyo ntibigora abantu cane kuko abumviriza ari benshi. Mbere no mu gihe amakoraniro yoba ariko aragirirwa ahantu hanini, ni igihe co kwumviriza nka kurya tubigira iyo twitavye ikoraniro mu Ngoro y’Ubwami. Ikoreshwa rya twa dutelefone batwara mu ntoke, icuma gifata amasanamu n’amajwi, hamwe n’ivyuma vyo gufata amafoto, ntibikwiye kurekwa ngo bisamaze abantu mu kiringo ca porogarama.

7 Igihe Musa yariko arashikirizwa Ivyagezwe na Yehova, ‘nta co kurya yatamira, nta n’amazi yanywa.’ (Kuv. 34:28) Nk’ukwo nyene, ntivyoba bibereye kurya canke kunywa mu gihe ibiringo vy’iteraniro biriko birashishikara. Kiretse mu gihe vyoba bitewe n’imvo zikomeye z’amagara, niturindire gushika ‘igihe vyashingiwe.’—Umus. 3:1.

8 Ku materaniro amwamwe, haracariho ingorane y’abavukanyi n’abavukanyikazi ndetse n’abana bato usanga baguma bizungurukira mu tuyira mu biringo vy’iteraniro. Abajejwe urutonde bazohabwa amabwirizwa yo gusaba abantu mwene abo gusubira mu bibanza. Abakora bavyishakiye mu mice itandukanye, bakwiye guca bicara mu bandi igikorwa cabo kigihera. Ntibikenewe ko bigumira mu nzego zabo bongera bagenderanira mu gihe c’ikiringo ca porogarama, kiretse nimba bashinzwe gukora igikorwa gihambaye mu biringo vy’iteraniro.

9 Ntitwokwigera twipfuza gucika “ibitumva” igihe twumviriza Ijambo ry’Imana. (Heb. 5:11) Reka rero twiyemeze kugaragaza icubahiro kibereye mu kwumviriza n’ubwitonzi, uko ivyavuzwe vyeranda biva kuri Yehova bizoganirwa kw’iteraniro ryacu ry’intara rigiye kuba.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika