Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Ruh.
“Hariho ukwitwararika cane ivy’ukwononekara kw’ibidukikije. Ariko none, woba urigera wiyumvira ivyerekeye ukwononekara kw’umuzirikanyi? [Nureke yishure.] Bibiliya irashimika ku vy’uko isuku ryo ku mubiri n’iryo mu vy’impwemu rihambaye. [Soma 2 Ab’i Korinto 7:1.] Ndizigiye yuko uzosanga ayo makuru afasha kandi ari ngirakamaro.”
Réveillez-vous! 8 Ruh.
“Nta nkeka warabonye yuko kenshi imibano y’ababiranye itangurana umunezero mu nyuma myinshi igasambuka. Nipfuza kugusigira iyi nomero ya Réveillez-vous ! ikaba ivuga iciyumviro Bibiliya itanga ku cotuma umubano w’ababiranye uramba kandi ukarangwamwo agahimbare.”
Umunara w’Inderetsi 1 Ntwar.
“Woba urigera wibaza ingene worushiriza kuyobora neza ubuzima bwawe no gufata ingingo zihambaye? [Nureke yishure.] Bumwebumwe mu buyobozi burushirije kuba bwiza, ni nka rya Tegeko ry’Agakura dusanga muri Bibiliya. [Soma Matayo 7:12.] Ni izindi ngingo ngenderwako z’Imana izihe zishobora kutugirira akamaro tuvugishije ukuri? Inyishu uzoyisanga muri iki kinyamakuru.”
Réveillez-vous! 22 Ruh.
“Ushobora kuba warabonye yuko ibibanza vyinshi bikorerwamwo akazi birushiriza kubamwo ingeramizi. Iki kinyamakuru kiratanga ivyiyumviro vyiza vy’ukuntu umuntu ashobora gutuma ivyo bibanza birushiriza kubamwo umutekano. Kirerekana kandi yuko ukumererwa neza kwacu bifitaniye isano n’ukugira uburimbane ku bijanye n’ukuntu umuntu abona akazi. Ndakwingize Uzogisome.”