Ukwifatanya n’Abakirisu Bagenzi Bacu Bihambaye Ukungana Iki?
1 “Nta muntu n’umwe ameze nk’izinga.” Ayo majambo yavuzwe n’umuryoshamvugo umwe wo mu kinjana ca 17, akaba yariko gusa asubiramwo ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye ikintu c’ishimikiro umuntu akenera, ni ukuvuga ukuba kumwe n’abandi. (Imig. 18:1) Ukwifatanya n’Abakirisu bagenzi bacu birashitsa ico kintu. Mu buryo ngirakimazi ubuhe?
2 Mu Busuku: Kimwe mu vyiza nyamukuru ni uburyo abavukanyi bacu badukomeza bakongera bakadushigikira mu busuku turangurira ku mugaragaro. Yezu yarungitse abigishwa biwe ari “babiribabiri” kwamamaza. (Mrk. 6:7; Luka 10:1) Mu bijanye n’ico citegererezo, mu gihe dukorana n’abandi mu murimo wo mu ndimiro, turibonera ukuntu amajambo yo mu Musiguzi 4:9, 10 ari ay’ukuri. Uko turangurira hamwe ubusuku bwacu, ukwizera, ukugamburuka be n’urukundo vy’abo dufatanije, biradushiramwo uburindutsi kandi bigasubira kutuvyurira umwete.
3 Mu vy’Ukuronka Imfashanyo Ubwacu Dukeneye: Ikivukano cacu na co nyene ni isoko ry’indemesho n’ubuyobozi kugira ngo tuvyifatemwo neza iyo turi mu mikazo, twongere tunanire inyosha mbi. Bagenzi bacu b’Abakirisu boshobora kwerekeza ivyiyumviro vyacu ku vyanditswe bivuga ibintu ubwacu bituraje ishinga. Barashobora no kudusengera nk’uko natwe tubasengera. (2 Kor. 1:11) Kandi nta nkeka ko akarorero keza batanga katuvyurira umutima wo gukora ibikorwa vyiza kandi kakadukomeza.
4 Ku Makoraniro: Umuhezagiro wo kwifatanya n’Abakirisu bagenzi bacu turawinovora igihe twitaba amakoraniro y’ishengero tudahorereza. (Heb. 10:24, 25) Porogarama iba yuzuye inyigisho zo mu vy’impwemu, kandi kuba ari ho turi ku makoraniro bituma tuguma twiyegereje abo dusangiye ukwemera. Iyo mitororokano iraduha akaryo ko kwumva abavukanyi n’abavukanyikazi bacu baserura ukwizera kwabo, baba bari ku mukiruruko canke mu bumviriza. (Rom. 1:12) Ubucuti tugiranira na bagenzi bacu burarushiriza gutsimbatara igihe tubaganiriza imbere n’inyuma y’amakoraniro. Ibihe nk’ivyo biraduha uturyo two kuvuga ibintu ubwacu twiboneye vyubaka ukwizera. Kamere zacu zirarushiriza kumera neza igihe twifatanya ataco twinona n’abakunda Yehova, Ijambo ryiwe, igikorwa ciwe be n’abasavyi biwe.—Flp. 2:1, 2.
5 Abagenzi dusangiye ubukirisu turabakeneye. Tutabafise, kugendera muri ya nzira yaga ijana mu buzima vyorushiriza kugora. Ariko rero, dufashijwe n’urukundo badukunda be n’indemesho baduha, turashobora kubandanya twerekeza mw’isi nshasha igororotse ya Yehova.—Mat. 7:14.