ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/02 rup. 1
  • Woba ‘Ushaka’ Gufasha Abandi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba ‘Ushaka’ Gufasha Abandi?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ivyo bijanye
  • Woba ushobora gufasha?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Niwigane Yezu mu gukorera abandi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Yemwe Miryango, Nimushemeze Imana Muri Umuce w’Ishengero Ryayo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Bavyeyi, nimuronse umuryango wanyu ivyo ukeneye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 6/02 rup. 1

Woba ‘Ushaka’ Gufasha Abandi?

1 Yezu yaritwararika abantu vy’ukuri. Igihe umunyamibembe yamutakambira ngo amufashe, Yezu yaramvuye ukuboko kwiwe, akora kuri uwo mugabo, maze amubwira ati: “Ndabishatse kira.” (Mar. 1:40-42, UB, ni twe tubihiritse.) Ni mu buryo ubuhe dushobora kwigana agatima ka Yezu ku bijanye no gufasha abandi?

2 Abantu Bashimishwa: Umwe wese mu bagize ishengero aragira uruhara mu gufasha abashimishwa ngo bacike abasenga Yehova. Igihe abantu bashasha baje ku makoraniro, baramutse mwongere mumenyane. Rondera uburyo bwo kubaremesha. Nubakeze ku bw’insasanuro batanga. Nubakeze ku twigoro bagira mu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya mu buzima bwabo. Nubafashe kubona uturyo bafise two kugira abagenzi nyakuri mu bagize ishengero.

3 Abo Dusangiye Ukwizera: Canecane ‘abo dusangiye ukwizera,’ birakwiye ko tubafasha mu buryo butandukanye. (Gal. 6:10) Benshi barahangana n’ingorane z’amagara. Biciye mu kubagendera tubashiriye indemesho, urashobora kubabera kirumara mu kwifatanya na bo, kumbure ukongera ukabasahiriza mu buryo ngirakamaro. Bamwe boshobora kuba bahanganye n’izindi ngorane mu buzima bwabo. Niwerekane ko ubitwararika mu gufata akanya ko kubumviriza maze ubaremeshe. (1 Tes. 5:14) Abakurambere na bonyene barakeneye ko dusenyera ku mugozi umwe uko barangura amabanga yabo. (Heb. 13:17) Igihe tugaragaza agatima ko gushaka n’ako gufasha, turashobora kuba “imfashanyo ikomeza” ku bo dusangiye ukwizera.—Kol. 4:11, NW.

4 Abagize Umuryango: Mu muryango wacu bwite, turakwiye kandi kugira akigoro ko kwigana ukuntu Yezu yitwararika abantu. Ukwitwararika kwa cane kuravyurira abavyeyi umutima wo ‘kurera abana babo babahana babahanura uko Yehova agomba.’ (Ef. 6:4) Abana barashobora kugira uruhara rwabo mu kuba bamaze kwitegura igihe c’inyigisho y’umuryango, igihe c’amakoraniro y’ishengero canke igihe c’umurimo wo mu ndimiro kigeze. Abana bamaze gukura barashobora kugaragaza ikibabarwe Yezu yagaragaza mu gufasha abavyeyi babo guhangana n’ingorane ziterwa n’uko bitereye mu myaka babigirana impuhwe. Muri ubwo buryo hamwe no mu bundi, twese turashobora “kwubaha Imana ku vyo [tu]girira aba[cu].”—1 Tim. 5:4.

5 Igihe twiganye Yezu mu gufasha abandi, twoshobora kugabanya ingorane tukongera tukarushiriza kugiriranira ubucuti bukomeye n’abo mu muryango wacu hamwe n’ishengero. Igihambaye kuruta vyose, turatera iteka Yehova, “Data wa twese w’imbabazi.”—2 Kor. 1:3.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika