Icigwa ca 13
Woshobora Gute Kumenya Idini y’Ukuri?
Mbega amadini yose yoba ahimbara Imana, canke ihimbarwa n’idini imwe gusa? (1)
Ni kuki hari amadini menshi avuga ko ari aya gikirisu? (2)
Woshobora gute kumenya Abakirisu b’ukuri? (3-7)
1. Yezu yatanguje idini ya gikirisu y’ukuri imwe. Muri iki gihe rero hategerezwa kuba hari umugwi umwe gusa w’abasenga Yehova Imana. (Yohana 4:23, 24; Abanyefeso 4:4, 5) Bibiliya yigisha yuko abantu bakeyi ari bo gusa bari mu nzira yaga ijana ku buzima.—Matayo 7:13, 14.
2. Bibiliya yari yaravuze yuko inyuma y’ugupfa kw’intumwa, inyigisho zitari zo hamwe n’imigenzo itari iya gikirisu vyokwinjiye buhorobuhoro mw ishengero ry’Abakirisu b’ukuri. Abantu bokweze abizera ngo babakurikire aho gukurikira Kirisitu. (Matayo 7:15, 21-23; Ivyakozwe 20:29, 30) Ni co gituma tubona amadini menshi atandukanye avuga ko ari aya gikirisu. None twoshobora kumenya gute Abakirisu b’ukuri?
3. Ikintu cibonekeje kiranga Abakirisu b’ukuri ni uko bakundana vy’ukuri. (Yohana 13:34, 35) Ntibigishwa kwiyumvira ko ari bo baruta abandi bantu b’ubundi bwoko canke b’irindi bara ry’urukoba. Eka mbere ntibigishwa kwanka abantu bo mu bindi bihugu. (Ivyakozwe 10:34, 35) Ni co gituma batagira uruhara mu ntambara. Abakirisu b’ukuri bafatana nk’abavukana.—1 Yohana 4:20, 21.
4. Ikindi kiranga idini y’ukuri ni uko abayirimwo bubaha cane Bibiliya. Barayemera ko ari Ijambo ry’Imana kandi bakizera ivyo ivuga. (Yohana 17:17; 2 Timoteyo 3:16, 17) Ijambo ry’Imana barifata nk’uko ari ryo rihambaye kuruta ivyiyumviro vy’abantu canke imigenzo yabo. (Matayo 15:1-3, 7-9) Bagerageza kubaho bisunga Bibiliya mu buzima bwabo bwa misi yose. Nuko rero ntibigisha ikintu hanyuma ngo bakore ikinyuranye na co.—Tito 1:15, 16.
5. Idini y’ukuri itegerezwa kandi gutera iteka izina ry’Imana. (Matayo 6:9) Yezu yaramenyesheje abandi izina ry’Imana, Yehova. Abakirisu b’ukuri bategerezwa kubigenza gutyo nyene. (Yohana 17:6, 26; Abaroma 10:13, 14) Aho uba ubona ari bande babwira abandi ivy’izina ry’Imana?
6. Abakirisu b’ukuri bategerezwa kwamamaza ivy’Ubwami bw’Imana. Ivyo Yezu yarabikoze. Nantaryo yama avuga ivy’Ubwami. (Luka 8:1) Yategetse abigishwa biwe kwamamaza ubwo butumwa nyene mw isi yose. (Matayo 24:14; 28:19, 20) Abakirisu b’ukuri barizera ko Ubwami bw’Imana bwonyene ari bwo buzozanira iyi si amahoro n’umutekano nyakuri.—Zaburi 146:3-5.
7. Abigishwa ba Yezu bategerezwa kutaba ab’isi. (Yohana 17:16) Ntibisuka mu vya politike vy’iyi si no mu matati yo mu mibano. Baririnda ingenso mbi, imigenzo mibi, hamwe n’inyifato mbimbi vyeze muri iyi si. (Yakobo 1:27; 4:4) Aho uba woba ubona umugwi w’ivy’idini urangwa n’ivyo bintu biranga Ubukirisu bw’ukuri?
[Amafoto ku rup. 26, 27]
Abakirisu b’ukuri barakundana bakubaha Bibiliya, kandi bakamamaza ivy’Ubwami bw’Imana