“Ku Mana Vyose Birashoboka”
1 Igikorwa ca mbere na mbere ishengero ry’Abakirisu rijejwe ni ukwamamaza ubutumwa bw’Ubwami kw’isi yose. (Mat. 24:14) Iryo ni ibanga rikomeye cane. Ku bantu benshi bavyitegereza, risa n’irisaba uburyo burengeye cane ubwo dufise. Abandi na bo babona yuko ico gikorwa ata n’uworuha yiyumvira ko coshobora kuranguka, kubera ko abantu badutwenga, bakaturwanya, eka bakaduhama. (Mat. 24:9; 2 Tim. 3:12) Abatavyemera bazi neza yuko ico gikorwa kidashoboka. Ariko rero, Yezu yavuze ati: “Ku Mana vyose birashoboka.”—Mat. 19:26.
2 Uturorero Twiza two Kwigana: Yezu yatanguye ubusuku bwiwe ari umuntu umwe ahanganye n’isi nzima. Kugira ngo abamurwanya bagerageze kumubuza kuroranirwa, baramugiriye ibintu vyose bishoboka vyo kumwambika ibara, barahava bamwicisha urupfu rubabaje. Yamara, amaherezo, Yezu yaramenyesheje n’ukwizigira ati: “Jewe naranesheje isi.” (Yoh. 16:33) Vy’ukuri cari ikintu ata wari kwemera ko corangutse!
3 Abayoboke ba Yezu barerekanye nk’ukwo nyene umutima rugabo be n’umwete, mu murimo wa gikirisu. Benshi barakubiswe, baratabwa mu mvuto, eka no kwicwa baricwa. Yamara, “banezerejwe n’uko bemerewe gutētererezwa iryo zina.” (Ivyak. 5:41) Naho bari bageramiwe gute, bararanguye igikebere casa n’ikitoshobotse c’ukwamamaza inkuru nziza “gushitsa ku mpera y’isi.”—Ivyak. 1:8; Kol. 1:23.
4 Uburyo Twororanirwa Muri Iki Gihe: Na twebwe nyene twatanguranye umwete igikorwa co kwamamaza Ubwami, n’aho duhanganye n’ingeramizi zisa n’izitotsindwa. Naho tubuzwa, tugahamwa, tugapfungwa, hakanageragezwa n’ibindi bintu vyo kuduhagarika, turaroranirwa. Ivyo bishoboka gute? “Si kubg’inkomezi, si kubg’ubushobozi, ariko ni kubg’[im]pwemu [y]anje, ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize.” (Zek. 4:6) Kubera ko Yehova ari inyuma yacu, nta na kimwe gishobora guhagarika igikorwa cacu!—Rom. 8:31.
5 Igihe twamamaza, nta mvo dufise yo kugira isoni canke ubwoba, canke ngo twiyumvemwo yuko tutabishoboye. (2 Kor. 2:16, 17) Turafise imvo z’agakomeye zituma dushishikara mu gukwiragiza inkuru nziza y’Ubwami. Dufashijwe na Yehova, tuzoshitsa ibisa n’ ‘ibidashoboka’!—Luka 18:27.