Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) 15 Nyak.
“Mu madini nka yose hariyo abakunda ukuri. Yamara, amadini muri rusangi afise impengamiro yo gutandukanya abantu. Ni igiki cogirwa ngo kinywanishe abantu b’imitima nziraburyarya? [Amaze kwishura, nusome muri Zefaniya 3:9.] Iki kinyamakuru kirerekana ingene kumenya Imana y’ukuri kuriko kuranywanisha abantu bo mu mihingo yose.”
Réveillez-vous! 22 Nyak.
“Bamwebamwe muri twebwe babona ko ata ngorane hazoguma nantaryo hariho ibintu vyinshi vyo gufungura. Ariko ubu hariho ubwoba bw’uko siyansi yoshobora gutuma uburyo turonka ibifungurwa bugeramirwa. Iki kinyamakuru kirasigura bimwebimwe muri vyo bintu biraje ishinga abantu, be n’icizigiro Bibiliya itanga ku vyerekeye umuti nyakuri w’ingorane.”
Umunara w’Inderetsi 1 Git.
“Kumbure wokwemera ko kwizera Imana kwacitse ikintu abantu benshi babona nabi. Ariko ni kuki bimeze gutyo? [Amaze kwishura, nusome mu Baheburayo 11:1.] Iki kinyamakuru kiravuga ukwizera nyakuri ukwo ari kwo n’ico kugira ukwizera canke ntitukugire bikora.”