ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/01 rup. 1
  • Ni Ibiki Twofatira Imigambi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni Ibiki Twofatira Imigambi?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ivyo bijanye
  • ‘Nashitse imigambi yawe yose’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Nutegekanye Ibintu Imbere y’Igihe!
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Umunezero Uva ku Gukora Umurimo w’Igihe Cose
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Twitegurire muri iki gihe ubuzima bwo mw’isi nshasha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 4/01 rup. 1

Ni Ibiki Twofatira Imigambi?

1 Twese ntitubura kuzirikana imigambi yacu ya kazoza. Abafise icizigiro co kuzoba kw’isi, biteze kuzobaho ibihe bidahera mw’isi nshasha itunganye y’Imana. Mugabo hariho inyosha zoshobora kwaka umuntu ico cizigiro afise mu mutima. Harakenewe akigoro gakomeye kugira ngo tugume twubakira ubuzima bwacu ku vy’Ubwami, aho gusamazwa n’ivyipfuzo bibi vy’umubiri.—1 Yoh. 2:15-17.

2 Isi ntishobora namba gutegera imigambi y’abantu bitwararika ivy’impwemu. (1 Kor. 2:14) Naho abandi bantu bagwa bavyuka ngo babe barurangiranwa, ngo baronke ubutegetsi canke ubutunzi, twebwe twihatira gukurikirana amatungo yo mu buryo bw’impwemu. (Mat. 6:19-21) Hamwe twogerageza guhuza ivyiyumviro vyacu n’ukuntu isi ibona kazoza, ubwo twopfa twarashikiriye imigambi yacu yo mu vy’impwemu? Ibintu vy’isi ntivyoteba kwizizira imitima yacu. None ivyo twovyirinda dute?

3 ‘Nitwambare Umwami Yesu Kristo’: Uburyo bumwe bwo kumenya nimba turiko twubakira kazoza kacu ku vy’Ubwami, ni mu gusuzuma ibiganiro tugiranira n’abandi. Twoba twama turiko turaganira ivy’umubiri n’ivy’isi? Nimba ari ukwo biri, dutegerezwa kuraba ko umutima wacu utoba uriko urahusha ibintu vy’agaciro vyo mu buryo bw’impwemu. Hari aho twoba dukeneye kurushiriza kwitwararika ‘ukwambara Umwami Yesu Kristo aho kubabara ivy’umubiri, ngo dukore ivyo wipfuza.’—Rom. 13:14.

4 Abakiri bato barashobora ‘kwambara Kristo’ mu kugira imigambi y’umusi bazokwinjira mu busuku bw’igihe cose. Uwukiri muto umwe yashaka gukora ubutsimvyi busanzwe, akaba yari yarerewe aho abasore bashira imbere ivy’ukwirundaniriza ubutunzi. Ni kwo guca yihereza ivy’ukudandaza, gushika aho ukwitaba amakoraniro n’ukwamamaza inkuru nziza asigara abigira nk’uguheza umwuga. Aho amariye gutangura kwizigira amajambo ya Yezu dusanga muri Matayo 6:33 kandi akiyambura imiruho yahoramwo y’ivy’umubiri, yafashe umwuga wo gukorera Imana igihe cose. Ubu ariko arakorera Yehova afise ijwi ryo mu mutima ryiza. Nk’uko avyivugira, aramukorera ‘gushika aho ubushobozi bwiwe bwose bugera.’

5 Bibiliya ivuga yuko biranga ubukerebutsi gufata imigambi ya kazoza. (Imig. 21:5) Ese twese twobigenza gutyo dufise ukugomba kwa Yehova mu kibanza ca mbere mu muzirikanyi.—Ef. 5:15-17.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika